ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/12 rup. 3
  • Yezu—Ivyo abantu bavuga ku bimwerekeye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu—Ivyo abantu bavuga ku bimwerekeye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Yezu yoba yari umuntu mwiza gusa?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Yezu Kirisitu Ni Intumwa y’Imana?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Yezu Ashobora Gute Guhindura Ubuzima Bwawe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Yezu akosho yagize kw’isi yose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/12 rup. 3

Yezu​—Ivyo abantu bavuga ku bimwerekeye

“Yezu w’i Nazareti . . . nta gukeka ko ari we muntu ahambaye kuruta abandi bose babayeho.”​—Vyavuzwe na H. G. Wells, umutohozakahise w’Umwongereza.

“Kristu . . . ni we muntu rudende aruta kure n’iyo abantu bose babaye ba rurangiranwa.”​—Vyavuzwe na Philip Schaff, umunyatewolo- jiya akaba n’umutohozakahise w’imvukira yo mu Busuwisi.

NI NDE akwiye kwitwa umuntu ahambaye kuruta ababayeho bose? Wewe umuntu ahambaye umurabira ku biki? Woba umurabira ku buhanga afise mu vya gisirikare? Ku nguvu ziwe? Ku bwenge afise? Canke womurabira ku rugero ivyo avuga be n’ivyo akora bishikanako mu kugira ico bikoze ku bantu, be no ku karorero abaha?

Raba ivyo abatohozakahise, abanyasiyansi, incabwenge, abanditsi, abakuru mu vya politike be n’abandi, baba abo mu bihe vya kera canke abo muri kino gihe, bavuze ku vyerekeye wa mugabo w’i Nazareti ari we Yezu Kristu:

“Ariko rero, hamwe hogira uwuhakana ko Yezu w’i Nazareti ari we muntu umwe rudende yagaragaye yuko ahambaye gusumba abandi bose, atari muri iyi myaka ibihumbi bibiri iheze gusa ahubwo muri kahise kose k’abantu, vyomusaba gutanga ibimenyamenya bidasanzwe kugira ngo avyemeze.”​—Vyavuzwe na Reynolds Price, umwanditsi w’Umunyamerika akaba n’incabwenge mu vya Bibiliya.

“Umugabo ata kintu na kimwe camwagira yaritanzeko inkuka ku bw’ineza y’abandi, harimwo n’abansi biwe maze aba incungu y’isi. Ico cari igikorwa gitunganye.”​—Vyavuzwe na Mohandas K. Gandhi, umukuru wo mu Buhindi wo mu vya politike no mu vy’idini.

“Nkiri umwana, narigishijwe ibijanye na Bibiliya be n’igitabu ca Talimudi. Ndi Umuyahudi ariko ndashimishwa cane n’ingene wa Munyanazareti yari umuntu adasanzwe.”​—Vyavuzwe na Albert Einstein, umunyasiyansi w’imvukira yo mu Budagi.

“Kuri jewe, Yezu Kristu ni we muntu ahambaye kuruta ababayeho mu bihe vyose, muri kahise kose, mfatiye ku kuba ari Umwana w’Imana akaba n’Umwana w’umuntu. Ikintu cose yavuze canke yakoze kiradufitiye akamaro muri kino gihe, kandi nta wundi muntu n’umwe ivyo vyovugwako, yaba uwuriho canke uwapfuye.”​—Vyavuzwe na Sholem Asch, umwanditsi w’imvukira yo muri Polonye, nk’uko vyasubiwemwo mu gitabu Christian Herald; ni bo bashimitse.

“Namaze imyaka 35 ndi neza na neza umuntu ata kintu na kimwe yemera. Mu myaka itanu iheze nahavuye nemera ko Yezu abaho koko. Narizeye inyigisho za Yezu Kristu maze ubuzima bwanje bwose buca burahinduka bukwi na bukwi.”​—Vyavuzwe na Count Leo Tolstoy, umwanditsi akaba n’umufilozofe w’Umurusiya.

“Ubuzima [bwa Yezu] ni bwo bwagize ico bukoze ku bantu benshi kuruta ubw’abandi bantu bose babayeho kuri uyu mubumbe kandi n’ubu bukiriko.”​—Vyavuzwe na Kenneth Scott Latourette, umutohozakahise akaba n’umwanditsi w’Umunyamerika.

“Twoba twokwiyumvira ko inkuru zo mu Njili ari ibitito gusa? Mu vy’ukuri mugenzi, nta kantu na kamwe k’igitito kari muri izo nkuru. Ahubwo, inkuru yerekeye Sokarate, iyo ata muntu n’umwe arota akekeranyako, ntiyemezwa neza nk’uko inkuru yerekeye Yezu Kristu yoyo yemezwa.”​—Vyavuzwe na Jean-Jacques Rousseau, umufilozofe w’Umufaransa.

Biratomoye rero ko umuntu akwiriye kutubera akarorero twokwisunga mu buzima, ata wundi atari Yezu Kristu. Paulo, uno akaba yari umugabo yari yarize cane wo mu kinjana ca mbere yatowe na Yezu kugira ngo abe umuyoboke wiwe yongere avuge ibimwerekeye mu mahanga, aduhimiriza ‘gushinga ijisho’ Yezu. (Abaheburayo 12:2; Ibikorwa 9:3) Ni ibiki Yezu ashobora kutwigisha ku bijanye n’ingene dukwiye kubaho? Ubuzima bwiwe bushobora gute kukugirira akamaro?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika