20 SAMUSONI
Yaragize umutima rugabo igihe yagoyagoya
SAMUSONI nta na kimwe yabona. Ariko yarumva ingene isinzi ry’Abafilisitiya bariko baramucokora bongera bamutuka. None yari yashitse ng’aho gute? N’ubujuju n’akantu, yari yamenye ibanga ry’ingene Imana yari yaramuhaye inkomezi. Baciye bamufata, bamukuramwo amaso, baramuboha, bamushira mu gasho baza baramukoresha ibikorwa vy’abashumba. Rero Abafilisitiya bariko baramutwenga bongera batwenga Imana yiwe Yehova. Samusoni yari azi ko ahanini ari we yari yatumye ivyo vyose bimushikira. Yari yamye ari umuntu w’umutima rugabo. None ubu ko ata nguvu agifise yoba ashobora kugaragaza umutima rugabo?
Samusoni yari amaze imyaka 20 ari umucamanza muri Isirayeli, mugabo yari atandukanye n’abandi bacamanza. Uti gute? Abandi bacamanza nka Baraki, Gideyoni na Yefuta bajana n’ingabo iyo bagiye kurwanya abansi b’Imana. Ariko Samusoni ntivyari ukwo. Yarwana ari wenyene. Yehova yaramukoresheje mu gutsinda Abafilisitiya benshi ari wenyene. None ivyo vyashobotse gute?
Abavyeyi ba Samusoni babitegetswe na Yehova, baramweguriye Yehova ngo amukorere ubuzima bwiwe bwose ari Umunaziri. Rero ntiyigeze amwa umushatsi wiwe. Igihe cose yamaze yubahiriza ivyo Abanaziri basabwa, Yehova yaramuhaye inguvu nyinshi cane. Igihe kimwe Samusoni yaratabuyemwo kubiri intambwe akoresheje amaboko gusa! Izo nguvu Samusoni yarazikoresheje mu kurwanya Abafilisitiya, abariko baratoteza Abisirayeli kubera ko bari basubiriye guheba Yehova.
Igihe kimwe, Abisirayeli ubwabo barafashe Samusoni baramuboha, bamushikiriza Abafilisitiya kubera babatinya. Ariko Samusoni yaracagaguye imigozi bari bamubohesheje nk’aho ari inyuzi zisanzwe, aca yica Abafilisitiya 1.000 akoresheje gusa umubangabanga w’indogobwa. Ikindi gihe Samusoni yari mu gisagara ca Gaza, abansi biwe baca baramubundira ijoro ryose kw’irembo ry’igisagara, kugira ngo bukeye bace bamwica. Ariko yaciye avyuka mu gicugu, arandura imiryango minini y’irembo ry’ico gisagara n’ibihindizo vyayo hamwe n’icugazo. Yaciye abishira ku rutugu abidugana kw’isonga ry’umusozi urabana n’i Heburoni, nko ku bilometero 60!
Samusoni yaratsinze Abafilisitiya incuro nyinshi. Yareretse Abafilisitiya ko imana zabo, nk’akarorero Dagoni, ata bubasha zari zifise uzigereranije n’umusavyi wa Yehova w’intahemuka. Ariko rero, Abafilisitiya baratoye uburyo bwo kurwanya Samusoni. Bakoresheje umugore yitwa Delila.
Samusoni yarakunze Delila, ariko Delila yaramuhemukiye. Abafilisitiya baramuhaye igiturire kugira ababwire aho Samusoni akura inguvu nyinshi. Yaciye aguma ahata Samusoni ngo ahamubwire. Kubera ko yagumye amugobera, Samusoni yaratevye aramena iryo banga. Yaramubwiye ko hamwe bomumwa umushatsi yoca aba umuntu asanzwe, ntasubire kugira inguvu nyinshi. Delila yaciye amurindira arasinzira maze aca aramumwa imishatsi yiwe miremire. Bibiliya ivuga ko «Yehova atari akiri kumwe na we.» Rero Samusoni yaciye aba umuntu nk’abandi, za nguvu zirahera. Abafilisitiya baciye bihutira kuza kumufata, bamukuramwo amaso baca bamushira mw’ibohero.
Samusoni baciye bamugira uwuza arasya intete z’abo bansi biwe, ico kikaba cari igikorwa kiruhisha. Abafilisitiya barahimbawe cane. Umuntu yahora ari umwansi wabo akomeye yari asigaye ari umushumba wabo. Baciye bategura umusi mukuru ukomeye kugira bashimire imana yabo Dagoni. Uwo musi mukuru ugeze, Abafilisitiya ibihumbi n’ibihumbi barakoraniye mu rusengero runini cane. Abashika 3.000 muri bo bari ku gisenge. Abafilisitiya bashatse ko Samusoni aba arabanezereza baca baramutumako, bamuhagarika hagati y’inkingi zibiri nininini. Ico gihe umushatsi wa Samusoni wari waratanguye kumera, kandi yari yarigaye kw’ikosa rikomeye yari yarakoze.
Amakosa Samusoni yakoze yatumye bamuta mw’ibohero, ariko yararondeye akaryo ka nyuma ko gukoresha inguvu ziwe mu gikorwa ca Yehova
Yarakoze kuri izo nkingi aca arasaba Yehova ngo amusubize inkomezi. Yasenze ati: «Ndakwinginze unyibuke, umpe inkomezi iri rimwe gusa, ewe Mana.» Yaciye asemerera ati: «Reka mpfane n’Abafilisitiya!» Yaciye asunika izo nkingi n’inguvu ziwe zose gushika zitanguye gusenyuka buhorobuhoro. Bitaranakunda ko Abafilisitiya baza kumubuza, izo nkingi zari zimaze gusenyuka urusengero rwose ruca rurabomoka. Ni co gikorwa ca nyuma Samusoni yakoze. Kuri uwo musi Samusoni apfa, yishe abantu benshi kuruta abo yishe akiriho.
Haciye imyaka amajana, igihe intumwa Pawulo yariko aradondagura abantu bari bafise ukwizera gukomeye, yarashizemwo na Samusoni. Igihe Pawulo yavuga ‘abagizwe abanyabubasha kandi bari goyigoyi’, nta nkeka ko yari afise ku muzirikanyi uwo mucamanza w’umutima rugabo.—Heb. 11:32-34.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Samusoni yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Vyashobotse gute ko Samusoni akora ku mivyimba ariko akaguma ari Umunaziri? (w05 15/1 30 ing. 1–31 ing. 1)
2. Ni igiki cerekana ko Samusoni yari akeneye impwemu nyeranda y’Imana kugira ashobore gutwara imiryango y’irembo n’ibikingi vyaryo kuva i Gaza gushika i Heburoni? (w04 15/10 15 ing. 7-8) A
Ifoto A
3. Ni igiki cerekana ko Delila ashobora kuba yari Umwisirayelikazi? (w05 15/3 28 ing. 2)
4. Ni kubera iki Samusoni yasavye ko yohora ‘ijisho ryiwe rimwe’ ryonyene? (Abac. 16:28; it «Samson» ing. 10-wcgr)
Rondera ivyigwa wohakura
Kubera Delila yagumye ahata Samusoni, yaramuhishuriye amakuru y’ibanga. Ni igiki abakurambere n’abakenyezi babo bohigira? B
Ifoto B
Samusoni yarakoze ikosa rikomeye, ariko mu nyuma Yehova yaramukoresheje mu buryo budasanzwe. Muri iki gihe umukirisu bishitse agakora ikosa, akarorero ka Samusoni komufasha gute kudatana n’akabando?
Wokwigana gute umutima rugabo wa Samusoni?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Samusoni niyazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Niwigishe abana bawe icatumye Samusoni agira inguvu nyinshi kuruta abantu babayeho bose.
«Impwemu nyeranda yarahaye inguvu Samusoni» (ijwis ikiganiro 14)
Ni ibindi vyigwa ibihe twokura ku nkuru ya Samusoni?