Mubone Ibintu nk’Uko Imana Ibibona
MURI Leta ya New York, mu gihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, igenekerezo rya 14 Nyakanga 2002, wari umusi hatari hashushe cane kandi hakaba hari izuba. Kuri uwo musi, isinzi ry’abantu bo mu mahanga menshi bagera ku 6.521 barakoraniye ku Kigo c’Iyigishirizo c’i Patterson be no ku zindi nyubakwa zibiri z’Ivyabona vya Yehova zo muri ako karere. Iryo sinzi ry’abantu ryatororokanye kugira ngo ryirabire ukuntu umugwi ugira 113 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya rya Watchtower ry’i Gileyadi bahabwa impapuro z’imitsindo. Abo banyeshure bari baje bava mu bihugu 15 kandi bari bamaze amezi atanu bitegurira umurimo w’ubumisiyonari boranguriye mu bihugu 19 borungitswemwo.
Carey Barber ageze mu myaka 98 y’amavuka akaba n’umwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, ni we yari umuhagarikizi w’iyo porogarama. Yaravuze ivyerekeye iragi Ishure ry’i Gileyadi ryasigaranye abaryitavye mu myaka hafi 60 iheze, rikaba ryararonkeje ivyangombwa abantu ibihumbi n’ibihumbi kugira ngo baje gukorera mu ndimiro ari abamisiyonari. Umuvukanyi Barber yavuze ati: “Kuvuga yuko havuyemwo ibintu bihambaye muri ukwo kumenyerezwa kwiyongereye baronse si ugushikuza. Tuvugishije ukuri, abantu b’abagwaneza ibihumbi amajana n’amajana hirya no hino kw’isi bareguriye ubuzima bwabo Yehova, baraja mu gusenga kw’ukuri be no mu murimo mweranda kubera bafashijwe n’abo bamisiyonari bamenyerejwe.”
Imbere y’uko baja i Gileyadi, abenshi muri abo banyeshure baragaragaje ko bashimishwa no kwagura ubusuku bwabo. Hari umugabo n’umugore bari bamaze umwaka urenga biga ivyigwa bijanye n’ururimi rw’Igishinwa citwa Ikimandare kugira ngo bashikire abantu benshi b’Abashinwa baba mu karere k’iwabo muri Kanada. Hari abandi bubakanye batanguye kwiga Ikinyalubaniya ari bo bavyishakiye, mu nyuma barahava bimukira muri Alubaniya kugira ngo bitwararike abantu b’aho bashimishwa na Bibiliya, baguma biyongera. Abandi bo muri iryo shure baje i Gileyadi bavuye muri Hongiriya, i Gwatemala no muri République Dominicaine, bakaba bari barimukiye muri ivyo bihugu kugira bakorere ahari hakenewe cane abigisha b’Ijambo ry’Imana kuruta ahandi.
Ico gihe na ho, imbere y’uko bagenda mu bikebere vyabo vyo muri Afirika, mu Buraya bwo mu Buseruko, muri Amerika yo Hagati, muri Amerika y’Epfo no muri Aziya yo mu Buseruko, abanyeshure bose bari bagiye kuronka impapuro z’imitsindo baremeshejwe kwisunga Imana mu vyo bakora vyose.
Mubone Ibintu nk’Uko Imana Ibibona
Amaze kuvuga amajambo y’intango, Umuvukanyi Barber yaciye aha ikaze Maxwell Lloyd, umwe mu bagize Komite y’Ishami ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Yashimitse ku mutwe-shimikiro uvuga ngo “Mubone Ibintu Vyose Mufatiye ku Kuntu Imana Ibibona.” Umuvukanyi Lloyd yarakwegereye ivyiyumviro ku karorero ka Dawidi be n’ak’Umwana w’Imana Yezu. (1 Samweli 24:6; 26:11; Luka 22:42) Amaze kwibutsa abanyeshure yuko ivyigwa vya Bibiliya bagize mu mezi atanu vyari vyarabamenyereje mu bijanye no kubona ibintu nk’uko Imana ibibona, umushikirizansiguro yaciye abaza ati: “Igihe muzoba muriko murigana n’abantu Bibiliya mu gikebere canyu gishasha, mwoba muzobafasha kuzirikana ku bintu bafatiye ku kuntu Imana ibibona?” Maze ku bijanye no guhanura abandi, abanyeshure yabagiriye iyi nama: “Ntimuvuge ngo ‘Mfatiye ku kuntu mbona ibintu, niyumvira ko, . . . ’ Ahubwo, mubafashe kubona uko Imana ibona ibintu. Mubigenjeje gutyo, muzobera umuhezagiro nyakuri abantu mwifatanya mu gikebere canyu.”
Kuri porogarama haciye hakurikira Gerrit Lösch, umwe mu bagize Inama Nyobozi. Igihe yariko ashikiriza insiguro ishingiye ku mutwe-shimikiro uvuga ngo: “Ndi Kumwe Na[m]we,” yaravuze ivyerekeye ibihe vyinshi aho Yehova yabwiye abasavyi biwe b’abizerwa ngo “Ndi kumwe na[m]we.” (Itanguriro 26:23, 24; 28:15; Yosuwa 1:5; Yeremiya 1:7, 8) Muri iki gihe cacu, turashobora kwizigira Yehova nk’ukwo nyene mu gihe tugumye turi abizerwa. Umuvukanyi Lösch yadomye urutoke kuri ibi: “Mwoba murajwe ishinga no kumenya nimba muzoronka abantu mwigana Bibiliya? Nimwibuke yuko Yehova yavuze ati: ‘Ndi kumwe nawe.’ Mwoba murajwe ishinga no kumenya nimba muzoronka ibikwiye mu buryo bw’umubiri? Yehova yavuze ati: ‘Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.’” (Abaheburayo 13:5) Yasozereye yibutsa abanyeshure yuko Yezu yasezeranye ko azoba ari kumwe n’abayoboke biwe b’abizerwa mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa.—Matayo 28:20.
Umutwe-shimikiro w’insiguro umwigisha w’i Gileyadi Lawrence Bowen yatanze wavuga ngo: “Woba Uzogira Umutekano Uri mu Bigeragezo Bikaze?” Yavuze yuko kubera ibibazo vyavyutse muri Edeni, abantu bose bipfuje kwibanda kuri Yehova bagaherezako bahanganye n’ingorane kandi mu bihe bimwebimwe bahangana n’ibigeragezo bikaze. Yaremesheje abanyeshure bari bagiye kuronka impapuro z’imitsindo gukurikira akarorero ka Yezu, we yaronse umutekano nyakuri mu kwiheka bimwe bishitse kuri Yehova no mu kwemera ibigeragezo bikaze Yehova yaretse kugira ngo bihingure ukugamburuka kw’Umwana wiwe. (Abaheburayo 5:8, 9) Yehova ashobora kugereranywa n’uwukura inkamba mu nzahabu, akoresha neza na neza urugero rw’ubushuhe rubereye kugira ngo akuremwo imyanda. Birumvikana ko ukwizera kugeragejwe n’umuriro gutuma umuntu agira umutekano uruta kure n’iyo inzahabu ikuwemwo inkamba. Kubera iki? Umuvukanyi Bowen yavuze ati: “Ni kubera yuko ukwizera gukuwemwo inkamba gushobora kurinda umukazo uwo ari wo wose, kandi kuturonsa ivyangombwa kugira ngo twihangane gushitsa kw’‘iherezo.’”—Matayo 24:13.
Uwundi mwigisha w’i Gileyadi, Mark Noumair yabajije ati: “Mwoba Muzoba Abantu Bashimwa?” Umutwe-shimikiro wiwe wari ushingiye ku majambo yo muri 1 Samweli 2:26, akaba adondora Samweli ko yari umuntu “[a]shimwa n’Uhoraho n’abantu.” Amaze kuvuga ivy’akarorero ka Samweli, Umuvukanyi Noumair, uwamaze imyaka irenga cumi mu murimo w’ubumisiyonari muri Afirika, yavuze ati: “Mwumiye mudahemuka ku gikorwa Imana yabashinze gukora, na mwebwe murashobora kuba abantu bashimwa mu nyonga z’Imana. Yarabahaye igikebere c’agaciro c’ubumisiyonari.” Umuvukanyi Noumair yaciye aremesha uwo mugwi w’abanyeshure wari ugiye kuronka impapuro z’umutsindo kubona ibikebere vyabo bwa mbitsanyo nyeranda iva ku Mana be no gukurikira ivyiyumviro vy’Imana igihe barangura ibikebere vyabo.
Mu gihe c’ivyigwa, abanyeshure bararonse uturyo twinshi ku mpera y’umushamvu two kubwira abantu bo muri ako karere “ibitangaza vy’Imana” bivugwa muri Bibiliya. (Ivyakozwe 2:11) Kukaba nkako, bashoboye kuvuga ivyerekeye ivyo bintu mu ndimi cumi zitandukanye. Uwundi mwigisha w’i Gileyadi yitwa Wallace Liverance, yarabajije ibibazo umugwi umwe w’abanyeshure biganye ivyo biboneye ku bijanye n’umutwe-shimikiro uvuga ngo: “‘Ibitangaza vy’Imana’ Bituma Abantu Bagira Ico Bakoze.” Yavuze ati: “Impwemu yaravyuriye abari mu cumba co hejuru kuri Pentekoti umutima wo kuvuga ivyerekeye ‘ibitangaza vy’Imana.’ Iyo mpwemu nyene ni yo ikorera mu basavyi b’Imana bose b’abizerwa muri iki gihe.” Bamwebamwe mbere baravyuriwe umutima wo kwiga indimi nshasha bafise intumbero yo gushinga intahe ku bandi bantu benshi bashoboka.
Impanuro Ngirakimazi mu Bijanye no Kubona Ibintu nk’Uko Imana Ibibona
Insiguro za mbere zirangiye, Gary Breaux be na William Young bo mu bagize umuryango wa Beteli wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, barabajije ibibazo abagize amakomite y’ishami atandukanye yo mu bihugu abamisiyonari bariko bakoreramwo ubu, bongera barabaza umugore n’umugabo bamaze imyaka 41 mu murimo w’ubumisiyonari. Ikintu kimwe cabonetse ni iki: “Abatarondera vyinshi mu vy’umubiri usanga bamara igihe kirekire muri ico gikorwa. Baguma bitwararika icabazanye. Barazi yuko baje kwamamaza inkuru nziza no gufasha abantu kumenya Yehova.”
David Splane, uwundi wo mu bagize Inama Nyobozi yasozereye iyo porogarama n’insiguro ifise umutwe-shimikiro uvuga ngo: “Ntimugiye Kure!” None ko abo 46 baronse impapuro z’imitsindo ico gihe, bari bagiye kurungikwa mu bihugu vyo hirya no hino kw’isi, yoba yashaka kuvuga iki? Yasiguye ati: “Aho muzoba muri hose kw’isi, muzokwama nantaryo muri mu nzu y’Imana igihe cose muzoba muri abizerwa.” Vyemere, Abakirisu b’abizerwa bose, aho boshobora kuba bari hose, bariko bakorera mu gice kimwe c’inzu y’Imana ari rwo rusengero ruhambaye rwayo rwo mu vy’impwemu, urwatanguye igihe Yezu yabatizwa mu kinjana ca mbere. (Abaheburayo 9:9) Ese ukuntu vyari ibihumuriza ku bantu bose bari bahari kumenya yuko Yehova ari hafi y’abasavyi biwe bose b’abizerwa bari kw’isi! Nk’uko Yehova yitwararitse Yezu igihe yari kw’isi, ni ko atwitwararika twese, akitwararika n’umurimo tumurangurira aho dushobora kuba turi hose. Ku bw’ivyo, mu bijanye n’ugusenga ntituri kure na gato y’abandi, kandi ntituri kure na gato ya Yehova be na Yezu.
Bamaze kwakira indamukanyo barungikiwe zivuye hirya no hino kw’isi, bakamenyeshwa aho barungitswe, hagasomwa n’ikete abanyeshure banditse riserura ugukenguruka ku bw’ukwo kumenyerezwa baronkeye i Gileyadi, umuhagarikizi yaciye asozera neza iyo porogarama. Yaremesheje abo bamisiyonari bashasha gukomera ku muheto mu gikorwa cabo ciza no kunezererwa umurimo wa Yehova.—Ab’i Filipi 3:1.
[Uruzitiro ku rup. 23]
IBIRANGA ABAGIZE IRYO SHURE
Igitigiri c’ibihugu bavuyemwo: 14
Igitigiri c’ibihugu barungitswemwo: 19
Igitigiri c’abanyeshure: 46
Incahagati y’imyaka: 35
Incahagati y’imyaka bamaze mu kuri: 17,2
Incahagati y’imyaka bamaze mu busuku bw’igihe cose: 13,7
[Ifoto ku rup. 24]
Umugwi Ugira 113 w’Abasohoka Ishure ry’Ivya Bibiliya rya Watchtower ry’i Gileyadi
Mu rutonde rukurikira, imirongo iharurwa uhereye imbere uja inyuma, amazina na yo akaba atondetse uhereye ibubamfu uja iburyo ku murongo umwumwe wose.
(1) Ligthart, M.; Hosoi, S.; Berktold, A.; Liem, C.; Aoki, J. (2) Baglyas, J.; Bouqué, S.; Bossi, A.; Alton, J.; Escobar, I.; Escobar, F. (3) Stoica, A.; Stoica, D.; Freimuth, S.; Karlsson, M.; LeBlanc, R. (4) Bianchi, R.; Bianchi, S.; Kaminski, L.; Joseph, L.; Paris, S.; LeBlanc, L. (5) Paris, M.; Skidmore, B.; Horton, J.; Horton, L.; Skidmore, G. (6) Liem, B.; Alton, G.; Quirici, E.; Langlois, M.; Steininger, S.; Aoki, H. (7) Langlois, J.; Steininger, M.; Bossi, F.; Kaminski, J.; Bouqué, J.; Ligthart, E.; Hosoi, K. (8) Baglyas, J.; Quirici, M.; Karlsson, L.; Freimuth, C.; Berktold, W.; Joseph, R.