“Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra”
Uravye ingene yari ameze kera n’ingene ameze ubu, yagize kahise gafurunganye mugabo ubu afise kazoza gakayangana
‘IJAMBO ry’Imana ni rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubw’inkota zose, . . . risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira’ (Abaheburayo 4:12). Ukwo ni ko intumwa Paulo yavuze ku vyerekeye ububasha bwinjira gushika ibwina ubutumwa bw’Imana bufise. Ububasha rifise bwo gushika ku mutima bwarigaragaje canecane mu kinjana ca mbere mu G.C. Naho ico gihe hariho akosho kabi, abacitse abakirisu barambaye wa muntu musha.—Abaroma 1:28, 29; Ab’i Kolosayi 3:8-10.
Ububasha Ijambo ry’Imana rifise bwo guhindura umuntu, nk’uko vyanditswe muri Bibiliya, ntibubura kwibonekeza no muri iki gihe. Nk’akarorero, rimbura ivy’uyu mugabo muremure kandi w’ibiguvu yitwa Richard. Kubera yuko yari umuntu arakara ningoga, Richard yaca arwana naho yaba asomborokejwe gatoyi. Ubuzima bwiwe bwarangwa n’ubukazi. Richard mbere yaragiye mu mugwi w’abakubitana ingumu. Yarimenyereje cane maze aba karuhariwe mu bakubitana ingumu b’ibiro vyinshi bo mu ntara ya Westphalie mu Budagi. Richard kandi yaranywa cane, akaba kenshi yaraja mu vyo gukubitana kujana n’ukwiha akamo. Mu gihe c’ukurwana nk’ukwo, hari umuntu yapfuye, hanyuma Richard arahakwa gutabwa mu mvuto.
Umubano wa Richard wo wari wifashe gute? Richard yibuka ibi: “Imbere y’uko jewe n’umukenyezi wanje Heike twiga Bibiliya, umwe wese yafata inzira yiwe. Heike yamara umwanya munini ari kumwe n’abagenzi biwe, mu gihe nanje naba nibereye mu nkino zo kwiruhura, canecane uguterana ingumu, guserereka ku mikuba yo mu kiyaga no kwibira”.
Igihe Richard na Heike batangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, Richard yumvise arengewe n’iciyumviro co kugira amahinduka yasa n’ayatoshoboka kugira ngo ahuze ubuzima bwiwe n’ingingo mfatirwako ziri mw’Ijambo ry’Imana. Ariko rero, Richard amaze kumenya neza Yehova Imana, yaratsimbataje icipfuzo gikomeye co kumuhimbara. Richard yaratahuye yuko Imana itemera abakunda ubukazi canke ababukoresha mu kwinezereza. Richard yize ibi: ‘Uwukunda ubukazi, umutima wa Yehova uramwanka’.—Zaburi 11:5.
Vyongeye, icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’iparadizo ngaha kw’isi, carakwegereye Richard na Heike. Baripfuje kuzoyibamwo bari kumwe (Yesaya 65:21-23)! Ubutumire buvuga ngo “mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra”, bwarakoze ku mutima cane Richard (Yakobo 4:8). Yarabonye agaciro ko kwumvira iyi mpanuro yahumetswe igira iti: “Ntukagirire ishari umuntu w’ikirara, ntugatore inzira yiwe n’imwe. Kukw ikidambidambi [ari] igisesema k’Uhoraho, arikw abagororotsi bo, asangiye ibanga na bo”.—Imigani 3:31, 32.
Naho Richard yari afise icipfuzo gikomeye co guhindura ingendo yiwe, yaratahuye yuko atobigize ku bw’inkomezi ziwe bwite. Yarashitse aho atahura yuko akeneye kurondera gufashwa n’Imana mw’isengesho. Gutyo yaciye akora ahuje n’amajambo Yezu yabwiye intumwa agira ati: “Musenge, ntimuje mu mosha mabi. Umutima ni wo ukunze, arik’umubiri ufise intege nke”.—Matayo 26:41.
Richard amaze kumenya ukuntu Imana ibona ubukazi be n’ukurakara, nta gukeka ko yatahuye ko rwa rukino rwo gukubitana ingumu rutari rubereye. Abifashijwemwo na Yehova be n’indemesho yahawe n’abo bigana Bibiliya, Richard yaravavanuye n’ubukazi. Yarahevye guterana ingumu be na kwa gukubitana maze afata ingingo yo kuryohora ubuzima bwiwe bwo mu rugo. “Kwiga ukuri kwo muri Bibiliya vyaramfashije kubanza kwiyumvira imbere y’uko ngira ico nkora”, ukwo ni ko Richard avuga, ubu akaba ari umucungezi yitonda wo mw’ishengero rimwe ry’Ivyabona vya Yehova. Yongerako ati: “Ingingo ngenderwako y’urukundo be n’iy’icubahiro ubu ni zo zinyobora mu bucuti mfitaniye n’umukenyezi wanje be n’abana banje. Ico vyavuyemwo ni uko umuryango wacu ufatanye mu nda”.
Abantu bafise amakuru atari yo rimwe na rimwe baragirije Ivyabona vya Yehova ko basambura imiryango. Ariko rero, uburorero bw’abantu nka Richard burabeshuza ivyo bavuga. Ni vyo, ukuri kwa Bibiliya kurashobora gutuma i muhira haba itekane be na kazoza gakayangana ku bagize kahise gafurunganye.—Yeremiya 29:11.
[Iciyumviro ku rup. 9]
“Icizigiro c’ukuba kw’isi y’iparadizo caratumye mpinduka”
[Uruzitiro ku rup. 9]
Ingingo ngenderwako za Bibiliya ziragira ico zikoze
Bibiliya irashobora kugira akosho k’ububasha mu buzima bw’abantu. Ng’izi ingingo ngenderwako zimwezimwe zo mu Vyanditswe zafashije abantu b’inkazi guhinduka:
“Ūteba kuraka aruta umunyenkomezi, kand’ūganza umutima wiwe aruta ūnesheje igisagara” (Imigani 16:32). Kuraka kudacungerewe ni ikimenyetso c’ubugoyagoye, si ikimenyetso c’inkomezi.
‘Uguca mu kajisho kw’umuntu kumutera guteba kuraka’ (Imigani 19:11). Umuntu iyo aciye mu kajisho akongera agatahura ibintu, biramufasha kurenza uruho rw’amazi ku vyotuma haba ugushamirana kandi bigashobora gutuma atarakara ningoga.
‘Ntugacudike n’ikirandamuke, kugira ntuhave utora inzira zaco’ (Imigani 22:24, 25). Abakirisu baririnda babigiranye ubukerebutsi kwifatanya n’abantu bafise impengamiro yo kurandamuka.