Izuka ni inyigisho igira ico ikora kuri wewe
“Mfise ivyizigiro ku Mana . . . , yuko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya”.—IVYAKOZWE 24:15.
1. Vyagenze gute ngo izuka ribe ikibazo mu bagize Ikombe?
INTUMWA Paulo yari i Yeruzalemu igihe yarangiza urugendo rwiwe rw’ubumisiyonari rugira gatatu mu 56 G.C. Aho Abaroma bamariye kumufata, yaremerewe kurenguka imbere ya Sentare nkuru y’Abayuda ari ryo Kombe (Ivyakozwe 22:29, 30). Paulo aravye abagize iyo sentare, yarabonye ko bamwe bari Abasadukayo, abandi na bo bakaba Abafarizayo. Iyo migwi ibiri hariho ikintu gihambaye itabona kumwe. Abasadukayo ntibemera izuka, ariko Abafarizayo bobo bakaryemera. Kugira ngo Paulo yerekane aho yari ahagaze kuri ico kibazo, yavuze ati: “Bagabo bene Data, nd’Umufarisayo, nd’umwana w’Abafarisayo: ivy’ivyizigiro vy’ibizoba n’ukuzuka kw’abapfuye ni vyo bimpagaritse mur’izi manza”. Ayo majambo yarateye umuvurungano mu bari ngaho!—Ivyakozwe 23:6-9.
2. Ni kubera iki twovuga ko Paulo yari yiteguriye kuburanira ivyo yemera ku bijanye n’izuka?
2 Imyaka itari mike imbere y’aho, igihe Paulo yariko aja i Damasiko, yareretswe ibintu nko mu ndoto aho yumvise ijwi rya Yezu. Paulo mbere yarabajije Yezu ati: “Ngire nte ga Mwami?”. Yezu yamwishuye ati: “Va hasi, ushike i Damasiko, ni ho uzobaririrwa ivyashinzwe k’uzokora”. Paulo ashitse i Damasiko, hariho umwigishwa mukirisu kirumara yitwa Ananiya yamusanze aho ari, amusigurira ati: “Imana ya ba sogokuruza yagutoranirije kumenya ivy’igomba, no kubona wa Mugororotsi [ari we Yezu yazutse], no kwumva ijwi riva mu kanwa kiwe” (Ivyakozwe 22:6-16). Ntibitangaje rero kubona Paulo yari yiteguriye kuburanira ivyo yemera ku bijanye n’izuka.—1 Petero 3:15.
Tumenyekanishe icese icizigiro c’izuka
3, 4. Paulo yerekanye gute ko ari umuntu aburanira izuka yivuye inyuma, kandi twokwigira iki ku karorero kiwe?
3 Mu nyuma Paulo yararengutse imbere ya Buramatari Feliki. Ico gihe uwitwa Teritulo, ‘uwavuganira abantu’ yaserukira Abayuda barega Paulo, yamwagirije ngo ni umukuru w’igice canke w’akadumbi k’idini be n’uko ngo agumura abantu. Mu kwisigura, Paulo yavugishije ukuri ati: “Iki ni co nkwemerera: n’uk’ukw iyo Nzira iri, iyo abo bita igice, ari ko nkorera Imana ya ba sogokuruza bacu”. Yaciye rero aduga kw’ijambo, abandanya ati: “Mfise ivyizigiro ku Mana bimwe n’ivyo aba na bo biteze, yuko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya”.—Ivyakozwe 23:23, 24; 24:1-8, 14, 15.
4 Haciye nk’imyaka ibiri, Porukiyo Fesito umusubirizi wa Feliki yarasavye Umwami Herode Agiripa ngo bajane gusambisha nya mbohe Paulo. Fesito yasiguye ko abagiriza Paulo batemera ivyo yavuga vy’uko “umuntu yitwa Yesu, yapfuye, . . . ari muzima”. Mu kwiregura Paulo yabajije ati: “N’iki gituma mugira ngo n’ikintu kitoruha cemerwa kw Imana izura abapfuye?”. Yaciye amenyesha ati: “[Kubera yuko] nabonye gutabarwa kwavuye ku Mana, ndacahagaze kugeza n’ubu, nshingira intahe aboroshe n’abahambaye, nta kindi mvuga atar’ivy’abāvugishwa n’Imana na Mose bāvuze ko bizoba, yuko Kristo atazobura kubabazwa, kandi kw ari we azobanza kuzuka mu bapfuye, no kubgira ubgoko bgacu n’abanyamahanga ubutumwa bg’umuco” (Ivyakozwe 24:27; 25:13-22; 26:8, 22, 23). Emwe, Paulo yari umuntu aburanira izuka yivuye inyuma! Nk’ukwo kwa Paulo, na twebwe nyene turashobora gutangaza n’ubujijutsi yuko hazobaho izuka. Ariko dushobora kwitega ko abantu bavyakira gute? Hari aho bovyakira nk’uko bakiriye ivyo Paulo yavuze.
5, 6. (a) Abantu bavyakiriye gute igihe intumwa zaburanira izuka? (b) Ni igiki bihambaye ko tugira uko tubandanya kubwira abandi ibijanye n’icizigiro cacu c’izuka?
5 Fata nk’akarorero ivyabaye imbere y’aho, igihe Paulo yari i Atenayi mu rugendo rwiwe rw’ubumisiyonari rugira kabiri (nko mu 49-52 G.C.). Yarafashije abantu bemera imana nyinshi kuzirikana, yongera abahimiriza kwibuka ko Imana ifise umugambi wo gucira isi yose urubanza rugororotse ikoresheje umuntu yatoranije. Uwo muntu ntiyari uwundi atari Yezu. Paulo yasiguye yuko Imana yari yatanze ikimenyamenya c’ivyo mu kuzura Yezu. None bavyakiriye gute? Dusoma duti: “Maze bumvise ivy’ukuzuka mu bapfuye, bamwe barishinyira, abandi bati Tuzoba turumva ukundi ivy’utubarira kur’ivyo”.—Ivyakozwe 17:29-32.
6 Iyo nyifato irasa n’iyo abantu bagize bumvise ivyo Petero na Yohani bavuze, inyuma gatoyi ya Pentekoti yo mu 33 G.C. N’ico gihe nyene, Abasadukayo ni bo bari imbere mu guharira. Mu gitabu c’Ivyakozwe 4:1-4 harigana ivyabaye hati: “Bakivugana n’abantu, abaherezi bazanana aho bari n’umukuru w’abashibamyi b’urusengero, n’Abasadukayo, bababajwe cane n’uko bigisha abantu, bababarira yuk’ukuzuka kw’abapfuye kwabonetse kuri Yesu”. Ariko rero, hariho abandi bavyakiriye neza. Dusoma duti: “Benshi mu bumvise iryo jambo barizera, igitigiri c’abagabo gishika nk’ibihumbi bitanu”. Biraboneka ko abantu bashobora kuvyakira mu buryo butandukanye igihe tubabwira ibijanye n’icizigiro c’izuka. Ko bimeze bityo rero, birahambaye ko dukomeza ukwizera dufise ku vyerekeye iyo nyigisho.
Ukwizera be n’izuka
7, 8. (a) Nk’uko biboneka mw’ikete ryandikiwe ishengero ry’i Korinto ryo mu kinjana ca mbere, ni ryari ukwizera kwoba ari ukw’ubusa? (b) Gutahura neza ibijanye n’icizigiro c’izuka bitandukanya gute abakirisu b’ukuri n’ab’ikinyoma?
7 Abacitse abakirisu mu kinjana ca mbere G.C. ntivyaboroheye bose kwemera icizigiro c’izuka. Mu bo vyagoye, harimwo bamwe bari mw’ishengero ry’i Korinto. Paulo yabandikiye ati: “Nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’ukw ivyanditswe bivuga, agahambga, akazuka ku musi ugira gatatu, nk’ukw ivyanditswe bivuga”. Paulo yaciye yemeza ko ivyo ari ukuri mu kuvuga yuko Kirisitu uwari yazutse yari “[yiyerekeye] hamwe bene Data basāga amajana atanu”, aca yongerako yuko benshi muri bo bari bakiriho (1 Ab’i Korinto 15:3-8). Yabandanije kubafasha kuzirikana ati: “Ariko, ko Kristo avugwa ko yazutse mu bapfuye, bamwe muri mwebge bavuga bate yukw ata wuzuka? Asangw’ata wuzuka, na Kristo ntarakazuka: kand’asangwa Kristo atāzutse, ivyo twigisha n’ivy’ubusa, n’ukwizera kwanyu n’ukw’ubusa”.—1 Ab’i Korinto 15:12-14.
8 Emwe, inyigisho y’izuka irahambaye cane ku buryo ukwizera kw’abakirisu kwoba ari ukw’ubusa hamwe izuka ryoba ari umugani. Nkako, gutahura neza ibijanye n’izuka biratandukanya Abakirisu b’ukuri n’ab’ikinyoma (Itanguriro 3:4; Ezekiyeli 18:4). Ni co gituma Paulo ashira inyigisho y’izuka mu “nyigisho y’intango”, y’ubukirisu. Nimuze twiyemeze kuguma ‘dutera imbere tugana ku buhumure’. Paulo aduhanura yuko ‘Imana ibikunze tuzogenza dutyo’.—Abaheburayo 6:1-3, NW.
Icizigiro c’izuka
9, 10. Iyo Bibiliya ivuze izuka iba ishaka kuvuga iki?
9 Kugira ngo dukomeze ukwizera dufise ku vyerekeye izuka, nimuze twihweze ibi bibazo: Bibiliya iba ishaka kuvuga iki iyo ivuze izuka? Inyigisho y’izuka ihayagiza gute urukundo rwa Yehova? Inyishu z’ivyo bibazo ziradufasha kurushiriza kwiyegereza Imana, zikongera zikadufasha kwigisha abandi ibijanye n’izuka.—2 Timoteyo 2:2; Yakobo 4:8.
10 Ijambo “izuka” ryahinduwe mw’ijambo ry’ikigiriki risobanura urudome ku rundi ngo “gusubira guhagarara”. None iyo mvugo isigura iki? Nk’uko Bibiliya ibivuga, kwizigira izuka ni ukwemera ata gukeka yuko umuntu yapfuye ashobora kwongera kubaho. Bibiliya kandi irerekana yuko uwo muntu yapfuye ashobora kuzukana umubiri w’inyama canke uw’impwemu, ivyo bikavana n’uko afise icizigiro co kuba kw’isi canke co kuja mw’ijuru. Urukundo rwa Yehova, ubukerebutsi bwiwe, be n’ububasha bwiwe bibonekera muri ico cizigiro c’izuka gitangaje, biratuma duta amacumu.
11. Ni ibiki abasavyi b’Imana basizwe biteze kuzoronka biciye kw’izuka?
11 Yezu hamwe n’abavukanyi biwe basizwe bazukana umubiri w’impwemu utuma bashobora gukorera Imana mw’ijuru (1 Ab’i Korinto 15:35-38, 42-53). Bazofadikanya gutwara Ubwami burongowe na Mesiya buzotuma kw’isi haba Iparadizo. Abasizwe bagize ubuherezi bwa cami, bakaba barongowe n’Umuherezi Mukuru ari we Yezu. Bazokoresha ivyiza biva ku nkuka y’incungu ya Kirisitu ku bw’ineza y’umuryango w’abantu mw’isi nshasha y’ubugororotsi (Abaheburayo 7:25, 26; 9:24; 1 Petero 2:9; Ivyahishuriwe 22:1, 2). Mu kurindira, abo mu basizwe impwemu yera bakiri kw’isi baripfuza kuguma bemewe n’Imana. Bapfuye, bazoronka ivyo ‘bakwiriye’ biciye mu kuzurirwa ubuzima budahwera bwo mw’ijuru ari ibiremwa vy’impwemu (2 Ab’i Korinto 5:1-3, 6-8, 10; 1 Ab’i Korinto 15:51, 52; Ivyahishuriwe 14:13). Paulo yanditse ati: “Ko twakoranijwe na we n’igishushanyo c’urupfu rwiwe, tuzokoranywa na we n’ic’ukuzuka kwiwe na co” (Abaroma 6:5). Ariko none tuvuge iki ku bazozukira kwongera kuba kw’isi ari abantu bafise umubiri w’inyama n’amaraso? Icizigiro c’izuka gishobora gute kubafasha kurushiriza kwiyegereza Imana? Turashobora kwigira vyinshi ku karorero ka Aburahamu.
Izuka be n’ubucuti dufitaniye na Yehova
12, 13. Ni irihe shingiro rikomeye Aburahamu yari afise ryo kwizera izuka?
12 Aburahamu, uwuvugwa ko yari “umukunzi w’Imana”, yari umuntu afise ukwizera gukomeye (Yakobo 2:23). Paulo yerekeza ku kwizera kwa Aburahamu incuro zitatu zose muri rwa rutonde rw’abagabo n’abagore b’intahemuka ruri mu kigabane ca 11 c’igitabu c’Abaheburayo (Abaheburayo 11:8, 9, 17). Ku ncuro igira gatatu, Paulo ashimika ku kwizera Aburahamu yerekanye igihe yagamburuka akemera gutangako ikimazi umwana wiwe Isaka. Aburahamu yari yarajijutse yuko Yehova atobuze gushitsa umuhango yari yaratanze w’uko hari urubuto rwobonetse biciye kuri Isaka. Naho Isaka yari gupfa atanzweko ikimazi, Aburahamu yari ‘yishimiye yuko Imana ishobora no kumuzura mu bapfuye’.
13 Ibintu vyarabandanije, maze aho Yehova aboneye ingene ukwizera kwa Aburahamu gukomeye, aca atanga igitungwa ngo kibe ari co gitangwako ikimazi. Ariko nticabujije ko ivyashikiye Isaka bikoreshwa nk’ikigereranyo c’izuka, nk’uko Paulo yabisiguye mu kuvuga ati: ‘Aburahamu yagaruriwe Isaka nk’uwuzutse’ (Abaheburayo 11:19). Si ivyo gusa, Aburahamu yari asanzwe afise ishingiro rikomeye ryo kwizera izuka. Yehova none ntiyari yanaguye ubushobozi bwa Aburahamu bwo kwibaruka igihe we hamwe n’umugore wiwe Sara baryamana bageze mu za bukuru, maze bakibaruka umuhungu wabo Isaka?—Itanguriro 18:10-14; 21:1-3; Abaroma 4:19-21.
14. (a) Twisunze Abaheburayo 11:9, 10, Aburahamu yari arorereye iki? (b) Bizosaba iki kugira ngo Aburahamu azoronke imihezagiro izova ku Bwami mw’isi nshasha? (c) Bizosaba iki kugira ngo tuzoronke imihezagiro izova ku Bwami?
14 Paulo yadondoye Aburahamu nk’umuntu w’inyambukira be n’umuntu yaba mu mahema yari “arorereye ca gisagara cubatswe kw itanguriro, umugezi n’umwubatsi waco [akaba ari] Imana” (Abaheburayo 11:9, 10). Ico nticari igisagara gisanzwe nka Yeruzalemu hamwe hari urusengero rw’Imana. Cari igisagara c’ikigereranyo. Cari Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru bugizwe na Kirisitu Yezu na bamwe 144.000 bazofadikanya na we kuganza. Abo bantu 144.000 mu buninahazwa bwabo bwo mw’ijuru bitwa kandi “umurwa wera, Yerusalemu musha”, “umugeni” wa Kirisitu (Ivyahishuriwe 21:2). Mu 1914 Yehova yarimitse Yezu aba Umwami Mesiya arongoye Ubwami bwo mw’ijuru yongera amutegeka kuganza hagati y’abansi biwe (Zaburi 110:1, 2; Ivyahishuriwe 11:15). Kugira ngo Aburahamu wa “mukunzi w’Imana” azoronke imihezagiro iva ku butegetsi bw’Ubwami, bizosaba ko asubira kubaho. Kugira ngo natwe nyene tuzoronke imihezagiro y’Ubwami, tuzotegerezwa kuba turi bazima mw’isi nshasha y’Imana turi mu bagize rya shengero ryinshi rizoba ryarokotse Harumagedoni, canke turi mu bazoba bazutse mu bapfuye (Ivyahishuriwe 7:9, 14). Ariko none, icizigiro c’izuka gishingiye ku ki?
Urukundo rw’Imana ni rwo shingiro ry’icizigiro c’izuka
15, 16. (a) Ubuhanuzi bwa mbere bwo muri Bibiliya butanga gute ishingiro ry’icizigiro c’izuka? (b) Kwemera izuka bidufasha gute kurushiriza kwiyegereza Yehova?
15 Ubucuti bwa hafi dufitaniye na Data wa twese adukunda wo mw’ijuru, ukwizera kwacu gukomeye nka kumwe kwa Aburahamu be n’ukugamburuka amabwirizwa y’Imana kwacu, bituma Yehova atwita abagororotsi, bikanatuma atubona nk’abakunzi biwe. Ivyo biraturonsa akaryo ko kuzokwungukira ku butegetsi bw’Ubwami. Kukaba nkako, ubuhanuzi bwa mbere na mbere bwo mw’Ijambo ry’Imana, ubwo dusanga mw’Itanguriro 3:15, buratanga ishingiro ry’icizigiro c’izuka be n’iryo gucudika n’Imana. Bwabuye yuko Shetani yofyonyowe umutwe, mugabo kandi yuko Urubuto rw’umugore w’Imana w’ikigereranyo rworwo rwokomerekejwe ku gitsintsiri. Igihe Yezu yapfira ku giti ni nk’aho yari akomerekejwe ku gitsintsiri. Ukuzuka kwiwe ku musi ugira gatatu kwarakijije ico gikomere kwongera kuraca inzira yo guhasha “[umwe afise] ubushobozi bg’urupfu, ni we wa Murwanizi”.—Abaheburayo 2:14.
16 Paulo aratwibutsa ko “Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’abanyavyaha” (Abaroma 5:8). Gukenguruka ubwo buntu tutabereye twagiriwe biratuma vy’ukuri turushiriza kwiyegereza Yezu hamwe na Data wa twese wo mw’ijuru yuzuye urukundo.—2 Ab’i Korinto 5:14, 15.
17. (a) Yobu yaseruye ko yari afise icizigiro nyabaki? (b) Muri Yobu 14:15 hahishura ibiki ku vyerekeye Yehova, kandi ivyo bituma wumva umerewe gute?
17 Uwitwa Yobu, akaba ari umuntu w’intahemuka yabayeho mu kiringo c’imbere y’ubukirisu, na we nyene yari arindiranye igishika izuka. Shetani yaramucumukuje bimwe bibi. Yobu yari atandukanye na ba bagenzi biwe bo kw’izina. Abo bagenzi biwe ntibigeze bacisha mu kanwa ivy’izuka, ariko Yobu wewe yarahumurijwe n’ico cizigiro. Yobu yabajije ati: “Umuntu ni yapfa, mbeg’azosubira kubaho?”. Yaciye ubwiwe yishura ati: “Nokwihanganiye imisi y’intambara yanje yose, nkarorēra igihe canje co kurekurwa”. Mu kwitura Imana yiwe Yehova, Yobu yiyemereye ati: “Wompamagaye nkakwitaba”. Ku vyerekeye ukuntu Umuremyi wacu munyarukundo yiyumva, Yobu yavuze ati: “Wobaye wifuza igikorwa c’amaboko yawe” (Yobu 14:14, 15). Emwe, Yehova si we azobona harageze ko abasavyi biwe b’intahemuka basubira kuba bazima biciye kw’izuka! Ese ingene turushiriza kwiyegereza Yehova iyo tuzirikanye ku rukundo be no ku buntu tutabereye atugirira kandi turi bene agasembwa!—Abaroma 5:21; Yakobo 4:8.
18, 19. (a) Ni icizigiro nyabaki kihari c’uko Daniyeli azosubira kubaho? (b) Twihweza iki mu kiganiro gikurikira?
18 Umuhanuzi Daniyeli, umwe umumarayika w’Imana yavuga ko ari “umuntu w’umukundwa cane”, yamaze imyaka itari mike akorera Imana adahemuka (Daniyeli 10:11, 19). Yagumye ari intadohoka kuri Yehova kuva ajanywe mu bunyagano mu mwaka wa 617 B.G.C. gushika ku rupfu rwiwe rwashitse haheze igihe gitoyi yeretswe ibintu nko mu ndoto mu mwaka wa 536 B.G.C., ukaba wari umwaka ugira gatatu Kuro umwami w’Ubuperesi ari ku ngoma (Daniyeli 1:1; 10:1). Haciye igihe gito uwo mwaka ugira gatatu Kuro ari ku ngoma utanguye, Daniyeli yareretswe nko mu ndoto ukuntu intwaro nganzasi zogiye zirakurikirana zigashika ku gihe cazo ca nyuma kuri ya marushwa ahambaye agiye kuza (Daniyeli 11:1–12:13). Kubera yuko Daniyeli atashoboye gutahura neza ivyo yeretswe, yabajije umumarayika yashikirije ubwo butumwa ati: “Databuja, ikizoherukira ibindi muri ivyo n’ikihe?”. Uwo mumarayika yishuye yuko mu “gihe c’iherezo” ari ho “abāgize ubgenge bazobitahura”. None Daniyeli we vyomugendeye gute? Nya mumarayika yamwemereye icese ati: “Uzoruhuka, kand’uzohagarara mu mugabane wawe, kw iherezo ry’iyo misi” (Daniyeli 12:8-10, 13). Daniyeli azogaruka “mw’izuka ry’abagororotsi” mu gihe c’Intwaro ya Kirisitu y’imyaka igihumbi.—Luka 14:14.
19 Tugeze kure mu gihe c’iherezo kandi Intwaro ya Kirisitu y’imyaka igihumbi iregereje cane kuruta igihe twatangura kwizera. Ni co gituma dukwiye kwibaza duti: ‘Ubwo nzoba ndi mw’isi nshasha kugira nzobe ndi kumwe na Aburahamu, na Yobu, na Daniyeli be n’abandi bagabo n’abagore b’intahemuka?’. Tuzoba ari ho turi nitwaguma twiyegereje Yehova kandi tukagamburuka amabwirizwa yiwe. Mu kiganiro cacu gikurikira, turinjira mu mizi ibijanye n’icizigiro c’izuka kugira ngo tumenye abazozuka abo ari bo.
Woba uvyibuka?
• Abantu bavyakiriye gute igihe Paulo yamenyesha yuko yizigira izuka?
• Ni kubera iki icizigiro c’izuka gitandukanya abakirisu b’ukuri n’ab’ikinyoma?
• Tuzi dute yuko Aburahamu, Yobu hamwe na Daniyeli bemera izuka?
[Ifoto ku rup. 9]
Igihe Paulo yarenguka imbere ya Buramatari Feliki, yaramenyekanishije icizigiro c’izuka ajijutse
[Ifoto ku rup. 10]
Ni kubera iki Aburahamu yemera izuka?
[Amafoto ku rup. 12]
Yobu yarahumurijwe n’icizigiro c’izuka
Daniyeli azogaruka mw’izuka ry’abagororotsi