ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/6 rup. 3-4
  • Ivy’ubugiraneza ubu vyifashe gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivy’ubugiraneza ubu vyifashe gute?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Vyoba ari ngirakamaro canke kwoba ari ugusesagura?
  • Gutanga canke kudatanga
  • Ugutanga guhimbara imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Kubera iki twoha Umwe afise vyose?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Iciza cararengewe n’ikibi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/6 rup. 3-4

Ivy’ubugiraneza ubu vyifashe gute?

INYUMA y’aho habereye ibitero kw’igenekerezo rya 11 Nyakanga 2001 mu gisagara ca New York be no mu ca Washington, D.C., imfashanyo zo gufasha abashikiwe n’ivyago zatanzwe n’abantu zari nyinshi. Amashirahamwe y’abagiraneza yarajorejwe n’amadolari imiliyaridi 2 n’imiliyoni 7 yatanzwe kugira afashe imiryango y’abahitanywe n’ivyago. Kubera bababajwe n’ukuntu ivyononekaye bingana, abantu bo mu mihingo yose baripfuje gufasha.

Ariko rero, abantu bamwebamwe baciye bumva bashangashiwe aho inkuru zimariye gukwiragira z’uko amahera amashirahamwe y’abagiraneza akomakomeye yaronse yariko ayikoreshereza ivyayo. Vyarababaje benshi aho bivugiwe yuko hari ishirahamwe ry’abagiraneza rinini ryari ryateguye kugumya hafi igice c’imiliyoni 546 z’amadolari ryari ryaronse hanyuma ngo riyakoreshe iyindi migambi. Naho iryo shirahamwe mu nyuma ryahinduye ingingo ryari ryafashe hanyuma rigasaba imbabazi, hari umumenyeshamakuru yavuze ati: “Abihweza ibintu n’ibindi babona yuko ivyo bintu ishirahamwe ryakoze mu nyuma bitari bigishobora gutuma abantu basubira kuryizigira” nk’uko bahora baryizigira imbere y’uko vya bitero biba. Weho bite? Woba uherutse kwumva utacizigira cane amashirahamwe y’abagiraneza?

Vyoba ari ngirakamaro canke kwoba ari ugusesagura?

Kugira ivyo uha amashirahamwe y’abagiraneza mu bisanzwe bibonwa ko ari ikintu ciza. Yamara, si abantu bose babibona gutyo. Haraheze imyaka irenga 200 umwanditsi umwe w’Umwongereza yitwa Samuel Johnson yanditse ati: “Iyo uhemvye abakozi ubahembera igikorwa bakoze, uba uzi neza udakeka ko wakoze igikorwa ciza kuruta igihe utanga amahera ku bw’ubuntu gusa”. Bamwebamwe muri iki gihe baragonanwa nk’ukwo nyene, kandi amaraporo avuga ivy’amashirahamwe y’abagiraneza ariko arakoresha nabi imfashanyo ahabwa, atuma abantu batayizigira. Rimbura uturorero tubiri tw’ibiherutse kuba.

Umuyobozi umwe w’ishirahamwe ry’abagiraneza ryegukira idini mu gisagara ca San Francisco yarirukanywe, inyuma y’aho arungikiye ibiro bikukira ishirahamwe ryiwe fagitire z’amahera yakoresheje mu kubagwa be n’iy’amadolari 500 (amafaranga y’amarundi arenga 500.000) y’ivyo yafunguye ku ndwi ku ndwi mu kiringo c’imyaka ibiri. Mu Bwongereza, abaringanije ibirori vyo gufasha vyagizwe na televiziyo nkuru barakubiswe n’inkuba aho bimenyekaniye yuko, mu madolari nk’imiliyoni 10 (amafaranga y’amarundi arenga 10.000.000) yari yararungitswe kugira ngo afashe mu kwubaka inyubakwa nshasha z’impfuvyi muri Rumaniya, inzu 12 mbimbi gusa ari zo zari zarubatswe maze amadolari ibihumbi amajana n’amajana ntiyamenyekana irengero ryayo. Amaraporo mabi nk’ayo yaratumye mu buryo bukwiriye abantu bamwebamwe bahora bagira ivyo batanga barushiriza kwiyubara ku kuntu ivyo baterera bingana be n’abo babiha.

Gutanga canke kudatanga

Ariko rero, vyoba ari ikintu kibabaje kureka ivyo abantu bakeyi bakora canke amashirahamwe makeyi akora ngo binigire mu menshi ubwitwararitsi nyakuri be n’imbabazi nyakuri tugaragariza abandi. Bibiliya ivuga iti: “Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo” (Yakobo 1:27). Si ivy’imbeshere, kwitwararika cane abakene be n’aboro ni umuce ugize ubukirisu.

Ariko rero, ushobora kwibaza uti: ‘Noba nkwiye kubandanya kugira ivyo mpa amashirahamwe y’abagiraneza canke noba nkwiye gusa kugerageza gufasha abantu mu kubihera ubwanje ivyo nshaka gutanga’? Ni ugutanga kumeze gute Imana yitega? Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino ivyo bibazo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika