43 YOZEFU
Yaritwararika umuryango wiwe
NTIVYOROSHE kwitwararika umuryango no kuwukingira. Bisaba umutima rugabo. Yozefu, umubaji w’i Nazareti, yaripfuza kwitwararika umuryango wiwe. Ariko n’imbere y’uko yubaka urwiwe yarashikiwe n’ibintu bimusaba umutima rugabo. Yaramenye ko Mariya, umukobwa yari areheje, yari yibungenze kandi iyo nda ntiyari rwiwe. Mariya yarabwiye Yozefu ingene vyagenze ngo atware iyo nda, ariko vyaramugoye gutahura no kwemera. None yari kuvyifatamwo gute?
Bibiliya ivuga ko «Yozefu yari umugororotsi.» Yaragamburukira Yehova, yari afise umutima mwiza akaba n’umunyembabazi. Igihe yamenya ko Mariya yibungenze, yarafashe akanya ko kuzirikana ikintu ciza yokora. Kugira ntamaramaze Mariya, yafashe ingingo yo kwahukana na we mu mpisho. (Ico gihe abantu bareshanije vyabonwa nk’aho bubakanye.) Ariko Yehova yaramubujije gukora ico kintu. Yararungitse umumarayika wiwe abwira Yozefu mu ndoto ati: «Ntutinye gutwara muhira iwawe Mariya umugore wawe.» Uwo mumarayika yaramukuye amazinda ko ivyo Mariya yamubwiye ari ukuri. Yaramubwiye ko uwo mwana Mariya yibungenze ari umwana w’Imana, uwobaye Mesiya!
Yozefu yashinzwe ibanga riremereye ryo kurera Umwana w’Imana
Yozefu yaciye «akora ivyo umumarayika wa Yehova yari yamutegetse.» Yaragize umutima rugabo aremera iryo banga Yehova yari amushinze ryo kwitwararika uwo mukenyezi yokwibarutse umwana w’Imana. Emwe, ivyo vyomusavye umutima rugabo udasanzwe.
Haheze amezi makeyi, Sezari Ogusito yaratanze itegeko ry’uko umuntu wese aja kwiyandikisha mu gisagara iwabo. Vyaciye biba ngombwa ko Yozefu agira urugendo rwo kuja i Betelehemu. Bishobora kuba bitari ngombwa ko ajana na Mariya, ariko yaramujanye kugira abandanye amwitwararika. Baciye rero bagira urwo rugendo rurerure naho Mariya «yari mu kwibaruka.» Bari aho i Betelehemu, Mariya yarafashwe n’ibise aca avyarira Yezu mu ruhongore.
Yozefu yarakora cane kugira yitwararike umuryango wiwe, ariko nta buryo bwinshi bari bafise. Igihe we na Mariya bajana uwo mwana ku rusengero i Yeruzalemu, batanze ikimazi catangwa n’abakene. Haheze imisi, igihe baba mu nzu i Betelehemu, hari abantu baragurisha inyenyeri baje kubaraba. Bashobora kuba bari bavuye i Babiloni. Baje bayobowe n’ikintu kimeze nk’inyenyeri. Barahaye uwo mwana ingabire zizimvye cane. Bidatevye, umumarayika wa Yehova yaraburiye Yozefu ko umwami w’umubisha Herodi yashaka kwica Yezu! Yamubwiye ngo ahungishirize umuryango wiwe mu Misiri.
Yozefu yaragize umutima rugabo aca arakura umugore wiwe n’umwana i Betelehemu muri iryo joro, bahungira ahantu batari bamenyereye. None yari kwitwararika gute umuryango wiwe bari aho mu Misiri? Nta gukeka ko za ngabire ba bantu baragurisha inyenyeri babaha zabafashije kwironsa ivya nkenerwa. Haheze imisi, Yehova yarabwiye Yozefu ko yosubiza umuryango wiwe mu gihugu iwabo. Ariko kubera ko Betelehemu yari mu karere katwarwa n’umuntu w’inkozi y’ikibi, Yozefu yaciye aja i Nazareti nk’uko Yehova yari yabimubwiye mu ndoto.
Aho i Nazareti, Yozefu na Mariya baravyaye abandi bana n’imiburiburi batandatu inyuma ya Yezu. Yozefu yarakora cane umwuga wiwe wo kubaza kugira atunge umuryango. N’igihambaye kuruta, Yozefu yaritwararika umuryango wiwe mu kuwigisha ivyerekeye Yehova no mu kwama bamusengera hamwe. Bama baja kw’isinagogi kwiga Ijambo ry’Imana. Baraja no ku misi mikuru yabera i Yeruzalemu. Incuro ya nyuma Yozefu avugwa muri Bibiliya ni igihe yari yajanye umuryango wiwe i Yeruzalemu Yezu afise imyaka 12. Ico gihe Mariya na Yozefu bararondeye Yezu baramubura, baca bibaza ko yatakaye. Yozefu ashobora kuba yarahagaritse umutima cane! Ariko bahavuye bamutora kandi ‘yabandanije kubagamburukira.’
Bibiliya ntivuga igihe Yozefu yapfiriyeko. Ariko igihe yari akiriho, ategerezwa kuba yarigishije Yezu umwuga wo kubaza. Abantu bita Yezu «umwana wa wa mubaji.» Ariko kandi baramwita ngo «wa mubaji», bikaba vyerekana ko Yozefu yamwigishije umwuga wiwe. Yozefu yarasigiye akarorero keza ba sebibondo. Yehova ashaka ko ba sebibondo bose bamera nka Yozefu. Yari afise umutima rugabo, yari intahemuka kandi yari afise umutima mwiza. Yarakingiye umuryango wiwe, arawuronsa ivyo ukeneye, yongera arawigisha ivyerekeye Yehova.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Yozefu yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Ko Mariya ari we yari umukobwa wa Heli, kubera iki muri Luka 3:23 havuga ko Yozefu yari «mwene Heli»? (w17.08 32 ing. 4)
2. Ni igiki gishobora kuba caratumye Yozefu atarangura amabanga y’abubatse na Mariya gushika avyaye Yezu? (w03 15/12 5 ing. 5)
3. Ni igiki cerekana ko Yozefu yakora cane? (ia 166 ing. 15-18) A
Ifoto A
4. Kubera iki twoshika ku ciyumviro c’uko Yozefu ashobora kuba yapfuye Yezu ataratangura igikorwa ciwe? (w17.07 13 ing. 8, akajambo k’epfo.)
Rondera ivyigwa wohakura
Ba sebibondo bokwigira iki kuri Yozefu mu bijanye no kugamburuka ubuyobozi bwa Yehova n’igihe bitaba vyoroshe? (Mat. 1:20, 24; 2:13-15, 19-21)
Twokwigira iki kuri Yozefu mu bijanye no gushira Yehova imbere mu muryango wacu? (Luka 2:41) B
Ifoto B
Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Yozefu?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Yozefu niyazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Muri iyi videwo, nurabe ukuntu Yozefu yakoze ivyo Yehova ashaka.
Twokwigana gute Yozefu na Mariya igihe Leta ishinze itegeko tubona ko ritabereye canke ritatworohereza?