Ikete rivuye muri Ositaraliya
“Ndaza kucicarira igihe nza kuba ndi iruhande y’umuriro mw’ijoro”
AKARERE ko hagati mu gihugu muri Ositaraliya gatanga ishusho y’ubugaragwa bugataye, ahantu hashushe cane, be n’ikibanza kinini gisa n’ikigaragara. Naho ari ukwo, ako karere kari hagati mu gihugu kabamwo abantu nka 180.000, abo bakaba bagize nk’igice 1 kw’ijana c’abanyagihugu bose bo muri Ositaraliya.
Abavyeyi banje, bano bakaba ari Ivyabona vya Yehova, baranjana kwamamaza muri ako karere igihe nari nkiri muto. Ubunini bw’ako karere be n’ubwiza bwaho vyarampimbaye cane. Narakunze kandi abantu baho b’indyamunyu, batari n’inkomwahato. Kubera yuko ubu nsanzwe mfise umuryango wanje bwite, nipfuje ko umukenyezi wanje be n’abana bacu babiri, umwe akaba afise imyaka 10, uwundi na we 12, na bo nyene boronka akaryo ko kwibonera ivyo bintu.
Twitegurira urugendo
Imbere ya vyose, twaricaye maze turarimbura ico bizodusaba. Twari gushobora kuronka amahera angana iki yo kuriha urwo rugendo? Twari gushobora kumarayo ikiringo kingana gute? Umugabo umwe wo mw’ishengero ryacu be n’umukenyezi wiwe hamwe n’abandi basuku babiri b’igihe cose baradusavye ko twojana. Twarumvikanye ku gihe tuzogira, tukaba twafashe ko twogenda mu kiruhuko abanyeshure baronka hagati mu mwaka. Twaciye twandikira ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Ositaraliya biri i Sydney, kugira ngo dusabe icibare tuzokoreramwo. Twasabwe ko twokorera mu karere kari kure, hafi y’i Goondiwindi, ico kikaba ari igisagara gitoya co hagati mu gihugu, ikiri nko ku bilometero 400 mu Burengero bwa Brisbane, aho tuba.
Twaramenye yuko aho i Goondiwindi hari hariho ishengero ritoya ry’Ivyabona vya Yehova. Uwo wari uwundi muhezagiro. Kubonana n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bakirisu cobaye ari ikiringo gihambaye c’urwo rugendo rwacu. Twaramenyesheje abagize iryo shengero ibijanye n’urwo rugendo rwacu. Ukuntu bavyakiranye akamwemwe vyatumye tumenya ko bari batwiteganye igishika.
Gatoya imbere y’uko dufata urugendo, twarahuye kugira ngo tuganire ku kuntu twoshikiriza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana muri ako karere ko hagati mu gihugu. Twaripfuza canecane kwubahiriza imico kama be n’imigenzo vy’umunyagihugu wese twari guhura wo muri ako karere. Nk’akarorero, imiryango imwimwe ifata ko akarere kabo ari ikibano rusangi. Gupfa kwiyadukiza ukajayo utatumiwe vyofatwa ko ari ukubura urupfasoni.
Dushika muri ako karere
Amaherezo, umusi twari turindiriye warashitse. Imiduga ibiri imiryango yacu yari ifise, iyari yapakiwe ikuzura abantu be n’ivyo twari gukoresha, yarafashe inzira ija muri ako karere ko mu gihugu hagati. Ubwa mbere twabona imirima irimwo ibiterwa, mugabo tumaze kwigira imbere twaciye dutangura kubona ibiyaya birimwo ivyatsi vyinshi, binyenyagiyemwo imikaratusi. Kuri uwo musi akazuba ko mu rushana gasusurutsa kariko karakira kw’ijuru rikeye. Inyuma y’amasaha atari make twarashitse i Goondiwindi maze muri iryo joro dushikira mu tuzu twari twakose, utwari mu kibanza kimwe abantu baparikamwo mwene twa dukonteneri two kubamwo dukwegwa n’imiduga.
Umusi ukurikira, ni ukuvuga ku w’iyinga, watanguranye n’akazuba be n’akayaga keza, ico kikaba cari ikirere ciza cane ku bijanye no kwamamaza. Muri ako karere, ibipimo vy’ubushuhe bwo mu ci birakunda kuduga gushika n’aho birenga amadogere 40. Twatanguye guhagarara ahantu hamwe haba abantu basanzwe ari imvukira zo muri Ositaraliya, aho hakaba hari nko ku bilometero 30 uvuye hamwe twari twashikiye. Baciye batujana ku witwa Jenny, uno akaba ari umutamakazi amaze gusesa imvi, akaba ari we yari umukuru w’ikibano c’aho hantu. Yarumvirije yitonze igihe twariko turamushikiriza ivyiyumviro vyo mu Vyanditswe, kandi abigiranye umunezero yaremeye ca gitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye.a Yaciye aduha ikaze ngo tuje kubwira inkuru nziza abantu b’aho hantu.
Abana bo muri ako karere bariruka bakadutanga imbere, bakamenyesha abantu ko tuje kubagendera. Umuntu wese twagendera yarumviriza abigiranye icubahiro ubutumwa twamushikiriza, kandi yaremera kwakira igitabu gishingiye kuri Bibiliya. Bidatevye ibitabu twari twajanye vyaciye bihera, bisubiye hari hageze ko dusubira mu gisagara kugira ngo tuje kw’ikoraniro ry’ishengero. Imbere y’uko dutaha, twarasezeraniye abo bantu ko tuzosubirayo kuraba abo tutari twabonanye.
Kuri uwo muhingamo Ingoro y’Ubwami yarangwamwo ibiyago bihimbaye, kubera yuko abantu bashasha twabonana batateba gucika abagenzi. Ivyabona 25 bo muri iryo shengero bari bamaze igihe bakora badahemuka mu kubwira ubutumwa bw’Ubwami abantu nka 11.000 bakwiragiye hirya no hino mu karere kari hagati mu gihugu k’ibilometero kwadarato 30.000. Icabona umwe akenguruka yavuze ati: “Ndabashimiye kubona mwaragize akigoro ko kuza kudufasha.” Inyuma y’iryo koraniro ryubaka, twaciye tujana twese kurondera ico twokwihereza. Imbere y’uko tuja kuryama muri iryo joro twaragaburiye udukoko tugomba kungana n’akayabu, tuno tukaba twariko turakitakita muri ca kibanza twabamwo.
“Ndi iruhande y’umuriro mw’ijoro”
Mu kiringo c’imisi ibiri yakurikiye, turi muri ya miduga yacu ibiri, twaza turagendera imihana ya kure cane yari ishwiragiye ku rubibe rugabura Leta ya Queensland be na Leta ya Nouvelle-Galles du Sud. Ako karere ko hagati mu gihugu, ahanini kari kagizwe n’ibigunda vy’imikaratusi yumye, bitandukanijwe n’uturere dushashe turimwo ivyatsi, aho inka n’intama vyarisha. Igihe twari turi ku nzira, twarabonye vya bikoko vyitwa kanguru bitari bike, ivyaza biraduza amatwi ngo vyumvirize igihe vyaba bitubonye. Kure imbere yacu, twarabonye ibinyoni vyiza cane bigomba kumera nk’imbuni, bishogomanga bica mu kibanza kimwe cagenewe amafarasi cari cuzuye inkungugu.
Ku wa kabiri ku muhingamo twarahuye n’ubusho bunini bw’inka zariko zimanukana ibarabara bukebuke. Kuva kera na rindi, abungere bamye bacisha amasho yabo muri ako karere, na canecane mu bihe vy’uruzuba. Bidatevye twarahuye n’umwungere umwe yari kw’ifarasi yiwe. Narahagaritse umuduga ku nkengera y’ibarabara, nca ndawuvamwo maze ndamuramutsa. Yansubije ati: “Amahoro mugenzi.” Uwo mugabo yitereye mu myaka, uwari kumwe n’imbwa yiwe imufasha kuragira, yaciye ahagarara maze turaganira.
Tumaze akanya gatoya tuganira ku vyerekeye uruzuba, naciye ntangura kumubwira ibijanye n’ubutumwa duhora dushikiriza abantu. Uwo mugabo yatangaye ati: “Emwe, kuva mu bwana bwanje nta kintu na kimwe gishingiye kuri Bibiliya nari bwumve!” Yavuze yuko yiyumvira ko indongozi z’amadini ari zo zobazwa ibijanye n’ugutituka kw’inyigenzo runtu kwiraye mw’isi. Mugabo ntiwumve, uwo mugabo yarubaha cane Bibiliya. Tumaze kugirana ikiganiro ciza gishingiye ku Vyanditswe, naramushikirije ca gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?b Yaragifashe mu minwe, agishira mu mupfuko w’ishati yari yambaye maze aca avuga ati: “Nimba kimbwira ivyo Bibiliya yigisha, ndaza kucicarira igihe nza kuba ndi iruhande y’umuriro mw’ijoro.”
Dusubira i muhira
Kuri uwo mugoroba twariganiye ivyo twari twabonye abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bo mu vy’impwemu bari ku Ngoro y’Ubwami. Baratubwiye yuko bazosubira kugendera abantu bashimishijwe mu bo twari twarabwiye ubutumwa. Igihe ikoraniro ryarangira, emwe, kwikebanurana vyarabaye urugamba! Hagati yacu hari hamaze gutsimbatara ubucuti burangwa igishika. Twese twarumva ko twari twakomejwe n’indemesho twari twahanahanye mu vy’impwemu.—Abaroma 1:12.
Bukeye, twaciye dufata urugendo dusubira i muhira. Iyo tuzirikanye kuri urwo rugendo twagize, turemera yuko Yehova yahezagiye cane utwigoro twacu. Twarumvise ko dushize akanyota mu vy’impwemu. Igihe twashika i muhira, narabajije abana nti: “Akaruhuko kazokurikira mwipfuza ko twoja kukamara hehe? Mu misozi?” Bishuye bati: “Oya dawe, tuze dusubire kwamamaza muri ka karere ko hagati mu gihugu.” Umukenyezi wanje nawe yaciye abunganira ati: “Ni vyo, tuze dusubireyo. Emwe, kari ko karuhuko keza cane kuruta utundi twose tumaze kujamwo!”
[Utujambo tw’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.