Ubuzima buri n’ico buvuze burashoboka
ABANTU benshi babaho bashira imbere amahera be n’ico ashobora kugura. Hari ababaho barondera kuba ba rurangiranwa mw’isi. Abandi na bo babaho bitwararika kuryohora ubuhanga bwo guhingura utugenegene. Hariho kandi ababaho kugira bafashe abandi. Ariko benshi ntibazi ico babereyeho be n’igituma bari ngaha kw’isi.
Weho bite? Woba umaze kwiyumvira ata gufyina igituma uri ngaha kw’isi? Ni kubera iki none utorimbura ibintu bimwebimwe abantu biruka inyuma kugira wirabire nimba vy’ukuri bituma umuntu yumva ko hari ico yashitseko canke ko ashize akanyota? Ni igiki gituma ubuzima buri n’ico buvuze bushoboka?
Amahera be n’ibinezereza birafise ikibanza cavyo
Mu Musiguzi 7:12, Bibiliya igira iti: “Ubgenge [ni] ubgugamo, nk’ukw amahera ar’ubgugamo; arikw inyungu iva mu kumenya n’iyi: n’uk’ubgenge buzigama ubugingo bga nyenebgo”. Egome, amahera ni ngirakamaro. Urakeneye amahera kugira ngo ubeho, na canecane igihe ufise ibanga ryo kuronsa umuryango wawe ivyo ukeneye.—1 Timoteyo 5:8.
Ubuzima bwoba bumaze iki mu gihe ata bintu bihimbaye abantu bogura vyoba bihari? Naho Yezu Kristu, uwatanguje ubukirisu, yiyemereye ko atagira aho arambika umutwe, rimwe na rimwe yaranezererwa ibifungurwa vyizavyiza n’akavinyu karyoshe. Vyongeye, ntiyaretse kwambara impuzu y’igiciro.—Matayo 8:20; Yohani 2:1-11; 19:23, 24.
Naho ari ukwo, intumbero nyamukuru mu buzima bwa Yezu ntiyari iyo gukurikirana ibinezereza. Ivyo yashira imbere vyari bibereye kandi bitomoye. Yezu yavuze ati: “No mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze”. Yaciye rero yigana ikigereranyo c’umugabo umwe w’umutunzi yari afise itongo ryimbutse cane bituma yiyumvira ati: “Nkore iki none, ubu ntafise aho ndi bwegeranirize ivyimburwa vyanje? . . . Ndasambura ibigega vyanje hanyuma nubake binini kuruta, abe ari ho negeraniriza intete zanje zose be n’ibintu vyiza vyanje vyose; hanyuma nzobwira umutima wanje nti: ‘Mutima, urafise ibintu vyiza vyinshi birundanirijwe imyaka myinshi; niwiraramire, urye, unywe, uryoherwe’”. Ni ukwihenda ukuhe kwari mu vyiyumviro vy’uwo mugabo? Ico kigereranyo kibandanya kiti: “Imana [ibwira wa mugabo w’umutunzi] iti: ‘Wa mburabwenge we, iri joro barakwaka ubuzima bwawe. None ibintu warunze bizoba ivya nde?’”. Naho nyene uwo mugabo yari yararunze ivyimburwa vyiwe, aho apfiriye ntiyashoboye kunezererwa ubutunzi yari yarirundanirije. Mu gusozera Yezu yahaye iki cigwa abariko baramwumviriza, ati: “Ukwo ni ko bigenda ku muntu yirundaniriza ubutunzi mugabo atari umutunzi ku Mana”.—Luka 12:13-21.
Egome, turakenera amahera kandi n’ukwinezereza kurafise ikibanza cakwo. Yamara rero, yaba amahera canke ibinezereza nta na kimwe gihambaye kuruta mu buzima. Kuba umutunzi ku Mana, ni ukuvuga kubaho mu buryo butuma utoneshwa n’Imana, ni co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose twokurikirana.
Kwihesha izina vyoba bihambaye?
Abantu benshi babaho kugira biheshe izina. Icipfuzo co kwihesha izina, ni ukuvuga gushaka ko abandi bagira ico bazokwibukirako, si ngombwa ngo kibe ari ikintu kibi. Bibiliya ivuga iti: “Ukuvugwa neza kuruta amavuta atāmirana y’igiciro kinini, kand’umusi wo gupfa uruta uwo kuvukako”.—Umusiguzi 7:1.
Ku musi wo gupfa, ni nk’aho ibintu vyose umuntu yakoze mu buzima biba bimaze kwandikwa ahantu. Nimba uwo muntu yararanguye ibintu vyiza, umusi wiwe wo gupfa uba uruta kure n’iyo uwo yavukiyeko, aho hamwe twokwita ho kwandika ivyiwe haba hakigaragara.
Umwami Salomo ni we yanditse igitabu co muri Bibiliya c’Umusiguzi. Mukuru wa Salomo bari basangiye se, ari we Abusalomu, yaripfuza kwihesha izina. Ariko rero, abahungu biwe batatu izina ryiwe ryokwibukiweko mu maruka yokurikiye, biboneka ko bapfuye bakiri bato. None Abusalomu yaciye akora iki? Ivyanditswe bivuga biti: “Abusalomu . . . [yabira] inkingi y’ibuye, ayishinga mu mwonga w’umwami, kuko yari yaravuze, ati Nta mwana w’umuhungu ngira, ngo baze bamunyibukireko, izina ryanje ntirizozimangane; ni kwo kwitiranya iyo nkingi [n’]izina ryiwe” (2 Samweli 14:27; 18:18). Ibisigarira vy’iyo nkingi y’ibuye ntivyigeze bitorwa. Ku bijanye na Abusalomu we, abatohoji ba Bibiliya bamwibukira ku kuba yari umugarariji katwa yateguye umugambi wo gutembagaza ingoma ya se wiwe Dawidi, ngo amusubirire.
Abantu benshi muri iki gihe bagerageza kwibukirwa ku vyo barangura. Barondera icubahiro mu maso y’abantu, abo ikibahimbara uyu musi atari co kizoba kibahimbara ejo. Ariko none, ni ibiki bishikira abo bantu ba rurangiranwa? Mu gitabu kimwe (The Culture of Narcissism), Christopher Lasch yandika ati: “Muri iki gihe cacu, aho ukuroranirwa kw’umuntu kurabirwa ku buto bwiwe, ku bwiza bwiwe no ku kuba azanye ibintu bitari bimenyerewe, ukuba rurangiranwa birushiriza kuba ivy’akanya gato, kandi abatanguye guhurumbirwa n’abantu ntibabura guhagarika umutima y’uko ejo batazoba bakibaraba n’iryahumye”. Ico bivamwo ni uko abantu benshi ba rurangiranwa baca bahitamwo kunywa ibiyayuramutwe be n’inzoga, akenshi ivyo bigatuma bapfa hakiri kare. Mu vy’ukuri, kurondera kuba rurangiranwa ni ivy’impfagusa.
None dukwiye kurondera kugira izina ryiza mu maso ya nde? Mu kuvuga ivyerekeye abantu bamwe bitondeye Itegeko ryiwe, Yehova abicishije ku muhanuzi Yesaya yavuze ati: “Nzo[ba]shirira icibutso mu ngoro yanje no mu rugo rwanje, nda[ba]he n’izina . . . izina ritazoshira, ritazokūrwaho” (Yesaya 56:4, 5). Kubera ukugamburukira Imana kwabo, abemerwa na yo bazoronka ‘icibutso n’izina’. Imana izokwibuka izina ryabo “ibihe bidahera” (NW) ku buryo batazokurwaho. Iryo ni ryo zina Bibiliya ituremesha kwihesha, ni ukuvuga kuvugwa neza mu nyonga za Yehova Umuremyi wacu.
Yesaya yariko aravuga ubuhanuzi bujanye n’igihe abantu b’intahemuka bazoronka ubuzima budahera mw’Iparadizo ngaha kw’isi. “Ubuzima budahera” muri iyo Paradizo ni bwo “buzima nyakuri”, ni ukuvuga ubuzima Imana yashaka ko abantu bogira igihe yabarema (1 Timoteyo 6:12, 19). Aho kubaho dufise ubuzima bw’akanya gato kandi butamara akanyota, ntidukwiye none kurondera gushikira ubuzima budahera?
Gukora ivy’utugenegene canke ibikorwa vy’ubugiraneza ntibihagije
Abahinguzi b’utugenegene usanga bipfuza kuryohora ubuhinga bwabo kugira ngo bashike aho babona ko ivyo bahinguye bitagira akanenge. Ubuzima bwo muri kino gihe ni bugufi cane ku buryo ivyo umuntu atobishikako. Hideo, wa muhinguzi w’utugenegene twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki, igihe yari ageze mu myaka 90 y’amavuka yarakoze uko ashoboye kugira ngo aryohore ubuhanga bwiwe. Naho nyene umuhinguzi w’utugenegene yoshika aho yumva ko ata gahaze ku gikorwa ciwe, ico gihe ntaba agishoboye guhingura nk’ivyo yohingura akiri muto kandi afise amagara meza. Ariko tuvuge iki nka hamwe yoba yari afise ubuzima budahera? Iyumvire nawe uturyo yoba afise two kuryohora igikorwa ciwe!
Tuvuge iki ku bijanye no gukora ibikorwa vy’ubugiraneza? Umuntu yitwararika abakene kandi agakoresha ivyo atunze kugira ngo afashe abari n’ivyo bakeneye, arakwiye gukezwa. Bibiliya ivuga iti: “Gutanga kurimwo agahimbare kuruta guhabwa” (Ibikorwa 20:35). Kugira ico ukoze ku bw’ineza y’abandi vyoshobora koko kuba ibimara akanyota. Ariko none, umuntu yoshobora kurangura ibingana iki, naho nyene yoba yarabihebeye ubuzima bwiwe bwose? Ivyo twebwe abantu dushobora gukora kugira ngo tugabanye amarushwa abandi barimwo, biri n’aho bigarukira. Nta bintu woha abantu, naho vyoba bingana gute, bishobora kubaronsa ikintu nyamukuru gikenewe abatari bake birengagiza kandi ntibakironke mu buzima bwabo. None ico kintu ni ikihe?
Ikintu mvukanwa dutegerezwa kwironsa
Muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, Yezu yarerekanye ikintu mvukanwa dukeneye igihe yavuga ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu, kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo” (Matayo 5:3). Ku bw’ivyo rero, nkuko Bibiliya ibivuga, agahimbare nyakuri ntikazanwa n’amatungo, ukuba rurangiranwa, ivyo umuntu yaranguye mu vy’utugenegene canke ibikorwa vy’ubugiraneza. Ahubwo riho, kazanwa no kwironsa ivyo dukeneye mu vy’impwemu, ni ukuvuga ibijanye no gusenga Imana.
Intumwa Paulo yaremesheje abatari bazi Umuremyi kumurondera. Yavuze ati: “[Imana] yakoze amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe, ngo babe ku buringanire bwose bw’isi, ishinga ibihe n’imbibe z’aho abantu baba, kugira ngo barondere Imana, nimba bokabakaba bayirondera kandi bakayironka koko, naho vy’ukuri itari kure y’umwe wese muri twebwe. Kuko muri yo ari ho dufise ubuzima, tukagendagenda kandi tukaba turiho”.—Ibikorwa 17:26-28.
Gushitsa icipfuzo co gusenga Imana y’ukuri ni co kintu nyamukuru gituma umuntu aronka agahimbare nyakuri mu buzima. Kwironsa ivyo dukeneye mu buryo bw’impwemu kandi biratuma tugira icizigiro co kuzoronka “ubuzima nyakuri”. Rimbura akarorero k’uwitwa Teresa, uwamenyekanye cane kuri televiziyo mu gihugu ciwe igihe yaba umukinyi wa mbere w’Umunyamerika w’umwirabure, yakina uruhara nyamukuru mu rukurikirane rw’igikino c’isaha imwimwe. Ariko rero bidatevye, ivyo vyose yarabihevye. Kubera iki? Yavuze ati: “Ndemera ntakeka ko kwumvira impanuro ziri mw’Ijambo ry’Imana ari bwo buryo bwo kubaho bwiza kuruta ubundi bwose”. Teresa ntiyashaka gushira mu kaga ubucuti afitaniye n’Imana mu gukina mu rukurikirane rw’ibiganiro vyo kuri televiziyo, uruhara rwerekana ko ivy’igitsina be n’ubukazi ari vyiza. Yarahevye ivyo kuba rurangiranwa kuri televiziyo aca atangura ubuzima bumara akanyota vy’ukuri, kubera ko yahavuye aba umwamamaji w’igihe cose w’inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, akagerageza gufasha abandi kugiranira ubucuti bwiza n’Imana.
Ku bijanye n’ingingo Teresa yafashe yo guheba ivyo gukina, umwe mu bahoze bakorana na we yavuze ati: “Naravunitse umutima cane kubera ko vyambabaza kubona yarataye nk’akanuka ikintu ciza yari yaracakiye. Mugabo, biboneka ko yaronse ikintu gihambaye kandi ciza kuruta ibindi”. Teresa mu nyuma yarahitanywe n’isanganya. Ariko rero amaze gupfa, uwo muntu nyene bakoranye yavuze ati: “Yari ahimbawe, kandi ico ni co umuntu akeneye mu buzima. Ni bangahe muri twebwe bovuga ko bahimbawe nk’uko yari ahimbawe?”. Abashira imbere mu buzima bwabo ubucuti bafitaniye n’Imana ariko bagakubiranywa n’urupfu, hariho icizigiro c’akaroruhore c’uko bazozuka mu gihe c’ubutegetsi bw’Ubwami.—Yohani 5:28, 29.
Umuremyi arafitiye umugambi iyi si be n’abantu bayiriko. Ashaka ko utahura uyo mugambi maze ukaronka ubuzima budahera mw’Iparadizo ngaha kw’isi (Zaburi 37:10, 11, 29). Ubu, ni co gihe co kwiga vyinshi ku vyerekeye Yehova, Umuremyi w’isi n’ijuru, be n’ivyo yagutegekanirije. Ivyabona vya Yehova b’aho uba bazohimbarwa no kugufasha kuronka ubwo bumenyi. Turagusavye urondere ingene wobonana na bo canke wandikire abasohora iki kinyamakuru.
[Ifoto ku rup. 5]
Ni ukwihenda ukuhe kwari mu vyiyumviro vya wa mugabo w’umutunzi avugwa mu kigereranyo ca Yezu?
[Ifoto ku rup. 7]
Woba wipfuza kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ngaha kw’isi?