Inkuru y’ubuzima
Ndasukurira Yehova nezerewe naho mfise ubumuga
NK’UKO VYAVUZWE NA VARNAVAS SPETSIOTIS
Mu 1990, igihe nari mfise imyaka 68, naramugaye umubiri wose. Yamara, ubu ndamaze imyaka nka 15 nkora umurimo w’igihe cose mw’izinga rya Chypre nezerewe. Ni igiki none candonkeje inkomezi zo kuguma nkorana umwete umurimo wa Yehova naho mfise ubumuga?
NAVUTSE ku wa 11 Gitugutu 1922, mvukira mu muryango w’abana icenda: abahungu bane n’abakobwa batanu. Twaba mu gasagara kitwa Xylophágou ko muri Chypre. Naho abavyeyi banje basa n’abifise, gutunga umuryango munini nk’uwo vyasaba gukora cane mu mirima.
Dawe, Antonis, yari umuntu asanzwe akunda gusoma kandi yipfuza kumenya utuntu n’utundi. Hashize igihe gitoyi mvutse, dawe yaragiye kuramutsa umwigisha w’ishure ryo muri ako gasagara, hanyuma abona agapapuro k’inkuru z’nziza gafise umutwe uvuga ngo La Tribune du Peuple, kasohowe n’Abatohoji ba Bibiliya (ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe). Yaratanguye kugasoma kandi ntiyatevye gushimishwa rwose n’ibiri muri ko. Ico vyavuyemwo ni uko dawe n’umwe mu bagenzi biwe yitwa Andreas Christou, babaye mu bantu ba mbere bo muri iryo zinga bifatanije n’Ivyabona vya Yehova.
Haba iterambere naho hari ukurwanywa
Mu nyuma, dawe na Andreas bararonse ibitabu bishingiye kuri Bibiliya babihawe n’Ivyabona vya Yehova. Bidatevye, uko ari babiri baravyuriwe umutima wo kubwira abandi bantu bo muri nya gasagara ukuri kwo muri Bibiliya bariko bariga. Igikorwa co kwamamaza barangura catumye barwanywa bimwe bikomeye n’abakuru b’idini rya Orotodogisi ryo mu Bugiriki be n’abandi babona ko Ivyabona vya Yehova bagira akosho kabi ku bantu.
Benshi mu bantu bo ng’aho, emwe, barubaha abo bigisha ba Bibiliya babiri. Dawe yari azwi cane ko ari umuntu w’umutima mwiza kandi w’inda nziza. Yarakunda gufasha imiryango ikenye. Rimwe na rimwe mw’ijoro, yarasoboka avuye muhira akaja gushira ingano canke imikate imbere y’inzu z’imiryango itishoboye. Ico kintu yakora kiranga abakirisu kandi cerekana ko yitaho abandi catumye ubutumwa bw’abo basuku babiri buba ubukwegera kuruta.—Matayo 5:16.
Ico vyavuyemwo ni uko abantu nka 12 bemeye ubutumwa bwo muri Bibiliya. Kubera yuko barushiriza gutahura ukuri, barabonye ko bikenewe yuko boza barahurira mu mazu atandukanye kugira ngo bige Bibiliya bagize umugwi. Nko mu 1934, umusuku w’igihe cose wo mu Bugiriki yitwa Nikos Matheakis yarashitse muri Chypre, maze arabonana n’umugwi wo muri Xylophágou. Uwo muvukanyi Matheakis, abigiranye ukwihangana n’ishaka, yarafashije mu vyo gutunganya uwo mugwi yongera arabafasha gutahura Ivyanditswe mu buryo burushirije kuba bwiza. Uwo mugwi ni wo wabaye intimatima y’ishengero rya mbere ry’Ivyabona vya Yehova muri Chypre.
Kubera ko igikorwa ca gikirisu catera kija imbere kandi abantu benshi bakakira neza ukuri kwo muri Bibiliya, abavukanyi barabonye yuko hakenewe ikibanza boza barikoranirizamwo. Mukuru wanje George n’umugore wiwe Eleni, baratanze ikizu cabo bahora babikamwo ibintu. Ico kizu, icari iruhande y’inzu babamwo, carasanuwe gica gihindurwamwo ikibanza ciza c’amakoraniro. Abo bavukanyi, emwe, baza baronka Ingoro y’Ubwami yabo bwite kandi ya mbere muri iryo zinga! Ese ukuntu bahimbawe cane! Kandi, ntiworaba ukuntu ivyo vyatumye haba iterambere ryiyongereye!
Ukuri ndakugira ukwanje
Mu 1938, igihe nari mfise imyaka 16, narahisemwo kuba umubaji. Dawe yaciye andungika ku murwa mukuru wa Chypre, ari wo Nicosie. Abigiranye ukubona kure, yararinganije ivy’uko nobana na Nikos Matheakis. Uwo muvukanyi w’intahemuka aracibukwa n’abantu benshi bo muri iryo zinga kubera umwete wiwe n’ubwakiranyi bwiwe. Umwete wiwe wibonekeje be n’ukuntu yagira uburindutsi akaguma ashikamye zari kamere zikenewe ku mukirisu wese wo muri Chypre muri ivyo bihe.
Umuvukanyi Matheakis yaramfashije cane gushinga imizi mu bumenyi bwerekeye Bibiliya no gutera imbere mu vy’impwemu. Mu kiringo cose twamaranye, naritaba amakoraniro yose yagirirwa mu nzu iwe. Ico gihe ni ho natangura kwumva ko urukundo nkunda Yehova rwariko rurarushiriza gukomera. Naciye ngira umwiyemezo wo kugiranira ubucuti n’Imana buri n’ico buvuze. Mu mezi makeyi gusa, narabajije umuvukanyi Matheakis nimba nokwifatanya na we mu murimo wo mu ndimiro. Ico gihe hari mu 1939.
Haciye igihe, narasubiye i muhira kuramutsa abo mu muryango. Kumarana na dawe igihe vyaratumye ndushiriza kujijuka ko nari narubuye ukuri be n’insobanuro y’ubuzima. Muri Nyakanga 1939, ya Ntambara ya kabiri y’isi yose yaratanguye. Abasore benshi bo mu runganwe rwanje baritanze baja mu ntambara, ariko jeho nisunze ubuyobozi Bibiliya itanga nahisemwo kuguma ata ho mpengamiye (Yesaya 2:4; Yohana 15:19). Muri uwo mwaka nyene, nariyeguriye Yehova maze mbatizwa mu 1940. Kuva ico gihe, naciye numva ivyo gutinya abantu bimvuyemwo!
Mu 1948, narubakanye na Efprepia. Twarahezagiwe mu kuronka abana bane. Bidatevye, twaratahuye yuko dutegerezwa gukora cane kugira tubarere ‘tubahana, tubahanura, uk’Umwami wacu agomba’ (Abanyefeso 6:4). Ico ahanini twashimikako mu masengesho yacu kikaba ari na co twihatira cane, kwari ukwinjiza mu bana bacu ugukunda Yehova bimwe bigera kure n’ukwubaha amategeko yiwe be n’ingingo ngenderwako ziwe.
Ngira ibibazo kubera ingorane z’amagara
Mu 1964, igihe nari mfise imyaka 42, natanguye kwumva ukuboko kw’iburyo n’ukuguru kw’iburyo bitimvye. Buhorobuhoro, vyaratandukiriye n’uruhande rw’ibubamfu. Narasuzumwe basanga ndwaye indwara ituma imitsi inyunyuka (atrophie musculaire), ikaba ari indwara idakira ituma amaherezo umuntu amugara umubiri wose. Naracitse ivutu igihe babimenyesha. Ivy’iyo ndwara vyaje bukwi na bukwi! Nararengewe n’ishavu be n’umubabaro, nibaza nti: ‘Ni kubera iki ari jewe vyabwirijwe gushikira? None ga yemwe nakoze iki?’. Ariko rero, haciye igihe narashoboye kwihanganira umubabaro nagize igihe numva ko ndwaye iyo ndwara. Yamara narumva ndengewe n’amaganya be n’ubwoba. Hari ibibazo bitari bike vyaguma bingaruka mu bwenge. Nibaza nti: Mbega, ngiye kumugara umubiri wose ku buryo akantu ako ari ko kose ndagakorerwa n’abandi? Nzovyifatamwo gute? Noba nzoshobora kuronsa umukenyezi wanje n’abana bacu bane ivyo bakeneye? Vy’ukuri, niyumviriye ivyo bibazo narumva ntaye umutwe.
Muri ivyo bihe bigoye cane nari ngezemwo mu buzima bwanje, ni ho canecane nabonye ko nkeneye kwiyegereza Yehova mw’isengesho no kumubwira bimwe bivuye ku mutima ibindaje ishinga vyose be n’amaganya yanje yose. Narasenga ijoro n’umurango n’umwosori ukandenga. Sinatevye kwumva mpumurijwe. Amajambo aruhura umutima yo mu B’i Filipi 4:6, 7 nariboneye ko ari ay’ukuri, na yo akaba agira ati: “Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka. Maz’amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu”.
Nihanganira ubumuga bwanje
Amagara yanje yaguma ayonga. Ndavye ukuntu ivyanje vyari bisigaye vyifashe, naratahuye yuko ntegerezwa kugira ivyo mpinduye ntatevye. Kubera ko ntari ngishoboye gukora akazi k’ububaji, nahisemwo kurondera akazi kadasaba inguvu nyinshi kari kworohereza amagara yanje kandi kagatuma ndonka icodutunga. Natanguye kudandaza utuntu dusosa tumeze nk’utubarafu nkoresheje agakamyo. Nakoze ako kazi nk’imyaka itandatu gushika aho indwara yanje ituma ntangura gukoresha agakinga k’ibimuga. Naciye rero mpindura hanyuma nza ndakora ubuzi nari nshoboye bworoshe kuruta.
Kuva mu 1990, amagara yanje yarayonze ku buryo ata kazi na kamwe nshobora gukora. Ubu, akantu kose ndagakorerwa n’abandi, mbere n’udukorwa dusanzwe ku muntu afise amagara meza. Ndakenera uwumfasha kuja kuryama, kwiyoga, no kwambara. Kugira ngo nitabe amakoraniro ya gikirisu, baransunika ndi mu gakinga k’ibimuga gushika ku modoka maze bagaca banterura bakanshira mu modoka. Dushitse ku Ngoro y’Ubwami, barankura mu modoka bakanshira muri nya gakinga maze bakansunika gushika mu Ngoro. Mu kiringo c’amakoraniro, iruhande yanje haba hari akamashini gakoreshwa n’umuyagankuba ko kunsusurutsa ibirenge.
Ariko rero, naho mfise ubwo bumuga ntikibuza ko nitaba amakoraniro yose ntahorereza. Ndatahura yuko ku makoraniro ari ho Yehova atwigishiriza, kandi kuba kumwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi banje bo mu vy’impwemu ni ubuhungiro nyakuri kandi birakomeza umuntu bikongera bikamuremesha (Abaheburayo 10:24, 25). Kugenderwa akatari gake n’abo dusangiye ukwizera bahumuye mu vy’impwemu vyama bimfasha. Emwe, numva merewe nka kumwe kwa Dawidi, uwavuze ati: “Igikombe canje kirasēsekaye”.—Zaburi 23:5.
Umukenyezi wanje nikundira yarambereye umufasha mwiza utoraba muri iyi myaka yose iheze. N’abana banje nyene baranshigikiye cane. Ubu haraciye imyaka itari mike bamfasha mu vyo nkenera imisi yose. Ivyo bariko barankorera ntivyoroshe, kandi ukwo imyaka igenda irarengana, ni ko kunyitwararika biguma birushiriza kuba ibigoye. Vy’ukuri, ni intangakarorero mu gutsimbataza ukwihangana no mu kwitanga, kandi nsaba Yehova ko yobandanya kubahezagira.
Iyindi ntunganyo nziza igitangaza Yehova yashizeho kugira ngo akomeze abasavyi biwe ni isengesho (Zaburi 65:2). Mu kwishura intakambo zanje zivuye ku mutima, Yehova yarandonkeje inkomezi zo kubandanya ngendera mu kuri muri iyi myaka yose iheze. Igihe canecane numva ncitse intege, isengesho riranduhura rikanamfasha kugumana umunezero. Guserurira Yehova akari ku mutima buri gihe, birangarurira agatege bikongera bigakomeza umwiyemezo wanje wo kuguma ndamusukurira. Ndemera ntakeka ko Yehova yumva amasengesho y’abasavyi biwe kandi akabaha amahoro yo mu mutima bakeneye.—Zaburi 51:17; 1 Petero 5:7.
Ikiruta vyose, ndagarura agatege igihe cose nibutse yuko Imana amaherezo izokiza abantu bose bazohabwa umuhezagiro wo kuba mw’Iparadizo batwarwa n’Ubwami burongowe n’Umwana wayo Yezu Kirisitu. Biramaze kunshikira akatari gake ngakorora amosozi y’umunezero igihe mba ndiko nzirikana kuri ico cizigiro ciza igitangaza.—Zaburi 37:11, 29; Luka 23:43; Ivyahishuriwe 21:3, 4.
Nkora umurimo w’igihe cose
Nko mu 1991, maze kurimbura ivyanje uko vyifashe, naratahuye ko uburyo bwiza kuruta bwo kwirinda gutwarwa n’amaganya kwari ukuguma mfise vyinshi nkora mu bijanye no kubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami y’agaciro. Muri uwo mwaka, naratanguye gukora umurimo w’igihe cose.
Kubera ko mfise ubumuga, ahanini nshinga intahe biciye ku makete. Ariko, ntugire ngo kwandika biranyorohera; binsaba akigoro gakomeye. Birangora gufatisha neza iminwe ikaramu kubera ko ya ndwara inyunyura imitsi yatumye iminwe itaba igifise inguvu zikwiye. Yamara, kubera ukwumira kw’ibanga n’isengesho, ubu ndamaze imyaka irenga 15 namamaza biciye ku makete. Ndakoresha kandi na telefone mu kwamamaza. Sinigera ngisha akaryo ko kubwira incuti, abagenzi n’ababanyi baza kungendera i muhira icizigiro mfise c’uko hazobaho isi nshasha izoba yabaye Iparadizo.
Ico vyavuyemwo ni uko nahimbawe no kwibonera ibintu vyinshi biremesha. Naranezerejwe no kubona umwe mu buzukuru banje, uwo twari tumaze imyaka nka 12 twiga Bibiliya, atera imbere mu vy’impwemu arerekana ko aha agaciro ukuri kwo muri Bibiliya. Abitumwe n’ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya, yagumye ari intahemuka kandi ashikamye ku bijanye n’ukuntu abakirisu batagira aho bahengamiye.
Ndahimbarwa canecane igihe abantu nandikira bandondeye kugira ngo bamenye vyinshi ku vyerekeye Bibiliya. Rimwe na rimwe, hari abasaba ibitabu bivuga ivya Bibiliya. Nk’akarorero, hari umugore yantelefonye maze aranshimira kubera ikete riremesha nari nandikiye umunega wiwe. Yasanze ivyiyumviro vyari muri ryo bishimishije cane. Ivyo vyatumye tuganira akatari gake na we hamwe n’umunega wiwe ivyerekeye Bibiliya muhira iwanje.
Ndafise icizigiro
Mu myaka yagiye irarengana, nariboneye ingene igitigiri c’abamamaji b’Ubwami cagiye ciyongera muri iri zinga. Ya Ngoro y’Ubwami ntoyi yari iruhande y’inzu ya mukuru wanje George yaraguwe yongera irasubirwamwo akatari gake. Ubu ni ikibanza giteye igomwe co gusengeramwo gikoreshwa n’amashengero abiri y’Ivyabona vya Yehova.
Dawe yapfuye mu 1943 afise imyaka 52. Mugabo iragi ryo mu vy’impwemu yadusigiye, emwe, ni ryiza ntiworaba! Umunani mu bana biwe barakiriye ukuri kandi n’ubu baracakorera Yehova. Muri ka gasagara Xylophágou dawe yavukiyemwo be no mu dusagara two mu micungararo, ubu hari amashengero atatu, yose hamwe akaba agizwe n’abamamaji b’Ubwami 230.
Ivyo vyiza vyaratumye ngira umunezero mwinshi. Ubu mfise imyaka 83, ndizigira aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Imigunza y’intambge ishobora kuburanirwa no gusonza, arikw abarondera Uhoraho ntibazogira iciza bakena” (Zaburi 34:10). Ndarindiranye umushasharo igihe ubuhanuzi dusanga muri Yesaya 35:6 buzoranguka, na bwo bukaba bugira buti: “Ico gihe ūcumbagira azosimba nk’impongo”. Mu gihe tutarahashika, niyemeje kubandanya nsukurira Yehova nezerewe naho mfise ubumuga.
[Ikarata ku rup. 17]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
TURUKIYA
SIRIYA
LIBANI
CHYPRE
Nicosie
Xylophágou
Ikiyaga Mediterane
[Ifoto ku rup. 17]
Ya Ngoro y’Ubwami ya mbere yo muri Xylophágou, n’ubu iracakoreshwa
[Ifoto ku rup. 18]
Ndi kumwe na Efprepia mu 1946 no muri iki gihe
[Ifoto ku rup. 20]
Ndanezerwa no gushinga intahe biciye kuri telefone no ku makete