ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/2 rup. 31-32
  • Abasohotse ishure ry’i gileyadi barahimirizwa “gutangura kwimba”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abasohotse ishure ry’i gileyadi barahimirizwa “gutangura kwimba”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Barahimbarwa no gukora ivyo Imana igomba
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ishure ry’i Gileyadi—riramaze imyaka 60 rimenyereza abamisiyonari
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Abamisiyonari bararemeshejwe kuba nka Yeremiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Abasohotse Ishure ry’i Gileyadi baronka inyigisho ikora ku mutima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/2 rup. 31-32

Umugwi ugira 123 w’abasohoka Ishure ry’i Gileyadi

Abasohotse ishure ry’i gileyadi barahimirizwa “gutangura kwimba”

KU WA gatandatu, igenekerezo rya 8 Nyakanga 2007, isinzi ry’abantu 6.352 bavuye mu bihugu 41 ni bo bari bahari igihe abagize umugwi ugira 123 w’abasohoka rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower bahabwa impapuro z’umutsindo. Igihe c’isaha 4:00 zo mu gitondo, umuhagarikizi w’iyo porogarama, umuvukanyi Anthony Morris wo mu Nama Nyobozi, yarahaye ikaze abari ngaho. Ahejeje kuvuga amajambo makeyi yo gutangura, yaciye aha ikaze umushikirizansiguro wa mbere, umuvukanyi Gary Breaux ari muri Komite y’ishami muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umuvukanyi Breaux yarakuye amazinda abo banyeshure yuko, uko boba basa kwose, abakora ivyo Yehova agomba ari beza mu nyonga ziwe (Yer. 13:11). Yahimirije abagira basohoke iryo shure kugumana bene ubwo bwiza. Ubukurikira, umuvukanyi Gerrit Lösch wo mu Nama Nyobozi yarashimitse ku vy’uko bibereye kwitega impera igihe dusukurira Yehova (Heb. 11:6). Ariko rero, imvo ituma tubigira ikwiye kuba ari urukundo ruzira ubwikunzi.

Umucungezi w’Urwego rujejwe amashure y’ivya gitewokarasi, umuvukanyi William Samuelson, ubukurikira yahimirije abagira basohoke iryo shure kwumira ku gikorwa giteye iteka bashinzwe co gutangaza Ubwami buriko buraganza be no kugaragaza urupfasoni mu kwigenza nezaa. Sam Roberson, uno akaba ari umucungezi mufasha mu Rwego rujejwe amashure y’ivya gitewokarasi, yaremesheje abo bagira basohoke iryo shure kwama barondera iciza mu bandi. Ivyo rero vyobashoboje “[kugirira] urukundo umuryango wose w’abavukanyi”​—1 Pet. 2:17.

Inyuma y’izo nsiguro zikabura, umwigisha wo mw’ishure ry’i Gileyadi, umuvukanyi Mark Noumair, yarabajije ibibazo abantu nka bangahe muri abo bagira basohoke iryo shure, baravuga ivyo biboneye mu murimo wo mu ndimiro mu kiringo c’iryo shure. Ivyo bavuze vyatumye abumviriza bibonera neza urukundo bakunda ubusuku be n’icipfuzo bafise co gufasha abandi. Kent Fischer, uno akaba akora ku Biro vya Beteli i Patterson, yarabajije ibibazo abagize Komite y’ishami bava mu bihugu bitatu vyarungitswemwo abamisiyonari. Amajambo abo bavukanyi bameze neza bavuze yarakuye amazinda abariko barumviriza, muri bo hakaba harimwo n’abavyeyi b’abo bagira basohoke iryo shure, yuko abamisiyonari bashasha bitwararikwa neza mu murimo baba bashinzwe. Izak Marais wo mu Rwego ruraba ivy’ubuhinduzi yaciye abaza ibibazo abamisiyonari bamaze igihe kirekire, ivyo baciyemwo bikaba vyaratumye abo bagira basohoke iryo shure bahonja umunezero ubarindiriye.

Insiguro nyamukuru yo muri iyo porogarama, iyatanzwe n’umuvukanyi Geoffrey Jackson wo mu Nama Nyobozi, yari ifise umutwe-shimikiro uvuga ngo “Inyuma y’ibi vyose mwumvise, mugiye gukora iki?”. Umuvukanyi Jackson, uwakoze ari umumisiyonari imyaka hafi 25 mu mazinga yo muri Pasifike yo mu Bumanuko, yaraciye irya n’ino insozero ya ya Nsiguro yo ku Musozi. Muri iyo nsiguro, Yezu yavuze ivy’abagabo babiri bubatse inzu, umwe akaba yari uw’ubwenge uwundi akaba yari ikijuju. Uwo mushikirizansiguro yarerekanye ko izo nzu zibiri zishobora kuba zari mu karere kamwe. Ariko rero, wa mugabo w’ikijuju yubatse ku musenyi atabanje kwimba, mu gihe umwe w’ubwenge wewe yimvye cane gushika ashikiriye igitandara yubakirako umushinge. Igihe igihuhusi gikomeye catera, ya nzu yubatswe ku gitandara nta co yabaye, mugabo imwe yubatswe ku musenyi yarasenyutse.​—Mat. 7:24-27; Luka 6:48.

Yezu yasiguye yuko uwo mugabo w’ikijuju yasa n’abantu ata kindi bakoze atari ukwumviriza gusa inyigisho ziwe. Umugabo w’ubwenge na we yari ameze nk’abantu bumvirije amajambo ya Yezu bakongera bakayashira mu ngiro. Umuvukanyi Jackson yabwiye abagira basohoke iryo shure ati: “Nimwashira mu ngiro mu murimo wanyu w’ubumisiyonari ivyo mwize biciye kuri Bibiliya, muzoba nk’uwo mugabo w’ubwenge”. Mu gusozera rero, yahimirije abo bagira basohoke iryo shure “gutangura kwimba” mu gikorwa cabo c’ubumisiyonari.

Mu kurangiza, abo bagira basohoke iryo shure bararonse impapuro zabo z’umutsindo be n’ivyibare bazokoreramwo, umuvukanyi Morris aca abaha inkeburo nkeya zo gusozera. Yabaremesheje gukurikira Yezu be no kuguma bizigira Yehova kugira ngo abakomeze. Porogarama yo gutanga impapuro z’umutsindo yaciye irangira gutyo.

[Akajambo k’epfo]

a Urwego rujejwe amashure y’ivya gitewokarasi, uruhagarikiwe na Komite nshingwanyigisho, rucungera Ishure ry’i Gileyadi, iry’abagize Komite y’amashami be n’iry’abacungezi b’ingenzi.

[Ifoto ku rup. 31]

IBIRANGA ABARI BITAVYE IRYO SHURE

Igitigiri c’ibihugu bavuyemwo: 10

Igitigiri c’ibihugu barungitswemwo: 24

Igitigiri c’abanyeshure: 56

Incahagati y’imyaka y’amavuka: 33,5

Incahagati y’imyaka bamaze mu kuri: 17,9

Incahagati y’imyaka bamaze mu busuku bw’igihe cose: 13,8

[Ifoto ku rup. 32]

Umugwi ugira 123 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower

Mu rutonde rukurikira, imirongo iharurwa uhereye imbere uja inyuma, amazina na yo akaba atondetse uhereye ibubamfu uja iburyo ku murongo umwumwe wose.

(1) Esparza, E.; Papaya, S.; Bilal, A.; Suárez, M.; Evers, E.; Dimichino, K. (2) Rosa, M.; Fujii, R.; Ratey, O.; Leveton, J.; Van Leemputten, M. (3) Boscaino, A.; Beck, K.; Budanov, H.; Braz, C.; Peltz, K.; Siaw, A. (4) Leveton, S.; Santikko, H.; Conte, S.; Wilson, J.; Rylatt, J.; Pierce, S.; Fujii, K. (5) Rosa, D.; Boscaino, M.; Austin, V.; Rodiel, P.; Bilal, P.; Dimichino, P. (6) Ratey, B.; Czyzyk, D.; Clarke, C.; Riedel, A.; Esparza, F.; Siaw, P.; Van Leemputten, T. (7) Rodiel, J.; Evers, J.; Green, J.; Czyzyk, J.; Santikko, M.; Rylatt, M. (8) Peltz, L.; Austin, D.; Riedel, T.; Beck, M.; Pierce, W.; Conte, S.; Green, S. (9) Suárez, J.; Clarke, J.; Papaya, S.; Budanov, M.; Wilson, R.; Braz, R.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika