ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/7 rup. 14-19
  • Kurikirana Amahoro y’Imana mu Buzima bwo mu Rugo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kurikirana Amahoro y’Imana mu Buzima bwo mu Rugo
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubuzima bwo mu Rugo Bugeze Ahatemba
  • Ni Kuki Hari Amagume mu Ngo?
  • Ingingo Zine za Nkenerwa
  • Guma Ukurikirana Amahoro y’Imana
  • Nimutegekanirize Abo mu Rugo Rwanyu Kazoza k’Ibihe Bidahera
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Hoba Hariho Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo?
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Nuhimbarwe mu Mubano wo mu Rugo
    Nuhimbarwe mu mubano wo mu rugo
  • Umuryango—Abantu Barawukeneye!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/7 rup. 14-19

Kurikirana Amahoro y’Imana mu Buzima bwo mu Rugo

“Yemwe miryango y’amahanga, mwaturire Uhoraho, mwaturire Uhoraho ingen’afise icubahiro n’inkomezi.”—ZABURI 96:7.

1. Yehova ubuzima bwo mu rugo yabugiriye intango imeze ite?

YEHOVA ubuzima bwo mu rugo yabugiriye intango irangwa amahoro n’ubuhirwe igihe yanywanisha umugabo wa mbere n’umugore wa mbere mu mubano w’abubatse. Kanatsinda Adamu yarahimbawe cane ku buryo aserura umunezero afise mu mataziro ya mbere na mbere yanditswe, ngo: “Uyu n’igufa ryo mu magufa yanje, n’akara ko mu mara yanje: azokwitwa Umugore kuko yakūwe mu Mugabo.”—Itanguriro 2:23.

2. Ni ibiki Imana yiyumvira kugirira umubano w’abubatse turetse ukuzanira ubuhirwe abana bayo b’abantu?

2 Igihe Imana yashinga umubano w’abubatse n’urugo, ivyo yari yategekanije ntikwari gusa ukuzanira ubuhirwe abana biwe b’abantu. Yashaka ko bakora ukugomba kwiwe. Imana yabwiye abantu babiri ba mbere iti: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubu[zima] vyose bigendagenda kw isi.” (Itanguriro 1:28) Vy’ukuri cari igikorwa nzanampembo bashinzwe. Uzi ukuntu Adamu, Eva, n’abana bovyaye mu nyuma, bobaye bahiriwe iyó abo bubatse bakora ivyo Imana igomba n’ubugamburutsi!

3. Ni ibiki bisabwa kugira ingo zibeho zubaha Imana?

3 Mugabo no muri iki gihe nyene, ingo ziragira ubuhirwe buhebuje, mu gihe abazirimwo bakora ivyo Imana igomba bafatanye mu nda. Kandi uzi ivyizigiro vyiza ingo mwen’izo zigamburuka zifise! Intumwa Paulo yanditse iti: “Kwubaha Imana kugira ikimazi kuri vyose, kuko kuzana isezerano ry’ubu[zima] bga none n’ubuzoza.” (1 Timoteyo 4:8) Ingo zibaho zubaha Imana zirakurikira ingingo ziri mw Ijambo rya Yehova kandi zigashitsa ivyo agomba. Zirakurikira amahoro y’Imana hanyuma zikabona kuronka ubuhirwe mu ‘buzima bwa none.’

Ubuzima bwo mu Rugo Bugeze Ahatemba

4, 5. Ni kuki dushobora kuvuga yuko ubu kw isi yose ubuzima bwo mu rugo bugeze ahatemba?

4 Mu binyakuri, mu ngo zose ntidusanga hari amahoro n’ubuhirwe. Ikinyamakuru The New York Times kiravuga ivy’umwihwezo umwe wagizwe n’urwego rushinzwe ivy’ukwongerekana kw’abantu rwitwa Inama y’Ivy’Abantu kw Isi, giti: “Mu bihugu bitunze n’ibikenye nyene, urupange rw’ubuzima bwo mu rugo ruriko ruhinduka bimwe bigera kure.” Umwanditsikazi umwe wo muri uwo mwihwezo yaravuze ati: “Iciyumviro c’uko urugo ari urunani rw’intajugumba kandi rufatanye mu nda, muri rwo serugo akaba bwa muronsabintu mu vy’ubutunzi inarugo na we bwa wuremesha umutima, ni umugani. Uko bimeze ni uko ibintu vyeze nk’ukwibaruka kw’abatabiriwe, ukuduga kw’ibitigiri vy’imyahukano, [hamwe n’]ingo zitera ziba ntonto . . . biriko biba mw isi yose.” Kubera mwen’ivyo bintu vyeze, ingo amamiliyoni ntizitekanye, nta mahoro n’ubuhirwe zifise, kandi nyinshi zirasenyagurika. Muri Espanye igitigiri c’imyahukano caraduze gushika ku mubano 1 mu mibano 8 y’abubatse mu ntango z’imyaka cumi ya nyuma y’iki kinjana ca 20—uravye bikaba vyaraduze cane kuva ku mubano 1 mu mibano 100 y’abubatse yasambuka imyaka 25 imbere yaho. Mu Bwongereza bivugwa yuko ari ho hari igitigiri kinini c’imyahukano mu Bulaya—4 mu mibano 10 y’abubatse bisanzwe bizwi ko isambuka. Ico gihugu carabayemwo kandi ukuduga kw’igitigiri c’ingo zisigarana umuvyeyi umwe.

5 Bisa n’uko abantu bamwebamwe babangutse mu vy’ukurondera kwahukana. Abenshi usanga bagigimuka baja ku “Rusengero Rusambuza” mu micungararo y’i Tokyo, mu Buyapani. Urwo rusengero rw’Abashinto ruremera intakambo z’ugusaba ukwahukana n’iz’ugusaba ko imigenderanire badashaka icika. Uwusenga wese arandika ico arondera ku kabaho k’intimba ntoyi, akakamanika hagati mu rusengero, hanyuma agasenga ngo aronke inyishu. Hari ikinyamakuru c’i Tokyo kivuga yuko igihe nya rusengero rwǎshingwa ubu hakaba haheze hafi ikinjana, “abagore b’abadandaza batunze baho bǎndika amasengesho basaba ko abagabo babo baheba abahabara hanyuma bakagaruka kuri bo.” Ariko rero muri iki gihe, kenshi basaba ukwahukana, si ukurondera gusubiza hamwe. Biraboneka neza ko hirya no hino kw isi ubuzima bwo mu ngo bugeze ahatemba. Ivyo none birakwiye gutangaza Abakirisu? Oyaye, kuko Bibiliya idutahuza ibituma mu ngo ubu haba amagume.

Ni Kuki Hari Amagume mu Ngo?

6. Ibivugwa muri 1 Yohana 5:19 bihuriye hehe n’amagume ari mu ngo kino gihe?

6 Impamvu imwe ituma ingo zigira amagume ni iyi: “Isi yose iri muri wa Mubi.” (1 Yohana 5:19) Ni igiki none twozera kuri wa Mubi, Shetani ya Diyǎbule? Ni umubeshi mubi, w’igihumbu. (Yohana 8:44) Ntibitangaje rero kubona isi yiwe yivobeka mu buhendanyi no mu buhumbu, ari vyo bitema bitongora ubuzima bwo mu ngo! Hanze y’ishirahamwe ry’Imana, akosho kava kuri Shetani karahigiye guhonya umubano w’ababiranye Yehova yashinze, no guherengeteza ubuzima bwo mu rugo burangwa amahoro.

7. Ingo zishobora gute kugira ico zigizwe n’utugeso abantu benshi bagaragaza muri iyi misi y’iherezo?

7 Iyindi mpamvu itera ingorane zo mu ngo zihahaje abantu ubu, yerekanwa muri 2 Timoteyo 3:1-5. Amajambo menyeshakazoza ya Paulo yanditswe ngaho arerekana yuko turi mu “misi y’iherezo.” Ingo ntizishoboye kugira amahoro n’ubuhirwe mu gihe abazirimwo “bikunda gusa, bakunda amahera, bīrārīra, bībona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, [abahemutsi], badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza, abaguranyi, ibirandamuke, abikakisha, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana, bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo.” Urugo ntirushobora kugira ubuhirwe bwuzuye mu gihe n’umwe wenyene mu barugize abuze ugukunda abiwe canke mu gihe ari umuhemutsi. Ubuzima bwo mu rugo bwoshobora gute kugira amahoro mu gihe mu baturanzu harimwo umuntu w’inkare kandi yanka kwuzura? N’ikindi mbere kibi kuruta, vyoshoboka bite ko haba amahoro n’ubuhirwe mu gihe abagize urugo bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana? Ivyo ni vyo biranga abantu bo muri iyi si, bategekwa na Shetani. Ntibitangaje kubona amahoro n’ubuhirwe mu ngo bitera bibura muri iyi misi y’iherezo!

8, 9. Ukuntu abana bigenza bishobora kugira iki ku buhirwe bwo mu rugo?

8 Iyindi mpamvu kandi ituma ingo nyinshi zibura amahoro n’ubuhirwe ni ukwigenza nabi kw’abana. Igihe Paulo yamenyesha ingene ibintu vyobaye bimeze mu misi y’iherezo, yarabūye yuko abana benshi bobaye batumvira abavyeyi. Niba uri uwukiri muto, uko wigenza kwoba gufasha kugira urugo rwanyu rubemwo amahoro n’ubuhirwe?

9 Abana bamwebamwe ntibama ari intangakarorero mu kuntu bigenza. Nk’akarorero, hari umuhungu umwe akiri muto yandikiye se wiwe iri kete ry’ubushirasoni: “Asangwa utazonjana i Alegizanderiya sinzokwandikira ikete canke ngo ndakuvugishe, canke ngo ndaguhe agasaga, kandi niwaja i Alegizanderiya, sinzogukora mu minwe canke mbere ngo nigere nsubira kukuramutsa. Ivyo ni vyo bizoshika nimba utazonjana . . . Ariko undungikire [inanga], ndabigusavye. Na ho nutayindungikira, sinzorya kandi sinzonywa. Ee sha!” Ivyo vyoba none ari nk’uko biri ubu? Womenya ko iryo kete agahungu kandikiye se, ryandikiwe muri Misiri ya kera, ubu hakaba hashize imyaka irenga 2 000.

10. Abakiri bato bashobora gute gufasha ingo zabo gukurikirana amahoro y’Imana?

10 Ako gatima k’uwo muyabaga w’Umunyamisiri ntigakomeza amahoro yo mu rugo. Mugabo ntiwumve, hariho ibintu bisumvya ivyo kuba ibikomeye bishika mu ngo muri iyi misi y’iherezo. Yamara, mwebwe abakiri bato murashobora gufasha kugira abo mu rugo iwanyu bakurikirane amahoro y’Imana. Gute? Mu kugamburuka iyi mpanuro Bibiliya itanga: “Bana, mwumvire abavyeyi banyu muri vyose, kukw ivyo ari vyo bishimwa mu Mwami wacu.”—Ab’i Kolosayi 3:20.

11. Abavyeyi bashobora gute gufasha abana babo gucika abasuku ba Yehova b’abizerwa?

11 Mweho ga bavyeyi bite? Nimufashe n’urukundo abana banyu bacike abasuku bizerwa ba Yehova. “Toza umwana indero akwiye kwamana,” bivugwa n’Imigani 22:6. “Azorinda asāza atarayivamwo.” Bivuye ku nyigisho nziza iva mu Vyanditswe hamwe no ku turorero twiza bahabwa n’abavyeyi, abahungu n’abakobwa benshi ntibava kuri iyo ndero nziza mu gihe bakuze. Mugabo vyinshi biva ku bwoko bw’indero itangwa ishingiye kuri Bibiliya, hamwe no ku rugero rwayo, hamwe no ku mutima w’uwo akiri muto.

12. Ni kuki urugo rw’Abakirisu rukwiye kuba urw’amahoro?

12 Niba abagize urugo rwacu bose bariko bagerageza gukora ivyo Yehova agomba, dukwiye kuba tunezererwa amahoro y’Imana. Inzu y’Abakirisu ikwiye kuba yuzuye ‘abakunzi b’amahoro.’ Muri Luka 10:1-6 harerekana yuko Yezu mwene abo bantu ari bo yǐyumvira igihe yatuma abigishwa 70 kuba abakenuzi akababwira ati: “Inzu yose muzokwinjiramwo, muze mubanze muvuge, mut’Amahoro abe mur’iyi nzu. Ni yaba irimw’umunyamahoro, amahoro yanyu azoba kuri we.” Uko abasuku ba Yehova bagendana amahoro inzu ku yindi bájanye “ubutumwa bgiza bg’amahoro,” barondera abakunzi b’amahoro. (Ivyakozwe n’intumwa 10:34-36; Abanyefeso 2:13-18) Shira amazinda, urugo rw’Abakirisu rugizwé n’abakunzi b’amahoro rukwiye kuba rurimwo amahoro.

13, 14. (a) Ni igiki Nawomi yipfurije Rusi na Orupa? (b) Urugo rw’Abakirisu rukwiye kuba iruhukiro rimeze rite?

13 Urugo rukwiye kuba ahantu h’amahoro n’iruhukiro. Wa mupfakazi Nawomi yari ageze mu zabukuru yarizigiye yuko abakazana biwe bapfakaye bakiri bato, Rusi na Orupa, Imana yobaronkeje uburuhukiro n’inyiruro biva ku kugira umugabo ameze neza n’urugo rwiza. Nawomi yavuze ati: “[Yehova] abahe mwempi gusubira kwubaka ingo mugire abagabo.” (Rusi 1:9) Ku vyerekeye icipfuzo ca Nawomi, hari incabwenge imwe yanditse yuko mu ngo mwene izo, Rusi na Orupa “hobakijije umuruhagiro n’amaganya. Boronse iruhukiro. Hobaye ari ahantu bashobora gucumbika, aho bokwiciye inyota bafise y’inyiyumvo zabo z’ikibabarwe hamwe n’ivyipfuzo vya gipfasoni rwose, bakagira n’impore. Inguvu idasanzwe iri [mw ijambo ry’]Igiheburayo . . . irashizwe ahabona neza n’uburyo imvugo zijanye na yo ziri muri [Yesaya 32:17, 18].”

14 Turagusavye urabe ivyo aho muri Yesaya 32:17, 18 havuga. Ngaho tuhasoma ibi: “Ubugororotsi buzovyara amahoro, kand’ubugororotsi buzozana ugutekereza n’ivyizigiro gushitsa ibihe bidashira. Kand’abantu banje bazoba mu ngo z’amahoro, no mu mazu bahabe amarembe, no m[w i]ruhukiro [ri]tagira inkomanzi.” Umuhira w’Abakirisu ukwiye kuba ari iruhukiro ririmwo ubugororotsi, itekane, umutekano, n’amahoro y’Imana. Ariko vyogenda gute none mu gihe ibigeragezo, ukutumvikana, canke izindi ngorane bivyutse? Ni ho dukenera rero kumenya akabanga k’ukuronka ubuhirwe mu rugo.

Ingingo Zine za Nkenerwa

15. Wewe wosobanura gute akabanga k’ukugira ubuhirwe bwo mu rugo?

15 Ingo zose zo kw isi izina ryazo zirikesha Yehova Mana, we Muremyi w’ingo. (Abanyefeso 3:14, 15) Abipfuza ubuhirwe bwo mu rugo rero bakwiye kurondera kuyoborwa na we kandi bakamushemeza, nk’uko umunyamazaburi yamushemeje, ati: “Yemwe miryango y’amahanga, mwaturire Uhoraho, mwaturire Uhoraho ingen’afise icubahiro n’inkomezi.” (Zaburi 96:7) Akabanga k’ukuronka ubuhirwe mu rugo kībereye mu mpapuro z’Ijambo ry’Imana Bibiliya, hamwe no mw ikurikizwa ry’ingingo ziri muri ryo. Urugo rukurikiza izo ngingo ruzogira ubuhirwe rwongere rugire amahoro y’Imana. Reka rero turabe zine muri izo ngingo zihambaye.

16. Ukwigumya gukwiye kurangura uruhara uruhe mu buzima bwo mu rugo?

16 Imwe muri izo ngingo ishimikiye kuri iki: Ukwigumya ni ukwa nkenerwa kugira mu buzima bwo mu rugo habe amahoro y’Imana. Umwami Salomo yavuze ati: “Umuntu atītāngīra mu mutima ameze nk’igisagara gitewe gisambutse uruzitiro.” (Imigani 25:28) Ugufatīra umutima wacu—ukugira ukwigumya—ni ivya nkenerwa niba twipfuza kugira urugo ruyagwamwo amahoro n’ubuhirwe. Naho turi abanyamakemwa, turakeneye kugira ukwigumya, kuno kukaba ari icamwa c’impwemu yera y’Imana. (Abaroma 7:21, 22; Ab’i Galatiya 5:22, 23) Iyo mpwemu izokwimbuka ukwigumya muri twebwe mu gihe dusenga kugira turonke iyo kamere, tugashira mu ngiro impanuro Bibiliya iduha kuri ivyo, kandi tukifatanya n’abandi bayigaragaza. Iyo ngendo izodufasha ‘guhunga ubushakanyi.’ (1 Ab’i Korinto 6:18) Ukwigumya kuzodufasha kandi kwiyama ubukazi, kwirinda canke kunanira akaborerwe, kandi tugahangana n’ibintu bigoye dútekereje.

17, 18. (a) Ibivugwa muri 1 Ab’i Korinto 11:3 bikora gute mu buzima bwo mu rugo rw’Abakirisu? (b) Ukwemera icese uwuri umutwe mu rugo bikomeza gute amahoro y’Imana mu rugo?

17 Iyindi ngingo ntahara ishobora kuvugwa muri ubu buryo: Ukwemera icese uwuri umutwe mu rugo bizodufasha gukurikirana amahoro y’Imana mu ngo zacu. Paulo yanditse ati: “Ndagomba ko mumenya k’umutwe w’umugabo wese ari Kristo, kandi k’umutwe w’umugore ar’umugabo, kandi k’umutwe wa Kristo ar’Imana.” (1 Ab’i Korinto 11:3) Ivyo bisobanura yuko umugabo ari we aba senaka mu rugo, yuko umukenyezi amushigikira adahemuka, n’uko abana bagamburukira abavyeyi babo. (Abanyefeso 5:22-25, 28-33; 6:1-4) Ukwigenza gutyo bizokomeza amahoro y’Imana mu buzima bwo mu rugo.

18 Umukirisu w’umunega arakeneye kwibuka yuko ukuba umutwe kuvugwa mu Vyanditswe atari ugutwaza umukazo. Ategerezwa kwigana Yezu, we Mutwe wiwe. Naho Yezu yari uwo kuba ‘umutwe w’ibintu vyose,’ we ‘ntiyaje gukorerwa, ariko gukorera abandi.’ (Abanyefeso 1:22; Matayo 20:28) Mu buryo nk’ubwo, Umukirisu w’umunega arakoresha ukuba umutwe kwiwe mu buryo bwuzuye urukundo bumushoboza kwitaho neza ivyungura urugo rwiwe. Kandi ni ngombwa, umukenyezi yubatse w’Umukirisu akwiye gusenyera ku mugozi umwe n’umugabo wiwe. We “mufasha” n’“umwunganizi,” arazana kamere umugabo wiwe abuze kandi gutyo akamuha imfashanyo akeneye. (Itanguriro 2:20; Imigani 31:10-31) Ukuba umutwe mu buryo bubereye birafasha abagabo n’abakenyezi babo kwubahana, bigatuma n’abana bagamburuka. Egome, ukwemera icese uwuri umutwe birashobora gukomeza amahoro y’Imana mu buzima bwo mu rugo.

19. Ni kuki uguseruriranira akari ku mutima kwiza ari ntahara kugira mu rugo habe amahoro n’ubuhirwe?

19 Ingingo ihambaye igira gatatu ishobora guserurwa muri aya majambo: Uguseruriranira akari ku mutima kwiza ni ntahara kugira mu rugo habe amahoro n’ubuhirwe. Muri Yakobo 1:19 hatubwira hati: “Umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka.” Abagize urugo barakeneye gutegana ugutwi no kuganira kubera ko uguseruriranira akari ku mutima kw’urugo ari uguhanahana ijambo. Ariko rero, no mu gihe nyene ivyo tuvuga ari ivy’ukuri, bisa n’uko inabi yoba nini kuruta ineza mu gihe vyovugwa mu buryo ntakigongwe, bw’ubwishime, butagira imbabazi. Imvugo yacu ikwiye kuba iryoshe, “[i]runzwe umunyu.” (Ab’i Kolosayi 4:6) Ingo zikurikira ingingo zo mu Vyanditswe kandi ziseruranira akari ku mutima neza ziba ziriko zikurikirana amahoro y’Imana.

20. Ni kuki wovuga yuko urukundo ari ntahara kugira habe amahoro yo mu rugo?

20 Ingingo igira kane ni iyi: Urukundo ni ntahara kugira urugo rugire amahoro n’ubuhirwe. Urukundo rw’umubiri rushobora kurangūra uruhara ruhambaye mu mubano w’ababiranye, vyongeye igishika kigera kure kigashobora gukura mu bagize urugo. Ariko igihambaye gusumba ni urukundo rwerekanwa n’ijambo ry’Ikigiriki a·gaʹpe. Urwo ni urukundo dutsimbatariza Yehova, Yezu, hamwe na mugenzi wacu. (Matayo 22:37-39) Imana urwo rukundo yararuseruriye abantu mu ‘gutanga Umwana wayo w’ikinege, kugira uwo ari we wese amwizeye ntahonywe ariko aronke ubuzima budashira.’ (Yohana 3:16) Ese ukuntu ari igitangaza kubona dushobora kugirira abo mu rugo iwacu mwen’urwo rukundo nyene! Urwo rukundo ruri hejuru ni ‘umugozi ntamakemwa wunga ubumwe.’ (Ab’i Kolosayi 3:14) Ruranywanisha abubakanye kandi rukabavyurira gukoreranira ivyiza bihebuje, bakabikorera n’abana babo. Mu gihe ingorane zivyutse, urukundo rurabafasha gutunganya ibintu mu bumwe. Ivyo turashobora kuvyemera tudakeka kubera ko “urukundo . . . [ruta]rondera ivyarwo, . . . rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose. Urukundo nta ho rushira.” (1 Ab’i Korinto 13:4-8) Si ivy’imbeshere, harahiriwe ingo zirimwo urukundo ruhomwe n’ugukunda Yehova!

Guma Ukurikirana Amahoro y’Imana

21. Ni igiki bisa n’uko cokwongereza amahoro n’ubuhirwe vy’urugo rwanyu?

21 Izo ngingo zose tuvuze hamwe n’izindi zikurwá muri Bibiliya ziregeranirijwe mu bisohokayandikiro Yehova yatanganye ubuntu abicishije kuri “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 24:45, NW) Nk’akarorero, ayo makuru turayasanga muri ca gitabu c’impapuro 192, ari co Siri ya Kupata Furaha ya Familia, casohowe kw Iteraniro ry’Intara ry’Ivyabona vya Yehova ryataziriwe ngo “Intwarabutumwa z’Amahoro Mvamana” ryagizwe hirya no hino kw isi mu 1996/97. Urwigo umuntu yogira ukwiwe hamwe n’urwogirwa mu rugo rw’Ivyanditswe, bakabigira bifashishije ico gisohokayandikiro, rushobora kuvamwo ivyiza vyinshi. (Yesaya 48:17, 18) Egome, ugukurikiza impanuro duhabwa mu Vyanditswe bisa n’ivyokwongereza amahoro n’ubuhirwe mu rugo iwanyu.

22. Ubuzima bwacu bwo mu rugo dukwiye kubushingira ku biki?

22 Yehova arabikiye ibintu vy’igitangaza ingo ziriko zikora ivyo agomba, kandi arakwiriye ko tumushemeza kandi tukamukorera. (Ivyahishuriwe Yohana 21:1-4) Urugo rwanyu rero nirushingire ubuzima bwarwo ku gusenga Imana y’ukuri. Kandi Data wa twese wo mw ijuru Yehova nabahezagize ubuhirwe uko mukurikirana amahoro y’Imana mu buzima bwanyu bwo mu rugo!

Wewe Wokwishura Ute?

◻ Ni igiki gisabwa niba ingo zigomba kubaho zubaha Imana?

◻ Ni kuki ingo ziri mu magume muri iki gihe?

◻ Akabanga k’ukugira mu rugo habe ubuhirwe ni akahe?

◻ Ingingo zimwezimwe zizodufasha gukomeza amahoro n’ubuhirwe mu buzima bwo mu rugo ni izihe?

[Ifoto ku rup. 18]

Uguseruriranira akari ku mutima kwiza kuradufasha gukurikirana amahoro y’Imana mu buzima bwo mu rugo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika