ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/11 rup. 2-3
  • Woba ushobora kwemera ko isi izoba iparadizo?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ushobora kwemera ko isi izoba iparadizo?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Iparadizo yo mw’ijuru canke yo kw’isi?
  • Igitabu ca John Milton camaze igihe carazimanganijwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Iparadizo yo kw’isi, ni indoto canke izobaho?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ya Paradizo ivugwa muri Bibiliya iri hehe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?
    Inkuru nziza iva ku Mana
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/11 rup. 2-3

Woba ushobora kwemera ko isi izoba iparadizo?

ABANTU bakeyi ni bo bemera ko isi izoba iparadizo. Abenshi biyumvira yuko itazobandanya no kubaho. Nk’uko igitabu kimwe (The Sacred Earth) c’uwitwa Brian Leigh Molyneaux kibivuga, uyu mubumbe ngo wabayeho bivuye kw’‘iturika rikomeye ry’ibidukikije’ ubu haciye imyaka amamiliyoni ribaye. Ngo kandi naho umuntu ubwiwe atokwonona isi, benshi bemera ko isi be n’ibintu vyose bishobora impera n’imperuka “gusubira gucika umubumbe ururumba utera ushonga”.

Umuryoshamvugo w’Umwongereza wo mu kinjana ca 17 yitwa John Milton nta vyiyumviro nk’ivyo vyo kutabona ibintu mu buryo bwiza yari afise. Mu cese ciwe gikomeye kivuga ngo Iparadizo yatakaye (mu congereza), yanditse avuga yuko Imana yaremye isi kugira ibe iparadizo ibamwo umuryango w’abantu. Iyo Paradizo yo mu ntango yaratakaye. Ariko rero, Milton yemera ko yogarukanywe, yuko umucunguzi Yezu Kirisitu umusi uri izina “yoronkeje impera abizerwa biwe, kandi akabakirira mu munezero uhebuje . . . mw’Ijuru canke kw’Isi”. Milton yavuze ata gukekeranya ati: “Ico gihe rero Isi yose izoba ari Iparadizo”.

Iparadizo yo mw’ijuru canke yo kw’isi?

Abantu benshi b’abanyamadini na bo nyene babona ibintu nk’ukwo kwa Milton, yuko amaherezo bazoronka impera kanaka ku bw’amabi be n’umubabaro bihanganiye aha kw’isi. Mugabo none, bazoronkera iyo mpera hehe? Hoba hazoba ari “mw’Ijuru canke kw’Isi”? Kuri bamwebamwe, isi ntiruha iza no mu bwenge bwabo. Bavuga yuko abantu bazokwinovora “umunezero uhebuje” igihe bazoba bamaze kuva kw’isi hanyuma bakaba mu karere k’impwemu ko mw’ijuru.

Mu gitabu cabo (Heaven​—A History), C. McDannell be na B. Lang bavuga yuko mu binjana n’ibindi, abanyamadini benshi bamye bemera yuko ubuzima bwo mw’iparadizo yagarukanywe “butobereye mu karere ka kure ko mw’ijuru, ariko ko bwobereye kw’isi”. Nk’uko ico gitabu kibivuga, naho indongozi z’amadini nka Jean Calvin na Martin Luther bari bizigiye kuja mw’ijuru, baremera kandi yuko “Imana yosubiye guhindura isi ikaba nsha”. Abo mu yandi madini na bo nyene bemera nk’ivyo nyene. McDannell na Lang bavuga kandi yuko umunyatewolojiya Irénée wo mu kinjana ca kabiri yemera yuko igihe Imana yashinze kigeze, amagume yose y’abantu “azokurwaho hanyuma abantu bakaba kw’isi bafise ubuzima buhimbaye”. Dukurikije ukwemera kwa kera kw’Abaperesi, “isi izosubira kumera uko yari imeze mu ntango maze abantu basubire kwibera mu mahoro”, nk’uko igitabu kimwe (The Encyclopaedia of Middle Eastern Mythology and Religion) kibivuga.

Icizigiro c’uko hazoba isi y’iparadizo vyakigendeye gute? Kuba tuba ngaha kw’isi vyoba gusa bisobanura ko ari ivy’igihe gito? Nk’uko umufilozofe w’Umuyuda yitwa Philo wo mu kinjana ca mbere abivuga, coba ari “ikiringo kigufi kandi akenshi kirangwa amarushwa” umuntu acamwo mu rugendo agira aja mu karere k’impwemu? Canke Imana yoba yari ifise ikindi kintu mu muzirikanyi igihe yarema isi hanyuma ikayishirako abantu bibereye mw’iparadizo? Abantu boba bashobora kuronka ugushira akanyota nyakuri be n’umunezero nyakuri uhebuje vyo mu vy’impwemu hano kw’isi nyene? Kubera iki none utosuzuma ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ivyo bintu? Woshobora gushika ku ciyumviro nk’ico abandi amamiliyoni bamaze gushikako c’uko kwizigira iparadizo yo kw’isi izoba yagarukanywe ari ibitegereka koko.

[Ifoto ku rup. 3]

Umuryoshamvugo John Milton yaremera yuko iparadizo yogarukanywe

[Abo dukesha ifoto ku rup. 2]

IGIPFUKISHO: Isi: U.S. Fish & Wildlife Service, Washington, D.C./NASA

[Abo dukesha amafoto ku rup. 3]

Isi: U.S. Fish & Wildlife Service, Washington, D.C./NASA; John Milton: Leslie’s

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika