ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/1 rup. 32
  • Naho arenza imyaka ijana arafise intumbero mu buzima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Naho arenza imyaka ijana arafise intumbero mu buzima
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/1 rup. 32

Naho arenza imyaka ijana arafise intumbero mu buzima

ELIN ni umwe mu bantu 60 bo muri Suwede baherutse guharurwa ko bafise imyaka 105 canke irenga. Afise 105. Naho adashobora kuva mu kigo arimwo babungabungiramwo abageze mu zabukuru, arabandanya gusukura ari Icabona ca Yehova, ubu hakaba haciye imyaka irenga 60 ahisemwo gukorera Yehova.

Mu kubwira inkuru nziza abandi, Elin akurikiza akarorero kasizwe n’intumwa Paulo igihe yari apfunzwe, ata na hamwe ashobora kuja. Paulo yabwira inkuru nziza abantu bose bamugendera (Ivyakozwe n’intumwa 28:16, 30, 31). Mu buryo busa n’ubwo, Elin arakoresha akaryo kose aronka akayaga n’abagira isuku, abaganga b’amenyo, abadogoteri, abakora akazi ko gutunganya imishatsi, abaforoma, be n’abandi abona muri ico kigo, akababwira inkuru nziza yo muri Bibiliya. Rimwe na rimwe, abo basangiye ukwizera bo mw’ishengero arimwo baratumira abo bigana Bibiliya ngo baje gutemberera Elin kugira bungukire ku bumenyi afise no ku tuntu n’utundi yiboneye mu buzima.

Abo mw’ishengero Elin arimwo barashima ukuntu aguma afise umunezero be n’ukuntu ari umuntu arondera kumenya ibintu. Icabona mugenziwe avuga ati: “Ububangukirwe afise bwo kuguma azi ivyo mw’ishengero ni igitangaza ntiworaba. Aribuka amazina y’abana bose be n’ay’ababa baherutse kwimukira mw’ishengero”. Elin arazwi kandi ko ari umuntu w’umwakiranyi, atwenza, kandi abona ubuzima mu buryo bwiza.

Ni igiki gifasha Elin kuguma afise umunezero kandi akaguma ashize umutima ku ntumbero y’ubuzima? Arasoma ku musi ku musi icanditswe co mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi, kasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Arasoma kandi igihimba ca Bibiliya ku musi ku musi akoresheje akayo kagagamisha indome. Elin arategura amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova agirwa ku ndwi ku ndwi, kandi naho amagara atamukundira gushika aho abera, arumviriza amakaseti ayo makoraniro aba yafatiweko. Kwama dusoma Bibiliya n’ibitabu bishingiye kuri yo tudahorereza no kudaheba amakoraniro ya gikirisu, birashobora kudufasha kugira ubuzima bumara akanyota kandi buri n’intumbero naho twoba dufise imyaka ingana gute.​—Zaburi 1:2; Abaheburayo 10:24, 25.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika