Ibintu bihambaye vyashitsweko mu bijanye n’ugucapura Bibiliya mu ndimi zo muri Afirika
ABASOMYI ba Bibiliya b’umutima nziraburyarya b’i Buraya n’abo muri Amerika ya Ruguru baramaze igihe kirekire muri kahise batahura yuko Abanyafirika bakeneye gusoma Ijambo ry’Imana mu ndimi zabo. Kugira ngo bashike kuri ico kintu ciza cane, abagabo benshi baragiye muri Afirika kwiga indimi zaho. Bamwe bariyumviriye uburyo bwo kwandika indimi zimwezimwe zaho maze baracapura inyizamvugo zazo. Inyuma y’ivyo, baciye batangura guhindura Bibiliya mu ndimi nyinshi zitandukanye zo muri Afirika. Ntihari aho gutuma umwana. Igitabu kimwe (The Cambridge History of the Bible) gisigura giti: “Umuntu vyarashika akabwirizwa kumara imyaka n’iyindi arondera imvugo ibereye yokoresha mbere no ku nyigisho abakirisu bemera zoroshe cane gutahura kandi z’ishimikiro rwose kuruta izindi”.
Mu 1857, abanyagihugu bitwa Abatswana ni bo babaye aba mbere mu kuronka impinduro ya Bibiliya ikwiye mu rurimi rwabo, rukaba ari rumwe mu ndimi zo muri Afirika zitahora zifise uburyo bwo kuzandikaa. Iyo Bibiliya ntiyafatanijwe ngo ibe igitabu kimwe, ahubwo yaracapuwe yongera irateranywa mu bicebice. Mu nyuma, impinduro za Bibiliya zarabonetse mu zindi ndimi zo muri Afirika. Nyinshi muri izo mpinduro zo mu ntango zo mu ndimi zivugwa muri Afirika zarimwo izina ry’Imana, Yehova, haba mu Vyanditswe vy’igiheburayo (ivyitwa Isezerano rya kera) canke mu Vyanditswe vy’ikigiriki (ivyitwa Isezerano rishasha). Ariko rero, hariho Bibiliya zasubiwemwo be n’izindi nshasha zasohowe n’abantu batubaha izina ryeranda ry’uwo Bibiliya yakomotseko, ari we Yehova. Aho kurishiramwo, bakurikije umugenzo w’ibintazi w’Abayuda wo gusubiriza izina ry’Imana amazina y’icubahiro nka Imana canke Umwami. Ku bw’ivyo, vyarabaye ngombwa ko abakunda Imana muri Afirika baronka impinduro ya Bibiliya isubiza izina ry’Imana mu kibanza caryo.
Kuva mu myaka ya 1980, Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yaragize akigoro gakomeye kugira ngo haboneke ya Bibiliya Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau mu ndimi nkurunkuru zitari nke zo muri Afirika. Bidatevye, iyo Bibiliya yoroshe gutahura yaratanguye guhindurwa no mu zindi ndimi nkurunkuru zo muri Afirika yo mu Burengero, iyo Hagati n’iyo mu Bumanuko. Ico vyavuyemwo, ni uko muri iki gihe abantu ibihumbi amajana bakunda Bibiliya bashobora kwisomera ya Bibiliya Traduction du monde nouveau mu rurimi rwabo kavukire. Gushika ubu, Bibiliya Traduction du monde nouveau, yaba ari yose uko ingana canke igice cayo, iraboneka mu ndimi 17 zivugwa n’imvukira zo muri Afirika.
Abasomyi b’izo Bibiliya zo mu ndimi zivugwa muri Afirika barahimbawe no kuba bafise impinduro ishira ahabona izina rininahaye ry’Imana, ari ryo Yehova. Nk’akarorero, igihe Yezu yahaguruka mw’isinagogi y’i Nazareti, yaravuze ibijanye n’igikorwa yari yarashinzwe mu gusoma igihimba co mu muzingo wa Yesaya kibonekamwo izina rya Se (Yesaya 61:1, 2, NW). Twisunze Injili ya Luka nk’uko yahinduwe muri Bibiliya Traduction du monde nouveau, Yezu yasomye ati: “Impwemu ya Yehova iri kuri jewe, kuko yansutseko amavuta ngo menyeshe inkuru nziza aboro, yantumye kwamamaza ukubohorwa ku mbohe n’uguhumuka ku mpumyi, kurungika abajanjaguwe mu kubabohora, kwamamaza umwaka wemerwa wa Yehova”.—Luka 4:18, 19.
Ikindi kintu gihambaye mu bijanye no gucapura Bibiliya mu ndimi zo muri Afirika cashitsweko muri Myandagaro 2005. Muri ukwo kwezi, ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Afirika y’Epfo haracapuwe hongera harateranywa Bibiliya Traduction du monde nouveau zirenga 76.000 zo mu ndimi zivugwa muri Afirika. Muri ico gitigiri harimwo Bibiliya 30.000 zo mu rurimi rw’igishona. Iyo mpinduro yasohowe ku mahwaniro y’Ivyabona vya Yehova yataziriwe ngo “Ukugamburuka gushimwa n’Imana” yabereye muri Zimbabwe.
Muri ukwo kwezi kw’intibagirwa, abantu bagendeye ibiro vy’ishami vyo muri Afirika y’Epfo baranezerewe cane no kubona ukuntu hariko haracapurwa Bibiliya mu zindi ndimi zo muri Afirika. Uwitwa Nhlanhla, akaba ari mu bagize umuryango wa Beteli akorera aho ibitabu biteranirizwa, yavuze ati: “Naranezerewe rwose no kugira uruhara mu gikorwa co gucapura Bibiliya Traduction du monde nouveau mu gishona no mu zindi ndimi zo muri Afirika”. Mu vy’ukuri, yari avuze muri make ukuntu abagize umuryango wa Beteli wo muri Afirika y’Epfo bose biyumva.
Ubu, Bibiliya nshasha ziriko zirashikira abantu bo muri Afirika mu buryo bwihuta cane kandi busaba uburyo buke kuruta igihe zacapurirwa hakurya y’amazi. Igihambaye kuruta, Abanyafirika ubu baramaze kuronka Bibiliya ihinduwe mu buryo butagiramwo amakosa ikoresha izina ryeranda ry’Umwe ahambaye Bibiliya ikomokako, ari we Yehova Imana.
[Akajambo k’epfo]
a Mu 1835, Bibiliya yari yamaze guhindurwa mu kimaligashe, urwo rukaba ari ururimi rwo muri Madagascar, mu 1840 na ho ikaba yari imaze guhindurwa mu gihamuharike, ururimi rwo muri Etiyopiya. Kuva kera, imbere y’uko Bibiliya ihindurwa muri izo ndimi, hari hasanzwe hariho uburyo bwo kuzandika.
[Ifoto ku rup. 12]
Iri ni izina ry’Imana riri muri Bibiliya y’igitswana yasohowe mu 1840
[Abo dukesha ifoto]
Harold Strange Library of African Studies
[Ifoto ku rup. 13]
Aba ni abashitsi baje bava muri Swazilande bariko bararaba Bibiliya ziriko ziracapurwa ku biro vy’ishami vyo muri Afirika y’Epfo