Abato Bibuka Umuremyi Wabo
“Kandi wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe.”—UMUSIGUZI 12:1.
1. Umwana w’imyaka 11 yavuze ibiki bihishura ko Umuremyi wacu ari mutarumugani kuri we?
EWE kuntu ari vyiza iyo abato bavuga kandi bakora mu buryo buranga ko babona Yehova Mana nk’umuntu mutarumugani, uwo bikugura bakanarondera kuryohera! Hari agahungu k’imyaka 11 kavuze gati: “Iyo ndi jenyene nkaraba inze ncishije mw idirisha, ndabona ukugene ibiremano vya Yehova ari igitangaza. Maze ndarota ukugene Iparadizo izoba ari akaroruhore muri kazoza hamwe n’ukugene nshobora kuzokorakora ibikoko ico gihe.” (Yesaya 11:6-9) Kongeyeko gati: “Iyo ndi jenyene, ndazamba Yehova. Ndazi ko atazondakarira kubera ukumuganirira igihe cose. Ndazi ko nantaryo yama ariko andereka.” Umuremyi wacu yoba akubera mutarumugani nk’uko abera ako gahungu?
Imana Ikubera Mutarumugani ku Rugero Ki?
2. (a) Umuremyi wawe ashobora gute gucika mutarumugani kuri wewe? (b) Ni umugabane muki abavyeyi bashobora kugira mu vy’ugufasha abana babo ngo banyurwe n’uko Imana ari umuntu mutarumugani?
2 Kugira Yehova n’insezeranwa ziwe bikubere katarumugani, utegerezwa kubanza kwiga ibimwerekeye hamwe na ka kazoza k’igitangaza akubikiye ko mw isi nshasha itunganye, imwe Bibiliya idondora. (Ivyahishuriwe Yohana 21:3, 4) Niba abavyeyi bawe barakwigishije ivyerekeye ivyo bintu, uri n’impamvu z’ugukura ubwatsi kubera ko ivyo bituma witondera iyi mbwirizo yahumetswe: “Kandi wame wibuka Umuremyi wawe.” (Umusiguzi 12:1, impirikano ni izacu.) Hari umwigeme umwe yavuze ku vyerekeye indero ya kivyeyi yaronse hakiri kare ati: “Buri kintu mu buzima nantaryo carabishwa kuri Yehova. Urwo rwari rwo rupfunguzo rw’ukwibuka Umuremyi wanje.” Uwundi mukenyezi akiri muto yavuze uku: “Nzokwama naryari nkurira ubwatsi abavyeyi banje kubera ukunyigisha yuko Yehova ari umuntu mutarumugani. Barandangiye ukuntu nomukunda baranambwira ivy’umunezero w’ukumusukurira igihe cose.”
3, 4. Ni igiki gishobora kugufasha kwiyumvira Yehova bwa muntu mutarumugani?
3 Yamara, abatari bake basanga bigumye gutegera Imana nk’umuntu mutarumugani, abitwararika. Nawe ni ukwo? Umuhungu umwe yarafashijwe ngo yiyumvire ivyerekeye Imana kamuntu, hakoreshejwe ibi vyavuzwe mu Munara w’Inderetsi: “Ubunini bwa Yehova ku vy’umutumba wiwe, ntitubuzi.” Cane nyene, ubuhambare bw’Imana ntibuherereye mu bunini canke imero vyiwe, nk’uko iryungane rikurikira ryo muri uwo Munara w’Inderetsi ryabivuze, riti: “Ubukuru nyabwo bwiwe buri mu vy’ukuba ubwoko bw’Imana we ari,” eka me, Imana nyizerwa, nyembabazi, nyarukundo, na mugirakigongwe.a (Kuvayo 34:6; Gusubira mu vyagezwe 32:4; Zaburi 86:5; Yakobo 5:11) Woba warashitse ku kubona Yehova nk’umuntu mwen’uyo, umugenzi mwizigirwa mushobora kugiranira ubucuti nyagaciro?—Yesaya 41:8; Yakobo 2:23.
4 Yezu yarafashije abakurikizi biwe ba kare ngo ubwabo bagiranire ubucuti n’Imana. Gutyo, igihe umuposolo Yohani yandika ivy’izuka ryiwe yari yiteganye igishika ry’ubuzima bw’ijuru, yavuze uku: “Tuzosa na [Mana], kuko tuzomubona uko ari.” (1 Yohani 3:2, Ubwuzure Bushasha; 1 Ab’i Korinto 15:44) Abato muri iki gihe barashobora na bo nyene gufashwa kubona Imana bwa muntu mutarumugani, bagashobora gushika ku kuyimenya neza naho nyene badashobora kuyibona imbonankubone. Ehe ivyo umusore umwe yavuze: “Abavyeyi banje baramfashije kwibuka Yehova mu kubaza ibibazo bitari bike, nk’ibi: ‘Yehova yovuze iki? Wobisigura ute mu majambo yawe bwite? Ivyo bisobanura iki?’ ” None ibibazo nk’ivyo ntibituma twiyumvira ivyerekeye ubucuti twebwe ubwacu dufitaniye n’Imana?
Ico Kwibuka Bisigura
5. Ni uturorero two muri Bibiliya utuhe turanga yuko kwibuka umuntu atari gusa uguhembera izina ryiwe?
5 Kwitondera iyo mbwirizo ngo “kandi wame wibuka Umuremyi wawe,” bisigura ibiruta ukwiyumvira Yehova gusa. Harimwo ingiro, ukugira ibimuryohera. Igihe ya nkozi y’ikibi yatakambira Yezu, ngo “Urahava uz’unyibuke Yesu, ah’uzozira mu bgami bgawe,” yashaka ko Yezu agira ibiruta uguhembera izina ryiwe. Yashaka ko Yezu yogira ico akoze, yomuzura. (Luka 23:42, impirikano ni izacu.) Na ya mbohe Yozefu nyene yari yiteze ikinaka cogirwa ku neza yiwe igihe yasaba umukevyi wa Farawo kumwibuka kuri Farawo. N’igihe Yobu yambambira Imana, ngo ‘uzonyibuke,’ Yobu yariko asaba ko mu gihe kinaka ca kazoza Imana yogira ico ikoze ikamuzura.—Yobu 14:13; Itanguriro 40:14, 23.
6. Ni mu buryo ki ijambo ry’Igiheburayo rihibanuwe ngo “wibuka” rishaka kuvuga igishika kigirirwa nya kintu canke nya muntu vyibukwa?
6 Umuhinga wavyo umwe avuga yuko ijambo ry’Igiheburayo rihibanuwe ngo “wibuka” kenshi rishaka kuvuga “igishika c’umuzirikanyi hamwe n’ingiro iherekeza agahembero.” Ivy’uko “igishika” kirimwo mw ijambo ‘kwibuka’ bishobora kubonerwa mu mwitanganzo wa ‘ba bantu b’ikivange’ mu bugaragwa ngo: “Twibutse ya mafi twarya tukiri muri [Misiri]”! (Impirikano ni izacu.) Nk’uko nyene Yobu yambamvye kugira yibukwe n’Imana ku bw’ineza, ni na kwo Hezekiya, Nehemiya, Dawidi, be n’umunyamazaburi atavugwa izina na bo nyene bakomye amashi ngo Yehova abibukane igishika mu buryo bw’ugushima ubwizerwe bwabo.—Guharūra 11:4, 5; 2 Abami 20:3; Nehemiya 5:19; 13:31; Zaburi 25:7; 106:4.
7. Mu gihe twibutse Imana n’igishika, ivyo bizogira ico bikoze giki ku nyirongōro yacu?
7 Gutyo rero twoshobora kubaza, duti ‘Twoba twibuka Umuremyi wacu n’igishika kandi tukazibukira kugira ikintu cose cotuma yumva umubabaro canke urukizi?’ Umwigeme umwe yavuze ibi: “Mawe yaramfashije gutahura icese ko Yehova afise inyiyumvo, kandi nkiri muto cane nari nzi yuko ivyo ngira biri n’ico bikora kuri we.” (Zaburi 78:40-42) Uwundi yasiguye ati: “Nari nzi yuko ingiro zanje zofasha canke ko zotangiriye mu vy’ukwishura ka gahigisho Shetani yagira kuri Yehova. Nashaka gutuma umutima wa Yehova ugira urweze, nuko ivyo vyaramfashije kandi bikaba bibandanya kumfasha uyu musi.”—Imigani 27:11.
8. (a) Ni ibiki twokurikirana bikerekana ko twibuka Yehova n’igishika? (b) Ni ibibazo ibihe abato borimbûra n’urwevu?
8 Nta wutovyemera, muri iyi si mbi ntivyama vyoroshe kwibuka Yehova mu kujamwo bimwe vyuzuye mu gikenurwa kimuryohera. Yamara ese ukuntu vyoba vyiza hamwe wokwigana wa musore Timoteyo wo mu kinjana ca mbere—tutavuze abato ibihumbi batinya Imana muri iki gihe—mu gukurikirana ubusuku bukirisu bw’igihe cose uri umukozi mugenwa w’umutsimvyi! (Ivyakozwe n’intumwa 16:1-3; 1 Ab’i Tesalonike 3:2) Ariko rero, umuntu yobaza, ati Woba woshobora kwitunga mu gikorwa ngenerwa c’ubutsimvyi? Nka hamwe wokwubaka urwawe ho, woba woshobora kugira ubuhanga bw’ugutunga abo mu rugo rwawe? (1 Timoteyo 5:8) Ivyo ni ibibazo bihambaye, kandi birakenewe rwose ko uvyiyumvira ata gukina.
Ukwiga Amashure Ufise Intēgo
9. Ni ifatangingo nyabaki rihanze abato ku biraba ukwiga amashure?
9 Uko ikibane c’abantu kija kiraba ikinyuranganye, ni ko ukwiga amashure arushirije kwoshobora kuba ugukenewe kugira uronke akazi kabereye kogufasha kwitunga mu gikorwa c’ubutsimvyi. Ushobora kuba warabonye yuko n’abize za kaminuza bamwebamwe bategerejwe kwongereza amashure ngo baronke ubundi buhanga buronderwa n’abakoresha kino gihe. None mwebwe abato mushaka kuryohera Imana, ni amashure angana iki muzokurikirana? Bibereye ko ingingo mwofata mwoyifata mutibagiye iyi mbwirizo yahumetswe: “Kandi wame wibuka Umuremyi wawe.”
10. Ukwiga kwiza kuruta dushobora kuronka ni ukuhe?
10 Birumvikana, uzorondera gukurikirana ico mbere n’abakuru muri iyi si babona ko ari ukwiga kwiza birushirije—ukuronkerwa mw itohozwa ryitondewe ry’Ijambo ry’Imana. Umwanditsi w’Umudagi yitwa Johann Wolfgang von Goethe yavuze ibi: “Uko [igisata] kirushiriza guca ubwenge, ni ko bizorushiriza kuba ibishoboka rwose gukoresha Bibiliya bwa shingiro na bwa gikoresho c’ukwigisha.” Yegome, ugutohoza Bibiliya kuzokuronsa ivyangombwa ku bw’ubuzima, gusumba ukundi kwigishwa kwose!—Imigani 2:6-17; 2 Timoteyo 3:14-17.
11. (a) Igikorwa gihambaye kuruta vyose dushobora gukora ni ikihe? (b) Ni kuki umuto umwe yahisemwo kuronka urugero runaka rw’ivyigwa?
11 Kubera ko ubumenyi bwerekeye Imana ari ntangabuzima, igikorwa gihambaye kuruta ushobora gukora muri iki gihe ni ugusabikanya ubwo bumenyi n’abandi. (Imigani 3:13-18; Yohana 4:34; 17:3) Ariko rero kugira ivyo ubishitse mu buryo kirumara, urakeneye kwigishwa mu buryo ngenderwako. Urakeneye kuba ushoboye kwiyumvira bimwe birongorotse, kuvuga mu buryo bwumvikana, ugasoma kandi ukandika neza—bukaba ari ubuhanga bwigishwa mw ishure. Nuko rero ivyigwa vyawe vyo mw ishure nubikurikire ata gufyina, nk’uko Tracy yabigenjeje, umwigeme mutoyi wo muri Florida, REZUB, uwatsinze amashure yisumbuye atewe iteka ryinshi. Yaraseruye icizigiro ciwe ati: “Ihangiro namye mfise ni ukuba umusuku w’igihe cose w’Imana yanje Yehova, kandi ndizigiye yuko amashure nize azomfasha gushikira iryo hangiro.”
12. Niba ukwiga amashure y’inyongēra ari vyo umuntu ahisemwo, vyofasha gushitsa intēgo nki?
12 Woba wariyumviriye igituma uja kw ishure? Ubwa mbere na mbere kwoba ari ukugira wironse ivyangombwa vy’ukugira ucike umukozi mugenwa kirumara wa Yehova? Nikwaba ari ukwo, uzokenera kurimbūra ata gufyina ukugene amashure wiga ashitsa iyo ntēgo. Umaze guhanuza abavyeyi, hari aho hofatwa ingingo yuko ukwiye gukurikirana amashure arenze ayo amategeko asaba ko n’imiburiburi umuntu atobura kwiga. Amashure y’inyongēra mwen’ayo ashobora kugufasha kuronka akazi kotuma witunga kandi kakagusigira umwanya n’inkomezi vy’ukuja mu gikenurwa c’ivy’Ubwami bimwe vyuzuye.—Matayo 6:33.
13. Abakirisu babiri b’Abarusiyakazi bǎkurikiranye ivyigwa vy’umwiyongezo berekanye gute intēgo bafise mu buzima?
13 Abakurikira amashure y’umwiyongezo bamwebamwe baraja mu gikorwa ngenerwa c’igihe cose no mu gihe mbere bariko bongereza amashure. Rimbūra Nadia na Marina, imyebeya ibiri yo muri Mosuku, mu Burusiya. Bompi bǎbatijwe muri Ndamukiza 1994 hanyuma batangura gusukura ari abakozi bagenwa b’abatsimvyi bafasha. Mu nyuma gatoyi barasohotse ishure ryisumbuye, hanyuma biyandikisha mu vyigwa nyizaharura bimara imyaka ibiri. Muri Rusama 1995 baratanguye ubutsimvyi ntahorereza, ariko bagumye bari mu ba mbere muri ivyo vyigwa nyizaharura. Vyongeye barashoboye kurongora incahagati y’inyigo za Bibiliya zishika 14 buri mushamvu bugingo bari bakija kw ishure. Nya bakobwa barizigira yuko amashure biga y’ivy’uguharura azobashoboza kuronka akazi kabereye, ku buryo bashobora kwitunga mu gikorwa ngenerwa c’igihe cose.
14. Ata kuraba uko amashure duhisemwo kwiga angana, ni igiki gikwiye kuba ikintu gihambaye kuruta mu buzima bwacu?
14 Niba ukurikiranye amashure arengeye ayasabwa n’amategeko, urihweza n’urwevu impamvu itumye ugenza ukwo. Kwoba ari ukugira wiheshe izina no kugira uronke amatungo y’ivy’umubiri? (Yeremiya 45:5; 1 Timoteyo 6:17) Canke ihangiro ryawe ryoba ari ukugira ukoreshe ivyigwa vy’umwiyongezo ngo ujemwo vyuzuye kuruta mu busuku bwa Yehova? Lydia, umwigeme mutoyi yahisemwo gukurikirana amashure yiyongēye, yaraseruye ukuntu ashimikira ku bintu vy’impwemu, asigura ati: “Hari abandi bakurikirana amashure asumbirije hanyuma bakareka ikundamaronko rikabaja mu nzira, Imana na yo bagaheba. Jewe ubwanje, ubucuti ngiranira n’Imana ni bwo buhambaye kuri jewe.” Umve ako gatima nyakuratwa ntuze twese dukwiye kugira!
15. Ni ukwigishwa kutari kumwe guki kwari kwaronswe n’Abakirisu bo mu kinjana ca mbere?
15 Biri n’ico bivuze rero kubona Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari barigishijwe mu buryo butari bumwe. Abaposolo Petero na Yohani nk’akarorero, barimbūrwa ko bari ‘abatize kandi batari abanyabwenge,’ kubera ko batari barigishirijwe mu mashure y’Abarabi. (Ivyakozwe n’intumwa 4:13) Ku rundi ruhande, umupoloso Paulo yari yararonse icogereranywa ubu n’ivyigwa vya kaminuza. Ariko Paulo ntiyakoresheje ivyo vyigwa kugira yiyerekane; ahubwo, vyarabaye itunga igihe yakwiririza ku bantu bo mu nivo zitandukanye z’ubuzima. (Ivyakozwe n’intumwa 22:3; 1 Ab’i Korinto 9:19-23; Ab’i Filipi 1:7) Manayeni na we nyene, uwari “yarerewe hamwe n’umwami Herode,” yari mu baja imbere ikorane ryo muri Antiyokiya.—Ivyakozwe n’intumwa 13:1.
Ni Kuki Wohangira Amahera Yawe mu Buryo bw’Urwevu?
16. (a) Mu gihe turi mw ideni, ni kuki kwibuka Umuremyi wacu bishobora kurushiriza kuguma? (b) Kimwe mu birorezo Yezu yatanze gihishura gute akamaro k’ukwiyumvira imbere y’ugusohora amahera?
16 Mu gihe unaniwe guhangira amahera yawe n’urwevu, kwibuka Umuremyi wawe mu kugira ibimuryohera vyoshobora kurushiriza kukubera ibigumye. Kuko iyo ukorokeye mw ideni, bishobora kuvugwa ko ufise uwundi shobuja. Bibiliya isigura itya: “Uwariye umwenda aba umushumba w’uwo yawuririye.” (Imigani 22:7) Kimwe mu birorezo Yezu yatanze kirerekana akamaro k’ukwiyumvira imbere y’ugusohora amahera. Yezu yavuze, ati “Ni nde muri mwebge agomba kwubaka umutara w’amatafari muremure, [ato]banza kwicara, akarimbura igitigiri c’amahera yowubaka, ngw amenye yukw afise ayowunonosora? Ngo kumbure yoba ahejeje kwubaka amatafari y’itanguriro, ntashobore kuwuzuza; ababibonye bose bagatangura kumutwenga.”—Luka 14:28, 29.
17. Ni kubera iki kenshi usanga gukontorora isohorwa ry’amahera bigoye?
17 Mu buryo bw’urwevu rero, uzogerageza kubaho wisunga ya ngingo yo mu Vyanditswse yo ‘kutagira uwo tugirira umwenda, atari ugukundana.’ (Abaroma 13:8) Ariko kugira ivyo biragumye, canecane iyo uguma ubona hasohoka ibihingurano bishasha ubudasiba bene kubihaya bavuga ko ukeneye vy’ukuri. Hari umuvyeyi umwe yari yagerageje gufasha abana biwe ngo batumikishe ubukerebutsi yavuze uku: “Twaramaze umwanya munini tuyaga igikenewe n’igishakwa.” Amashure mu bisanzwe yarananiwe kwigisha mwen’ivyo bintu, agatanga inyigisho nke ku vyerekeye uburyo bw’uguhangira amahera mu buryo butari bisesagu. “Dusohoka amashure makuru tuzi ivy’inyabutatu nyaharwe kuruta ukuntu baziganya,” vyavuzwe n’umukozi umwe wo mu kibane. None rero ni igiki cogufasha gusohora amahera n’uwevu?
18. Urupfunguzo rw’uguhangira amahera n’urwevu ni uruki, kandi kubera iki?
18 Ukwitondera iyi nyihanikizo, ngo “Kandi wame wibuka Umuremyi wawe,” ni urupfunguzo rw’uguhangira amahera yawe bimwe vy’urwevu. Ivyo ni ukubera ko igihe ugamburutse iyo mbwirizo ikija imbere y’ibindi ari ukuryohera Yehova, kandi igishika umugirira kiragira akosho ku kuntu usohora amahera yawe. Kubera ico rero, uzogerageza kutareka ngo ivyo wewe ubwawe wumva ushaka bigongane n’ukwibanda ku Mana n’ubugingo bwawe bwose uko bungana. (Matayo 16:24-26) Uzokwinanata ngo ugumye ijisho ryawe ‘ríbayabaye,’ ni ukuvuga, riraba neza ku Bwami bw’Imana no ku gukora igomba ryayo. (Matayo 6:22-24) Gutyo, ya nkeburo mvamana ngo ‘wubahishe Yehova n’ibintu vyawe vy’igiciro’ uzoshika ku kuyibona nk’agateka nteramunezero.—Imigani 3:9.
Abato Bakwiríye Kwiganwa
19. Abakiri bato muri kahise bibutse gute Umuremyi wabo?
19 Twahirwa, abato benshi, aba kera n’ab’ubu, baributse Umuremyi wabo. Ki Samweli karagumye katanyiganyiga mu busuku bwo mw itaberenakulo nanzi ubwohe bushegabo bw’abo vyasukurana. (1 Samweli 2:12-26) Muka Potifari, umugore nteragomwe w’umwoshanyi, ntiyashoboye gukwegakwega wa musore Yozefu ngo akorane na we ubusambanyi. (Itanguriro 39:1-12) Yeremiya naho nyene yari “[a]kiri muto,” yarakwiririje n’ubutinyutsi ahanzwe n’ururwanyo rukomeye. (Yeremiya 1:6-8) Agakobwa k’akisirayeli karatinyutse karabwiriza umushefu munyabubasha w’abasoda ba Siriya ngo aje kurondera imfasho muri Isirayeli, aho yashobora kwigira ivyerekeye Yehova. (2 Abami 5:1-4) Umusore Daniyeli hamwe n’abagenzi biwe baragumije ukwizera kwabo igihe bashirwako agasuzumisho ku vy’amateka y’Imana yerekeye ingaburo. Ya misore Shaduraka, Meshaki na Abedunego na bo bahisemwo kujugunyirwa mw itanure y’umuriro hako barenga ku kudahemuka ku Mana kwabo mu gukubitira inkoro hasi igishusho.—Daniyeli 1:8, 17; 3:16-18; Kuvayo 20:5.
20. Abato batari bake bǐbutse bate Umuremyi wabo muri iki gihe?
20 Muri iki gihe abato barenga 2 000 bari hagati y’imyaka 19 na 25 y’amavuka barasukurira ku biro bikuru vy’isi yose vy’Ivyabona vya Yehova muri Reta ya New York, REZUB. Abo ni igice gitoyi gusa c’abakiri bato ibihumbi mirongo bariko bibuka Umuremyi wabo mw isi iyo iva ikagera. Nka kumwe kwa Yozefu wa kera, baranse kurenga ku butyoroke bwabo bwo mu vya runtu. Abatari bake baragamburukiye Imana kuyirutisha abantu, igihe bahatwa ngo bahitemwo uwo bosukurira uwo ari we. (Ivyakozwe n’intumwa 5:29) Mu 1946 muri Polonye, Henryka Zur w’imyaka 15 y’amavuka yarasinzikajwe igihe yanka kurangura igikwaku c’isengabimana ryo mu vy’idini. “Gomba wizere ivyo ushaka vyose,” ivyo ni vyo yabwirwa n’umwe muri bene kumusinzikaza, “pfa gusa gukubita urumenyetso rw’umusaraba rwa Gatolika.” Kubera ko yanse, bǎmuburutiye mu kibira hanyuma baramurasa, apfa icizigiro ciwe ntakekwa c’izuka kidora!b
21. Ni ubutumire buki vyoba biranga urwevu umuntu abwemeye, bigaheza bikavamwo iki?
21 Ese ukuntu umutima wa Yehova utegerezwa kuba ushwashwanurwa n’abakiri bato bǎmwibutse mu binjana vyose bihaciye! Wewe woba none uzokwitaba ubutumire atanga, ngo “Kandi wame wibuka Umuremyi wawe”? Vy’ukuri, arakwiriye ko umwibuka! Ba wiyumvira buri musi ivyo yakugiriye hamwe n’ibindi azokugirira, wongere wemere ubu butumire aguha, bwo bw’ubu: “Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura uwontuka.”—Imigani 27:11.
[Utujambo tw’epfo]
a Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa), 15 Ruhuhuma 1954, urupapuro 52, 53.
b Raba Annuaire des Témoins de Jéhovah 1994, urupapuro 217-18, casohowe na Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania.
Woba Uvyibuka?
◻ Abato bashobora gute gufashwa kubona Imana bwa muntu mutarumugani?
◻ Kwibuka Umuremyi wawe bisobanura iki?
◻ Ni intēgo nki ukwiga amashure kwacu gukwiye kumara?
◻ Ni kuki bihambaye cane ko duhangira n’urwevu amahera dufise?
◻ Ni abato abahe bakwiriye ko ubigana?
[Ifoto ku rup. 27]
Woba wariyumviriye igituma uja kw ishure?
[Ifoto ku rup. 28]
Woba uriko wiga guhangira amahera mu buryo bw’urwevu?