ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/6 rup. 4-7
  • Ugutanga guhimbara imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ugutanga guhimbara imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Gutanga ingabirano z’ubuntu’
  • Imvo ibereye ni ntahara
  • Tuvuge iki ku bikorwa vyo gutabara vyungunganijwe?
  • Ugutanga kuvamwo ivyiza birushirije
  • Dukurikize akarorero ka Yezu mu kwitwararika abakene
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Nutsimbataze agatima ko gutanga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Nunezererwe ivyo ushoboye gukorera Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Isi itagiramwo ubukene iri hafi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/6 rup. 4-7

Ugutanga guhimbara imana

YEZU n’abigishwa biwe bariko bafungura imfungurwa ziryoshe i Betaniya bari kumwe n’abagenzi somambike nka bangahe, ushizemwo Mariya, Marita be na Lazaro uwari aherutse kuzuka. Igihe Mariya yafata ingero y’amavuta azimvye hanyuma akayasiga ku birenge vya Yezu, Yuda Isikariyoti yaciye ababara maze aca araserura iryo agona. Yidoze avuga ati: “N’iki catumye ayo mavuta ataguzwe idenariyo amajana atatu [zingana nk’umushahara w’umwaka wose], ngo zihabge aboro?”. N’abandi baciye bidodomba nk’ukwo nyene.​—Yohana 12:1-6; Mariko 14:3-5.

Ariko rero, Yezu yishuye ati: “Ni mumureke! . . . Aboro murāmana imisi yose; aho mwogombera mwobagirira neza; ariko jeho ntituja kwamana imisi yose” (Mariko 14:6-9). Indongozi z’idini y’Abayuda zigisha yuko gutanga ivyo gufasha aboro kitari ikintu ciza gusa ariko kandi ko vyashobora guhongera ibicumuro. Ariko rero, Yezu yaratomoye yuko ugutanga guhimbara Imana kutagarukira gusa ku gutanga ivyo gufasha aboro.

Kurimbura gatoyi uburyo ugutanga vyagirwa mw’ishengero ryo mu ntango, biraza gushira ahabona uburyo bumwebumwe ngirakamaro dushobora kwerekana ko twitwararika abandi, gutyo Imana igahimbarwa n’ugutanga kwacu. Biraza kwerekana kandi uburyo rudende bwo gutanga buvamwo ivyiza birushirije.

‘Gutanga ingabirano z’ubuntu’

Mu bihe bitari bike, Yezu yaremesheje abigishwa biwe ‘gutanga ingabirano z’ubuntu’ canke nk’uko izindi mpinduro zihahindura, ‘gutanga ivyo gutabara aboro’ (Luka 12:33). Ariko rero, Yezu yaragabishije ku vyerekeye ivyo kwiyerekana vyari bigamije gusa kuninahaza nyene gutanga aho kuninahaza Imana. Yavuze ati: “Ni wagira ubuntu, ntuz’uvugishe inzamba imbere yawe, nk’ukw indyarya zikora mu masinagogi no mu nzira, ngo bashimwe n’abantu” (Matayo 6:1-4). Mu gushira mu ngiro iyo nkeburo, abakirisu bo mu ntango baririnze ivy’ukwiyerekana vyagirwa n’indongozi z’idini zo mu gihe cabo, maze bahitamwo gufasha abari mu bukene mu kugira ivyo ubwabo babakoreye canke mu kubaha ingabirano ata wundi abona.

Nk’akarorero, muri Luka 8:1-3 tubwirwa yuko Mariya Magadalena, Yowana, Susana be n’abandi, bakoresheje “ivyabo” mu gufasha Yezu n’intumwa ziwe batiyerekana. Naho abo bagabo batari aboro, bari barahevye ivyabaronsa ikibatunga kugira bitunire ku busuku gusa (Matayo 4:18-22; Luka 5:27, 28). Mu kubafasha kurangura igikorwa bashinzwe n’Imana, abo bagore baraninahaje Imana koko. Imana na yo yarerekanye ko ibishima mu kuzigama muri Bibiliya inkuru ivuga ivy’ugutanga kwabo kuranga imbabazi kugira abokwarutse mu nyuma bayisome.​—Imigani 19:17; Abaheburayo 6:10.

Doruka ni uwundi mugore w’umutima mwiza “yari n’ibikorwa vyinshi vyiza, n’ubuntu bginshi”. Yarakoreye impuzu abapfakazi bakenye baba mu gisagara yabamwo ca Yopa cari ku nkengera y’ikiyaga. Niba ari we yigurira ibikoresho canke agatanga inguvu ziwe gusa, nta vyo tuzi. Uko biri kwose, igikorwa ciwe ciza catumye agira igikundiro ku bo yafasha be no ku Mana, yo yahezagiye umutima wiwe w’ugushaka.​—Ivyakozwe 9:36-41.

Imvo ibereye ni ntahara

Ni igiki casunikiye abo bantu ku gutanga? Ntibasunitswe gusa n’imbabazi zivuye ku mutima w’ugushaka gufasha. Barumvise ko bibereye ko bakora uko bashoboye ku musi ku musi kugira bafashe abari mu bukene, abashikiwe n’ivyago, abarwaye canke abari mu zindi ngorane (Imigani 3:27, 28; Yakobo 2:15, 16). Ukwo ni kwo gutanga guhimbara Imana. Gutumwa ahanini n’urukundo rushika kure dukunda Imana be n’icipfuzo co kwigana kamere yayo y’imbabazi n’iy’ugutanga cane.​—Matayo 5:44, 45; Yakobo 1:17.

Intumwa Yohani yarashimitse kuri uwo muce uhambaye w’ugutanga igihe yabaza ati: “Ūfise ibintu vyo mw isi, akabona mwene Data wundi akennye, akazitira imbabazi ziwe kur’uyo, mbeg’ugukunda Imana kwoguma muri we gute?” (1 Yohana 3:17). Inyishu iratomoye. Ugukunda Imana kurasunikira abantu ku kuba abatanzi. Imana irashima kandi igaha impera abagaragaza agatima ko gutanga nka yo (Imigani 22:9; 2 Ab’i Korinto 9:6-11). Twoba tubona ugutanga nk’ukwo muri kino gihe? Rimbura ibiherutse gushika mw’ishengero rimwe ry’Ivyabona vya Yehova.

Inzu y’umukirisukazi umwe ageze mu zabukuru yari ikeneye gusanurwa cane. Yaribana kandi nta muryango yari afise umufasha. Hari haciye imyaka myinshi inzu yiwe yama iberamwo amakoraniro ya gikirisu, kandi akenshi yarasangira imfungurwa n’umuntu wese yaba yemeye ubutumire bwiwe (Ivyakozwe 16:14, 15, 40). Abagize ishengero bamaze kubona ingorane arimwo, baragiye hamwe kugira ngo bamufashe. Bamwe batanze amahera abandi batanga inguvu zabo. Inyuma y’impera y’imishamvu mikeyi, abishakire bari bamaze gushirako ibisakazo bishasha, ubwogero bushasha, guhoma no gusiga irangi inzu yo hasi yose, no gushiraho ububati bushasha mu gikoni. Ugutanga kwabo ntikwatumye uwo mugore aronka ivyo akeneye gusa, ariko kandi kwatumye ishengero rirushiriza gufatana mu nda kwongera kuratangaza ababanyi, barabona ko ari akarorero k’ugutanga nyakuri kw’abakirisu.

Hariho uburyo bwinshi ubwacu dushobora gusahiriza abandi. Twoba dushobora kumarana umwanya n’agahungu canke agakobwa katagira se? Twoba dushobora kuja kugurira utuntu canke kubaririra impuzu umupfakazi ageze mu zabukuru twoba tuzi? Twoba dushobora gukinjikira imfungurwa umuntu afise uburyo bukeyi canke kumufasha kuriha amahera y’ivyo akoresha? Ntibikenewe ko turinda kuba abatunzi kugira ngo dusahirize. Intumwa Paulo yanditse ati: “Iyo har’umutima ukunze, wemerwa ku vy’umuntu afise, si ku vy’adafise” (2 Ab’i Korinto 8:12). Ukwo kwifashiriza umuntu ubwawe ata wundi ubicishijeko, kwoba none ari kwo kwonyene Imana izohezagira? Oyaye.

Tuvuge iki ku bikorwa vyo gutabara vyungunganijwe?

Rimwe na rimwe akigoro umuntu ubwiwe agira ntikaba gahagije. Nkako, Yezu n’intumwa ziwe bari bafise ikigega co gufasha aboro, kandi barakira intererano zatangwa n’abantu bitwararikana bahura igihe baba bari mu gikorwa cabo (Yohana 12:6; 13:29). Mu buryo nk’ubwo nyene, amashengero yo mu kinjana ca mbere yaregeranije imfashanyo igihe haba inkenero bongera bararinganiza igikorwa co gutabara ku rugero runini kuruta.​—Ivyakozwe 2:44, 45; 6:1-3; 1 Timoteyo 5:9, 10.

Akaryo kamwe nk’ako kashitse mu 55 G.C. Amashengero y’i Yudaya yari mu bukene, kumbure bikaba vyari vyavuye ku kigoyi gikomeye cari giherutse gutera (Ivyakozwe 11:27-30). Intumwa Paulo, uwama nantaryo yitaho aboro, yarasavye ko amashengero ari mu turere twa kure nka Makedoniya yofasha. Ubwiwe yarungunganije ivyo gutororokanya imfashanyo yongera arakoresha abagabo bemewe kugira ngo bayigabanganye (1 Ab’i Korinto 16:1-4; Ab’i Galatiya 2:10). Yaba we canke uwundi uwo ari we wese, nta n’umwe yahembwe ku bw’igikorwa yari yakoze.​—2 Ab’i Korinto 8:20, 21.

Ivyabona vya Yehova bo muri iki gihe na bo nyene bama bagabirije gufasha igihe ivyago vyadutse. Nk’akarorero, mu ci ryo mu 2001, imvura y’igihuhusi yaratumye haba umwuzure ukomeye i Houston, muri Leta ya Texas yo mu zigize Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Amazu y’Ivyabona yose hamwe yononekaye yari 723, menshi muri ayo akaba yarononekaye bimwe bibi. Komite yo gutabara muri ivyo vyago igizwe n’abakurambere bakirisu bakwije ibisabwa, yaciye ishingwa ubwo nyene kugira ngo barabe ivyo umwumwe wese akeneye, bongere bashinge amahera yo gutabara afasha Ivyabona bo muri ako karere kwikenura muri ico gihe no gusanura amazu yabo. Abitanze babikunze bavuye mu mashengero mabanyi ni bo bakoze ico gikorwa cose. Hari Icabonakazi umwe yakengurutse cane ku kuntu yafashijwe ku buryo amaze kuronka amahera ya soransi yo gusanura inzu yiwe, yaciye ubwo nyene ayatanga mu kigega co gutabara kugira ngo ashobore gufasha abandi bari mu nkenero.

Ariko rero, ku bijanye n’ivy’ugufasha vyungunganijwe, turakeneye kuba abantu biyubara uko turimbura akamo abantu benshi badutera barondera gufashwa. Amashirahamwe y’abagiraneza amwamwe arategekaniriza amahera umugwi w’abakozi bari mu rwego rwo hejuru canke ayazokoreshwa mu kwegeranya ayandi, agasigaza uduhera dukeyi gusa mu mahera yose yari yaregeranijwe, tukaba ari two bakoresha ico yari yagenewe. Mu Migani 14:15 havuga hati: “Imburabgenge yemera ijambo ryose, arik’umunyamakenga agenda agavye”. Ni co gituma ari ingendo iranga ubukerebutsi gusuzuma witonze ibintu uko biri.

Ugutanga kuvamwo ivyiza birushirije

Hariho ugutanga mbere guhambaye cane kuruta ugutanga ivyo gufasha aboro. Ukwo ni kwo Yezu yerekejeko igihe umutegetsi umwe w’umutunzi kandi akiri muto yabaza ico yabwirizwa gukora kugira ngo aronke ubuzima budahera. Yezu yamubwiye ati: “Genda ushōre ivyo utunze, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’uze, unkurikire” (Matayo 19:16-22). Urabona yuko Yezu atavuze gusa ngo: ‘Gabira aboro maze uzoronka ubuzima’. Ahubwo, yongeyeko ati: ‘Nuze unkurikire’. Mu yandi majambo, naho ibikorwa vy’ubugiraneza ari vyiza kandi ari ngirakamaro, kuba umwigishwa wa Kirisitu harimwo n’ibindi.

Ikintu nyamukuru Yezu yitwararika kwari ugufasha abandi mu buryo bw’impwemu. Hasigaye gatoyi ngo apfe, yabwiye Pilato ati: “Iki ni co navukiye, kand’iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri” (Yohana 18:37). Naho Yezu yabaye imboneza mu gufasha aboro, mu gukiza abarwaye, no mu kugaburira abashonje, ahanini yamenyereje abigishwa biwe kwamamaza (Matayo 10:7, 8). Nkako, mu macishabwenge yabahaye ubwa nyuma, harimwo iri tegeko rivuga riti: ‘Nuko nimugende muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa’.​—Matayo 28:19, 20.

Ego ni ko, kwamamaza ntibizoca bitorera umuti ingorane zose zo mw’isi. Yamara, kubwira inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana abantu b’amoko yose, biraninahaza Imana kubera yuko kwamamaza bishitsa ivyo Imana igomba, bikongera bikugururira abemera ubutumwa buva ku Mana inzira yo kuronka ivyiza biramba (Yohana 17:3; 1 Timoteyo 2:3, 4). Ni kubera iki utotega ugutwi ivyo Ivyabona vya Yehova bavuga nibakugendera? Baza bazanye ingabirano y’ivy’impwemu. Kandi barazi yuko ubwo ari bwo buryo bwiza cane bashobora kugira ivyo baguhaye.

[Amafoto ku rup. 6]

Hariho uburyo bwinshi bwo kwerekana ko twitwararikana

[Ifoto ku rup. 7]

Ukwamamaza inkuru nziza kwacu kurahimbara Imana kukongera kukugurura inzira yo kuronka ivyiza biramba

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika