Umuti Nyawo wo Kuturemurura Umwitwarariko
“Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura.”—MATAYO 11:28.
1, 2. (a) Bibiliya irimwo ibiki bishobora kudufasha tukaremururwa umwitwarariko urengeje? (b) Inyigisho za Yezu zari ngirakimazi ku rugero rungana iki?
KUMBURE ntiwoharira yuko umwitwarariko urenze urugero ushobora kugirira nabi umuntu; ugacika amaganya. Bibiliya irerekana yuko icitwa ikiremwa-muntu kiremerewe n’imitwaro, ku buryo benshi barindiriye umutima utari mu nda kubohorwa bagakurwa muri ubu buzima bwuzuye imyitwarariko. (Abaroma 8:20-22) Mugabo, Ivyanditswe birerekana n’ukuntu ubu bwa none dushobora kuremururwa imyitwarariko bimwe biboneka. Ivyo biva ku gukurikira impanuro n’akarorero vy’umusore umwe haciye ibinjana 20 abayeho. Yari umubaji, mugabo abantu ni bo yikundira kuruta ico gikorwa ciwe. Yavuga ibishika abantu ku mutima, akabaronsa ivyo bakeneye, agafasha abagoyagoya akongera agahumuriza abishwe n’intimba. N’ikirushirije, yarasahirije benshi gukunda ivy’impwemu gushika ku rugero bashoboye. Muri ubwo buryo, bararemuruwe imyitwarariko irenze urugero, nk’uko nawe nyene ushobora kuyiremururwa.—Luka 4:16-21; 19:47, 48; Yohana 7:46.
2 Uwo mugabo, Yezu w’i Nazareti, ntiyagengwa n’ubumenyi bwo mu mashure yo muri iyi si bamwebamwe baronderera i Roma ha kera, i Atenayi canke i Alegizandiriya. Naho ari ukwo, inyigisho ziwe ni rurangiranwa. Izo nyigisho zari zifise iciyumviro kivuga ngo: Intwaro Imana izokoresha mu gutwara neza iyi si tubako. Yezu kandi yarasiguye ingingo ngenderwako z’ishimikiro zigenga uburyo bwo kubaho, zikaba ari ingingo ngenderwako zifise agaciro nyakuri muri iki gihe. Abiga ivyo Yezu yigishije bakongera bakabishira mu ngiro ico gihe nyene baraharonkera ivyiza, harimwo no kuremururwa imyitwarariko irenze urugero. None ntiwonezerezwa n’ico kintu?
3. Ni ubutumire ubuhe buhambaye Yezu yatanze?
3 Woshobora kugira amadidane, ukibaza uti: ‘Umuntu amaze igihe kirekire gutyo abayeho, yoba ashobora kugira ico avuze mu buzima bwanje muri iki gihe?’ Emwe, umviriza nawe amajambo akwegera Yezu yavuze agira ati: “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura; [“nimwishireko ingogo,” NW] yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu. Kukw [“ingogo,” NW] yanje itababaza n’umutwaro wanje uhwahutse.” (Matayo 11:28-30) Yashaka kuvuga iki? Nimuze twihweze ayo majambo ido n’ido kugira tubone ukuntu yugurura inzira yo kuturemurura umwitwarariko unaniza.
4. Ni bande Yezu yateye akamo, kandi ni kuki bishobora kuba vyaragoye abamwumviriza gukora ivyo basabwa?
4 Yezu yabwira abantu benshi bita ku rutare bagerageza gukora ivyo ivyagezwe bisaba, mugabo bakaba “baremerewe” kubera ko indongozi z’Abayuda zatuma idini iba umuzigo. (Matayo 23:4) Bashimika ku mabwirizwa adahera ajanye n’imice nka yose y’ubuzima. Ari nka wewe none, wobura kugira umwitwarariko hamwe wokwama wumva bakubwira ngo “ntugakore” iki canke kiriya? Ubutumire bwa Yezu bwobwo bwatuma abantu bakira ukuri n’ukugororoka bakongera bakarushiriza kubaho neza igihe bamwumvirije. Emwe, uburyo bwo kumenya Imana y’ukuri burimwo no gutega yompi Yezu Kirisitu, kubera yuko muri we ari ho abantu boshobora kubona ukuntu Yehova ameze, kandi barabishobora koko. Yezu yavuze ati: “Ūbonye jewe aba abonye Data.”—Yohana 14:9.
Woba Ufise Imyitwarariko Irengeje mu Buzima?
5, 6. Ivyerekeye akazi n’imishahara mu gihe ca Yezu, bifitaniye isano gute n’uko ivyacu vyifashe muri iki gihe?
5 Iki kibazo gishobora kuba kiguhagaritse umutima kubera yuko akazi ukora canke uko ivy’umuryango wawe vyifashe, bishobora kuba bikuremera cane. Canke woba wumva umengo ayandi mabanga ujejwe arakurengeye. Niba ari ukwo vyifashe, umeze nka ba bantu b’inziraburyarya bahura na Yezu maze akabafasha. Nk’akarorero, rimbura ingorane ijanye no kwironsa ibibatunga. Abantu benshi bararwana n’iyo ngorane muri iki gihe, nk’uko nyene benshi barwana na yo mu gihe ca Yezu.
6 Muri ico gihe, umuntu akora akazi k’amaboko yakora amasaha 12 ku musi, imisi 6 ku ndwi, kenshi ugasanga ahembwa akadenariyo kamwe gusa kuri uwo musi wose. (Matayo 20:2-10) Ako gashahara ubona kangana iki ukagereranije n’ako wewe canke abagenzi bawe bafata? Bishobora kuba bigoye kugereranya imishahara yo mu gihe ca kera n’iyo mu bihe vya none. Uburyo bumwe dushobora gukoresha mu kuyigereranya, ni mu kuraba ico amahera ashobora kugura. Incabwenge imwe ivuga yuko mu gihe ca Yezu, umukate ukozwe mu kagemeri kamwe k’ifu y’ingano wagurwa ayo umuntu ahembwa akoze isaha imwe. Iyindi ncabwenge ivuga yuko igikombe c’umuvinyu uryoshe cagurwa ayo umuntu ahembwa akoze amasaha abiri. Ufatiye kuri ivyo bintu uca ubona yuko abantu bo muri ico gihe bakora bagatama igihe kirekire kugira ngo baronke ikibabeshaho. Bari bakeneye kuremururwa no kuruhurirwa nk’uko natwe tubikeneye. Niba uri umukozi, ushobora kuba wumva utegerezwa gukora cane. Kenshi usanga tutaronka umwanya wo kuzirikana neza ku ngingo dufata. Woshobora kwiyemerera yuko ucambirwa kuremururwa.
7. Abantu bakiriye gute ubutumwa bwa Yezu?
7 Biragaragara yuko ubutumire Yezu yahaye “abananiwe n’abaremerewe” bwokwegereye cane abantu benshi wasanga bamwumviriza muri ico gihe. (Matayo 4:25; Mariko 3:7, 8) Ikindi, niwibuke ko Yezu yaciye abasezeranira ati: “Ndabaruhura.” Iryo sezerano rirakora no muri iki gihe. Rirashobora gukora kuri twebwe mu gihe twoba ‘tunaniwe kandi turemerewe.’ Rirashobora gukora ku bakunzi bacu, ivyabo bishobora kuba vyifashe nk’ukwo nyene.
8. Kurera abana be n’ubusaza vyongereza gute umwitwarariko?
8 Hariho ibindi bintu biremereye abantu. Kurera abana ntivyoroshe na gato. Eka no kuba umwana birashobora kuba ibitoroshe. Igitigiri kirushiriza kwongerekana c’abantu bafise imyaka itandukanye barahangana n’ingorane zo kurwara mu mutwe no ku mubiri. Vyongeye, naho abantu bashobora kuramba, abageze mu zabukuru barafise ingorane bisangije barwana na zo, naho ubuvuzi bwateye imbere.—Umusiguzi 12:1.
Munsi y’Ingogo
9, 10. Mu bihe vya kera, ingogo yagereranya iki, kandi ni kuki Yezu yasavye abantu kwishirako ingogo yiwe?
9 Ngirango wabonye yuko mu majambo yakuwe muri Matayo 11:28, 29, Yezu yavuze ati: “Nimwishireko ingogo yanje, munyigireko.” Muri ico gihe, nyarucari ashobora kuba yiyumva nk’aho ariko akora ari munsi y’ingogo. Kuva mu bihe vya kera, ingogo yamye igereranya ubuja canke ubushumba. (Itanguriro 27:40; Abalewi 26:13; Gusubira mu Vyagezwe 28:48) Benshi mu bakora ku murango Yezu yahura na bo, bakoresha ingogo nyangogo bayitwaye ku bitugu, batwaye imizigo iremereye. Bivuye ku kuntu ingogo yaba ikozwe, yarashobora kworoha ku gikanu no ku bitugu canke igatuma hatuta. Kubera ko Yezu yari umubaji, ashobora kuba yarabaje ingogo, gutyo agashobora kuba yari azi ukuntu yohingura ingogo kugira ngo ‘ntibabaze.’ Kumbure yarazingazingira urushato canke igihuzu ahakora ku mubiri kugira ngo uko bishoboka kwose iyo ngogo ntibabaze uwuyikoresha.
10 Igihe Yezu yavuga ati: “Nimwishireko ingogo yanje,” ashobora kuba yariko yisanisha n’umuntu atanga ingogo zihinguye neza kandi ‘zitababaza’ igikanu canke ibitugu vy’umukozi. Ni co gituma Yezu yongeyeko ati: “Umutwaro wanje u[ra]hwahutse.” Ivyo vyerekana yuko gukoresha ico giti caba kigize ingogo bitababaza, kandi ko n’ico gikorwa kitari nk’ubuja. Ego ni ko, mu gusaba abamwumviriza ngo bemere ingogo yiwe, Yezu ntiyariko arabaremurura ubwo nyene umukandamizo wose wari ubaremereye muri ico gihe. Ariko rero, ivyiyumviro yashikirije bitandukanye n’ivyo bari bamenyereye, vyobaruhuye cane. Bahinduye uburyo bwabo bwo kubaho be n’uburyo bakora ibintu, na vyo nyene vyobaremuruye. Igihambaye kuruta ni uko icizigiro gitomoye kandi gikomeye cobafashije kugabanya imyitwarariko yo mu buzima.
Urashobora Kuruhurirwa
11. Ni kuki Yezu atariko aravuga gusa ivy’uko umuntu afata ingogo akayiguza iyindi?
11 Urabona yuko Yezu atariko avuga ko abantu bofata ingogo imwe bakayiguza n’iyindi. Roma yogumye itwara ico gihugu, nk’uko intwaro zo muri iki gihe usanga zitwara aho Abakirisu baba. Amakori yo mu kinjana ca mbere yasabwa na Roma ntiyokuweho. Ingorane z’amagara n’iz’ubutunzi zogumyeho. Agasembwa n’icaha vyobandanije gucumukuza abantu. Naho ari ukwo, boruhuriwe bivuye ku kwakira inyigisho za Yezu, nk’uko natwe tuzakiriye dushobora kuruhurirwa muri iki gihe.
12, 13. Yezu yashize ahabona ibiki vyotuma abantu baruhurirwa, kandi bamwebamwe bavyakiriye gute?
12 Uburyo bumwe buhambaye bwo gushira mu ngiro ikigereranirizo ca Yezu cerekeye ingogo, bwaserutse ku bijanye n’igikorwa co guhindura abantu abigishwa. Nta nkeka ko igikorwa nyamukuru ca Yezu kwari ukwigisha abandi, ashimikiye canecane ku Bwami bw’Imana. (Matayo 4:23) Rero, igihe yavuga ati: “Nimwishireko ingogo yanje,” nta gukeka ko ivyo vyarimwo kumukurikira muri ico gikorwa nyene. Inkuru yo mu Njili irerekana yuko Yezu yavyuriye abantu b’inziraburyarya umutima wo guhindura imirimo yabo, ikaba yari ikintu nyamukuru abenshi bitwararika mu buzima. Niwibuke ukuntu yahamagaye Petero, Andereya, Yakobo na Yohani. Yababwiye ati: “Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu.” (Mariko 1:16-20) Yareretse abo barovyi ukuntu vyobamara akanyota baramutse bakoze igikorwa we yashira imbere mu buzima bwiwe, bakagikora abayobora kandi abafasha.
13 Bamwebamwe mu Bayuda bamutega amatwi barabitahuye bongera barabishira mu ngiro. Niwihe ishusho ku vyabereye ku nkengera z’ikiyaga dusoma muri Luka 5:1-11. Abarovyi bane bari bacumukuye ijoro ryose ntibafata n’ak’umuti. Bukwi na bukwi, babona insega zabo ziranihiriye! Ivyo ntivyizanye; Yezu ni we yabitumye. Batereje amaso ku nkengera, babona isinzi ry’abantu bashimishwa cane n’inyigisho za Yezu. Ivyo vyarafashije gusigura ivyo Yezu yabwiye abo bane ati: “Uhereye none, [m]uzoroba abantu.” Bavyakiriye gute? “[Bashikanye] amato yabo ku nkombe, basiga vyose, baramukurikira.”
14. (a) Dushobora gute kuruhurirwa muri iki gihe? (b) Ni inkuru nziza iyihe iruhura Yezu yatangaje?
14 Na wewe ntacokubuza kuvyakira gutyo nyene. Igikorwa co kwigisha abantu ukuri kwa Bibiliya kiracabandanya. Ivyabona vya Yehova nk’imiliyoni zitandatu kw’isi yose baremeye ubutumire bwa Yezu bwo ‘kwishirako ingogo [yiwe].’ Baracitse “abaroba abantu.” (Matayo 4:19) Bamwebamwe babigize igikorwa c’igihe cose; abandi bakabikora uko bashoboye. Bose basanga biruhura, ku bw’ivyo bagaca bagira imyitwarariko mike mu buzima. Birimwo gukora ivyo bakunda, ni ukuvuga kubwira abandi inkuru nziza, na yo ikaba ari “ubutumwa bgiza bg’ubgami.” (Matayo 4:23) Vyama bihimbaye kuganira ivyerekeye amakuru meza, na canecane iyo nkuru nziza. Bibiliya irimwo amayagwa nyamukuru dukeneye kugira ngo tujijure abantu benshi yuko bashobora kugira imyitwarariko mike mu buzima.—2 Timoteyo 3:16, 17.
15. Ushobora gute kwungukira ku nyigisho za Yezu zerekeye ubuzima?
15 Hari ukuntu n’abantu bagitangura kwiga ivyerekeye Ubwami bw’Imana bungukiye ku nyigisho za Yezu zerekeye uburyo bwo kubaho. Benshi barashobora kuvuga batibesha yuko inyigisho za Yezu zabaruhuye zikongera zikabafasha guhindura ubuzima bwabo. Urashobora kuvyibonera mu kwihweza ingingo ngenderwako zimwezimwe zigenga uburyo bwo kubaho, zavuzwe mu nkuru zerekeye ubuzima bwa Yezu be n’ubusuku bwiwe, canecane Injili zanditswe na Matayo, Mariko na Luka.
Inzira Ishikana ku Kuruhurirwa
16, 17. (a) Ni hehe ushobora gusanga inyigisho nyamukuru zimwezimwe za Yezu? (b) Umuntu akeneye iki kugira ngo aruhurirwe biciye ku gushira mu ngiro inyigisho za Yezu?
16 Mu rushana rwo mu 31 G.C., Yezu yarashikirije insiguro izwi kw’isi yose gushika no muri iki gihe. Ikunda kwitwa Insiguro yo ku Musozi. Yanditswe muri Matayo ikigabane ca 5 gushika ku c’7 no muri Luka ikigabane ca 6, kandi iraca ku masonga nyinshi mu nyigisho yatanze. Urashobora gusanga izindi nyigisho za Yezu ahandi mu Njili. Vyinshi mu vyo yavuze biroroshe itahura, naho kubishira mu ngiro usanga atari aho gutuma umwana. Ni kuki none utosoma witonze ivyo bigabane ukongera ukabizirikanako? Nureke ububasha bw’ivyo vyiyumviro bugire ico bukoze ku vyiyumviro vyawe no ku nyifato yawe.
17 Biragaragara yuko inyigisho za Yezu zishobora gushirwa mu migwi itandukanye. Nimuze dushire inyigisho nkurunkuru za Yezu mu migwi kugira ngo ku musi wose w’ukwezi habe imwe wishingira umugambi wo kuyishira mu ngiro mu buzima bwawe. Mu buryo ki? Ntuzitohoze wicira hejuruhejuru. Niwibuke wa mutware w’umutunzi yabajije Yezu Kirisitu ati: “Nkore iki, ngo nze ndagwe ubu[zima] budashira?” Igihe Yezu yasubiramwo ibintu ngirakamaro bisabwa mu Vyagezwe vy’Imana, uwo mugabo yasubijeyo yuko yari asanzwe abishitsa. Naho vyari ukwo, yaratahuye ko hari ikindi yari akeneye gukora. Yezu yamusavye kurushiriza kwihata gushira mu ngiro ingingo ngenderwako z’Imana mu buryo buboneka, mu kuba umwigishwa w’umunyamwete. Bigaragara yuko uwo mugabo atari yiteguriye gushika iyo hose. (Luka 18:18-23) Ni co gituma umuntu ashaka kumenya inyigisho za Yezu muri iki gihe, akeneye kwibuka yuko hariho itandukaniro hagati yo kuzemera no kuzishira mu ngiro, gutyo umuntu akaba yitezuriye imyitwarariko.
18. Tanga akarorero k’ukuntu ushobora gukoresha uruzitiro rujanye n’iki kiganiro mu buryo ngirakamaro.
18 Mu gutangura kwihweza no gushira mu ngiro inyigisho za Yezu, tereza akajisho ku ciyumviro ca mbere co ku ruzitiro rujanye n’iki kiganiro. Cerekeza kuri Matayo 5:3-9. Kukaba nkako, umwe wese muri twebwe arashobora kumara akanya azirikana ku mpanuro z’akaroruhore zishikirijwe muri iyo mirongo. Ariko rero, iyo mirongo uyifatiye hamwe, uca ushika ku kihe ciyumviro ku biraba inyifato? Niba vy’ukuri ushaka gutsinda ingaruka z’umwitwarariko urenze urugero mu buzima bwawe, ni igiki cogufasha? Ushobora gute kubaho neza mu gihe worushiriza kwitwararika ibintu vy’impwemu, ukareka bikaba ari vyo wamiza mu bwenge? Mu buzima bwawe, hoba hari ikintu kikuraje ishinga ukeneye kwiremurura, gutyo ugashobora kurushiriza kwitunira ku bintu vy’impwemu? Niwabigira, bizotuma urushiriza kugira agahimbare muri iki gihe.
19. Ushobora gukora iki kugira ngo urushirize gutahura ibintu?
19 Ubu na ho nutere iyindi ntambwe. Ni kuki utoganira iyo mirongo n’abandi basavyi b’Imana, kumbure ukayiganira n’uwo mwubakanye, incuti ishika, canke umugenzi? (Imigani 18:24; 20:5) Nugumize mu muzirikanyi ko wa mutware w’umutunzi yagize uwundi abaza, ni ukuvuga Yezu, ikibazo kimwerekeye ubwiwe. Inyishu yaronse yari gushobora gutuma arushiriza kugira icizigiro co kugira ubuhirwe no kuramba. Uwo musangiye ukwemera muganira kuri iyo mirongo, ntazoba angana na Yezu; yamara rero, kuganira ivyerekeye inyigisho za Yezu bizobagirira akamaro mwempi. Nugerageze kubigira mu maguru masha.
20, 21. Ushobora gukurikiza iyihe porogarama kugira ngo wige ivyerekeye inyigisho za Yezu, kandi ushobora gute gusuzuma iterambere ryawe?
20 Subira utereze akajisho ku ruzitiro rujanye n’iki kiganiro rufise umutwe uvuga ngo: “Inyigisho zo Kugufasha.” Izo nyigisho ziri mu migwimigwi ku buryo n’imiburiburi ufise inyigisho imwe urimbura ku musi. Ushobora guhera ku gusoma ico Yezu yavuze mu mirongo yatanzwe. Maze, nuzirikane kuri ayo majambo yavuze. Niwiyumvire ukuntu ushobora kuyashira mu ngiro mu buzima bwawe. Ubonye yuko usanzwe ubishira mu ngiro, niwiyumvire ico ushobora kurushiriza gukora kugira ngo ubeho wisunga izo nyigisho z’Imana. Gerageza kuzikurikiza kuri uwo musi. Mu gihe vyosaba kwihata kugira ngo uzitahure canke ubone ukuntu ushobora kuzishira mu ngiro, nusubire umare uwundi musi uziriko. Ariko rero, uragumiza mu muzirikanyi yuko atari ngombwa ko ubanza kuzitahura neza imbere y’uko ubandanya kuzikurikira. Ku musi ukurikira, urashobora kurimbura iyindi nyigisho. Mu mpera y’umushamvu, urashobora kugira isubiramwo ukaraba ukuntu werewe mu gushira mu ngiro inyigisho za Yezu zine canke zitanu. Mu ndwi igira kabiri nuze urongerako izindi, uko umusi utashe. Niwabona gaciyemwo ukadohokerwa ntushire mu ngiro inyigisho yinaka, ntucike intege. Umukirisu wese ivyo bizomushikira. (2 Ngoma 6:36; Zaburi 130:3; Umusiguzi 7:20; Yakobo 3:8) Nubandanye mu ndwi ya gatatu n’iya kane.
21 Haheze nk’ukwezi, ushobora kuba wahetuye ivyiyumviro vyose uko ari 31. Uko bimeze kwose, bizotuma wumva umerewe gute? Ubwo ntuzosanga hari ukuntu warushirije guhimbarwa, kumbure worohewe gusumba? Naho woba wagize iterambere rito muri ivyo, nta nkeka ko uzokwumva utagifise umwitwarariko ungana n’uwo wahorana, canke n’imiburiburi ukazovyifatamwo neza igihe ufise umwitwarariko, kandi ukaba umenye uburyo bwo kubandanya. Ntiwibagire yuko hariho ibindi vyiyumviro vyinshi vyizavyiza biri mu nyigisho za Yezu ariko bitari kuri uru rutonde. Ni kuki utorondera zimwezimwe muri izo nyigisho maze ukagerageza kuzishira mu ngiro?—Ab’i Filipi 3:16.
22. Gukurikira inyigisho za Yezu bishobora gutanga iki, mugabo ni uwundi muce uwuhe dukwiye kwiga?
22 Urabona rero ko ingogo ya Yezu itababaza koko, naho itabuze uburemere bunaka. Umutwaro w’inyigisho ziwe n’uw’ukuba umwigishwa, urahwahutse. Amaze imyaka irenga 60 avyibonera, intumwa Yohani, wa mugenzi somambike wa Yezu, yemeje ati: “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibigora.” (1 Yohana 5:3) Urashobora kugira icizigiro nk’ico nyene. Uko umara igihe kirekire ushira mu ngiro inyigisho za Yezu, ni ko uzorushiriza kubona yuko ibintu bitera imyitwarariko mu buzima bw’abantu benshi muri iki gihe, hari ukuntu bitaguhagarika umutima cokimwe na bo. Uzosanga waremuruwe bimwe biboneka. (Zaburi 34:8) Ariko rero, hariho uwundi muce w’ingogo itababaza ya Yezu bisaba ko urimbura. Yezu yarongeye aravuga ivy’uko ‘ari umugwaneza kandi yiyoroheje mu mutima.’ Ivyo bijanye gute n’ukuntu twigira kuri Yezu kandi tukamwigana? Turaza kubirimbura mu kiganiro gikurikira.—Matayo 11:29.
Inyishu Yawe Ni Iyihe?
• Igihe turondera kuremururwa umwitwarariko urengeje, ni kuki dukwiye guhanga amaso Yezu?
• Ingogo yagereranya iki, kandi kuki?
• Ni kuki Yezu yasavye abantu kwishirako ingogo yiwe?
• Ushobora gute kuruhurirwa mu vy’impwemu?
[Iciyumviro ku rup. 9]
Icanditswe c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 2002 kizoba ari: “Nimuze kuri jewe . . . ndabaruhura.”—Matayo 11:28.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 10, 11]
Inyigisho zo Kugufasha
Ni ibintu vyiza ibihe ushobora gusanga muri Matayo ikigabane ca 5 gushika ku c’7? Ivyo bigabane birimwo inyigisho zashikirijwe na wa Mwigisha w’Umuhanga Yezu, ku musozi w’i Galilaya. Turagusavye usome imirongo yatanzwe aha hepfo ukoresheje Bibiliya yawe bwite, maze wibaze ibibazo bijanye na yo.
1. 5:3-9 Ivyo bimbwira iki ku bijanye n’inyifato ngaragaza muri rusangi? Nshobora gukora iki kugira ngo ndushirize kugira ubuhirwe? Nshobora gute kurushiriza kwitwararika ivyo nkeneye mu vy’impwemu?
2. 5:25, 26 Ni igiki coba ciza kuruta kwigana agatima ko guharana abenshi bafise?—Luka 12:58, 59.
3. 5:27-30 Ni ibiki amajambo Yezu yavuze ashimikako ku biraba ivyo gutwarwa mu vy’ukwiyumvira ivy’ibitsina? Ndavyirinze ni gute vyotuma ndushiriza kugira ubuhirwe n’amahoro yo mu mutima?
4. 5:38-42 Kubera iki nkwiye kwihata kugira nirinde inyifato ishirwa imbere mu kibano ca none yo kuba umunyamahane?
5. 5:43-48 Nzokwungukira gute ku kumenyana neza n’abo twifatanya nshobora kuba nahora mfata nk’abansi banje? Ivyo bishobora kuzomfasha gute kugabanya canke gukuraho indyane?
6. 6:14, 15 Niba rimwe na rimwe ngira impengamiro y’ukudaharira, ubwo igono canke inzika ntivyoba ari vyo bibitera? Ivyo nobihindura gute?
7. 6:16-18 Noba mfise impengamiro yo kwitwararika uko mboneka aho kwitwararika uko meze imbere muri jewe? Ni ibiki nkwiye kurushiriza kumenya?
8. 6:19-32 Ndamutse ncitse umuntu arazwa ishinga n’amahera be n’amaronko mu buryo burengeje, bishobora kugira iyihe ngaruka? Ni ibiki ndavyiyumviriye bishobora kumfasha kugumana uburimbane muri ivyo?
9. 7:1-5 Numva merewe gute igihe ndi kumwe n’abantu bafise agatima ko gucira abandi urubanza no kunegurana, bakama nantaryo batorana amahinyu? Ni kuki ari ngirakamaro ko nirinda kumera gutyo?
10. 7:7-11 Naho ari vyiza gushishikara igihe nsaba ikintu Imana, twovyifatamwo gute mu yindi mice y’ubuzima?—Luka 11:5-13.
11. 7:12 Naho nzi rya Tegeko ry’Agakura, noba kenshi nshira mu ngiro iyo mpanuro mu buryo mfata abandi?
12. 7:24-27 Kubera yuko ari jewe mfise ibanga ryo kuyobora ubuzima bwanje, nshobora gute kwitegurira neza kuruta ingorane n’amagume vyonsegenyukirako? Ni kuki nkwiye kubizirikanako ubu?—Luka 6:46-49.
Izindi nyigisho nshobora kurimbura:
13. 8:2, 3 Nshobora gute kugirira imbabazi ba ntahonikora nk’uko Yezu kenshi yabigira?
14. 9:9-38 Kugira imbabazi bifise uruhe ruhara mu buzima bwanje, kandi nshobora gute kurushiriza kugaragaza iyo kamere?
15. 12:19Nigiye ku buhanuzi bwerekeye Yezu, noba nihatira kwirinda ibihari birimwo uguharana?
16. 12:20, 21 Ni ikintu ciza ikihe nshobora gushikako nirinze gucinyiza abandi haba mu majambo canke mu bikorwa?
17. 12:34-37 Ni ibiki nkunda kuganira kenshi? Ndazi yuko nkanye umucungwe uvamwo umutobe w’umucungwe, none ni kuki nkwiye kuzirikana cane ku kuntu meze imbere muri jewe, ku biri mu mutima wanje?—Mariko 7:20-23.
18. 15:4-6 Nishimikije ivyo Yezu yavuze, mbona gute ivyerekeye kwitwararikana urukundo abageze mu zabukuru?
19. 19:13-15 Ni ibiki nkeneye gufatira umwanya?
20. 20:25-28 Ni kuki ari ivy’ubusa igihe umuntu akoresheje ubukuru ku bw’inyungu ziwe bwite? Nshobora gute kwigana Yezu muri ivyo?
Ibindi vyiyumviro vyanditswe na Mariko:
21. 4:24, 25 Uburyo mfata abandi busobanura iki?
22. 9:50 Niba ivyo mvuga n’ivyo nkora ari vyiza, ni ivyiza ibihe bishobora kuzovamwo?
Ubwa nyuma, rimbura inyigisho zikeyi zanditswe na Luka:
23. 8:11, 14 Ndamutse ndetse umwitwarariko, amaronko n’ibihendamaso bikiganzira ubuzima bwanje, ivyo bishobora gukwega iki?
24. 9:1-6 Naho Yezu yari afise ububasha bwo gukiza abarwaye, ni igiki yashira imbere y’ivyo?
25. 9:52-56 Noba ndi inkomwahato? Noba nirinda agatima ko kwihora?
26. 9:62 Nkwiye kubona gute ibanga njejwe ryo kuganira ivyerekeye Ubwami bw’Imana?
27. 10:29-37 Nshobora gute kugaragaza ko ndi umuntu yiyegereza abandi, atabirengagiza?
28. 11:33-36 Ni ibintu ki nshobora guhindura kugira ngo ndushirize kworosha ubuzima bwanje?
29. 12:15 Ni isano irihe riri hagati y’amatungo n’ubuzima?
30. 14:28-30 Mu gihe noza ndarimbura nitonze ingingo mfata, nshobora gusanga nirinze iki? Kandi ivyo vyongirira akamaro akahe?
31. 16:10-12 Mbaye intahemuka mu buzima vyongirira akahe kamaro?
[Amafoto ku rup. 8]
Igikorwa kirokora ubuzima dukora turi munsi y’ingogo ya Yezu kiraruhura