ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/1 rup. 2-4
  • Iciza cararengewe n’ikibi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Iciza cararengewe n’ikibi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ikibi gitera congerekana
  • Ukuntu iciza kizonesha ikibi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Intambara yarahinduye isura
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ububasha bw’Ikibi Bwoba Buriko Burakora?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Coba Cari Ikinjana ca Shetani?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/1 rup. 2-4

Iciza cararengewe n’ikibi

MW’ISI ya kino gihe, womengo abantu bakeyi gusa ni bo bafise agatima ko kwitanga. Ariko rero, hari abagifise icipfuzo co kugira ico bafashije mu kugirira iciza abandi mu buryo bunaka. Ku mwaka ku mwaka, abantu batagira uko bangana baratanga amadolari amamiliyaridi agenewe ibikorwa babona ko vyogirira akamaro abandi. Nk’akarorero, mu Bwongereza amahera abantu bahaye amashirahamwe y’abagiraneza yashikiriye igitigiri kitari bwigere gishikirwa c’amamiliyaridi 13 y’amadolari (y’Abanyamerika) mu 2002. Kuva mu 1999, cumi mu bagiraneza baramaze gutanga canke kwemera gutanga amahera yo gufasha abakene, ayamaze gutangwa be n’ayataratangwa yose tuyashize hamwe akaba arenga amadolari (y’Abanyamerika) imiliyaridi 38.

Mu bikorwa vyiza abagiraneza bakora harimwo kurihira imiti imiryango ifise uburyo buke, gufasha abana barezwe n’umuvyeyi umwumwe gusa, gutanga amahera yo gukoresha mu bikorwa vyo gucandaga abantu mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, kuronsa abana ibitabu vya mbere na mbere bakoresha, guha ibitungano aborozi bo mu bihugu bikenye, hamwe no gutanga imfashanyo zo gutabara abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka.

Ivyo bintu duhejeje kuvuga birerekana yuko abantu bafise ubushobozi bwo kugirira ineza abandi. Ariko rero, ikibabaje ni uko hariho n’abantu usanga bakora amabi y’agahomerabunwa.

Ikibi gitera congerekana

Kuva ya Ntambara ya kabiri y’isi yose irangiye, haramaze kuba ihonyabwoko be n’ubwicanyi bw’ikivunga bushingiye ku vya politike incuro hafi 50. Ikinyamakuru kimwe (American Political Science Review) kivuga giti: “Ivyo bintu vyabaye vyahitanye n’imiburiburi abashika imiliyoni 12 be n’abasivile bashika imiliyoni 22, abo bose hamwe bakaba ari benshi kuruta abantu bose bahitanywe n’intambara zabaye mu bihugu be n’izabaye hagati y’ibihugu kuva mu 1945”.

Mu gice ca nyuma c’ikinjana ca 20, abantu bashika imiliyoni zibiri n’ibihumbi amajana abiri ni bo bishwe muri Kamboje, bahowe ivya politike. Mu Rwanda, urwanko rushingiye ku moko rwashikanye ku rupfu rw’abagabo, abagore n’abana barenga 800.000. Muri Bosiniya, ubwicanyi bushingiye ku vy’idini no ku vya politike bwahitanye abantu barenga 200.000.

Mu kuvuga amabi aherutse gukorwa, umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu (ONU) yavuze mu 2004 ati: “Muri Iraki, turabona abanyagihugu bagandagurwa ata n’akagongwe, mu gihe abakora ibikorwa bijanye no gutabara, abamenyeshamakuru be n’abandi banyagihugu usanga bafatwa bakagirwa imbohe mu nyuma bakicwa mu buryo bw’ubunyamaswa butagira izina. Muri ico gihe nyene, turabona abanya Iraki bagizwe imbohe bakorerwa amabi y’agahomerabunwa. Mu ntara ya Darfour, hari abantu amasinzi bateshejwe izabo n’amazu yabo arasamburwa, mu gihe nyene ivy’ugufata abantu ku nguvu bikoreshwa nka bwo buryo bwo gushika ku ntumbero yinaka. Mu Buraruko bw’Ubuganda, turabona abana batemagurwa be n’abahatirwa kugira uruhara mu bintu vy’ubunyamaswa butovugwa. I Beslan, hari abana bafashwe bagirwa imbohe mu nyuma baragandagurwa bunyamaswa”.

Mbere no mu bihugu vyitwa ko vyateye imbere, ubugizi bwa nabi bushingiye ku moko busa n’ubutera bugwira. Nk’akarorero, mu 2004 ikinyamakuru kimwe (Independent News) cavuze yuko mu Bwongereza “igitigiri c’abaterwa canke abagirirwa nabi bahorwa ibara ryabo ry’urukoba congerekanye incuro cumi n’imwe mu myaka cumi iheze”.

Ni kubera iki none abantu bafise ubushobozi bwo gukora ivyiza vyinshi ukuraho bakora amabi nk’ayo? Twoba tuzotinda tugakurwako ikibi? Nk’uko ikiganiro gikurikira kivyerekana, Bibiliya irishura neza ivyo bibazo bivuruga ubwenge.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 2]

KU GIPFUKISHO: Mark Edwards/Still Pictures/Peter Arnold, Inc.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika