Baragize umutima rugabo imbere y’ababarwanya
AKAGWI k’abantu b’ishaka rirenze urugero kari kinjije ku nguvu Gayo na Arisitariko, abasangirangendo babiri ba Paulo, mu kibuga c’ibirori c’i Efeso. Kuri ico kibuga, nya kagwi k’abantu bashangashiwe kamaze amasaha abiri gasemerera gati: “Arutemi y’Abanyefeso irahambaye” (Ivyakozwe 19:28, 29, 34)! None abo basangirangendo ba Paulo boba bagumye bashikamye imbere y’abo bantu bariko barabarwanya? Kandi ni igiki cari catumye ibintu bimera gutyo?
Paulo yari amaze hafi imyaka itatu yamamaza mu gisagara c’i Efeso bikagenda neza. Ivyo vyatumye Abanyefeso benshi baheba gusenga ibigirwamana (Ivyakozwe 19:26; 20:31). Ikigirwamana c’i Efeso cari akanyabugoro gatoya gakozwe mw’ifeza ka Arutemi imanakazi y’irondoka. Uri ku ngoro yayo warashobora kubona igisagara cose. Udushushanyo dutoduto tw’iyo ngoro baratwambara nk’ibiheko canke bakatumanika mu mazu. Birumvikana yuko abakirisu batashobora kugura ivyo bigirwamana.—1 Yohana 5:21.
Demetiriyo, umwe mu bacuzi b’ifeza, yiyumvira yuko ubusuku bwa Paulo bwari bugeramiye urudandaza rwabo rwabaronsa amahera menshi. Mu kuvuga ukuri kudakwiye no mu gushikuza, yarumvishije abo bari basangiye umwuga yuko abantu bo muri Aziya Ntoya bohevye gusenga Arutemi. Abo bacuzi b’ifeza bashangashiwe bamaze gutangura gusemerera bashimagiza Arutemi, haciye haduka umugumuko ukomeye, maze igisagara cose kiravurungana.—Ivyakozwe 19:24-29.
Abantu ibihumbi barisukiriye mu kibuga c’ibirori, icashobora kwakira abarorerezi 25.000. Paulo yagomba kugira ico abwiye ako kagwi k’abantu bari bashangashiwe, mugabo abakuru baho b’umutima mwiza bamwumvisha ko akwiye kubireka. Amaherezo, umukuru w’igisagara yarashoboye guhwamika iryo shengero, maze Gayo na Arisitariko bava ngaho badora.—Ivyakozwe 19:35-41.
Muri iki gihe, abasavyi b’Imana na bo nyene barashobora guhura n’ababarwanya, eka mbere bagahura n’imigwi y’abagumutsi igihe barangura ubusuku bwabo. Akenshi bamamaza inkuru nziza mu bisagara aho usanga ivyo gusenga ibigirwamana, ubuhumbu n’ubukozi bw’ikibi vyariraye. Naho ibintu biba vyifashe gutyo, barigana n’umutima rugabo intumwa Paulo we ‘atigeze areka kwigishiriza imbere y’abantu no mu nzu no mu yindi’ mu gisagara c’i Efeso (Ivyakozwe 20:20). Kandi na bo nyene baranezerwa igihe babona ko ‘ijambo rya Yehova ribandanya gukura no kugira ububasha’.—Ivyakozwe 19:20, NW.
[Ifoto ku rup. 30]
Ibisigarira vy’ikibuga c’ibirori c’i Efeso