Isi itagiramwo ubukene iri hafi
AMASHUSHO yerekana Iparadizo, nk’iyiri ku gifukisho c’iki kinyamakuru, arashimisha abantu babayeho mu bukene. Iparadizo yarabayeho koko mu gihe c’umugabo n’umugore ba mbere, Adamu na Eva. Bibera mw’itongo ry’i Edeni (Itanguriro 2:7-23). Naho iyo Paradizo yatakaye, kwizigira iparadizo yo muri kazoza mw’isi nshasha itagiramwo ubukene si indoto nsa. Ukwo kwizigira gushingiye bimwe bikomeye ku mihango yo muri Bibiliya.
Rimbura umuhango Yezu Kirisitu yatanze ku musi wa nyuma w’ubuzima bwiwe bwo kw’isi. Umwe muri za nkozi z’ikibi zicanwa na Yezu yarerekanye ko yizera ubushobozi Imana ifise bwo gutorera umuti ingorane z’abantu. Yavuze ati: “Urahava uz’unyibuke Yesu, ah’uzozira mu bgami bgawe”. Ayo majambo arerekana ko iyo nkozi y’ikibi yizera ko Yezu yoganjije ari Umwami be n’uko abapfuye bosubiye kuba bazima. Yezu yamwishuye ati: “Ndakubwije ukuri uyu musi: uzoba uri kumwe nanje mw’Iparadizo”.—Luka 23:42, 43; gereranya na NW.
Mu kuvuga ivyerekeye abazoba mw’Iparadizo, Bibiliya igira iti: “Bazokwubaka amazu bayīberemwo, kandi bazotera uruzabibu, bīrīre inzabibu zarwo” (Yesaya 65:21). Egome, “umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga: kukw akanwa k’Uhoraho Nyen’ingabo ari ko kabivuze”.—Mika 4:4.
Ariko none ni kubera iki Imana yaretse ubukene bukabandanya kubaho? Ni imfashanyo iyihe Imana iha abasinzikajwe n’ubukene? Ubukene buzotinda buhere ryari?
Ni kubera iki Imana yaretse ubukene bukabandanya?
Iparadizo Adamu na Eva bari bashizwemwo yaratakaye bitumwe n’ubugarariji bwatewe na wa mumarayika mubi, ari we Shetani wa Mucokoranyi. Shetani avuze abicishije mu nzoka, yarahenze Eva ararenga kw’itegeko ry’Imana ryabuza kurya ku vyamwa vyo ku giti kinaka. Yaramuhenze atuma yemera yuko kutisunga Imana vyomuzaniye ubuzima bwiza. Igihe Eva yaha Adamu ico camwa cari kibujijwe, na we nyene yarariye, aba ateye Imana umugongo ashigikira umugore wiwe.—Itanguriro 3:1-6; 1 Timoteyo 2:14.
Abo bagarariji babiri baciye ubwo nyene birukanwa mw’Iparadizo, baca batangura gucumukura kugira babeho. Gushika uyu musi, Yehova yararetse Shetani aranganza abantu b’abanyavyaha, bituma inkurikizi z’ukugambararira Imana zibonekeza. Kahise k’abantu karerekanye ko abantu badashobora gutuma isi iba Iparadizo (Yeremiya 10:23). Ahubwo riho, ukutisunga Imana kwakweze ingorane z’agahomerabunwa, harimwo n’ubukene.—Umusiguzi 8:9.
Ariko rero, abakene ntibaretswe batagira gitabara muri iyi si yuzuye ingorane. Ijambo ry’Imana ryahumetswe ari ryo Bibiliya ririmwo inyobozo nziza zobafasha.
“Ntimukiganyire”
Igihe Yezu yariko ashikiriza insiguro isinzi ry’abantu ryarimwo n’abakene benshi, yavuze ati: “Nimurābe ibiguruka vyo mu kirēre, ntibibiba, ntibishwabura, kandi ntivyimburira mu bigega, ariko So wo mw ijuru arabitunga; mbega mwebge ntimubiruta cane? . . . Nuko ntimukiganyire, ngo Tuzorya iki? Canke Tuzonywa iki? Canke Tuzokwambara iki? Kukw ivyo vyose abanyamahanga ari vyo bitwararika; ariko So wo mw ijuru arazi kw ivyo vyose mubikena. Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa”.—Matayo 6:26-33.
Si ngombwa ngo umukene yibe (Imigani 6:30, 31). Araronswa ivyo akeneye mu gihe ashira Imana imbere mu buzima bwiwe. Rimbura ivyashikiye Tukiso, umugabo wo muri Lesotho, muri Afirika yo mu Bumanuko. Mu 1998, inteko zivuye mu makungu zarinjiye muri Lesotho guhagarika imigumuko y’abari bagararije ubutegetsi. Iyo ntambara yatumye amamangazini asahurwa, abantu baratakaza ubuzi bwabo, yongera ituma ibifungurwa bikena rwose.
Tukiso yaba mu gace k’umurwa mukuru gakenye kuruta utundi. Benshi mu babanyi biwe bari barasahuye amamangazini kugira baronke icobabeshaho. Igihe Tukiso yagaruka aho yaba mu nzu yiwe y’icumba kimwe, yasanze umugore babana yitwa Maseiso yararunze ibifungurwa yari yarasahuye. Tukiso yamubwiye ati: “Sohora ivyo bintu”, amusigurira yuko kwiba biteye kubiri n’itegeko ry’Imana. Maseiso yaramwumviye. Ababanyi barabatwengeye mw’ijigo, baca baritwarira ivyo bifungurwa vy’ivyibano.
Tukiso yafashe iyo mpagararo kubera ivyo yari yarize muri Bibiliya afashijwe n’Ivyabona vya Yehova. Kuba yaragamburutse itegeko ry’Imana vyoba vyatumye yicwa n’inzara? Oya. Haciye igihe gitoyi, abakurambere bo mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova Tukiso yakukira barabonanye na we hanyuma bamushira ibifungurwa. Mu bisanzwe, Ivyabona vya Yehova bo mu gihugu kibanyi ca Afirika y’Epfo bari barungikiye abavukanyi n’abavukanyikazi babo bakirisu bo muri Lesotho amatoni arenga abiri y’imfashanyo. Maseiso yarakozwe ku mutima n’ukuntu Tukiso agamburukira Imana be n’imfashanyo iranga urukundo ishengero ryatanze. Na we nyene yaciye atangura kwiga Bibiliya. Tukiso na Maseiso bahavuye bandikisha umubano wabo, gutyo barakwiza ibisabwa, barabatizwa bacika Ivyabona vya Yehova. N’ubu baracakorera Imana badahemuka.
Yehova Imana aritwararika abakene (Raba uruzitiro ruvuga ngo: “Imana ibona gute abakene?”.). Abigiranye urukundo yarashizeho intunganyo yo gufasha abandi bameze nka Tukiso na Maseiso kwiga vyinshi bimwerekeye. Kandi mw’Ijambo ryiwe, yaratanze impanuro ngirakamaro zifasha mu buzima bwa misi yose.
Intunganyo nziza
Ivyabona vya Yehova bamye bagerageza kwigana ingene Imana yitwararika abakene (Ab’i Galatiya 2:10). Akenshi iyo ivyago vyadutse mu gihugu kinaka bigatuma abakirisu b’ukuri bamererwa nabi, haratunganywa ivyo kubagarukirako. Igihambaye kuruta, Ivyabona baritwararika ivyo abantu bose bakeneye mu vy’Imana, ushizemwo n’abakene (Matayo 9:36-38). Mu myaka 60 iheze, abasuku ibihumbi bamenyerejwe baritanze baja kuba abamisiyonari mu mahanga. Nk’akarorero, abamisiyonari babiri bubakanye baturuka muri Finilande, inyuma y’aho bamariye kwiga ururimi rw’igisesoto, ni bo bashoboye kwigisha Tukiso na Maseiso barahinduka abigishwa ba Yezu (Matayo 28:19, 20). Igikorwa nk’ico c’ubumisiyonari cama gisaba ko umuntu aheba ubuzima bwo kwidibamira bwo mu gihugu gitunze akimukira mu gihugu gikenye.
Abakirisu ntibarondera kuba baramaze kabiri biciye mu kwiba. Ahubwo, barizigira ubushobozi Yehova Imana afise bwo kubaronsa ivyo bakeneye (Abaheburayo 13:5, 6). Uburyo bumwe Yehova akoresha mu gufasha abasavyi biwe, abicisha kw’ishirahamwe ryo kw’isi yose ry’abamusenga, bitwararikana.
Ubundi buryo Yehova akoresha mu gufasha abakene ni mu kubaha impanuro ngirakamaro zerekeye ubuzima bwa misi yose. Nk’akarorero, Bibiliya itegeka iti: “Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko ivyiza, kugira ngw aronke ivyo gufasha ūkennye” (Abanyefeso 4:28). Abantu benshi batagira akazi barashoboye kwironderera ubuzi mu gukora akazi k’amaboko, nko kurima imboga. Bibiliya irafasha kandi abakene kudasesagura amahera mu kubigisha kwirinda ingeso mbimbi, nko kunywa inzoga zirenze urugero.—Abanyefeso 5:18.
Isi itagiramwo ubukene izobaho ryari?
Bibiliya irerekana yuko tubayeho mu “misi y’iherezo” y’ukuganza kwa Shetani (2 Timoteyo 3:1). Yehova Imana agiye kurungika Yezu Kirisitu gucira abantu imanza. Bizogenda gute ico gihe? Yezu yaratanze inyishu muri kimwe mu bigereranyo yatanze. Yavuze ati: “Umwana w’umuntu ah’azozira afise ubgiza bgiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubgiza: amahanga yose azokoranirizwa mu nyonga ziwe, na we azobarobanura, nk’uk’umwungere arobanura intama mu mpene”.—Matayo 25:31-33.
Intama zivugwa muri ico kigereranyo ni abayobokera ubwami bwa Yezu. Yezu yabagereranije n’intama kubera ko bamukurikira nka we Mwungere wabo (Yohana 10:16). Abo bantu bagereranywa n’intama bazoronka ubuzima mu gihe c’intwaro ya Yezu itunganye. Buzoba ari ubuzima buteye umunezero mw’isi nshasha itagiramwo ubukene. Abantu bagereranywa n’impene, ni ukuvuga batera akagere ubutegetsi bwa Yezu, bazosangangurwa ubutagisubira kubaho.—Matayo 25:46.
Ubwami bw’Imana buzokuraho ubukozi bw’ikibi. Ico gihe, ubukene ntuzomenya n’iyo bwaciye. Isi izosigara irimwo abantu bakundana kandi bitwararikana. Ivy’uko isi nshasha nk’iyo atari umugani birabonekera mu kivukano kirangwa urukundo gikwiye kw’isi yose c’Ivyabona vya Yehova, kubera yuko Yezu yavuze ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje”.—Yohana 13:35.
[Uruzitiro ku rup. 6]
IMANA IBONA GUTE ABAKENE?
Bibiliya ivuga yuko Umuremyi w’abantu “agaburira abashonje ivyo kurya” (Zaburi 146:7). Bibiliya irimwo ivyanditswe birenga ijana vyerekana yuko Imana yitwararika abakene.
Nk’akarorero, igihe Yehova yaha Ivyagezwe vyiwe ihanga rya kera rya Isirayeli, yategetse abarimyi b’Abisirayeli kudashwabura ngo baherengeteze ivyo ku mibari y’imirima yabo. Ntibari kuja guhumba ivyasigaye ku giti c’umwelayo canke ku ruzabibu mu gusesa mu mashami yavyo ubugira kabiri. Ayo mabwirizwa yari intunganyo iranga urukundo ku bw’abanyamahanga, ku mpfuvyi, ku bw’abapfakazi no ku bw’abandi bagorwa.—Abalewi 19:9, 10; Gusubira mu vyagezwe 24:19-21.
Vyongeye, Imana yategetse Abisirayeli iti: “Ntihaze hagire umupfakazi cank’impfuvyi mucuranguza. Ni mwagira ico mubacuranguzako na gitoyi, bakantakambira, sinzobura kwumviriza ugutakamba kwabo; maze uburake bganje bukaziriringa, nkabīcīsha inkota, abagore banyu bagasigara ar’abapfakazi n’abana banyu bakaba impfuvyi” (Kuvayo 22:22-24). Ikibabaje ni uko Abisirayeli benshi b’abatunzi birengagije ayo majambo. Kubera ico hamwe n’ibindi bibi bakoze, Yehova Imana yaraburiye Abisirayeli akatari gake abicishije ku bahanuzi yavugisha (Yesaya 10:1, 2; Yeremiya 5:28; Amosi 4:1-3). Impera n’imperuka, Imana yatumye Abashuri bigarurira intara ya Isirayeli, mu nyuma na ho yigarurirwa n’Abanyababiloni. Abisirayeli benshi barishwe, abacitse kw’icumu na bo bajanwa inyagano mu mahanga.
Umwana mukundwa w’Imana ari we Yezu Kirisitu, yariganye ukuntu Se wiwe yitwararikana urukundo abakene. Mu gusigura intumbero y’ubusuku bwiwe, Yezu yavuze ati: ‘Impwemu y’Uhoraho iri kuri jewe, ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbwire aboro ubutumwa bwiza’ (Luka 4:18). Ivyo ntibisigura ko Yezu yagarukiriza ubusuku bwiwe ku bakene gusa. Abigiranye urukundo yarafashije n’abatunzi. Ariko rero, igihe yaba ariko arafasha abatunzi, Yezu akenshi yarerekana yuko yitwararika abakene. Nk’akarorero, yahanuye umutware umwe w’umutunzi ati: “Shōra ivy’ufise vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’uze, unkurikire”.—Luka 14:1, 12-14; 18:18, 22; 19:1-10.
Yehova Imana be n’Umwana wiwe baritwararika cane abakene (Mariko 12:41-44; Yakobo 2:1-6). Mu kwerekana ko yitwararika abakene, Yehova aguma yibuka abantu b’abakene amamiliyoni bapfuye. Abo bose bazozukira mw’isi nshasha itagiramwo ubukene.—Ivyakozwe 24:15.
[Amafoto]
Ikivukano gikwiye kw’isi yose c’Ivyabona vya Yehova kirerekana ko isi nshasha ishoboka
[Ifoto ku rup. 5]
Tukiso na Maseiso bari kumwe n’umumisiyonari yiganye Bibiliya na Tukiso
[Ifoto ku rup. 5]
Maseiso ahagaze imbere y’inzu yiwe ari kumwe n’umumisiyonari biganye Bibiliya