Uburyo bwo Gutsimbataza Uburimbane mu vy’Akazi
MURI iyi si ya none igengwa n’umukazo ukomeye uva ku masoko mpuzamakungu, uguhiganwa gukomeye be n’ivyo guhingura ibintu vyinshi cane ica rimwe, abantu benshi ntibahimbarwa n’ivyo kuja ku kazi ku musi ku musi. Yamara, twari dukwiye kunezerererwa igikorwa dukora. Kubera iki? Kubera yuko twaremwe mw’ishusho y’Imana, na yo ikaba ihimbarwa n’igikorwa cayo. Nk’akarorero, igihe Imana yariko yihweza ivyo yari yakoze ku mpera y’“imisi” itandatu y’irema, canke ku mpera y’ibiringo birebire vy’irema, mw’Itanguriro 1:31 havuga hati: “Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane.”
Nta mazinda, ukuba Yehova akunda igikorwa, ni kimwe mu bintu bituma yitwa “Imana ihimbawe.” (1 Timote 1:11, UB) None si ivyumvikana yuko uko turushiriza kumwigana, ari ko turushiriza guhimbarwa? Mu bijanye n’ivyo, Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera, akaba yari umuntu azi rwose ivyo kwubaka no kwungunganya ibintu, yanditse ati: “Ubuntu bw’Imana [ni uko] umuntu wese yorya, akanywa, akanezererwa ivyiza mu butame bgiwe bgose.”—Umusiguzi 3:13.
Gutsimbataza uburimbane mu vy’akazi muri iki gihe aho usanga ivy’akazi bihindagurika ningoga na ningoga, birashobora kuba urugamba. Mugabo, Yehova Imana arahezagira abakurikiza ubuyobozi bwiwe buranga urukundo. (Zaburi 119:99, 100) Mwene abo bantu baracika abakozi bafise agaciro kandi bizigirwa, ivyo bigatuma badashobora gupfa gukurwa mu kazi. Bariga kandi kutabona ubuzima bwabo n’akazi kabo nk’ibintu gusa bibazanira amahera, ahubwo babibona mu buryo bw’ivy’impwemu. Ivyo bituma bashobora gufata ingingo zizigirwa mu buzima no kubona yuko umunezero wabo be n’ugutekanirwa kwabo bidashingiye ku kazi bakora canke ku vy’ubuzi usanga biza birahindagurika. (Matayo 6:31-33; 1 Ab’i Korinto 2:14, 15) Birabafasha gutsimbataza inyifato nziza mu kazi vy’ukuri iri ku burimbane.
Nutsimbataze Inyifato Ishimwa n’Imana mu vy’Akazi
Abantu bamwebamwe usanga baratwawe n’akazi, kakaba ari ko bashira imbere y’ibindi bintu vyose. Abandi na bo si bo babona umusi uraheze ngo bitahire. None mu vyerekeye akazi, ni gute umuntu yogira uburimbane? Bibiliya yishura iti: “Urushi rumwe rwuzuye rufatanye n’impore ruruta amashi yuzuye afatanye n’ubutame no guhahamira umuyaga.” (Umusiguzi 4:6) Kukaba nka ko, gukora birenze urugero canke gukora igihe kirekire, biratera umuntu ingorane aho kugira ngo bimufashe kugira ico ashitseko; nta co bimaze, ni “uguhahamira umuyaga.” Ni kubera iki ari uko biri? Kubera yuko twohava twonona ibintu nyene bituma turushiriza kugira umunezero, na vyo bikaba ari ubucuti dufitaniye n’abo mu muryango be n’abagenzi, uko ivyacu vyifashe mu vy’impwemu, amagara yacu eka mbere n’ukuramba kwacu. (1 Timoteyo 6:9, 10) Ukugira uburimbane muri ivyo ni ukubumbwa n’ibintu bibayabaye, ariko kandi umuntu akaba afise amahoro ku rugero runaka hako yiremereza ibikorwa vyinshi bimukwegera ingorane n’imibabaro.
Naho Bibiliya iremesha kugira mwene ubwo burimbane, ntishigikira ubunebwe. (Imigani 20:4) Ubunebwe buradutesha agaciro, bugatitura icubahiro abandi bashobora kuba badufitiye, mbere ikirushirije bukonona ubucuti dufitaniye n’Imana. Bibiliya ivuga itarya umunwa yuko umuntu arya imitsi abandi akanka gukora, adakwiye gufungura. (2 Ab’i Tesalonike 3:10) Ahubwo, akwiye guhindura ingendo maze agakorana ubwira, gutyo akabona kwironsa ivyo akeneye mu buryo bwiza, akongera akabironsa n’abamuzeyeko uburaro n’uburamuko. Biciye ku gukorana ubwira, hari aho mbere yoshobora no gufasha abari mu bukene vy’ukuri, ico na co kikaba ari ikintu Ijambo ry’Imana rituremesha gukora.—Imigani 21:25, 26; Abanyefeso 4:28.
Baramenyerezwa Guha Agaciro Akazi Kuva Bakiri Bato
Utumenyero twiza mu bijanye no gukora ntidupfa kwizana; umuntu atwiga akiri muto. Ni co gituma Bibiliya ihimiriza abavyeyi iti: “Toza umwana indero akwiye kwamana, azorinda asāza atarayivamwo.” (Imigani 22:6) Turetse ivy’uko abavyeyi b’inkerebutsi batanga akarorero keza mu kuba ubwabo abakozi, usanga batangura kumenyereza abana babo mu kubaha udukorwa tw’i muhira, bakurikije imyaka abana babo bafise. Naho nyene abana bashobora kutanezerezwa n’udukorwa tumwetumwe, amaherezo bazobona ko ubwabo bari n’ico bamaze mu muryango, na canecane igihe abavyeyi babo babakeza ku gikorwa bakoze neza. Ikibabaje, abavyeyi bamwebamwe barakorera abana babo utuntu nka twose, kumbure babitumwe n’umutima mwiza, ariko ntibamenye yuko bariko barabagirira nabi. Vyoba vyiza mwene abo bavyeyi bazirikanye ku canditswe co mu Migani 29:21, ahavuga hati: “Ūreze umushumba [canke umwana] akamufyinisha uhereye mu buto bgiwe, uburuhiro n’ukuzohava [“aba intashima,” NW].”
Ikindi kandi, abavyeyi b’umutima baritwararika cane ivy’amashure y’abana babo, bakabaremesha kwiga no gukorana umwete igihe bari kw’ishure. Ivyo bizogirira akamaro abo bana igihe bazoba baronse akazi.
Nuhitemwo Akazi mu Buryo Buranga Ubukerebutsi
Naho Bibiliya itatubwira ubwoko bw’igikorwa twokurikirana, iraduha inyobozo nziza zituma iterambere ryacu ryo mu vy’impwemu, umurimo turangurira Imana be n’ayandi mabanga ahambaye bitaja mu kaga. Nk’akarorero, intumwa Paulo yanditse iti: “Igihe [kir]āgiriye: uhereye none . . . abakoresha ivy’isi, bamere nk’abatabishishikaye: kuk’ukw isi imeze uku, kugenda gushira.” (1 Ab’i Korinto 7:29-31) Muri uru runkwekwe rw’ibintu, nta kintu na kimwe kiramba canke ngo kiragame. Gufata umwanya wacu wose n’inguvu zacu zose tukabihebera uru runkwekwe rw’ibintu, vyoba ari cokimwe no gufata amahera yose yodutunze tukayaziganya mu nzu yubatswe mu karere kama katewe n’amasegenya. Ese ingene kwoba ari ukuziganya kuranga ubujuju!
Ijambo “abatabishishikaye,” hari iyindi mpinduro ya Bibiliya irihindura ngo “abatabikoresha nka cane.” (UB) Abantu b’inkerebutsi ntibigera birengagiza ivy’uko igihe “cāgiriye” ku bw’uru runkwekwe rw’ibintu kandi yuko ‘gukoresha cane’ ivy’isi bishobora kubashikana ku kuvunika umutima no ku kwicuza.—1 Yohana 2:15-17.
‘Imana nta ho Izoguhemukira’
Yehova arazi ivyo dukeneye kuruta mbere uko tubizi. Arazi kandi aho tugeze mw’iranguka ry’umugambi wiwe. Ni co gituma atwibutsa ati: “Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe; kuk’[Imana] ubgayo yavuze, iti Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.” (Abaheburayo 13:5) Ese ukuntu ayo majambo aduhumuriza! Yezu, mu kwigana ukuntu Imana yitwararika abasavyi bayo ibigiranye urukundo, igice kinini ca ya Nsiguro yiwe izwi cane yo ku Musozi yagihebeye ukwigisha abigishwa biwe kubona akazi be n’ibintu vy’umubiri mu buryo bubereye.—Matayo 6:19-33.
Ivyabona vya Yehova barihatira gukurikiza izo nyigisho. Nk’akarorero, igihe kimwe umukozi umwe yari Icabona ca Yehova yakora mu vy’umuyagankuba, umukoresha wiwe yamusavye kwama akora mu masaha y’inyuma y’akazi, mugabo nya mukozi ntiyavyemera. Uti kubera iki? Kubera yuko atashaka ko akazi yakora kamutwara umwanya yahebera umuryango wiwe n’ibibazo vyerekeye ibintu vy’impwemu. Kubera ko yari umukozi mwiza kandi w’umwizigirwa, umukoresha wiwe yarubahirije ingingo yafashe. Ariko ntiwumve, ibintu ntivyama nantaryo bigenda gutyo, ari co gituma bishobora kuba ngombwa ko umuntu arondera akandi kazi kugira ngo abandanye kubaho. Naho ari ukwo, abizigira Yehova n’umutima wabo wose akenshi basanga abakoresha babo babizigira bitumwe n’uko bigenza neza bakongera bakagira inyifato nziza mu kazi.—Imigani 3:5, 6.
Igihe Akazi Kose Kazoba Kamara Akanyota
Muri uru runkwekwe rw’ibintu rudatunganye, akazi be n’ivyo kuroranirwa mu kazi ntibizokwigera biburamwo ingorane be n’amakenga. Kukaba nka ko, ibintu birashobora kwunyuka uko isi igenda irushiriza kuvurungana, ivy’ubutunzi na vyo bikarushiriza guhindagurika canke mbere bikayangara. Mugabo ivyo bintu n’ivy’igihe gito. Ubu bwa vuba, nta muntu n’umwe azobura akazi. Vyongeye, igikorwa cose kizoba vy’ukuri gishimishije kandi kimara akanyota. Ivyo bishoboka gute? Ni igiki kizozana ihinduka mwene iryo?
Biciye ku mumenyeshakazoza wiwe Yesaya, Yehova yaravuze ivy’ico gihe kiri imbere. Yavuze ati: “Ndarema ijuru risha n’isi nsha; ivya mbere ntibizokwibukwa, kandi ntibizoruha vyiyumvirwa.” (Yesaya 65:17) Yariko avuga ivyerekeye intwaro yiwe nshasha, aho ikibano c’abantu gishasha kandi kimeze ukundi kizoba atari umugani.—Daniyeli 2:44.
Ku vyerekeye ukuntu abantu bazobaho n’uburyo bazokora ico gihe, ya majambo menyeshakazoza abandanya ati: “Bazokwubaka amazu bayīberemwo, kandi bazotera uruzabibu, bīrīre inzabibu zarwo. Ntibazokwubaka ngw abandi binjire; ntibazorima ngw abandi babirye: kuko nk’ukw imyaka y’igiti ingana ari kw abantu banje bazoramba, kand’abo nitoranirije bazoshitsa igihe kirekire banezererwa igikorwa c’amaboko yabo. Ntibazoruhira ubusa, kandi ntibazovyara abo kugesezwa, kuko bazoba ar’uruvyaro jewe Uhoraho nahezagiye, bo n’abazobakomokako.”—Yesaya 65:21-23.
Mbega ihinduka rihambaye rizozanwa n’iyo si nshasha Imana yategekanije! Ntiwipfuza none kuba muri iyo si, aho “[ut]azoruhira ubusa” ahubwo ukazokwinovora mu buryo bushitse ‘ikizova’ mu butame bwawe? Ariko rero, raba abazokwinovora iyo mihezagiro: ‘ni uruvyaro Uhoraho yahezagiye.’ Urashobora kuba umwe muri abo bantu ‘bahezagiwe,’ mu kwiga ivyerekeye Yehova no mu gushitsa ivyo asaba. Yezu yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” (Yohana 17:3) Ivyabona vya Yehova bazonezerezwa no kugufasha kuronka ubwo bumenyi butuma umuntu aronka ubuzima, mu kwiga Ijambo ry’Imana Bibiliya mu buryo buri ku rutonde.
[Uruzitiro ku rup. 6]
“BARARONDERWA CANE”
Bibiliya ivuga iti: “Ivyo mukora vyose, mubikore bivuye ku mutima, nk’abakorera Shobuja mukuru, ntimube nk’abakorera abantu.” (Ab’i Kolosayi 3:23) Biboneka yuko umuntu ashira mu ngiro iyo ngingo ngenderwako nziza mu kazi akora, ari we mukozi aca aronderwa cane. Ku bw’ivyo, Uwitwa J. J. Luna, mu gitabu ciwe (How to Be Invisible) agira inama abakoresha bipfuza gutanga akazi, ngo barondere abakozi mu banywanyi bo mu madini kanaka. Mugabo yongerako ati: “Iyo abakoresha bagize ivyo, akenshi usanga bahaye akazi Ivyabona vya Yehova.” Imwe mu mvo atanga ituma baha akazi Ivyabona vya Yehova, ni uko ari abantu bazwi ko ari inzirabugunge, ivyo na vyo bigatuma “baronderwa cane” mu buzi butandukanye.
[Amafoto ku rup. 5]
Kurimbanya akazi, ibikorwa vyo mu vy’impwemu n’ukwiruhura bituma umuntu ahera akanyota