Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?
NI KUBERA iki uryoherwa no kugendagenda ahantu hari utwatsi n’ibiti vyiza canke ahantu hateye amashurwe amota neza? Igihe ubonye ikiyaga c’akaroruhore canke imisozi miremire amasonga yayo ariko ibicu, ni kubera iki uca wumva wuzuye akamwemwe? Ni kubera iki bishika ukumviriza witonze uturirimbo turyoheye ugutwi inyoni ziririmba ziri mu bushorishori bw’ibiti? Vyongeye, ni kubera iki bihimbaye cane kwihweza ingene impongo zikina amatavu canke umukuku w’intama uriko urarisha mw’iragiriro ritotahaye?
Hari inyishu imwe rudende kuri ivyo bibazo vyose. Twaremewe kuba mw’Iparadizo! Aho ni ho abavyeyi bacu ba mbere, Adamu na Eva batanguye kuba. Icipfuzo co kuba mw’Iparadizo twakirazwe na bo, bakaba bari bagihawe n’Umuremyi wabo, Yehova Imana. Uno yari azi ko, twebwe abantu, twohimbawe no kuba mw’Iparadizo kubera yuko yaturemanye kamere zikenewe kugira ngo tunezererwe iyi si tubako iteye igomwe.
Ni kubera iki none Yehova yaremye isi? “Yayibumvye kugira ngw ibekw abantu” (Yesaya 45:18). ‘Uwaremye isi’ yarahaye Adamu na Eva iparadizo nziza igitangaza yo kubamwo, ari ryo rya tongo ry’i Edeni (Yeremiya 10:12; Itanguriro 2:7-9, 15, 21, 22). Ese ukuntu bategerezwa kuba barahimbarwa n’inzuzi, amashurwe n’ibiti vyo muri yo! Barashobora kwibonera inyoni ziteye igomwe ziguruka mu kirere, ibikoko vy’ubwoko butandukanye vyitemberera kw’isi kandi nta na kimwe muri vyo cari kigeramiye abantu. Amafi n’ibindi biremwa vyaroga mu mazi y’umusarara yo kw’isi. Ikiruta vyose, Adamu na Eva bari kumwe. Bari kurondoka bakongera bakagura iyo Paradizo babamwo, hanyuma bakibanira hamwe mu munezero uko bagize umuryango wogiye uraguka.
Naho ubu isi atari iparadizo, twoshobora kuyigereranya n’urugo rwiza rw’umuryango uhimbawe. Isi twahawe n’Imana irafise ivyo dukeneye kugira ngo tuyibeko, waba umuco, ubushuhe, amazi be n’ibifungurwa. Ese ukuntu dukenguruka umuco w’izuba n’ubushuhe ritanga, hamwe n’umuco ugereranye ukwezi gutanga mw’ijoro (Itanguriro 1:14-18)! Mu kuzimu hariyo amasoko ntanganguvu, nk’ibizuku n’ibitoro, dushobora gukoresha kugira ngo dususuruke. Turaronka amazi kubera yuko kw’isi hariho ya nzinguzingu y’amazi, inzuzi, ibiyaga, n’amabahari. N’ikindi kandi, isi ishasheko ivyatsi bitotahaye.
Nka kurya nyene inzu ishobora kuba ifise aho kubika ibifungurwa, ni ko no mu bubiko bw’isi hari ibifungurwa umukimba. Yehova, abicishije ku vyimburwa vyo mu mirima no ku biti vy’ivyamwa, ‘araduha ibihe vy’ivyimburo vyiza, akuzuza imitima yacu umunezero’ (Ivyakozwe n’intumwa 14:16, 17). Narirya isi isanzwe ari ahantu heza ho kuba, iyumvire nawe ukuntu izoba imeze igihe ya “Mana ihimbawe” Yehova, azoyihindura iparadizo!—1 Timote 1:11, UB.
[Abo dukesha amafoto ku rup. 2]
IGIPFUKISHO: Isi: Ifoto yafashe na NASA; Inyenyeri: NASA, ESA na AURA/Caltech