31 KA KISIRAYELIKAZI
Akana kagizwe imbohe kavugira Imana
NTITUZI izina ryako, ariko turazi ikintu kidasanzwe kakoze. Kari agakobwa gatoyi kaba muri Isirayeli ku ngoma y’umwami Yehoramu. Yehoramu n’ihanga rya Isirayeli ryose bari baragararije Yehova. Yehova yaciye areka Abasiriya baguma batera ico gihugu, bakagisahura. Umusi umwe, abasoda b’Abasiriya barafashe ako gakobwa bakajana muri Siriya.
Ako gakobwa gashobora kuba karagize ubwoba bwinshi, n’abavyeyi bako bagatuntura cane. Bakajanye kwa Namani, umukuru w’ingabo akomeye, gaca kaba agakozi k’umugore wiwe. Nta gukeka ko kakoze ibishoboka vyose kugira kamenyere ubwo buzima bushasha. Gashobora kuba karabona ko abantu bo muri urwo rugo ata munezero bafise. Namani yari arwaye imibembe, ikaba yari indwara mbi cane. Iyo ndwara yaratuma umuntu agira ibikomere, kandi rimwe na rimwe ntiyakira.
Naho bakajanye kuba mu bantu badasenga Yehova, kagumanye impuhwe n’umutima rugabo
Ako gakobwa kari gafise umutima mwiza. Kari kazi ko Namani ari umwansi wa Isirayeli, mugabo karamwumvira ikigongwe we n’umugore wiwe. Kari kazi kandi ko hari umuntu yoshobora kumukiza. Abavyeyi bako bashobora kuba bari barakiganiye inkuru z’ibintu bitangaje Yehova yafashije umuhanuzi Elisha gukora. Ariko ntikari kazi ko Elisha yoba yari amaze gukiza umuntu imibembe. Mugabo kari kazi neza ko Imana yako Yehova yotumye uwo muhanuzi wayo afasha Namani uko bishoboka kwose.
Ako gakobwa gashobora kuba karibaza nimba kobwira uwo muryango ivyerekeye Yehova canke kokwihorera. Karabona ko kubivuga biteye akaga. Namani yasenga imana y’Abasiriya yitwa Rimoni, kandi yama aherekeza umwami wa Siriya ku rusengero rwa Rimoni agiye gusenga. Biboneka ko Abasiriya babona ko iyo mana ishoboye gutuma haba imituragaro n’ibihuhusi. Ako gakobwa ntikari kazi ingene Namani yovyakiriye hamwe komubwira ivyerekeye Yehova Imana. Ubwo Namani ntiyari gushobora kubona ko ari nk’agasuzuguro kwumva ko Yehova yoshobora gukora ivyananiye Rimoni? Ako gakobwa gashobora kuba karasenze cane Yehova kamusaba umutima rugabo. Kaciye kabwira inabuja gati: «Hamwe databuja yoja kuraba umuhanuzi ari i Samariya, yomukiza imibembe.»
Ayo majambo ni yo yonyene yanditse muri Bibiliya ako gakobwa kavuze. Yari amajambo asanzwe mugabo yavuyemwo ikintu gikomeye. Umurongo ukurikira werekana ko Namani yaciye aja kwa Beni-Hadadi umwami wa Siriya, amwiganira ivyo ako gakobwa kavuze. Uwo mwami yaciye arungika Namani muri Isirayeli, amurungikana ikete ashira umwami Yehoramu amusaba ko yokiza Namani.
Namani amaze kugenda, abo mu rugo rwiwe bashobora kuba bagumye bibaza uko bizogenda. Nta gukeka ko ako gakobwa kagumye gasenga gasaba Yehova ngo agire ico akoze, yereke Namani ko ari we Mana yonyene y’ukuri. Haraheze imisi canke mbere amayinga. Umusi uri izina, bagiye babona Namani agaruka. Iyumvire ingene abo mu rugo rwiwe bahimbawe cane bamubonye. Yari yakize, umubiri wiwe wasubiye kumera neza nka kurya kw’akana gatoyi!
Ako gakobwa gashobora kuba karumvirije kitonze uko vyagenze: Elisha yaratumyeko Namani aramubwira ivyo yokora, mugabo Namani aca arashavura. Abasuku biwe baciye bamwinginga ngo akore ivyo Elisha amubwiye, aca arabona ko akeneye kwicisha bugufi. Amaze kwibira muri Yorodani incuro indwi yaciye akira. Ariko icanezereje cane ako gakobwa ni icabaye Namani amaze gukira. Kuva ico gihe, Namani na we nyene yaciye acika umusavyi wa Yehova Imana!
Ivyo bintu vyose vyabaye kubera agakobwa gatoyi kagize umutima rugabo karavuga ivyerekeye Imana yako n’umuhanuzi wayo. Naho tutazi izina ryako, Yehova wewe ararizi. Nitwigana umutima rugabo w’ako gakobwa kandi tukaguma turi intahemuka kuri Yehova, tuzokabona mw’isi nshasha Yehova yakazuye. Iyumvire ingene tuzohimbarwa nitwakabona, tukamenya izina ryako kandi tukumviriza ingene katwiganira ayandi makuru ajanye n’ubuzima bwako!
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Ka Kisirayelikazi kerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Kubera iki ka Kisirayelikazi gashobora kuba kasanze Abasiriya bateye ubwoba kandi bakora ibintu katamenyereye? (w96 15/5 8 ing. 3-wcgr) A
Courtesy of Musée du Louvre, Paris
Ifoto A: Ikigirwamana co muri Siriya ha kera, bikaba bishoboka ko ari imana Rimoni
2. Imibembe ituma umuntu amera gute? (it «Lèpre» ing. 3-5-wcgr)
3. Ni kubera iki Elisha yanse ingabirano Namani amuhaye? (w05 1/8 9 ing. 2)
4. Kubera iki Elisha yari yizigiye ko Yehova yobabariye Namani agiye kwunamira imana Rimoni? (2 Abm. 5:18, 19; w05 1/8 9 ing. 3) B
Ifoto B
Rondera ivyigwa wohakura
Namani yari umukuru w’ingabo z’Abasiriya kandi yaraja gutera Isirayeli. Ariko Yehova yaramukijije. Ivyo bikwigisha iki ku bijanye n’imbabazi za Yehova hamwe no kutagira nkunzi? C
Ifoto C
Akarorero k’ako Kisirayelikazi kakuremesha gute gushinga intahe naho woba wumva ubwoba?
Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa ka Kisirayelikazi?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza ka Kisirayelikazi nikazuka?a
Rondera kumenya n’ibindi
Kuba ka Kisirayelikazi katavugwa izina, vyoba bisobanura ko Yehova atagaha agaciro?
«Kubera iki abantu bamwebamwe bo muri Bibiliya batavugwa amazina?» (w13 1/8 10)
Raba ingene abakiri bato muri iki gihe bogira umutima rugabo nka ka Kisirayelikazi.
a Nimba ako gakobwa karagize amahirwe yo gukura, birashoboka ko kazozuka ari umuntu akuze.