ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/1 rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ivyo bijanye
  • Yoba akubera akarorero keza canke akubera imburi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Salomo umwami w’inkerebutsi
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • ‘Ibibwirizwa Rwose Umuntu Wese’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Umusiguzi 3:11: «Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco»
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/1 rup. 31

Ibibazo vy’abasomyi

Ni mu buryo ki umusiguzi yabonye “umugabo umwe [gusa] mu bantu igihumbi”, ariko ntihagira ‘umugore abona muri abo bose’?​—Umusiguzi 7:28.

Kugira ngo dutahure mu buryo bwiza ayo majambo yahumetswe, dutegerezwa kubanza gutahura ingene Imana ibona abagore. Bibiliya ivuga ko Rusi, umukazana wa wa mupfakazi Nawomi, yari “umugore aroranye” (Rusi 3:11). Nk’uko mu Migani 31:10 habivuga, umukenyezi ameze neza “[ni] uw’igiciro kurusha utubuyenge twitwa marijani”. None Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera yashaka kuvuga iki igihe yavuga ati: “Nabonye umugabo w’ukuri umwe mu bantu igihumbi, ariko nta mugore w’ukuri nabonye”?​—Moffatt.

Ibivugwa haruguru y’uwo murongo birerekana yuko ata nyifato runtu ishemeye yarangwa mu bagore mu gihe ca Salomo (Umusiguzi 7:26). Ivyo bishobora ahanini kuba vyavuye ku kosho k’abagore b’abanyamahangakazi basenga Bayali. Mbere n’Umwami Salomo yarohejwe n’abagore b’abanyamahangakazi benshi yari afise. Bibiliya ivuga iti: “Yar’afise abagore amajana ndwi b’abamikazi bgite, n’abandi amajana atatu bo mu buryo bg’incoreke; nukw abo bagore biwe bamuhuvya umutima” asenga imana z’ikinyoma (1 Abami 11:1-4). Inyifato runtu y’abagabo na yo nyene ntiyari ishemeye: kuba haboneka umugabo umwe w’umugororotsi mu bantu igihumbi, nawe urumva ko umuntu nk’uyo yari imbonekarimwe, ico kikaba ari igitigiri gisa n’uko ata co cari kivuze. Salomo ashika kuri iki ciyumviro, ati: “Ico nabonye n’iki kimwe gusa, n’ukw Imana yaremye abantu bagororotse; ariko bo birondereye ivyo bigeneye vyinshi” (Umusiguzi 7:29). Ico ni iciyumviro yashitseko ku bantu bose muri rusangi. Ku bw’ivyo, amajambo dusanga mu Musiguzi 7:28 dukwiye kubona ko yavuzwe ariko yerekezwa ku kuntu ivy’abantu muri rusangi bo mu gihe ca Salomo vyari vyifashe mu bijanye n’inyifato runtu.

Yamara rero, hariho iyindi nsobanuro ishoboka y’uwo murongo. Ushobora kuba kandi wariko uvuga ivy’ubuhanuzi, kubera ko ata mugore yigeze agamburukira Yehova bimwe bitagira agahaze. Mugabo hari umugabo umwe wenyene yabigize, uwo na we akaba ari Yezu Kristu.​—Abaroma 5:15-17.

[Ifoto ku rup. 31]

“Umugabo umwe mu bantu igihumbi”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika