Urashobora kubaho ibihe bidahera
BENSHI cane mu bantu bemera Imana bo mu madini yo mw’isi, baraha agaciro icizigiro c’ukubaho ibihe bidahera mu buryo bunaka. Ivyo bemera bishobora kuba bitandukanye bivanye n’idini barimwo, ariko mu bisanzwe usanga ico bizigiye ari kimwe, ni ukuvuga kubaho mu gahimbare ibintu vyifashe neza cane ata kugeramirwa n’urupfu. Ivyo none si vyo nawe wipfuza? Wosigura gute none ukuntu abantu bo mu mihingo myinshi bemera ibintu nk’ivyo? Icizigiro c’ukubaho ibihe bidahera coba kizoteba kikaranguka?
Bibiliya yerekana ko Umuremyi yashize ivyiyumviro vy’ukubaho ibihe bidahera ibwina mu mitima y’abantu kuva mu ntango, ni ukuvuga kuva igihe yarema wa mugabo n’umugore ba mbere. Bibiliya ivuga ko “[Imana] yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo”.—Umusiguzi 3:11.
Ariko rero, kugira ngo uwo mugabo n’umugore ba mbere bashitse ico cipfuzo co kubaho ibihe bidahera, bategerezwa kwemera ko Imana ari yo ifise uburenganzira bwo gushinga ikibereye n’ikitabereye. Iyo babigenza gutyo, Yehova yari gushobora kubona ko babereye kubaho “ibihe bidashira” bari ahantu yari yarabateguriye kuba, ni ukuvuga mw’itongo ry’i Edeni.—Itanguriro 2:8; 3:22.
Icizigiro c’ukubaho ibihe bidahera gitakara
Inkuru yo muri Bibiliya yerekana ko Imana yateye muri iryo tongo “igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi”, ica ibuza Adamu na Eva kurya ku vyamwa vyo kuri co kugira ngo ntibacirwe urwo gupfa (Itanguriro 2:9, 17). Iyo Adamu na Eva birinda kurya ivyamye kuri ico giti, bobaye beretse Imana ko bemera ubukuru bwayo. Babiriye na ho, bobaye berekanye ko bateye akagere ubukuru Imana ifise. Adamu na Eva baragambaraye amategeko Yehova yabahaye maze baja ku ruhande rwa Shetani, ikiremwa c’impwemu cari caragararije ubukuru bw’Imana. Ico vyavuyemwo ni uko Imana yemeje bikwiriye yuko Adamu na Eva batabereye kubaho ibihe bidahera.—Itanguriro 3:1-6.
Imana yari yabashize imbere ubuzima n’urupfu, ukubaho n’ukutabaho. Ukwo kugambarara kwabo kwabakwegeye urupfu no kuzimangana ubutagisubira kubaho. Yaba Adamu, Eva canke uwundi wese wo mu ruvyaro rwabo, ntibari gushobora kubandanya kubaho biciye ku bintu vy’imiti ngo ituma umuntu abandanya kubaho canke biciye ku gihimba kanaka boba bari bafise cobandanije kubaho bamaze gupfaa.
Uruvyaro rwose rwa Adamu rwacumukuye kubera ubugarariji bwiwe. Intumwa Paulo arasigura ingaruka z’ubwo bugarariji. Yanditse ati: “Icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe, urupfu [ruzanwa] n’icaha, ni k’urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bākoze ivyaha”.—Abaroma 5:12.
Abantu basubira kugira icizigiro c’ukubaho ibihe bidahera
Intumwa Paulo yerekanye ukuntu ivyo uruvyaro rwa Adamu bimeze, mu kubigereranya n’ukuntu ivy’umugurano wo mu kinjana ca mbere vyari bimeze. Kubera icaha abana ba Adamu na Eva barazwe, babwirijwe kuvuka ari “abagurano b’icaha”, ari abo gupfa (Abaroma 5:12; 6:16, 17). Emwe, ntibohunze na gato ivyo kuba abagurano b’icaha iyo Yehova adashiraho intunganyo yemewe n’amategeko kugira ngo abo bagurano baronke umwidegemvyo. Paulo yasiguye ati: “Nk’uko gucirwa urubanza kwazanywe n’igicumuro kimwe [ca Adamu] ku bantu bose, ngo batsindwe, ni ko ya ngabire yazanywe n’igikorwa kigororotse kimwe ku bantu bose, ngo batsindanishirizwe baronke ubu[zima]”. Ico “gikorwa kigororotse” cashikanye Yezu ku gutanga inkuka y’ubuzima bwiwe bw’umuntu butagira agasembwa kw’“incungu bikwiranye ku bwa bose”. Yehova yari azi ko incungu ifise ububasha bushingiye ku mategeko bwo kubohora abantu ngo ‘ntibacirwe urubanza’ rwo “gutsindwa”.—Abaroma 5:16, 18, 19; 1 Timoteyo 2:5, 6, NW.
Ni yo mpamvu abahinga batazokwigera batora icotuma umuntu abaho ibihe vyose bafatiye ku tugingo ngengakamere tw’umuntu. Umuti uri ahandi. Bibiliya yerekana yuko intandaro y’ugupfa kw’abantu ihagaze ku kibazo cerekeye ikibereye n’ikitabereye be no ku butungane, idahagaze ku tugingo ngengabuzima tw’umuntu. Rero, uburyo bwo gusubizaho ubuzima budahera, ni ukuvuga inkuka y’incungu ya Yezu, burahuye n’amategeko. Incungu kandi ni ikintu cerekana ubugororotsi bw’Imana be n’ubuntu-mvarukundo bwayo. Ni bande none bazokwungukira ku ncungu maze bakaronka ubuzima budahera?
Ingabire y’ukudapfa
Yehova Imana yamaho “uhereye ibihe bidashira ugashitsa ibihe bidashira”. Ntapfa (Zaburi 90:2). Umuntu wa mbere Yehova yahaye ingabire y’ukudapfa yabaye Yezu Kirisitu. Intumwa Paulo asigura ati: ‘Kirisitu, ko yamaze kuzuka mu bapfuye, ntagipfa, urupfu ntirukimuganza’ (Abaroma 6:9). Ku bw’ivyo, mu kwerekana itandukaniro riri hagati ya Yezu uwazutse be n’abategetsi bo kw’isi, Paulo amudondora ko ari we wenyene muri bo afise ukudapfa. Yezu ‘azokwamaho ibihe bidashira’. Ubuzima bwiwe “[ntibu]shobora gukūrwaho”.—Abaheburayo 7:15-17, 23-25; 1 Timoteyo 6:15, 16.
Yezu si we wenyene aronka iyo ngabire. Abakirisu basizwe impwemu batowe ngo bazoganze ari abami mu buninahazwa bwo mw’ijuru, na bo bazurwa nk’uko Yezu yazuwe (Abaroma 6:5). Intumwa Yohani arerekana ko iyo ngabire ihabwa abantu 144.000 (Ivyahishuriwe 14:1). Na bo nyene barahabwa ukudapfa. Ku bijanye n’ukuntu bazuka, Paulo avuga ati: “Ab’inyama n’amaraso [nti]bashobora kuragwa ubgami bg’Imana. . . . Inzamba izovuga, abapfuye [bazurwe] batagishobora kubora, natwe tuzohindurwa. Kuk’uyu mubiri ubora ukwiye kuzokwambara ukutabora, kand’uyu mubiri upfa ukwiye kuzokwambara ukudapfa”. Urupfu nta bubasha rufise kubazurwa muri ubwo buryo.—1 Ab’i Korinto 15:50-53; Ivyahishuriwe 20:6.
Ivyo bintu vyahishuwe n’Imana biratangaje vy’ukuri. N’abamarayika ari abamarayika, naho ari ibiremwa vy’impwemu, ntibaremwe ari ibiremwa bidashobora gupfa. Ivyo vyerekanwa n’uko ibiremwa vy’impwemu vyifatanije na Shetani mu bugarariji bwiwe bizorandurwa (Matayo 25:41). Ariko, abazofatanya na Yezu kuganza bo bararonka ingabire y’ukudapfa, ico kikaba ari ikimenyamenya c’uko Yehova yizigira rwose ko badashobora guhemuka.
Ivyo none vyoba bisobanura ko abantu 144.000 gusa, igitigiri kiboneka ko ari gitoyi ukigereranije n’abantu amamiliyaridi babayeho, ari bo bonyene bazobaho ibihe bidahera? Oya. Reka turabe igituma atari ukwo biri.
Ubuzima budahera kw’isi y’iparadizo
Igitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuriwe kiradondora mu buryo bwiza igitangaza ishengero ry’abantu ata woshobora kubaharura bahabwa ubuzima budahera kw’isi y’iparadizo. Bazoba bari kumwe n’abapfuye bazoba bazuwe bagasubira kugira amagara n’inkomezi vyo mu buto (Ivyahishuriwe 7:9; 20:12, 13; 21:3, 4). Bayoborwa ku “ruzi rw’amazi y’ubu[zima], rubonerana nk’icirore, ruva ku ntebe y’Imana”. Ku nkengera zarwo hari ‘ibiti vy’ubuzima, ibibabi vyavyo vyari ivyo kuvura amahanga’. Ubutumire buranga umutima mwiza Yehova Imana atanga ni ubu: “Ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’ubu[zima] ku buntu”.—Ivyahishuriwe 22:1, 2, 17.
Ivyo biti be n’ayo mazi si imiti y’ubuzima canke iriba ry’ubuto, nka bimwe abahinga mu vyo kurondera guhingura izahabu n’imiti ituma umuntu aramba be n’abagenzuzi b’uburere barondeye, ubu hakaba haciye ibinjana n’ibindi. Ahubwo riho, bigereranya intunganyo Imana yashizeho biciye kuri Yezu Kirisitu kugira ngo itume abantu basubira kugira ubuzima butunganye nka kumwe kwo mu ntango.
Umugambi w’Imana wo guha abantu bagamburuka ubuzima budahera ngaha kw’isi ntiwahindutse. Uwo mugambi uzoranguka, kuko Yehova ari intahemuka. Muri Zaburi 37:29 hagira hati: “Abagororotsi bazoragwa [“isi”, NW] ba[y]ibemw’ibihe bidashira”. Uwo muhango utuma twebwe hamwe n’abazoragwa ubuzima budapfa mw’ijuru tuvuga duti: “Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ukugororoka n’ukuri, [“Mwami w’ibihe bidahera”, NW]. Ni nde atazogutinya ga Mwami, cank’atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene [“uri intahemuka”, NW]”.—Ivyahishuriwe 15:3, 4.
Woba wipfuza ingabire y’agaciro y’ubuzima budahera? Nimba uyipfuza, utegerezwa kwerekana ko uri intahemuka ku “Mwami w’ibihe bidahera” be n’uko umugamburukira. Urakeneye kwiga ivyerekeye Yehova be n’umwe bicako kugira ngo ubwo buzima bushoboke ari we Yezu Kirisitu. Abantu bose bari n’umutima ukunze wo kwemera ingingo mfatirwako z’Imana zigenga ikibi n’iciza, bazoronka ingabire y’“ubu[zima] budashira”.—Yohana 17:3.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka ikiganiro gisigura mu buryo buhagije inyigisho ijanye n’ukudahwera kw’ubugingo, turakwinginze urabe agatabu Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 5]
Ni icipfuzo kimaze igihe kirekire
Igitabu c’imigani y’uwitwa Gilgamesh, ikirimwo urukurikirane rw’imigani yo muri Mezopotamiya yiyumvirwa yuko ari iyo kuva mu kimpumbi ca kabiri B.G.C., kiravuga ivy’umuntu yarondeye ingene yokwamana ubuto. Abanyamisiri ba kera baragira ivyo bakoreye ibiziga kugira ngo ntibibore, ivyo bakabigira bafise iciyumviro c’uko ngo imitima y’ubwenge, iyo bemera ko idapfa, yoshoboye gusubira gukoresha ibiziga vy’abo bantu bapfuye. Ni co gituma imva zimwezimwe z’Abanyamisiri wasanga zuzuyemwo ibintu vyose ngo uwapfuye yoshoboye gukenera mu buzima bwitwa ngo n’ubw’inyuma y’urupfu.
Mu bahinga b’Abashinwa mu vyo kurondera guhingura izahabu n’imiti ituma umuntu aramba, kwemera yuko ngo umubiri udapfa bisa n’ivyatanguye n’imiburiburi mu kinjana c’umunani B.G.C., ivy’ukurondera gushikira ukwo kudapfa biciye ku kwihereza imiti ituma ngo umuntu adapfa na vyo bitangura mu kinjana ca kane B.G.C. Abahinga b’Abanyaburaya n’ab’Abarabu mu vyo kurondera guhingura izahabu n’imiti ituma umuntu aramba babayeho mu kiringo co hagati y’ikinjana ca 6 n’ica 16 be, baragize ubushakashatsi bongera baragerageza kuvangavanga ibintu barondera imiti y’ubuzima. Bimwe mu vyo bavangavanze vyarimwo ivyunyunyu ivy’ivyo bita arisenike (arsenic), ivyo bita merikire (mercure) be n’ivyo bita soufre. Iyaba wari uzi abihaye ishano ingene bangana, bitwa ngo bariko baragerageza iyo miti!
Izindi nkuru zigeze kuba zikwiragiye ni inkuru z’ibitito zijanye n’icitwa ngo ni Iriba ry’ubuto, rikaba ryari isoko bavuga ko ngo rigarurira inkomezi abanywa ku mazi yaryo bose.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 7]
Ubuzima budahera bwoba bworambira?
Hari abavuga yuko ubuzima budahera bworambira, nk’aho kwoba ari ugupfisha ubusa imyaka yose y’ukubaho ibihe bidahera umuntu akora ibintu vyo kwinezereza bitagira ikimazi vyama ari vya bindi nyene. Bibaza kumbure ko kubaho ibihe bidahera ari ukubandanya tubaho muri ubu buryo tubayeho muri iki gihe, ubwo na bwo kuri benshi bukaba bwosa n’uburambira kandi butagira ikimazi. Yamara, mw’Iparadizo Imana izogarukana, isezeranira abantu ko “bazonezererwa amahoro y’umusēsekara” (Zaburi 37:11). Ubuzima nk’ubwo buzoha abantu akaryo ko kwironsa ubumenyi ku vyo Yehova yaremye no kumara umwanya biga ubuhanga bumwebumwe bushimishije canke bwose, biga ivyigwa bimwebimwe bihimbaye canke mbere vyose, kandi bakora ibindi bintu bimwebimwe bishimishije kibure vyose, ivyo vyose tukaba tudashobora kubishikako muri iki gihe.
Umuganga umwe yitwa Aubrey de Grey, umuhinga mu vy’utugingo ngengakamere wo kuri kaminuza y’i Cambridge yagize ubushakashatsi mu bijanye n’ukuntu abantu boramba, avuga ati: “Abantu bize amashure menshi kandi bafise umwanya wo gukoresha ivyo bize, ntibigera barambirwa muri iki gihe kandi ntibashobora kwigera biyumvira ko vyoshika aho ibintu bishasha bipfuza gukora bihera”. Naho ari ukwo, Ijambo ry’Imana ryahumetswe rivuga riti: “Umuntu [ntazo]shobora guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw itanguriro ugashitsa kw iherezo”.—Umusiguzi 3:11.