“Munyigireko”
“[“Nimwishireko ingogo,” “NW”] yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu.”—MATAYO 11:29.
1. Ni kuki kwiga ivyerekeye Yezu bishobora kuryoha bikongera bikazana akunguko?
YEZU KIRISITU yamye nantaryo yiyumvira, yigisha yongera akora ibintu mu buryo bubereye. Yamaze igihe gito ngaha kw’isi, mugabo yarinovoye umurimo w’agaciro kandi umara akanyota, vyongeye yagumye ahimbawe. Yaratororokanije abigishwa yongera arabigisha ukuntu bosenga Imana, ukuntu bokunda umuryango w’abantu n’ukuntu botsinda isi. (Yohana 16:33) Yujuje imitima yabo icizigiro kandi ‘ubuzima no kutagipfa abiserurisha ubutumwa bwiza.’ (2 Timoteyo 1:10) Niba uri mu bigishwa biwe, wibaza ko kuba umwigishwa bisobanura iki? Turimbuye ico Yezu yavuze ku vyerekeye abigishwa, turashobora kwiga ukuntu tworyohora ubuzima bwacu. Ivyo birimwo kwemera ivyiyumviro vyiwe no gushira mu ngiro ingingo ngenderwako nyamukuru zimwezimwe.—Matayo 10:24, 25; Luka 14:26, 27; Yohana 8:31, 32; 13:35; 15:8.
2, 3. (a) Kuba umwigishwa wa Yezu ni ukuvuga iki? (b) Ni kuki ari ngirakamaro ko twibaza duti: ‘Noba nacitse umwigishwa wa nde?’
2 Mu Vyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu, ijambo ryahinduwe ngo “umwigishwa” ahanini risobanura umuntu yerekeza umuzirikanyi wiwe ku kintu kinaka canke rigasobanura umuntu yiga. Ijambo rifitaniye isano na ryo turarisanga mu canditswe cacu c’ishimikiro ari co Matayo 11:29, kigira giti: “[“Nimwishireko ingogo,” NW] yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu.” (Ni twe tubihiritse.) Emwe, umwigishwa ni umuntu yiga. Injili kenshi zerekeza ijambo “umwigishwa” kuri ba bayoboke somambike ba Yezu, abagendana na we igihe yigisha bakongera bagacishwa ubwenge na we. Hari abantu bamwebamwe bashobora kuba gusa baremeye inyigisho za Yezu, mbere bakabigira mu mpisho. (Luka 6:17; Yohana 19:38) Abanditsi b’Injili baravuze kandi ivyerekeye “abigishwa ba Yohana [Umubatizi] n’abigishwa b’Abafarisayo.” (Mariko 2:18) Kubera yuko Yezu yagabishije abayoboke biwe “kwirinda . . . inyigisho z’Abafarisayo,” turashobora kwibaza duti: ‘Noba nacitse umwigishwa wa nde?’—Matayo 16:12.
3 Niba turi abigishwa ba Yezu, niba twaramwigiyeko, igihe rero turi kumwe n’abandi bakwiye kwumva baruhuriwe mu vy’impwemu. Bakwiye kubona yuko twarushirije kuba abagwaneza kandi twiyoroheje mu mutima. Niba dufise igiti c’ubuyobozi ku kazi, niba turi abavyeyi canke tujejwe amabanga yo kuragira intama mw’ishengero rya gikirisu, ubwo abo tujejwe boba bumva tubafata nk’uko Yezu yafata abo yari ajejwe?
Ukuntu Yezu Yafata Abantu
4, 5. (a) Ni kuki bitagoye kumenya ukuntu Yezu yafata abantu baba bari mu ngorane? (b) Ni ibiki vyashikiye Yezu igihe yariko arafungura mu nzu y’Umufarizayo?
4 Turakeneye kumenya ukuntu Yezu yafata abantu, na canecane abari n’ingorane zikomakomeye. Ivyo ntibikwiye kutugora kubona; Bibiliya irimwo inkuru nyinshi z’igihe Yezu yaba ahuye n’abandi, bamwebamwe bakaba bari mu ngorane. Reka turabe kandi ukuntu indongozi z’idini, canecane Abafarizayo, bafata abantu baba bari mu ngorane zisa n’izo nyene. Ubudasa tuza kubona hari ikintu buza kuduhishurira.
5 Mu mwaka wa 31 G.C., igihe Yezu yari i Galilaya mu rugendo rwo kwamamaza, “umwe mu Bafarizayo [y]aramuhamaga[ye] ngw amuzimane.” Yezu ntiyagonanwe kwemera ubwo butumire. “Yinjira mu nzu y’uwo Mufarisayo, aricara ngw arye. Umugore wo mur’ico gisagara, yar’umunyavyaha, amenye yukw arīra mu nzu y’uwo Mufarisayo, azana ikebano ry’amavuta atāmirana, ahagarara inyuma yiwe, hafi y’ibirenge vyiwe, arira, atangura kumutonyangiriza amosozi ku birenge, abihanaguza umushatsi wiwe, arabisomagura, abisīga ya mavuta.”—Luka 7:36-38.
6. Ni igiki gishobora kuba caratumye wa mugore w’“umunyavyaha” ashika mu nzu y’Umufarizayo?
6 Woba ushobora kwiha ishusho y’ivyo bintu? Igitabu kimwe kivuga giti: “Uwo mugore (avugwa ku murongo wa 37), yaboneye akaryo ku mugenzo wakurikizwa muri ico kibano wemerera abantu ba ntahonikora kuza kuri ayo mazimano kugira ngo bahabwe bimwebimwe ku misigazwa.” Ivyo ni vyo vyosigura ingene umuntu yashobora kwinjira atatumiwe. Hashobora kuba hari n’abandi bari batuneje kugira batoragure imisigazwa bahejeje gufungura. Ariko rero, ibintu nya mugore yakoze ntivyari ibisanzwe. Ntiyabirabiye kure arindiriye ko abatumire barangiza gufungura. Yari azwi nabi cane ko ari “umunyavyaha” ruhebwa, ari co gituma Yezu yavuze yuko yari azi “ivyaha vyiwe vyinshi.”—Luka 7:47.
7, 8. (a) Twari gushobora kuvyifatamwo gute iyo tuba twari mu bintu bivugwa muri Luka 7:36-38? (b) Simoni yavyifashemwo gute?
7 Niwiyumvire ko muri ico gihe wariho, maze wishire mu kibanza ca Yezu. Wari kuvyifatamwo gute? Woba wari kwumva utewe ubuyega n’uko uwo mugore akwegereye? Ivyo bintu vyokoze iki kuri wewe? (Luka 7:45) Woba wari kugira ikinya?
8 Iyo uba wari mu bandi batumire, woba n’imiburiburi hari ukuntu wari kwiyumvira nk’uko Simoni wa Mufarizayo yiyumviriye? “Wa Mufarisayo yamuhamagaye abibonye, aribgira, at’Uyu muntu iy’aba ūvugishwa n’Imana, yari kumenya uyu mugore amukozeko, ukw ari kand’ukw asa, kw ar’umunyavyaha.” (Luka 7:39) Yezu wewe yari umuntu w’imbabazi nyinshi. Yaratahuye ingorane uwo mugore yarimwo kandi arumva agahinda afise. Ntibatubwira ukuntu uwo mugore yaguye mu ngeso zo gukora ivyaha. Nimba mu vy’ukuri yari imaraya, bica biboneka ko abagabo bo muri ico gisagara, ni ukuvuga Abayuda bari bijukiye ivyo gusenga, ataco bamufashije.
9. Yezu yavyifashemwo gute, kandi ivyo bishobora kuba vyavuyemwo iki?
9 Mugabo Yezu yashaka kumufasha. Yamubwiye ati: “Urahariwe ivyaha vyawe.” Maze yongeyeko ati: “Ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro.” (Luka 7:48-50) Aho ni ho iyo nkuru iherera. Hari umuntu yoharira ngo Yezu nta kintu kinini yamukoreye. Ahanini yamurungitse amaze kumuhezagira. Woba wibaza ko kumbure yasubiye mu buzima bugayitse yahozemwo? Naho tudashobora kubimenya neza, turabe ivyo Luka abandanya avuga. Yigana yuko Yezu yagendagenda “mu bisagara no mu mihana, ababgira ijambo ry’Imana, avuga ubutumwa bgiza bg’ubgami.” Luka avuga kandi ko “abagore bamwe” bari kumwe na Yezu be n’abigishwa biwe, “bābafashisha [ivy’abo bagore].” Ntitworeka kwiyumvira yuko bishoboka ko wa mugore yagize ukwigaya n’ugukenguruka yari muri bo. Ico gihe akaba yari yaratanguye kugira ubuzima buranga ukwubaha Imana afise ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi, afise umugambi mushasha mu buzima kandi asigaye akunda Imana bimwe bigera ibwina.—Luka 8:1-3.
Ubudasa Buri Hagati ya Yezu n’Abafarizayo
10. Ni kuki ari ngirakamaro kurimbura inkuru yerekeye Yezu na wa mugore bari mu nzu kwa Simoni?
10 Dushobora kwigira iki kuri iyo nkuru ikabura ubwenge? Ntidukora ku mutima ga yemwe? Niwihe ishusho uri mu nzu kwa Simoni. Wokwumvise umerewe gute? Mbega wovyakiriye nk’uko Yezu yavyakiriye, canke wari kwumva hari ukuntu umerewe nk’uko uwo Mufarizayo yari yabakiriye yamerewe? Yezu yari Umwana w’Imana, ari co gituma tudashobora kwumva neza na neza tumerewe nka we kandi dukora nka we. Ku rundi ruhande, ntidushobora na gato kwipfuza kubona turi nka wa Mufarizayo Simoni. Ni bake boshima kwifata Rufarizayo.
11. Ni kuki tutokwipfuza gushirwa mu mugwi w’Abafarizayo?
11 Twihweje ibimenyamenya vyo muri Bibiliya be n’ivyo mu nkuru zitajanye n’ivy’Imana, turashobora gushika ku ciyumviro c’uko Abafarizayo bishira hejuru ngo ni bo baharanira iterambere ry’abanyagihugu n’ineza y’igihugu. Kuri bo ntivyari bihagije kuba Ivyagezwe vy’Imana ahanini vyari bitomoye kandi vyoroshe itahura. Ahantu hose babona ko Ivyagezwe bisa n’ibitadomako, ahasa n’ahabuze ikintu, baca barondera kwongeramwo amabwirizwa ntabanduka kugira ngo ntihagire umuntu akenera gukoresha ijwi ryo mu mutima. Izo ndongozi z’idini zagerageza kuremarema ingingo igenga inyifato mu mice yose, eka no mu tuntu ataco tuvuze.a
12. Abafarizayo bibona gute?
12 Umutohozakahise w’Umuyuda Joseph wo mu kinjana ca mbere yaratomoye yuko Abafarizayo bibona ko ari abanyabuntu, ingenzabuhoro, intungane, kandi ko amabanga bajejwe bari bayakwiriye koko. Nta nkeka ko bamwebamwe muri bo bari bameze gutyo. Ushobora kuba uciye wibuka Nikodemu. (Yohana 3:1, 2; 7:50, 51) Mu nyuma hari bamwe muri bo bafashe inzira ya gikirisu. (Ivyakozwe 15:5) Intumwa Paulo w’Umukirisu yanditse ku biraba Abayuda bamwebamwe, nk’Abafarizayo ati: “Ndabashingira intahe yuko bafise ishaka ry’Imana, ariko si mu buryo bg’ubgenge.” (Abaroma 10:2) Ariko, Injili ziberekana mu buryo abanyagihugu ba nyarucari bababona. Abo banyagihugu babona ko bishima, bishira hejuru, bibona ubugororotsi, batora abandi amahinyu, bakabacira urubanza kandi bakabakengera.
Ukuntu Yezu Yababona
13. Yezu yavuze iki ku vyerekeye Abafarizayo?
13 Yezu yagirije abanyabwenge b’Ivyanditswe n’Abafarizayo ko ari indyadya. “Bahambira imitwaro iremereye igoye itwara, bakayikoreza abantu ku bitugu, arik’ubgabo ntibagomba kuyikozako n’urutoke.” Emwe, uwo mutwaro wari uremereye kandi ingogo bahatira ku bantu yari iyibabaza. Yezu yabandanije yita abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo “ibipfu.” Igipfu kirabangamira ikibano. Yezu yise kandi abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo “indongozi zihumye” yongera yemeza yuko bari “[bar]aretse ibihambaye vyo mu mabgirizwa, guca izibereye, n’imbabazi, n’ukwizera.” Ni nde yoshima ko Yezu amubona nk’Umufarizayo?—Matayo 23:1-4, 16, 17, 23.
14, 15. (a) Ibintu Yezu yakoranye na Matayo Lewi, bihishura iki ku buryo Abafarizayo bakora ibintu? (b) Ni ivyigwa bihambaye ibihe dushobora kwigira kuri iyo nkuru?
14 Abasomyi nka bose b’inkuru zo mu Njili barashobora kubona ikintu nyamukuru caranga Abafarizayo nka bose. Yezu amaze gutera akamo Matayo Lewi umutozakori ngo acike umwigishwa, Lewi amutegurira amazimano menshi. Iyo nkuru ivuga iti: “Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe bafatanye na bo bidodombera abigishwa ba Yesu, bati N’iki gitumye musangira n’abatozakori n’abanyavyaha? Yesu arabishura at[i] . . . Sinaje guhamagara abagororotsi, ariko naje guhamagara abanyavyaha ngo bihane.”—Luka 5:27-32.
15 Lewi ubwiwe yaratahuye ikindi kintu Yezu yavuze ico gihe ati: “Mugende mwige iri jambo, muritahure, ngw Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi.” (Matayo 9:13) Naho Abafarizayo bivugisha ko bemera ivyandikano vy’abahanuzi b’Abaheburayo, ntibemeye amajambo yo muri Hoseya 6:6. Igihe baba bahuvye muri ivyo nta co vyababwira, bo birabira gusa ko bakurikije imigenzo. Umwe wese muri twebwe yokwibaza ati: “Noba nzwi ko ndi umuntu ashimika nantaryo ku mabwirizwa amwamwe, nk’ayajanye n’ibintu umuntu wese ashobora kugira uko abibona canke ku bintu bifise uko bisanzwe bigirwa? Canke abandi boba ahanini babona ko ndi umuntu w’imbabazi n’ubuntu?’
16. Ingendo y’Abafarizayo yari iyihe, kandi dushobora gute kwirinda kumera nka bo?
16 Kunegura, kunegura, kunegura. Iyo ni yo yari ingendo y’Abafarizayo. Abafarizayo batora amahinyu ku tuntu twose, haba ari ku dukosa nyakuri canke ku bintu bishizemwo. Batuma abantu baguma bameze magabo kandi bakaguma babibutsa amakosa yabo. Abafarizayo bishimira kuba batanga ikigiracumi c’utuboga dutoduto nk’imbwija, anisi na kumino. Berekana ko bakunda Imana biciye mu nyambaro kandi bakagerageza kuyobora iryo hanga. Nta nkeka, niba dushaka ko ibikorwa vyacu bihuza n’akarorero Yezu yatanze, dutegerezwa kwirinda impengamiro yo kwama nantaryo turondera utunenge tw’abandi twongera tudushira ahabona.
Yezu Ingorane Yazitorera Umuti Gute?
17-19. (a) Sigura ukuntu Yezu yatoreye umuti ingorane yari gushobora kugira ingaruka zikomeye cane. (b) Ni ibiki vyatumye ivyo bintu bitera ubuyega kandi biba ibidahimbaye? (c) Iyo uba ari ho wari igihe uwo mugore yegera Yezu, wari kuvyifatamwo gute?
17 Yezu yatorera umuti ingorane mu buryo ataho busa busana n’ukuntu Abafarizayo babigenza. Rimbura ukuntu Yezu yatoreye umuti ingorane yari gushobora kuba iyikomeye cane. Yari yerekeye umugore yari amaze imyaka 12 arwaye ubutinyanka. Iyo nkuru ushobora kuyisoma muri Luka 8:42-48.
18 Mariko mu kwigana iyo nkuru, avuga yuko uwo mugore ‘yatinye, agahinda agashitsi.’ (Mariko 5:33) Kubera iki? Nta nkeka ko vyatewe n’uko yari azi ko yarenze Icagezwe c’Imana. Dukurikije Abalewi 15:25-28, igihe umugore yaja mu kwezi mu buryo budasanzwe, yaba ahumanye igihe cose yamarayo, kwongerako umushamvu. Ikintu cose yakorako canke umuntu wese bakoranyeko yaca acika uwuhumanye. Kugira ngo uwo mugore yegere Yezu, yategerezwa kwicira akayira mw’isinzi ry’abantu. Igihe dutereje akajisho kuri iyo nkuru haciye imyaka 2.000 ivyo bibaye, duca twumva tumugiriye impuhwe.
19 Iyo wari kuba uhari kuri uwo musi, ivyo bintu wari kubibona gute? Wari kuvuga iki? Urabona ko Yezu uwo mugore yamufatanye ubuntu, urukundo n’icubahiro, mbere ntiyacishamwo n’ingorane n’imwe ashobora kuba yateje.—Mariko 5:34.
20. Iyo icanditswe co mu Balewi 15:25-27 kiba ari igisabwa muri iki gihe, ni ikintu ikihe kitoroshe twohanganye na co?
20 Hoba hari ikintu dushobora kwigira kuri ivyo vyabaye? Tuvuge yuko woba uri umukurambere mw’ishengero rya gikirisu muri iki gihe. Tuvuge kandi yuko icanditswe co mu Balewi 15:25-27 ari ikintu Abakirisu basabwa muri iki gihe be n’uko hari Umukirisu w’umukenyezi yarenze ico cagezwe, akumva ataye umutwe kandi atagira gitabara. Wovyifatamwo gute? Woba womumaramaza ku mugaragaro mu kumuha impanuro umunegura? Kumbure wovuga uti: “Nta vyo nokwigera nubahuka yemwe! Nokurikiza akarorero ka Yezu nkihata uko nshoboye kugira ngo ndamugaragarize ubuntu, urukundo, ukumwitwararika be n’icubahiro.” Ni vyiza cane! Mugabo igihambaye ni ukubikora ukigana icitegererezo ca Yezu.
21. Yezu yigishije iki abantu ku biraba Ivyagezwe?
21 Ahanini, abantu bumva Yezu abaruhuriye, bakumva bamerewe neza kuruta kandi baremeshejwe. Aho Ivyagezwe vy’Imana vyaba bitomoye, nta kundi kwihinguza. Mu gihe na ho vyasa n’ibivuga ibintu muri rusangi, ijwi ryabo ryo mu mutima ryaca rikora, bagashobora kugaragaza urukundo bakunda Imana mu ngingo bafata. Ivyagezwe vyarabaha akaryo ko guhema. (Mariko 2:27, 28) Imana yarakunze abasavyi bayo, ikama nantaryo ikora ku neza yabo kandi ikagira umutima ukunze wo kubaharira igihe kaba gaciyemwo bagahuba. Ukwo ni ko Yezu yari ameze.—Yohana 14:9.
Ivyavuye mu Nyigisho za Yezu
22. Ivyo Abigishwa bigiye kuri Yezu vyatumye bagira uwuhe mutima?
22 Abumvirije Yezu maze bagacika abigishwa biwe, barashimye ukuntu amajambo yavuze ari ay’ukuri. Agira ati: “[“Ingogo,” NW] yanje [nti]babaza, n’umutwaro wanje [ura]hwahutse.” (Matayo 11:30) Ntibigera bumva abaremera, abaturubika canke abicisha amajambo. Bumva barushirije kugira umwidegemvyo, guhimbarwa no kwizigira ubucuti bari bafitaniye n’Imana be n’ubwo bagiranira hagati yabo. (Matayo 7:1-5; Luka 9:49, 50) Bamwigiyeko yuko kuba imboneza mu vy’impwemu bisaba kuba umuntu aruhura abandi, yiyoroheje mu muzirikanyi no mu mutima.—1 Ab’i Korinto 16:17, 18; Ab’i Filipi 2:3.
23. Kuba abigishwa bari kumwe na Yezu vyabigishije ikihe cigwa gihambaye, kandi vyabafashije gushika ku bihe vyiyumviro?
23 Bitayeko, benshi barakozwe ku mutima n’akamaro ko kuguma bari muri Kirisitu be n’ako kugira agatima yagaragaje. Yabwiye abigishwa biwe ati: “Nk’uko Data yankunze, ni ko nanje nabakunze: ni mugume mu rukundo rwanje. Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.” (Yohana 15:9, 10) Kugira ngo bererwe mu busuku barangurira Imana, botegerejwe kugira umwete wo gushira mu ngiro ivyo bigiye kuri Yezu, haba mu kwamamaza no mu kwigisha ku mugaragaro ivyerekeye inkuru nziza y’akaroruhore y’Imana be no mu kuntu bafata abagize umuryango n’abagenzi. Uko umugwi w’abavukanyi wakura ugacika ishengero, bokeneye kuza bariyibutsa kenshikenshi yuko inzira ya Yezu ari yo yari inzira ibereye. Ivyo yigishije vyari ukuri, kandi uburyo babonye abaho, bwari bukwiye kwiganwa koko.—Yohana 14:6; Abanyefeso 4:20, 21.
24. Ni ibintu ibihe dukwiye gushira ku mutima dufatiye ku karorero ka Yezu?
24 Uko ubu urimbura ibintu bimwebimwe duhejeje kwihweza, woba ubona aho woryohora? Woba wemera yuko Yezu yama nantaryo yiyumvira, yigisha yongera akora mu buryo bubereye? Nureme rero. Amajambo aremesha atubwira ni aya: “Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora.”—Yohana 13:17.
[Akajambo k’epfo]
a “Itandukaniro [riri hagati ya Yezu n’Abafarizayo] ritomorwa n’ukuntu Yezu yatahura Imana mu buryo buteye kubiri n’uko bo bayitahura. Abafarizayo babona ko ahanini Imana nantaryo yama iri n’ivyo isaba; Yezu we akabona ko ari inyabuntu n’inyembabazi. Ego ni ko, Umufarizayo ntahakana ko Imana igira neza kandi yuzuye urukundo, mugabo kuri we, izo kamere yaziseruye mu gutanga Itorati [Ivyagezwe] be no mu kuntu bishoboka ko umuntu ashitsa ibisabwa muri yo. . . . Gukurikiza imigenzo ishikirizwa ku munwa, n’ukuntu irimwo amabwirizwa agenewe gusobanura ivyagezwe, Umufarizayo yabona ko ari bwo buryo bwo gushitsa Itorati. . . . Igihe Yezu yerekana ko rya bwirizwa ry’urukundo ririmwo abiri, (Mat. 22:34-40) umuntu ashobora kurikurikiza yishimikije uko ivyiwe vyifashe, vyongeye akamirira kure ya migenzo yashikirizwa ku munwa izitira, . . . vyatumye batavuga rumwe n’ivyiyumviro bitari vyo vy’Abafarizayo.”—The New International Dictionary of New Testament Theology.
Wokwishura Gute?
• Kuri wewe, kuba umwigishwa wa Yezu bisobanura iki?
• Yezu yafata gute abantu?
• Dushobora kwigira iki ku buryo Yezu yigisha?
• Abafarizayo na Yezu bari bataniye he?
[Ifoto ku rup. 16]
Ese ukuntu Yezu yafata abantu mu buryo butandukanye n’ukuntu Abafarizayo babafata!