Abakirisu Barakeneraniye
“Tur’ingingo za bagenzi bacu.”—ABANYEFESO 4:25.
1. Ni igiki igitabu kimwe kivuga ku vyerekeye umubiri w’umuntu?
UMUBIRI w’umuntu ni ikintu gitangaje caremwe! Igitabu kimwe (The World Book Encyclopedia) kivuga giti: “Abantu rimwe na rimwe bita umubiri w’umuntu imashini, bakavuga ko ari imashini nziza igitangaza kuruta izigeze gukorwa. Ego ni ko, umubiri w’umuntu si imashini. Mugabo urashobora kugereranywa na yo mu buryo bwinshi. Cokimwe n’imashini, umubiri ugizwe n’ibihimba vyinshi. Nka kurya kw’igihimba kimwekimwe cose c’imashini, igihimba cose c’umubiri kirarangura ibikorwa bidasanzwe. Mugabo ibihimba vyose birakorana, gutyo rero bigatuma umubiri canke imashini ikora neza.”
2. Ni mu buryo ubuhe umubiri w’umuntu ufitaniye isano n’ishengero rya gikirisu?
2 Vyemere, umubiri w’umuntu ufise ibihimba vyinshi, kandi igihimba kimwekimwe cose kirarangura ikintu ca nkenerwa. Nta mutsi n’umwe, nta murya n’umwe canke ikindi gihimba c’umubiri na kimwe kitagira ico gikora. Muri ubwo buryo nyene, umwe wese mu bagize ishengero rya gikirisu arashobora kugira ico aterera ku magara yaryo no ku bwiza bwaryo vyo buryo bw’impwemu. (1 Ab’i Korinto 12:14-26) Nk’uko umwe wese mu bagize ishengero adakwiye kwiyumvira ko asumba abandi, niko ata n’umwe akwiye kwibaza ko ataco amaze.—Abaroma 12:3.
3. Mu Banyefeso 4:25 herekana gute yuko Abakirisu bakeneraniye?
3 Nka kurya ibihimba bigize umubiri w’umuntu ari magiriranire, ni ko n’Abakirisu bakeneraniye. Intumwa Paulo yabwiye abo basangiye ukwemera basizwe impwemu ati: “Mwiyambure ibinyoma, umuntu wese avugane ivy’ukuri na mugenzi we, kuko tur’ingingo za bagenzi bacu.” (Abanyefeso 4:25) Mu bagize Isirayeli yo mu vy’impwemu, ari wo “mubiri wa Kristo” harangwa ukuvugana ukuri be n’ugusenyera ku mugozi umwe kubera yuko ari ‘ingingo za bagenzi babo.’ Ni vyo, umwe wese muri bo ni urugingo rw’abandi bose. (Abanyefeso 4:11-13) Abakirisu bavugisha ukuri, basenyera ku mugozi umwe bafise icizigiro co kuba kw’isi, ni bo bifatanije na bo mu buryo buranga agahimbare.
4. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe abashasha bashobora gufashwa?
4 Uko umwaka utashe, abantu ibihumbi n’ibihumbi bizigiye kuba mw’iparadizo kw’isi barabatizwa. Abandi bo mu bagize ishengero barahimbarwa no kubafasha “[g]uter[a] imbere [ba]gana ku buhumure.” (Abaheburayo 6:1-3, NW) Iyo mfashanyo ishobora kuba irimwo kwishura ibibazo bishingiye ku Vyanditswe canke kubasahiriza mu buryo ngirakimazi mu busuku. Turashobora gufasha abashasha mu gutanga akarorero keza biciye ku kugira uruhara ubudahorereza mu makoraniro ya gikirisu. Mu bihe vy’ivyago, turashobora kandi gutanga indemesho canke kumbure impumurizo. (1 Ab’i Tesalonike 5:14, 15) Dukwiye kurondera uturyo two gusahiriza abandi kugira ngo “[b]agender[e] mu kuri.” (3 Yohana 4) Twaba turi bato canke dukuze, twaba ari ho tugitangura kugendera mu kuri canke tumaze imyaka n’iyindi tukugenderamwo, turashobora gutuma abo dusangiye ukwemera batera imbere mu vy’impwemu, kandi baradukeneye koko.
Baratanze Imfashanyo Ikenewe
5. Akwila na Purisikila bafashije Paulo gute?
5 Abubakanye b’Abakirisu bari mu bantu baronkera ugushira akanyota ku gufasha abo basangiye ukwemera. Nk’akarorero, Akwila n’umugore wiwe Purisikila barafashije Paulo. Baramwakiriye muhira iwabo, barakorana na we mu kujisha amahema, kandi baramufashije kuremesha ishengero rishasha ry’i Korinto. (Ivyakozwe 18:1-4) Mu buryo bunaka butazwi, baranahatswe kuhasiga ubuzima bwabo ku bwa Paulo. Baba i Roma igihe Paulo yabwira Abakirisu b’aho ati: “Muntahirize Purisikila na Akwila abākoranye nanje muri Kristo Yesu, kandi bāhevye iyabo mitwe ko yocibga kugira ngo bakize amagara yanje. Si jewe jenyene mbashima, ariko n’amashengero yose yo mu banyamahanga arabashima.” (Abaroma 16:3, 4) Nka kumwe kwa Akwila na Purisikila, Abakirisu bamwebamwe bo mu gihe ca none bararemesha amashengero kandi bagafasha abo bafatanije ugusenga mu buryo butari bumwe, rimwe na rimwe bagahakwa n’ubuzima bwabo bwite kugira ngo birinde gushira abandi basavyi b’Imana mu kaga k’ubukazi canke k’urupfu koterwa n’ababahama.
6. Ni imfashanyo iyihe Apolo yaronse?
6 Akwila na Purisikila barafashije kandi Apolo, uwari Umukirisu azi kuvuga, akaba yariko yigisha ababa muri Efeso ivyerekeye Yezu Kirisitu. Ico gihe, Apolo yari azi gusa ibatisimu yagirwa na Yohani bwa kigereranyo c’ukwihana ivyaha umuntu yaba yacumuye mu kurenga kw’isezerano ry’Ivyagezwe. Kubera batahuye yuko Apolo yari akeneye imfashanyo yinaka, Akwila na Purisikila “ba[ra]rushiri[je] kumutahuza inzira y’Imana.” Birashoboka rwose ko basiguye yuko kubatizwa rukirisu vyarimwo kwibizwa mu mazi no gushungururirwako impwemu yera. Apolo yarashize mu ngiro ivyo yize. Mu nyuma i Akaya, “ubuntu bg’Imana bumutera gufasha cane abizeye: kuko yatururuza Abayuda abatsindira imbere y’abantu, yerekana mu vyanditswe yuko Yesu ari we Kristo.” (Ivyakozwe 18:24-28) Insasanuro zitanzwe n’abo dufatanije ugusenga zirashobora kenshi gufasha kugira ngo turushirize gutahura Ijambo ry’Imana. No muri uwo muce nyene, turakeneraniye.
Gutanga Imfashanyo z’ivy’Umubiri
7. Abanyafilipi bavyakiriye gute igihe Abakirisu bagenzi babo bari bakeneye gufashwa mu vy’umubiri?
7 Abagize ishengero rya gikirisu ry’i Filipi barakunda cane Paulo kandi baramurungikiye ibintu vy’umubiri igihe yari akiri i Tesalonike. (Ab’i Filipi 4:15, 16) Igihe abavukanyi b’i Yeruzalemu bari bakeneye imfashanyo z’ivy’umubiri, Abanyafilipi barerekanye ko biteguriye gutanga intererano mbere zinarengeye ivyo bari bafise. Paulo yarakengurutse cane agatima keza abavukanyi n’abavukanyikazi biwe b’i Filipi bagaragaje ku buryo yabatanzeko akarorero ku bandi bizera.—2 Ab’i Korinto 8:1-6.
8. Ni agatima akahe Epafurodito yagaragaje?
8 Igihe Paulo yari mw’ibohero, Abanyafilipi ntibamurungikiye ingabirano z’ivy’umubiri gusa ariko kandi baciye barungika n’intumwa yabo bwite Epafurodito. Paulo yavuze ati: “[Epafurodito] yagarukiye hafi yo gupfa kubg’igikorwa ca Kristo, yahevye amagara yiwe, ngw ashikane ivyasigaye vyo kumfasha kwanyu.” (Ab’i Filipi 2:25-30; 4:18) Ntibatubwira nimba Epafurodito yari umukurambere canke umukozi w’ishengero. Ariko rero, yari Umukirisu yitanga kandi w’ingirakimazi, kandi Paulo yari amukeneye vy’ukuri. Hoba hariho umuntu ameze nka Epafurodito mw’ishengero iwanyu?
Bari ‘Imfashanyo Zikomeza’
9. Ni akarorero akahe dukura kuri Arisitariko?
9 Abavukanyi n’abavukanyikazi bakundana, bameze nka Akwila, Purisikila na Epafurodito barafise agaciro cane mw’ishengero iryo ari ryo ryose. Bamwebamwe mu bo dufatanije ugusenga barashobora kumera cane nk’Umukirisu wo mu kinjana ca mbere yitwa Arisitariko. We hamwe n’abandi bari “imfashanyo ikomeza,” kumbure bari isoko ry’inyiruro canke isoko ry’imfashanyo mu bintu vy’ishimikiro kandi vy’ingirakimazi. (Ab’i Kolosayi 4:10, 11, NW) Mu gusahiriza Paulo, vyaragaragaye ko Arisitariko ari umugenzi nyakuri mu bihe umuntu aba amukeneye. Yari ameze nka wa muntu avugwa mu Migani 17:17: “Umukunzi akundana ibihe vyose, kandi yavukiye kukubera nk’uwo muvukana mu magorwa.” Ntidukwiye none twese kwihatira kuba ‘imfashanyo zikomeza’ ku Bakirisu bagenzi bacu? Dukwiye canecane gufasha abariko bacumukuzwa n’ivyago.
10. Petero yatanze akarorero akahe ku bakurambere bakirisu?
10 Abakurambere bakirisu canecane bategerezwa kuba imfashanyo zikomeza ku bavukanyi n’abavukanyikazi babo bo mu vy’impwemu. Kirisitu yabwiye intumwa Petero ati: “Uremeshe bagenzi bawe.” (Luka 22:32) Petero ivyo yari ashoboye kubikora kubera ko yagaragaje kamere zikomeye, zishikamye, canecane inyuma y’izuka rya Yezu. Yemwe bakurambere, uko bishoboka kwose, nimwihatire gukora ikintu nk’ico nyene n’umutima ukunze kandi mubigiranye ikibabarwe kubera yuko abo musangiye ukwizera babakeneye.—Ivyakozwe 20:28-30; 1 Petero 5:2, 3.
11. Dushobora gute kwungukira ku kurimbura agatima Timoteyo yari afise?
11 Timoteyo, umusangirangendo wa Paulo, yari umukurambere yitwararika bimwe bigera kure abandi Bakirisu. Naho Timoteyo yari afise ingorane kanaka z’ivy’amagara, yaragaragaje ukwizera kutanyiganyiga, maze ‘arakorana na Paulo igikorwa co gukwiza ubutumwa bwiza.’ Ni co gituma iyo ntumwa yashoboye kubwira Abanyafilipi iti: “Simfise uwundi ari n’umutima nk’uw’uwo, yobabara ivyanyu vy’ukuri.” (Ab’i Filipi 2:20, 22; 1 Timoteyo 5:23; 2 Timoteyo 1:5) Turashobora kubera umuhezagiro abasavyi ba Yehova bagenzi bacu mu kugaragaza agatima nk’aka Timoteyo. Ego ni ko, dutegerezwa kwihanganira utunenge twebwe abantu ubwacu dufise be n’ibigeragezo bitandukanye bidushikira, mugabo na twebwe turashobora kandi turakwiye kugaragaza ukwizera gukomeye be n’ukwitwararika kuranga urukundo abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bo mu vy’impwemu. Dukwiye kwama nantaryo twibuka yuko badukeneye.
Abagore Bitwararika Abandi
12. Ni igiki dushobora kwigira ku karorero ka Doruka?
12 Umwe mu bagore bubaha Imana bitwararika abandi yari Doruka. Igihe yapfa, abigishwa baciye batumako Petero maze bamujana mu nzu yo hejuru. Ng’aho “abapfakazi bose bahagarara i ruhande yiwe barira, berekana amapfundo n’imitamana Doruka yapfunditse akiri muri bo.” Doruka yarasubijwe muzima kandi nta gukeka yabandanije ‘kugira ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bwinshi.’ Mw’ishengero rya gikirisu ryo mu gihe ca none, hariyo abagore bameze nka Doruka boshobora guhingurira impuzu abari mu mukeno canke kubakorera ibindi bintu biranga urukundo. Birumvikana ko ibikorwa vyabo vyiza ahanini bifitaniye isano n’uguteza imbere inyungu z’Ubwami be no kugira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa.—Ivyakozwe 9:36-42; Matayo 6:33; 28:19, 20.
13. Ludiya yagaragaje gute ko yitwararika Abakirisu bagenzi we?
13 Hari umugore atinya Imana yitwa Ludiya yitwararika abandi. Yari imvukira y’i Tuwatira, akaba yaba i Filipi igihe Paulo yahamamaza inkuru nziza nko mu 50 G.C. Ludiya birashoboka ko yari uwahindukiriye idini y’Abayuda, mugabo hashobora kuba hari Abayuda bakeyi i Filipi kandi nta sinagogi yari ihari. We hamwe n’abandi bagore bibanga Imana bari bakoraniye hamwe hafi y’uruzi ku bw’ugusenga igihe intumwa Paulo yababwira inkuru nziza. Iyo nkuru ivuga iti: “[“Yehova,” NW] [yu]gurura umutima [wa Ludiya], kugira ngw awushire ku vyo Paulo yavuga. Amaze kubatizanywa n’abo mu nzu yiwe, aratwinginga, at’Asangwa mubonye nd’uwizeye [“Yehova,” NW], ni muze i wanje, musembereho. Aratugōbēra.” (Ivyakozwe 16:12-15) Kubera ko Ludiya yashaka gukorera abandi ivyiza, yarerewe mu kujijura Paulo n’abo bari kumwe kugumana nawe. Ese ukuntu tubikenguruka igihe, Abakirisu b’umutima mwiza kandi barangwa n’urukundo berekanye ubwakiranyi nk’ubwo muri kino gihe!—Abaroma 12:13; 1 Petero 4:9.
Na Mwebwe Bakiri Bato Turabakeneye
14. Yezu Kirisitu yafashe gute abana bato?
14 Ishengero rya gikirisu ryatangujwe n’Umwana w’Imana w’umunyabuntu kandi w’igishika, ari we Yezu Kirisitu. Abantu bumva bamerewe neza igihe baba bamukikije kubera yuko yari umuntu arangwa n’urukundo be n’imbabazi. Umusi umwe, igihe abantu bamwebamwe batangura kuzanira Yezu abana babo batoyi, abigishwa biwe baragerageje kubirukana. Mugabo Yezu yavuze ati: “Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze: kuk’ubgami bg’Imana ar’ubg’abameze bartyo. Ndababgire ukuri, ūtazokwākīra ubgami bg’Imana nk’umwana muto, ntazobginjiramwo na gatoyi.” (Mariko 10:13-15) Kugira ngo tuze turonke imihezagiro y’Ubwami, dutegerezwa kuba abicisha bugufi kandi tukaba aboroshe kwigisha nk’abana bato. Yezu yaragaragaje ko akunda abana bato mu kubarera no mu kubahezagira. (Mariko 10:16) Tuvuge iki kuri mwebwe abakiri bato muri iki gihe? Mumenye neza yuko mukundwa kandi mukenewe mw’ishengero.
15. Ni ibintu ibihe vyerekeye ubuzima bwa Yezu vyanditse muri Luka 2:40-52, kandi ni akarorero akahe yasigiye abakiri bato?
15 Igihe Yezu yari akiri muto, yarerekanye ko akunda Imana be n’Ivyanditswe. Igihe yari afise imyaka 12 y’amavuka, we hamwe n’abavyeyi biwe, ari bo Yozefu na Mariya, barafashe urugendo bava mu gisagara cabo c’amavukiro c’i Nazareti bagenda i Yeruzalemu guhimbaza Pasika. Ku rugendo rwo gusubira inyuma, abavyeyi ba Yezu basanze atari mu mugwi w’abantu wari ufatanije urugendo na bo. Amaherezo bamusanze yicaye muri kimwe mu bibanza vyo mu rusengero, yumviriza abigisha b’Abayuda yongera ababaza ibibazo. Yezu atangajwe n’uko Yozefu na Mariya batari bazi iyo bomusanze, yaciye abaza ati: “Ntimwari muzi yuko bikwiye ko mba kwa Data?” Yaciye asubirana i muhira n’abavyeyi biwe, aguma abagamburukira, kandi abandanya gutera imbere mu bukerebutsi no mu gukura kw’umubiri. (Luka 2:40-52) Ese ukuntu ari akarorero keza Yezu yasigiye urwaruka rwacu! Nta gukeka, bakwiye kugamburukira abavyeyi babo kandi bakitwararika kwiga ivyerekeye ibintu vy’impwemu.—Gusubira mu Vyagezwe 5:16; Abanyefeso 6:1-3.
16. (a) Ni ibiki abana bamwebamwe basemereye bavuga igihe Yezu yariko ashinga intahe ku rusengero? (b) Ni agateka akahe Abakirisu bakiri bato bafise muri iki gihe?
16 Wewe ukiri muto, ushobora kuba ushingira intahe Yehova kw’ishure, ku nzu no ku yindi, uri kumwe n’abavyeyi bawe. (Yesaya 43:10-12; Ivyakozwe 20:20, 21) Igihe Yezu yariko arashinga intahe yongera akiza abantu ku rusengero imbere gatoyi y’uko apfa, abana bamwebamwe barasemereye bati: “Hoziyana mwana wa Dawidi!” Abaherezi bakuru be n’abanyabwenge b’ivyanditswe barashavujwe n’ivyo, baca bitonganya bati: “Urumva ivyo bavuga?” Yezu yishuye ati: “Ego me; nta ho murasoma, ngo Mu kanwa k’abana bato n’abonka waroranijemw’ishimwe?” (Matayo 21:15-17) Cokimwe n’abo bana, na mwebwe rwaruka muri mw’ishengero murafise agateka gahambaye ko gushemeza Imana n’Umwana wayo. Turashaka kandi turakeneye ko mwifatanya natwe tugakorana namwe turi abamamaji b’Ubwami.
Igihe Ivyago Vyadutse
17, 18. (a) Ni kubera iki Paulo yakorakoranije imfashanyo ku bw’Abakirisu b’i Yudaya? (b) Intererano zatanzwe n’abavyishakiye ku bw’abizera b’i Yudaya zakoze iki ku Bakirisu b’Abayuda n’Abanyamahanga?
17 Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, urukundo ruradusunikira ku gufasha Abakirisu bagenzi bacu bari n’ivyo bakeneye. (Yohana 13:34, 35; Yakobo 2:14-17) Urukundo Paulo yakunda abavukanyi n’abavukanyikazi biwe b’i Yudaya ni rwo rwamusunikiye ku gukorakoranya imfashanyo zabo mw’ishengero ry’i Akaya, ry’i Galatiya, ry’i Makedoniya no mu ntara ya Aziya. Uruhamo, uruhagarara rw’abanyagihugu be n’ikigoyi vyashikiye abigishwa b’i Yeruzalemu bishobora kuba vyavuyemwo ivyo Paulo yise “ibisinzikaza,” ‘imibabaro’ be n’‘ukunyagwa ivyo bari batunze.’ (Abaheburayo 10:32-34; Ivyakozwe 11:27–12:1) Ku bw’ico rero, yarahagarikiye ikigega c’ugufasha Abakirisu b’abakene b’i Yudaya.—1 Ab’i Korinto 16:1-3; 2 Ab’i Korinto 8:1-4, 13-15; 9:1, 2, 7.
18 Intererano zatangwa n’abavyishakiye zigenewe abera b’i Yudaya zaragaragaje ko ubucuti bw’ikivukano bwari buriho hagati y’Abayuda be n’Abanyamahanga basenga Yehova. Ugutanga intererano z’amahera vyaratumye kandi Abakirisu b’Abanyamahanga bashobora kwereka abo bafatanije ugusenga b’Abayuda ko bakenguruka ubutunzi bwo mu vy’impwemu babaronkeje. Gutyo, hariho ugusangira n’abandi mu vy’umubiri no mu vy’impwemu. (Abaroma 15:26, 27) Intererano zitangwa ku bw’abo dusangiye ukwemera bakenye muri iki gihe na zo nyene zitangwa n’abavyishakiye kandi ziva ku rukundo. (Mariko 12:28-31) Turakeneraniye no muri uwo muce nyene kugira ngo habe ukunganya ‘no kugira uwegeranije bike ntasange hari ico akehaniwe.’—2 Ab’i Korinto 8:15.
19, 20. Nutange akarorero kerekana ukuntu abasavyi ba Yehova batanga imfashanyo igihe ivyago vyadutse.
19 Kubera dutahura yuko Abakirisu bakeneraniye, turihutira gufasha abavukanyi n’abavukanyikazi dusangiye ukwizera. Nk’akarorero, rimbura ivyashitse igihe vya nyamugigima vy’ibiranduzi be n’ugusidagurika kw’isi vyatera muri El Salvador mu ntango z’umwaka w’2001. Raporo imwe yavuze iti: “Abavukanyi bo mu mihingo yose ya El Salvador baciye bagira utwigoro two gutabara. Imigwi y’abavukanyi bavuye i Guatemala, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no muri Kanada baraje kudufasha. . . . Inzu zirenga 500 be n’Ingoro z’Ubwami ziryoheye ijisho zarubatswe nk’aka kanya. Ugukora cane be n’ugusenyera ku mugozi umwe kw’abo bavukanyi kwarashinze intahe ikomeye.”
20 Raporo imwe yavuye muri Afirika y’Epfo yavuze iti: “Imyuzure iteye ubwoba yayogeje imihingo itari mike ya Mozambike yaragize ico ikora kandi ku batari bake mu bavukanyi bacu bakirisu. Ishami ryo muri Mozambike ryararinganije ivyo kwitwararika ibitari bike mu vyo bari bakeneye. Ariko rero, abavukanyi bo kw’ishami basavye yuko turungikira abavukanyi bakenye, impuzu twakoresheje zikimeze neza. Twaregeranije impuzu zikwiye kugira ngo turungikire abavukanyi bacu b’i Mozambike igikontineri cuzuye impuzu kireha n’imetero 12.” Vyemere, no muri ubwo buryo nyene, turakeneraniye.
21. Ni ibiki birimburwa mu kiganiro gikurikira?
21 Nk’uko twabibonye mu ntango, ibihimba vyose vy’umubiri w’umuntu birahambaye. Ivyo nta nkeka ko ari kwo biri no kw’ishengero rya gikirisu. Abarigize bose barakeneraniye. Barakeneye kandi kubandanya bakora bunze ubumwe. Ikiganiro gikurikira kiraja kurimbura ibintu bimwebimwe bituma ivyo bishoboka.
Wokwishura Gute?
• Ni isano irihe riri hagati y’umubiri w’umuntu n’ishengero rya gikirisu?
• Abakirisu bo mu ntango bavyakiriye gute igihe abo basangiye ukwizera bari bakeneye gufashwa?
• Ni uburorero bumwebumwe ubuhe bwo mu Vyanditswe bwerekana yuko Abakirisu bakeneranira kandi bagafashanya?
[Ifoto ku rup. 10]
Akwila na Purisikila baritwararika abandi
[Amafoto ku rup. 12]
Abasavyi ba Yehova barafashanya bakongera bagafasha abandi igihe ivyago vyadutse