ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/5 rup. 4-7
  • Dukurikize akarorero ka Yezu mu kwitwararika abakene

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dukurikize akarorero ka Yezu mu kwitwararika abakene
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yezu yaritwararika abakene
  • Abayoboke ba Kirisitu baritwararika abakene
  • Inyigisho zo muri Bibiliya ziratanga imfashanyo iramba
  • Isi itagiramwo ubukene iri hafi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Duhe icizigiro aboro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Aho umuti ruhasha w’ubukene ushobora kuva
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ubukene
    Be maso!—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/5 rup. 4-7

Dukurikize akarorero ka Yezu mu kwitwararika abakene

UBUKENE n’agahahazo bisa n’ivyabayeho kuva umuryango w’abantu utanguye kubaho. Naho Ivyagezwe Imana yari yarahaye Isirayeli vyarondera gukingira abakene no kuremurura imibabaro yabo, akenshi ivyo Vyagezwe ntivyakurikizwa (Amosi 2:6). Umuhanuzi Ezekiyeli yarashize ku kabarore ukuntu abakene bariko barafatwa. Yavuze ati: “Abantu b’abanyagihugu barahahaza bakambura; mbere bakagirira nabi umugorwa n’umukene, bakadendereza umuntu w’akavantara”.​—Ezekiyeli 22:29.

Ukwo ni na ko vyari vyifashe igihe Yezu yari kw’isi. Indongozi z’idini ntizitwararika na gato abakene n’abatishoboye. Izo ndongozi zadondowe ko zari ‘inkunzi z’ubutunzi zirya ingo z’abapfakazi’ kandi zitwararika rwose ivyo kwumira ku migenzo yazo aho kwitwararika abageze mu zabukuru n’abatishoboye (Luka 16:14; 20:47; Matayo 15:5, 6). Biri n’ico bivuze kubona muri wa mugani wa Yezu w’Umusamariya mwiza, umuherezi be n’Umulewi barabonye umugabo yari yakomeretse bagaca bamurengana bakicira ku rundi ruhande rw’ibarabara aho gukebereza aho ari ngo bamufashe.​—Luka 10:30-37.

Yezu yaritwararika abakene

Inkuru zo mu Njili zigana ivy’ubuzima bwa Yezu zirerekana yuko yatahura neza ingorane zari zihanze abakene kandi ko atirengagiza na gato ivyo bakeneye. Naho Yezu yari yarabaye mw’ijuru, yarisize ubusa, aba umuntu, yongera ‘ahinduka umworo ku bwacu’ (2 Ab’i Korinto 8:9). Igihe Yezu yabona ishengero ry’abantu, “[ryaramuteye] akagongwe, kuko bāri bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere” (Matayo 9:36). Ya nkuru yigana ivy’umupfakazi w’umworo irerekana ko Yezu atatangajwe n’amashikanwa menshi abatunzi batanga “ku bibasāgutse”, ariko ko yatangajwe n’intererano yasa n’aho ata co ivuze yatanzwe n’uwo mupfakazi. Ico kintu uwo mupfakazi yakoze caramukoze ku mutima kubera yuko we “ku bgoro bgiwe [yari] ashikanye ibimutunze vyose”.​—Luka 21:4.

Yezu ntiyumvira abakene akagongwe gusa, ariko kandi yaritwararika ubwiwe ivyo bakeneye. We hamwe n’intumwa ziwe bari bafise ikigega rusangi bakuramwo amahera baha Abisirayeli batishoboye (Matayo 26:6-9; Yohana 12:5-8; 13:29). Yezu yaremesheje abashaka kuba abayoboke biwe gutahura ko babwirizwa gufasha abantu batishoboye. Yabwiye umusore umwe w’umutware yari atunze ati: “Shōra ivy’ufise vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’uze, unkurikire”. Kuba uwo musore atashimye gusabikanya n’abandi ivyo atunze vyaragaragaje ko yakunda cane ubutunzi kuruta uko yakunda Imana na bagenziwe. Ku bw’ivyo, ntiyari afise kamere zisabwa kugira abe umwigishwa wa Yezu.​—Luka 18:22, 23.

Abayoboke ba Kirisitu baritwararika abakene

Inyuma y’urupfu rwa Yezu Kirisitu, intumwa ziwe be n’abandi bayoboke biwe barabandanije kwitwararika abakene bari muri bo. Nko mu 49 G.C., intumwa Paulo yaragiye hamwe na Yakobo, Petero na Yohani maze baraganira ku vyerekeye igikorwa Paulo yari yashinzwe n’Umukama Yezu Kirisitu co kwamamaza inkuru nziza. Bahuje inama yuko Paulo na Barunaba bakwiye kuja ku “banyamahanga”, bakaba ari bo canecane babwira inkuru nziza. Ariko rero, Yakobo n’abo bari kumwe bahimirije Paulo na Barunaba ‘kwibuka aboro’. Kandi ico kintu Paulo ‘yarakigiriye umwete’.​—Ab’i Galatiya 2:7-10.

Mu gihe c’ingoma y’Umwami w’abami Kilawudiyo, harateye ikigoyi cinshi mu bice bitandukanye vyo mu Nganji y’Abaroma. Ivyo vyatumye abakirisu b’i Antiyokiya, “umuntu wese nk’ukw atunze, bashinga kurungikira bene Data baba i Yudaya ivyo kubatabara. Babigenza bartyo, babirungikira abakuru, bijanye Barunaba na Sauli”.​—Ivyakozwe n’intumwa 11:28-30.

Muri iki gihe, abakirisu b’ukuri na bo nyene baratahura yuko abayoboke ba Yezu bategerezwa kwitwararika abakene n’abatishoboye, na canecane abo basangiye ukwizera (Ab’i Galatiya 6:10). Ku bw’ivyo, barerekana ko bitwararika vy’ukuri ivyo abatagira aho bikora bakeneye mu vy’umubiri. Nk’akarorero, mu 1998, harateye uruzuba rwinshi ruronona ibintu vyinshi mu Buraruko bushira Ubuseruko bwa Berezile. Urwo ruzuba rwaratemye ruratongora imirima y’imiceri, iy’ibiharage n’iy’ibigori, bituma ahantu henshi hatera amapfa akaze cane kuruta ayandi yose yateye mu myaka 15 yari iheze. Mu mihingo imwimwe, n’amazi yo kunywa yarakenye. Ivyabona vya Yehova bo mu bindi bice vy’ico gihugu baciye mu maguru masha bashiraho amakomite ajejwe gutabara kandi mu mwanya mutoyi bari bamaze kwegeranya amatoni n’amatoni y’ibifungurwa no kuriha amahera yo kubitwara.

Ivyabona batanze izo mfashanyo banditse bati: “Turahimbawe cane rwose kuba twarashoboye gufasha abavukanyi bacu, ahanini kubera tuzi neza yuko twanezereje umutima wa Yehova. Ntitwigera twibagira amajambo ari muri Yakobo 2:15, 16”. Iyo mirongo yo muri Bibiliya ivuga iti: “Ni haba hariho mwene Data uw’ari we wese yoba yambaye ubusa, agenda aburanirwa ku vyo kurya, maz’umwe muri mwebge akamubgira, ati Genda amahoro, ususuruke, uhāge; ariko ntimumuhe ivy’umubiri ukena, vyomara iki?”.

Mw’ishengero rimwe ry’Ivyabona vya Yehova riri mu gisagara ca São Paulo, hari umuvukanyikazi yicisha bugufi kandi w’umunyamwete akenye mu vy’umubiri, usanga akenshi akora agatama kugira aronke icomubeshaho. Avuga ati: “Naho ndi umukene, ubutumwa bwo muri Bibiliya bwatumye ubuzima bwanje bugira ico buvuze. Sinzi ukuntu vyari kungendera iyo Ivyabona bagenzanje bataza barahaseruka”. Uwo muvukanyikazi w’inshirukabute yarakeneye kubagwa, mugabo ntiyashobora kuronka amahera yo kuriha kwa muganga, ubu hakaba haciye igihe gitoyi. Ico gihe, abavukanyi n’abavukanyikazi bo mw’ishengero barashoboye kuriha ayo mahera. Gufasha abo dusangiye ukwizera bari n’ivyo bakeneye, usanga bigirwa n’abakirisu b’ukuri mu mihingo yose yo kw’isi.

Ariko rero, naho mwene ivyo bintu vyabaye vyoba vyeza umutima, biragaragara yuko utwigoro tuvuye ku mutima nk’utwo tudashobora kurandurana n’imizi ubukene. Mbere naho ibihugu bikomakomeye be n’amashirahamwe mpuzamakungu maninimanini ajejwe gutabara imbabare hari ukuntu vyagize ico bishitseko, ntivyashoboye gukuraho iyo ngorane y’ubukene imaze imyaka n’iyindi. Rero ikibazo gica kivyuka ni iki: Umuti nyawo w’ubukene be n’izindi ngorane zihanze abantu, ni uwuhe?

Inyigisho zo muri Bibiliya ziratanga imfashanyo iramba

Inkuru zo mu Njili zivuga yuko Yezu Kirisitu yakunda gukorera ivyiza abakene canke ababa bafise ibindi bintu bakeneye (Matayo 14:14-21). Ariko none, ni igikorwa ikihe yashira imbere y’ibindi? Igihe kimwe, amaze umwanya munaka ariko arafasha abantu bari n’ivyo bakeneye, yabwiye abigishwa biwe ati: “Tuje ahandi mu bisagara biri hafi, na ho nyene nigisheyo” (Ni twe dushimitse.). Ni kubera iki Yezu yahagaritse igikorwa yariko arakora co gutabara abarwaye n’abatishoboye kugira asubire ku gikorwa ciwe co kwamamaza? Yasiguye yuko ‘kwamamaza ari co camuzanye’ (Mariko 1:38, 39; Luka 4:43). Naho gukorera ivyiza abantu bari n’ivyo bakeneye vyari bihambaye kuri Yezu, kwamamaza ivyerekeye Ubwami bw’Imana cari co gikorwa nyamukuru yari yaratumwe gukora.​—Mariko 1:14.

Kubera ko Bibiliya ihimiriza abakirisu ‘kugera ikirenge mu ca [Yezu]’, muri iki gihe barafise ubuyobozi butomoye bisunga ku bijanye no kuraba ivyo bashira imbere y’ibindi mu twigoro bagira two gufasha abandi (1 Petero 2:21). Nka kumwe kwa Yezu, barafasha abantu bari n’ivyo bakeneye. Ariko kandi, cokimwe na Yezu, igikorwa co kwamamaza ubutumwa bwo muri Bibiliya bwerekeye inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ni co bashira imbere y’ibindi vyose (Matayo 5:14-16; 24:14; 28:19, 20). Ni kubera iki none ivy’ukwamamaza ubutumwa bwo mw’Ijambo ry’Imana ari vyo bikwiye kuja imbere y’ibindi bintu umuntu yokora kugira afashe abandi?

Ibintu vyabaye koko hirya no hino kw’isi, birerekana yuko igihe abantu batahura impanuro ngirakimazi Bibiliya itanga bakongera bakazikurikiza, usanga biborohera kumenya uko bavyifatamwo igihe bashikiwe n’ingorane zo mu buzima bwa misi yose, ushizemwo n’ubukene. N’ikindi kandi, ubutumwa bwo muri Bibiliya bwerekeye Ubwami bw’Imana Ivyabona vya Yehova bamamaza muri iki gihe, buraha abantu icizigiro ku bijanye na kazoza, ico kikaba ari icizigiro gituma kubaho bigira ico bimaze vy’ukuri mbere n’igihe umuntu aba ari mu bihe bigoye cane (1 Timoteyo 4:8). Uti none ico cizigiro ni ikihe?

Ijambo ry’Imana ridukura amazinda ku bijanye na kazoza riti: “Nk’uko [Imana] yasezeranye, tureretse ijuru risha n’isi nsha, ivyo ukugororoka kuzobamwo” (2 Petero 3:13). Igihe Bibiliya ivuga “isi”, rimwe na rimwe iba iriko yerekeza ku bantu bayibako (Ivyahishuriwe 13:3). Ku bw’ivyo, iyo “si nsha” irimwo ukugororoka isezeranwa ko izoza, ni ikibano c’abantu bashimwa n’Imana. Ijambo ry’Imana risezerana kandi ko ku ntwaro ya Kirisitu, abazoba bashimwa n’Imana bazoronka ingabirano y’ubuzima budahera maze bagire ubuzima bumara akanyota mw’isi izoba yabaye iparadizo (Mariko 10:30). Ako kazoza keza igitangaza abantu bose barashobora kukaronka, ushizemwo n’abakene. Muri iyo “si nsha”, ikibazo c’ubukene kizotorerwa inyishu rimwe rizima.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 7]

YEZU “AZOKIZA UMUKENE” GUTE?​—Zaburi 72:12

UBUTUNGANE: “Azocira imanza abagorwa bo mu bantu, akize abana b’abakene, avunagure umunyagahahazo” (Zaburi 72:4, ni twe dushimitse.). Igihe Kirisitu azoba aganza isi, hazoba ubutungane kuri bose. Igiturire, ico akaba ari ikiza gituma ibihugu vyinshi vyari gushobora gutunga vyicwa n’ubukene, nta kibanza kizoba gifise.

AMAHORO: “Mu misi yiwe abagororotsi bazororanirwa, kandi hazosēndēra amahoro, gushitsa ah’ukwezi kuzoviraho” (Zaburi 72:7, ni twe dushimitse.). Ubukene buri mw’isi ahanini buva ku matati no ku ndwano biba hagati y’abantu. Kirisitu azozana amahoro atagira agahaze kw’isi, gutyo akazoba akuyeho kimwe mu bintu nyamukuru bituma haba ubukene.

IKIGONGWE: “Azogirira akagongwe uworoshe n’umukene, amagara y’abakene azoyakiza. Azobacungura, abakize agahahazo n’umuryano; kand’amaraso yabo azoba ay’igiciro mu nyonga ziwe” (Zaburi 72:12-14, ni twe dushimitse.). Aboroshe, abakene be n’impahazwa bo muri iki gihe, bazoba mu bagize umuryango w’abantu urangwa agahimbare kandi wunze ubumwe uzoba utwarwa n’Umwami Yezu Kirisitu.

UGUTUNGA N’UGUTUNGANIRWA: “Hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu” (Zaburi 72:16, ni twe dushimitse.). Mu gihe c’ingoma ya Kirisitu, abantu bazotunga batunganirwe kandi hazoba hari agahimbo, ni ukuvuga umusesekara. Abantu ntibazocumukuzwa n’ukubura ibifungurwa bihagije be n’ikigoyi bikunda gutera ubukene muri iki gihe.

[Ifoto ku rup. 5]

Yezu ubwiwe yaritwararika ivyo abakene bakeneye

[Ifoto ku rup. 6]

Ubutumwa bwo muri Bibiliya buratanga icizigiro nyakuri

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika