ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/10 rup. 8-11
  • Kwubura ubutunzi bwo mu vy’impwemu muri Guinée

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwubura ubutunzi bwo mu vy’impwemu muri Guinée
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu
  • Ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu bwaje buva mu mahanga
  • Ibintu “vy’igiciro” bigira amahinduka akenewe
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/10 rup. 8-11

Kwubura ubutunzi bwo mu vy’impwemu muri Guinée

MU BINJANA n’ibindi, abagenzuzi b’uturere bagiye barashira ubuzima bwabo mu kaga, bariko barondera ubutunzi. Ab’umutima rugabo bashitse muri Guinée, ico gihugu kikaba kiri muri Afirika yo mu Burengero, bahasanze ubwoko bubiri bw’ubutunzi butandukanye cane: ubutunzi bwo mu buryo bw’umubiri be n’ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu. Ico gihugu, icuzuyemwo ubutare butandukanye nka diyama, inzahabu, fer be n’ubwoko bwiza bwa bauxite (ari na bwo bukurwamwo icuma citwa aluminium), kibamwo abantu barenga imiliyoni icenda b’imvukira.

Naho amadini y’abiyita abakirisu atiganje muri ico gihugu, ivyo gusenga bihabwa ikibanza gihambaye, kandi benshi baraha agaciro ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu. Neza na neza ubwo butunzi ni ubuhe? Ni abasavyi ba Yehova b’intahemuka, abadondorwa muri Hagayi 2:7 ko ari “ivy’igiciro vyo mu mahanga yose”.

Ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu

Kwimba gushika kure urondera ubutunzi bunyegeye, bisaba akigoro gakomeye. Muri ubwo buryo nyene, mu busuku bwa gikirisu, kwubura ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu bisaba akigoro gakomeye. Muri Guinée, igikorwa co kwamamaza Ubwami catanguriye mu gihugu hagati mu ntango z’imyaka ya 1950, kiza gushika ku murwa mukuru Conakry mu ntango z’imyaka ya 1960. Ubu muri ico gihugu hariyo Ivyabona vya Yehova nka 900 bari mu mashengero n’imigwi bishika kuri 21 bikwiragiye mu gihugu cose.

Abamisiyonari bashitseyo mu 1987 maze bakorana n’ishengero ryari i Conakry ari rimwe rudende. Ubu, hari abamisiyonari barenga 20 ku mugwa mukuru no mu gihugu hagati. Bararemesha amashengero babigiranye umwete bakongera bagafadikanya n’abavukanyi baho mu busuku.

Luc, uwuba i Conakry, yaragize umunezero igihe yigana Bibiliya n’umuganga akiri muto yitwa Albert. Albert yari yararondereye ukuri kwerekeye Imana mu madini menshi, kandi yaraja mu vy’ubupfumu. Yama yambaye impeta umupfumu umwe yamuhaye, akaba yari yamwemereye yuko yotumye agira imigisha. Albert amaze kurondera igihe kirekire idini ry’ukuri ataritora, yarashibuye ya mpeta yiwe aca atura isengesho avuga ati: “Mana, nimba ubaho, mfasha nshobore kukumenya no kugukorera. Atari aho, nzokwiberaho uko nshaka”. Butaraca na kabiri, Albert yaragendeye kwa mushikiwe, maze sinzi ukuntu yagiye yumva Icabona ca Yehova ariko ararongorera inyigisho ya Bibiliya mwishwawe. Bidatevye, Albert na Luc baciye batunganya ingene bokwigana Bibiliya.

Ku ndwi ku ndwi, n’umunezero mwinshi, Luc yaragira n’amaguru urugendo rw’ibilometero birenga cumi kugenda no kugaruka kugira ngo amurongorere inyigisho ya Bibiliya. Naho Luc atari yarize amashure menshi, Albert, uwari yaratsinze kaminuza, yarakorwa ku mutima n’ukuntu Luc yizera bimwe bikomeye Ivyanditswe be n’ukuntu yerekana neza ingene ivyo biga vyoshirwa mu ngiro. Ese ukuntu Albert yahimbawe no kumenya yuko imibabaro ishikira abantu itokwegekwa ku Mana, ahubwo riho ko Yehova afise umugambi wo kurangiza imibabaro yose maze agahindura iyi si iparadizo (Zaburi 37:9-11)! Ukuri kwo muri Bibiliya hamwe n’inyifato nziza Albert yabonye mu bagize ishengero, vyaramukoze ku mutima.

Ariko rero, nka kurya nyene ubutare bwa diyama butaratunganywa bukenera gusenwa mu buryo bwitondewe n’umuhinga yakanongoreye kugira ngo ice ibibatsi, ni na ko Albert yakeneye kwiyambura ibintu biranga isi kugira ngo ahuze ubuzima bwiwe n’ingingo mfatirwako zigororotse z’Imana. Yarahagaritse ivyo kuja mu bapfumu, araheba akaborerwe yongera araheba gukina akamari. Icagoye cane Albert, kwari uguheba itabi. Igihe amaherezo yasenga Yehova akobeje amusaba ngo amufashe, yarashoboye kuriheba. Haciye amezi atandatu, yarandikishije umubano. Umukenyezi wiwe yaratanguye kwiga Bibiliya, ubu bompi bakaba ari abasavyi ba Yehova babatijwe.

Martin ni iyindi diyama yo mu buryo bw’impwemu. Yatanguriye kwiga Bibiliya i Guéckédou igihe yari afise imyaka 15. Abavyeyi biwe b’abagatolika, baranka ko yitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Baraturiye ibitabu vyiwe bivuga ivya Bibiliya, baramukubita bongera baramwirukana i muhira. Nka kurya nyene idiyama iboneka mu gihe ivyo bita karubone biri ahantu hari ubushuhe burengeje, ni ko n’ukwo kurwanywa kwatumye Martin arushiriza gukunda ukuri kwo muri Bibiliya. Haciye igihe, abavyeyi biwe baraturuye maze arasubira i muhira. Ni ibiki vyatumye abavyeyi biwe bahindura umutima? Barabonye ubudasa bukomeye hagati y’ukuntu Martin yigenza be n’ukuntu batoyi biwe bigenza, abari basigaye bafise agatima k’ubugarariji kandi bakisuka mu buhumbu. Se yarajijutse ko ukwizera gushasha kwa Martin kwariko kugirira akamaro uwo muhungu wiwe, bituma yemera ko abo mw’ishengero baza baraza i muhira. Nyina wa Martin yarakengurukiye kenshi abavukanyi ku bintu vyose bakoze kugira bafashe umuhungu wiwe. Martin yabatijwe afise imyaka 18, mu nyuma aritaba rya Shure rimenyereza abasuku, ubu akaba ari umusuku akora ubutsimvyi budasanzwe.

Ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu bwaje buva mu mahanga

Mu gihe Guinée ishorera hanze ubutunzi kama ifise, ubutunzi bumwebumwe bwo mu buryo bw’impwemu twovuga ko bwagiye buraza buvuye hanze. Abantu benshi baraje muri ico gihugu bavuye mu bindi bihugu vya Afirika, kenshi bitumwe n’impamvu z’ivy’ubutunzi. Abandi na bo baje bahunga intambara zidahera kandi zirimwo ubunyamaswa.

Ubu harashize imyaka 12 uwitwa Ernestine aturuka muri Kameruni aje muri Guinée. Yaramaze imyaka itari mike yigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova yongera yitaba amakoraniro, yamara ntabatizwe. Mu 2003, amosozi yaramwuzuye mu maso igihe yariko ararorera ibatisimu yariko iragirwa kw’iteraniro rimwe ry’umuzunguruko ry’Ivyabona vya Yehova. Yararengewe n’inyiyumvo zo kwiyagiriza maze asenga Yehova ati: “Ehe raba, ubu mfise imyaka 51, yamara nta kintu ciza na kimwe ndagukorera. Nipfuza kugukorera”. Mu nyuma, Ernestine yarakoze ibihuje n’iryo sengesho yatuye yicishije bugufi. Yarasiguriye umugabo babana yuko bogumanye mu gihe gusa bokwabiranye mu buryo buhuje n’amategeko. Uwo mugabo yaravyemeye, maze mu nyuma, muri Munyonyo 2004, Ernestine arakorora amosozi y’umunezero igihe ubwiwe yariko arabatizwa.

Guhera mu ntango z’imyaka ya 1990, igihugu ca Guinée carakiriye impunzi ibihumbi n’ibihumbi zaje ziva muri Liberiya no muri Sierra Leone, harimwo n’abasavyi ba Yehova amajana. Abavukanyi bamaze igihe gito bashitse mw’ikambi ry’impunzi, baratunganya ivyo kugira amakoraniro badahorereza, bagatunganya igikorwa co kwamamaza, bakongera bakubaka Ingoro y’Ubwami. Abantu bamwebamwe baracikiye abasavyi ba Yehova mu makambi y’impunzi. Isaac ni umwe muri bo. Amaze kubatizwa, akaryo karabonetse k’uko asubira ku kazi yahorana mw’ishirahamwe rimwe rikomeye ryo muri Liberiya. Aho gusubira muri Liberiya kuri ako kazi yahorana, yahisemwo kuguma mw’ikambi ry’impunzi ry’i Lainé ari umutsimvyi asanzwe. Asigura ati: “Ubu nta mukoresha ndinda gusaba uruhusha rwo kwitaba amakoraniro canke iteraniro. Ndi n’umwidegemvyo wo gukorera Yehova”. Muri Kigarama 2003, hari ihwaniro ry’intara ryagiriwe muri iryo kambi riri mu karere ka kure ku bw’Ivyabona 150 baharurwa mu mpunzi 30.000 bariyo. Igishimishije ni uko abantu 519 baryitavye, muri abo hakaba harimwo abantu 9 batumva bakurikiranye iryo hwaniro mu rurimi rw’ibimenyetso. Abantu cumi na babiri barabatijwe. Abavukanyi barakengurutse cane utwigoro twagizwe kugira ngo baronswe amazimano yo mu vy’impwemu.

Ibintu “vy’igiciro” bigira amahinduka akenewe

Naho intambamyi zoba zimeze gute, abimba inzahabu na diyama ntibareka kuzirondera. Ariko rero, birakora ku mutima kubona utwigoro abashasha bagira kugira ngo batsinde intambamyi zose bahura, kugira bakorere Yehova. Fata nk’akarorero ivyashikiye Zainab.

Zainab afise imyaka 13, yaragizwe umuja ku nguvu. Yarakuwe iwabo mu gihugu kimwe co muri Afirika yo mu Burengero ajanwa muri Guinée. Afise imyaka 20, yarumvise ubutumwa bwo muri Bibiliya. Yari ashashaye gushira mu ngiro ivyo yariko ariga.

Kwitaba amakoraniro ya gikirisu ku bwo gusenga Imana, vyari bigoye kuri Zainab. Mugabo, yarakenguruka cane amakoraniro, kandi yari yiyemeje kutayahomba (Abaheburayo 10:24, 25). Yaranyegeza mu gahinga ibitabu vyiwe kugira ngo abihitane ariko araja ku makoraniro. Incuro zitari nke, yarakubiswe bunyamaswa n’abitwa ko ari ba shebuja biwe, bamuhora ko yitavye ayo makoraniro ajanye n’ugusenga.

Mu nyuma ibintu vyarahindutse maze Zainab arakurwa muri ubwo buja. Yaciye atangura kwitaba amakoraniro yose, ivyo bikaba vyaramufashije gutera imbere ningoga mu vy’impwemu. Yaranse gukora akazi k’amahera menshi komubujije kwitaba amakoraniro, kugira aronke inyigisho ya gikirisu. Yariyandikishije mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, aracika umwamamaji w’Ubwami atarabatizwa maze mu nyuma aragereranya ukwiyegurira Yehova kwiwe mu kubatizwa mu mazi. Yabaye akimara kubatizwa aca yinjira mu murimo w’ubutsimvyi bwo gufasha. Haheze amezi atandatu, yarasavye gukora ubutsimvyi busanzwe.

Umuntu umwe yari yarashimishijwe, amaze kwitaba amakoraniro makeyi, yavuze ati: “Igihe ndi ngaha, numva umengo sindi umukene”. Naho abantu benshi birukira gusa ubutunzi bwo mu buryo bw’umubiri buri muri Guinée, abakunda Yehova bobo bariko baronderana umwete ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu. Emwe, muri iki gihe ibintu “vy’igiciro vyo mu mahanga yose” biriko birahindukirira ugusenga Yehova gutyoroye!

[Uruzitiro ku rup. 8]

GUINÉE - 2005

Igitigiri c’agaheta c’Ivyabona: 883

Inyigisho za Bibiliya: 1.710

Abitavye Icibutso: 3.255

[Ikarata ku rup. 8]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

GUINÉE

Conakry

SIERRA LEONE

LIBERIYA

[Ifoto ku rup. 9]

Albert na Luc

[Ifoto ku rup. 9]

Ingoro y’Ubwami i Conakry

[Ifoto ku rup. 10]

Ernestine

[Ifoto ku rup. 10]

Martin

[Ifoto ku rup. 10]

Zainab

[Ifoto ku rup. 8]

USAID

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika