Inkuru y’ubuzima
Mfise umwiyemezo wo kubandanya nkorera Umuremyi wanje
NK’UKO VYAVUZWE NA CONSTANCE BENANTI
Vyose vyashitse ningoga na ningoga! Mu kiringo c’imisi itandatu gusa, Camille agakobwa kacu k’amezi 22 y’amavuka karagize umucanwa mwinshi cane, amaherezo karapfa. Naragize intuntu itagira uko ingana. Nanje numva nipfuza gupfa. Naguma nibaza nti: ‘Kubera iki Imana yaretse ikintu nk’ico kigashika?’. Emwe, nari nataye umutwe.
ABAVYEYI banje bakomoka mu gisagara citwa Castellammare del Golfo co mw’izinga Sisile ryo mu Butaliyano. Bari baje kugerera mu gisagara ca New York, aho hakaba ari ho navukiye kw’igenekerezo rya 8 Kigarama 1908. Umuryango wacu wari ugizwe na dawe na mawe be n’abana umunani, ni ukuvuga abahungu batanu n’abakobwa batatua.
Mu 1927 ni ho dawe Santo Catanzaro yatangura kwitaba amakoraniro y’umugwi mutoyi w’Abatohoji ba Bibiliya, ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe. Umuvukanyi umwe w’Umutaliyano yitwa Giovanni De Cecca yakorera ku cicaro gikuru (citwa Beteli) c’i Brooklyn muri New York, ni we yaza guhagarikira amakoraniro yabera mu karere twabamwo k’i New Jersey, hafi yaho. Dawe yahavuye atangura kwamamaza, mu nyuma aca arinjira mu busuku bw’igihe cose. Yarabandanije ico gikorwa gushika apfuye mu 1953.
Mawe akiri muto, yarashaka kuba umubikira, mugabo abavyeyi biwe ntibamukundira. Mu ntango, mawe yaranyoheje ngo sinifatanye na dawe kwiga Bibiliya. Ariko rero, bidatevye narabonye ko dawe yahindutse. Yari asigaye ari umuntu atekereza cane kandi w’umugwaneza kuruta, ivyo bikaba vyatumye mu rugo harushiriza kuba amahoro. Ivyo narabishima.
Muri ico gihe, narabonanye n’umugabo umwe wo mu runganwe rwanje yitwa Charles yavukiye i Brooklyn. Umuryango wabo wava i Sisile cokimwe n’umuryango wacu. Bidatevye twaranywanye, maze dawe amaze kuva kuri rya hwaniro ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu 1931 ryabera i Columbus muri Ohio, twaciye dushinga urwacu. Hataraca n’umwaka, agakobwa kacu Camille karavutse. Igihe kapfa, nta wari gushobora kumpoza. Umusi umwe, Charles ariko ararira yambwiye ati: “Camille yari umukobwa wacu twempi. Ntitwobandanya none ubuzima bwacu, tukaza turahumurizanya?”.
Twemera ukuri kwo muri Bibiliya
Charles yaranyibukije yuko dawe yari yaravuze ivyerekeye icizigiro c’izuka igihe yatanga insiguro ku maziko ya Camille. Namubajije nti: “Woba vy’ukuri wemera izuka?”.
Yishuye ati: “Cane nyene!”. Yaciye ambwira ati: “Ubona gute none turondeye kumenya n’ibindi ku bijanye n’ico Bibiliya ibivugako?”.
Iryo joro sinashoboye gutora n’ak’imbwa. Isaha cumi na zibiri zo mu gitondo, imbere y’uko dawe aja ku kazi, naragiye iyo ari maze ndamubwira ko twe na Charles dushaka kwiga Bibiliya. Yararyohewe cane aca arangumbira. Mawe, uwari akiri mu gitanda, yarumvise ivyo turiko turayaga. Mu nyuma yarambajije ivyari vyabaye. Namwishuye nti: “Nta na kimwe. Twe na Charles twafashe gusa ingingo yo kwiga Bibiliya”.
Yasubijeyo ati: “Twese turakeneye kwiga Bibiliya”. Twese uko turi 11, ushizemwo basazanje na barumunanje, twaciye rero dutangura kwiga Bibiliya tugize umuryango.
Ukwo kwiga Bibiliya kwarampumurije, maze buhorobuhoro ivyiyumviro vyamvuruga ubwenge be n’intuntu nari mfise bisubirirwa n’icizigiro. Haheze umwaka umwe, ni ukuvuga mu 1935, twe na Charles twaratanguye kubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya. Muri Ruhuhuma 1937, tumaze kwumviriza insiguro yatangiwe ku cicaro gikuru i Brooklyn yasigura ico ibatisimu yo mu mazi isobanura hishimijijwe Ivyanditswe, twaciye tubatirizwa kw’ihoteri yari hafi yo ng’aho, turi kumwe n’abandi benshi. Icatumye ntera iyo ntambwe, si uko gusa nari nizigiye gusubira kubona agakobwa kanje umusi uri izina, ariko kandi nayiteye kubera ko nipfuza gukorera Umuremyi wacu, uwo nari nsigaye nzi kandi nkunda.
Twinjira mu busuku bw’igihe cose
Kuyagira abandi ivyo nari narize vyari biryoshe kandi vyaramara akanyota, canecane kubera yuko abantu benshi muri ico gihe bakira ubutumwa bw’Ubwami, bakongera bakagira uruhara mu kubutangaza (Matayo 9:37). Mu 1941, twe na Charles twarabaye abatsimvyi, ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bita abasuku b’igihe cose bo muri bo. Hataraca n’igihe, twaraguze igikonteneri co kubamwo gikwegwa n’umuduga maze Charles aca asigira musazanje Frank ihinguriro ry’amapantaro ry’urugo rwacu. Mu nyuma, twararyohewe cane no kuronka ikete ritumenyesha yuko twari twagenywe kuba abatsimvyi badasanzwe. Mu ntango twakoreye i New Jersey, mu nyuma na ho turungikwa gukorera muri Leta ya New York.
Mu 1946, igihe twari kw’ihwaniro ry’intara ryabereye i Baltimore muri Leta ya Maryland, twarasabwe kwitaba inama yari kugirishwa n’abaserukizi badasanzwe b’Ivyabona vya Yehova. Muri iyo nama, twahuriyeyo na Nathan H. Knorr na Milton G. Henschel. Baratubwiye ibijanye n’igikorwa c’ubumisiyonari, ariko canecane batubwira ibijanye n’igikorwa co kwamamaza mu Butaliyano. Baciye badusaba kurimbura ivy’uko twoshobora kwitaba rya Shure ry’Ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower.
Batubwiye bati: “Gende mwiyumvire hanyuma muduhe inyishu”. Tumaze kuva mu biro, twe na Charles twararabanye mu maso, duca turahindukira dusubirayo. Twaciye tubabwira duti: “Twahejeje kuvyiyumvira. Turiteguriye kuja i Gileyadi”. Imisi cumi inyuma y’aho, twaritavye ivyigwa vy’umugwi ugira indwi w’Ishure ry’i Gileyadi.
Amezi twamaze turiko turamenyerezwa yabaye intibagirwa. Icadukoze ku mutima kuruta ibindi kwari ukwihangana be n’urukundo vy’abatwigisha. Baraduteguriye kwihanganira ingorane zodushikiye mu vyibare vyo mu mahanga. Inyuma y’aho turonkeye impapuro z’umutsindo muri Mukakaro 1946, twaciye turungikwa kuba turamamaza mu gisagara ca New York, aho hakaba hariyo abantu benshi cane bava mu Butaliyano. Reka rero umusi twari turindiranye igishika uze washika! Ku wa 25 Ruheshi 1947, twarafashe urugendo no mu Butaliyano, aho twarungitswe gukorera ubumisiyonari.
Dushika mu cibare twakebewe
Twagize urugendo turi mu bwato bwahora bukoreshwa mu vya gisirikare. Hashize imisi 14, twagiye twashika ku kivuko c’i Gênes mu Butaliyano. Ico gisagara cari kigifise inkovu za ya Ntambara ya kabiri y’isi yose yari imaze imyaka ibiri gusa irangiye. Nk’akarorero, ku mazu yo ku gituro c’amagariyamoshi nta kiyo na kimwe cari gisigayeko kubera amabombe. Tuvuye i Gênes twaciye dufata igariyamoshi itwara ibidandazwa tuja i Milan, aho ibiro vy’ishami be n’inzu y’abamisiyonari vyari biri.
Ubuzima bwo mu Butaliyano ntibwari bworoshe na gatoyi inyuma y’intambara. Hariko haragirwa utwigoro two gusanura ivyasambutse, mugabo ubukene bwari bukwiragiye hose. Bidatevye, naragize ingorane ikomeye y’amagara. Umuganga umwe yambwiye yuko umutima wanje wari umerewe nabi cane ku buryo yiyumviriye ko vyoba vyiza nsubiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Emwe, ndahimbawe kubona yarihenze. Ubu haraheze imyaka 58 nkiri mu gikebere canje mu Butaliyano.
Tumaze imyaka mikeyi gusa mu gikebere cacu, basazanje bari muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika baripfuje kuturonsa umuduga. Ariko Charles yaranse iyo ngabirano abigiranye ubugwaneza. Iyo ngingo na jewe narayishimye. Dufatiye ku vyo twari tuzi, nta Cabona n’umwe wo mu Butaliyano yari afise umuduga ico gihe. Ku bw’ivyo, Charles yabonye yuko vyoba vyiza tubandanije kubaho nk’uko abavukanyi bacu bakirisu bari babayeho. Mu 1961 ni ho twaronka akaduga gatoyi.
Ingoro y’Ubwami yacu ya mbere y’i Milan yari inzu yo mu kuzimu itagira isima. Nta kazu ka surwumwe yari ifise, kandi amazi yonyene yaboneka muri iyo nzu yari ayadengera munsi y’ibirenge vyacu igihe imvura yaba yaguye. Muri iyo Ngoro y’Ubwami yacu harimwo utubeba dutoduto twaza turanyuragira hirya no hino. Uturampuru tubiri ni two twamurika mu kiringo c’amakoraniro. Naho ibintu vyari vyifashe nabi gutyo, twararemeshwa no kubona abantu b’imitima nziraburyarya baza ku makoraniro yacu maze amaherezo bakifatanya natwe mu busuku.
Ivyo twiboneye mu bumisiyonari
Igihe kimwe, twarasigiye umugabo umwe agatabu kavuga ngo La paix de demain sera-t-elle de longue durée?. Dushinguye ukuguru, twagiye tubona umugore wiwe Santina ashika abwebweta imipfuko yuzuye ibisumano. Yasa n’uwushavuye, avuga yuko afise abakobwa umunani abwirizwa kwitwararika, ku buryo ata mwanya yoronka. Nsubiye kuraba Santina, nasanze ariko arajisha agahuzu, umugabo wiwe akaba atari ho yari ari. Yaciye avuga ati: “Nta mwanya mfise wo kwumviriza. Uretse n’ico, sinzi gusoma”.
Narasenze Yehova mu gacerere, hanyuma nca ndasaba uwo mugore niba noshobora kumuha amahera akanjishira umupira w’umugabo wanje. Haciye indwi zibiri, nararonse uwo mupira, kandi twe na Santina twaciye dutangura kwiga Bibiliya tudahorereza dukoresheje igitabu kivuga ngo “La vérité vous affranchira”. Santina yarize gusoma, maze aratera imbere hanyuma arabatizwa, naho umugabo wiwe yamurwanya. Batanu muri ba bakobwa biwe baracitse Ivyabona kandi Santina yarafashije abandi benshi kwemera ukuri kwa Bibiliya.
Muri Ntwarante 1951, twe n’abandi bamisiyonari babiri ari bo Ruth Cannonb na Loyce Callahan, uwahavuye yubakana na Bill Wengert, twararungitswe i Brescia, ahantu ata Cabona n’umwe yari yo. Twararonse inzu irimwo ivyangombwa vyose. Mugabo haheze amezi abiri, nyene yo yaciye aduha amasaha 24 ngo tube twamuviriye mu nzu. Kubera yuko ata kindi Cabona n’umwe yaba muri ako karere, vyabaye ngombwa ko tuja kuba mw’ihoteri, aho twamaze hafi amezi abiri.
Twafungura nabinabi: mu gatondo twafata ikawa na mwene twa dukate twihese twitwa kuruwasa, sasita tugafungura ivyamwa na mwene ya mikate miremire be n’iforomaji, nikera na ho tugasubira gufungura nk’ivyo nyene. Naho twari muri ubwo buzima, twarahezagiwe vy’ukuri. Twahavuye turonka akazu gatoyi, kandi abantu 35 baraje ku Cibutso c’urupfu rwa Kirisitu co mu 1952, twagiriye mu kumba gatoyi twakoresha bwa Ngoro y’Ubwami.
Twihanganira ingorane
Muri ico gihe, abakuru b’amadini bari bagifise ububasha bwinshi ku bantu. Nk’akarorero, igihe twariko turamamaza i Brescia, hari abahungu bakokejwe n’abapadiri ngo badutere amabuye. Ariko rero, abantu 16 bahavuye batangura kwigana natwe Bibiliya, maze haciye igihe gitoyi baraba Ivyabona. Ndagupfinze uwari muri abo bacitse Ivyabona? Harimwo hewe umwe muri ba bahungu badukangisha ivyo kudutera amabuye! Ubu ni umukurambere muri rimwe mu mashengero y’i Brescia. Mu 1955, igihe twava i Brescia, abamamaji b’Ubwami 40 ni bo bariko baragira uruhara mu gikorwa co kwamamaza.
Inyuma y’aho, twaramaze imyaka itatu dukorera i Livourne. Aho i Livourne igice kinini c’Ivyabona baho bari abakenyezi. Ivyo vyatuma biba ngombwa ko twebwe abavukanyikazi dukora ibikorwa vyo mw’ishengero mu bisanzwe bishingwa abavukanyi. Ubukurikira, twimukiye i Gênes aho twari twatanguriye imyaka 11 imbere y’aho. Ico gihe hariyo ishengero. Ingoro y’Ubwami yari mu nzu yo hasi muri ya nyubakwa yarimwo icumba twabamwo.
Tumaze gushika i Gênes, naratanguye kwigana Bibiliya n’umugore umwe yari afise umugabo yahora akina rwa rukino rwo guterana ibipfunsi, ico gihe akaba yari umuyobozi w’inyubakwa yagirirwamwo ivyo guterana ibipfunsi. Uwo mugore yarateye imbere mu vy’impwemu, maze bidatevye araba umuvukanyikazi wacu mukirisu. Ariko rero, umugabo wiwe yaramurwanije, ivyo bikaba vyaramaze igihe kirekire. Mu nyuma, yaratanguye guherekeza umugore wiwe ku makoraniro. Aho kwinjira mu ngoro, yaca yiyicarira hanze akumviriza. Mu nyuma tumaze kuva i Gênes, twaramenye yuko yahavuye asaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Mu nyuma, yarabatijwe arahava aba umucungezi mukirisu w’umunyarukundo. Yagumye ari umwizigirwa gushika apfuye.
Nariganye kandi Bibiliya n’umugore umwe yari arehejwe n’umupolisi. Mu ntango yasa n’uwukunda kwiga Bibiliya, ariko inyuma y’ubugeni bwiwe yaciye ahindura inyifato. Umugabo wiwe yaramurwanije maze aca arahagarika kwiga. Igihe yasubira kwiga Bibiliya, umugabo wiwe yaramuteye ubwoba avuga yuko niyaramuka adusanze turiko turiga azoca aturasa twese. Ariko uwo mugore yarateye imbere mu vy’impwemu maze aracika Icabona yabatijwe. Mugabo ntiwumve, kari akarimi ntiyigeze aturasa. Nkako, haciye imyaka itari mike, igihe nari kw’iteraniro ryabereye i Gênes, hari umuntu yaje anturutse inyuma, ampfuka mu maso n’ibiganza maze aca arampfinda ngo ndamubwire uwo ari we. Napfuye kubona ko ari umugabo wa wa mugore, amosozi aba yantanze hasi. Amaze kungumbira, yambwiye yuko kuri uwo musi nyene w’iteraniro yari yagereranije ukwiyegurira Yehova kwiwe mu kubatizwa!
Kuva mu 1964 gushika mu 1972, naratewe agateka ko guherekeza Charles igihe yaza aragendera amashengero kugira ngo ayakomeze mu buryo bw’impwemu. Twarakoreye mu karere nka kose ko mu Buraruko bw’Ubutaliyano, ni ukuvuga i Piémont, i Lombardie be n’i Ligurie. Twaciye dusubira gukora umurimo w’ubutsimvyi hafi y’i Florence, mu nyuma na ho tuja gukorera i Vercelli. Mu 1977, i Vercelli hariho ishengero rimwe gusa, ariko igihe twahava mu 1999, hari amashengero atatu. Uwo mwaka narashikanye imyaka 91, maze duca turemeshwa kwimukira mu nzu y’abamisiyonari y’i Roma, kakaba kari akazu keza utoraba kari ahantu hatekanye ugereranije n’aho twahora.
Nshikirwa n’ikindi kintu c’agaterantimba
Charles yari umuntu yama imisi yose afise amagara meza. Ariko, muri Ntwarante 2002 yagiye abona afatwa n’indwara. Yarasinzikaye, amaherezo arapfa kw’igenekerezo rya 11 Rusama 2002. Twari tumaranye imyaka 71 dusangira akabisi n’agahiye, turirira hamwe mu bihe vy’amagorwa, tunezeranwa mu bihe vy’imihezagiro. Igihe yapfa nari mbuze bimwe bitovugwa, emwe, bimwe biteye agahinda koko.
Kenshi na kenshi, ndakunda kubona mu bwenge Charles yambaye ikositime y’ikuruwaze be n’inkofero yari iharawe mu myaka ya 1930. Ndamera nk’uwumubona ariko aramwenyura, canke ngasa n’uwumva intwengo yiwe nari nsanzwe menyereye. Ndabifashijwemwo na Yehova kandi bivuye ku rukundo abavukanyi n’abavukanyikazi banje benshi nikundira banyeretse, narashoboye kwihanganira ico kiringo c’agaterantimba. Si nje nzobona harageze ko nsubira kubona Charles.
Ndabandanya umurimo wanje
Ntiworaba ukuntu gukorera Umuremyi wanje cambereye ikintu kiryoshe rwose kuruta ibindi mu buzima bwanje. Uko imyaka yagiye irarengana, ‘narumvirije ndamenya yuko Yehova aryoshe’ (Zaburi 34:8). Nariboneye vy’ukuri yuko ankunda be n’uko anyitwararika. Naho nabuze umwana wanje, Yehova yarampaye abahungu n’abakobwa benshi bo mu buryo bw’impwemu hirya no hino mu Butaliyano banezereje umutima wanje n’uwa Yehova.
Kuyagira abandi ivyerekeye Umuremyi wanje ni co gikorwa namye nkunda kuruta ibindi vyose. Ni co gituma mbandanya kwamamaza no kurongora inyigisho za Bibiliya. Rimwe na rimwe ndicuza kubona ntashobora gukora vyinshi kuruta bivanye n’amagara make. Mugabo ndatahura yuko Yehova azi aho ubushobozi bwanje bugarukira be n’uko ankunda akongera agashima ivyo nshoboye gukora (Mariko 12:42). Ndihatira kubaho mpuza n’aya majambo yo muri Zaburi 146:2 agira ati: “Nzokwama nshima Uhoraho nkiriho, nzokwama ndirimbira Imana yanje ishimwe ngihumeka”c.
[Utujambo tw’epfo]
a Inkuru y’ubuzima ya musazanje mutoyi yitwa Angelo Catanzaro yasohowe mu nomero y’Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Mukakaro 1975, ku rupapuro rwa 429-431.
b Ushaka kumenya inkuru y’ubuzima ya Ruth Cannon, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Kigarama 1971, ku rupapuro rwa 724-726.
c Umuvukanyikazi Benanti yapfuye kw’igenekerezo rya 16 Mukakaro 2005, igihe iki kiganiro cariko kirategurwa. Yapfuye afise imyaka 96.
[Ifoto ku rup. 13]
Camille
[Ifoto ku rup. 14]
Aha hari ku musi w’ubugeni bwacu mu 1931
[Ifoto ku rup. 14]
Naho mu ntango mawe atashimishwa, yahavuye yemera ko twese twiga Bibiliya
[Ifoto ku rup. 15]
Aha twari kumwe n’umuvukanyi Knorr igihe twasohoka ishure ry’i Gileyadi mu 1946
[Ifoto ku rup. 17]
Aha nari kumwe na Charles gatoyi imbere yuko asandaba