Yezu ni we karorero katagira agahaze twokwigana
WOBA wipfuza kuba umuntu ameze neza kandi ahimbawe kuruta? Intumwa Petero arasigura ingene twobigira. Yandika ati: “Kristu yababajwe ku bwanyu, aba abasigiye akarorero kugira ngo mukurikire neza intambuko ziwe.” (1 Petero 2:21) Mu vy’ukuri, kubera yuko Yezu Kristu yagize ubuzima budasanzwe, yarakoze ibintu vyinshi twomwigirako. Kwiga ivyerekeye Yezu be no kubaho nk’uko yabayeho, nta gukeka ko bishobora kudufasha kuba abantu bameze neza kandi bahimbawe kuruta. Nimuze turimbure twitonze kamere zimwezimwe zaranga uwo muntu ahambaye maze turabe ukuntu dushobora kwungukira ku karorero kiwe.
Yezu yari afise uburimbane. Naho Yezu yavuze yuko “[a]tagira aho arambika umutwe,” ntiyaremesheje abantu kubaho mu buryo bwo kwibabaza canke ngo we ubwiwe abeho muri ubwo buryo. (Matayo 8:20) Yaraja mu mazimano. (Luka 5:29) Igitangaro ca mbere canditse yakoze, ico na co kikaba kwari uguhindura amazi akaba umuvinyu uryoshe igihe yari ku musi mukuru w’ubugeni, kirerekana ko atari umuntu atifatanya n’abandi canke abaho mu buryo bwo kwibabaza. (Yohani 2:1-11) Yamara rero, Yezu yarerekanye neza ikintu yabona ko gihambaye gusumba ibindi ico ari co. Yavuze ati: “Ibifungurwa vyanje ni ugukora ukugomba kw’uwandungitse no kurangiza igikorwa ciwe.”—Yohani 4:34.
□ Woba umaze gusuzuma ubuzima bwawe kugira ngo urabe ukuntu wogira uburimbane hagati y’ibintu ukurikirana mu vy’umubiri no mu vy’Imana?
Yezu yari umuntu yegereka. Bibiliya yerekana ko Yezu yari umuntu afise igishika kandi akundana. Ntiyumva ko abantu baba bariko baramugora igihe bamwituye kubera ingorane canke ibibazo bitesha umutwe baba bafise. Igihe kimwe, isinzi ry’abantu rimukikije, umugore umwe yari amaze imyaka 12 afise indwara ibabaza yaraje akora ku mpuzu yiwe yizigiye ko aca atora ka mitende. Ntiyamuryagaguye kubera ico kintu yari akoze abandi bashobora kuba babona ko kiranga ubwibone, ahubwo yavuganye ubuntu ati: “Mukobwa, ukwizera kwawe kuragukijije.” (Mariko 5:25-34) N’abana barumva bamerewe neza igihe baba bari kumwe na we, ata gutinya ngo yohava abirengagiza. (Mariko 10:13-16) Ivyo yakorana n’abigishwa biwe vyarangwa n’ibiyago bitarimwo ukwitinya kandi vya kigenzi. Ntibagonanwa kumwiyegereza.—Mariko 6:30-32.
□ Ni ku rugero rungana iki abandi bumva borohewe no kukwitura?
Yari afise impuhwe n’ikibabarwe. Imwe muri kamere nziza zihambaye gusumba izindi Yezu yari afise ni ukuba yari ashoboye kwishira mu kibanza c’abandi, akiyumva nk’uko biyumva, maze agaca abafasha. Intumwa Yohani avuga yuko igihe Yezu yabona Mariya ariko ararira kubera ko musazawe Lazaro yari yapfuye, yaciye “[aniha] mu mutima, ahagarika umutima” yongera “arakorora amosozi.” Abariko baramwitegereza bariboneye bitagoranye igishika cinshi Yezu yari afitiye abagize uwo muryango, ico gishika akaba ataterwa isoni no kucerekana ku mugaragaro. Vyongeye, ese impuhwe yagaragaje igihe yaca azura umugenzi wiwe!—Yohani 11:33-44.
Ikindi gihe, hari umugabo yari arwaye imibembe, iyo ikaba ari indwara iteye ishishi yatuma aba ukwa wenyene, yatakambiye Yezu ati: “Mukama, ubishatse gusa, urashobora kumpumanura.” Ico Yezu yaciye akora careza umutima vy’ukuri. Bibiliya igira iti: “Aramvura ukuboko, amukorako, avuga ati: ‘Ndabishaka. Humanuka.’” (Matayo 8:2, 3) Yezu ntiyakiza abantu kugira ngo gusa ashitse ubuhanuzi. Yaripfuza guhanagura amosozi ku maso yabo. Ikintu cose yakora yagitumwa n’amwe mu majambo yavuze akunze kwibukwa gusumba ayandi, agira ati: “Nk’uko mushaka ko abantu babagirira, abe ari kwo nyene mubagirira.”—Luka 6:31.
□ Impuhwe ufitiye abandi zoba zishobora kugaragarira mu vyo ukora?
Yezu yaratahura ibintu kandi yarabona ikibereye. Naho Yezu yari umuntu atigera akora ikosa, ntiyigeze yitega ko abandi baba abantu batunganye canke ngo arondere kwerekana ko ari hejuru yabo; eka mbere ntiyakora ikintu atabanje gutahura neza ingene ibintu vyifashe. Igihe kimwe, umugore umwe “yari azwi mu gisagara ko ari umucumuzi” yaragaragaje ukwizera kwiwe be n’ugukenguruka mu kwoza ibirenge vya Yezu akoresheje amosozi yiwe. Yezu yaramuretse arabigira, ivyo bikaba vyaratangaje uwo yari yagendeye, uno akaba yarakariye cane uwo mugore. Kubera yuko Yezu yatahura ko uwo mugore yari afise umutima nziraburyarya, ntiyamuciriye urubanza kubera ibicumuro vyiwe. Ahubwo yavuze ati: “Ukwizera kwawe kuragukijije; niwigire amahoro.” Bivuye kuri ukwo kuntu Yezu yamwitwararikanye igishika, birashoboka cane ko uwo mugore yavyuriwe umutima wo kuvavanura n’ingeso yahora afise.—Luka 7:37-50.
□ Woba uzwi yuko uri umuntu yihutira gukeza abandi, agateba kubacira urubanza?
Ntiyagira nkuzi kandi yaragaragariza abandi icubahiro. Kumbure kubera yuko hari ukuntu Yezu n’umwigishwa wiwe Yohani bari bafise kamere zigomba kumera cokimwe bikaba kandi bishoboka ko bari bafitaniye ubucuti bwo mu muryango, Yezu yari amufitiye igishika kidasanzwe.a Mugabo rero, ntiyigeze amugirira nkunzi, canke ngo amutoneshe gusumba abandi bigishwa. (Yohani 13:23) Nkako, igihe Yohani be na mwenewabo Yakobo basaba ngo baze baronke ibibanza vy’iteka mu Bwami bw’Imana, Yezu yishuye ati: “Ukwo kwicara iburyo bwanje canke ibubamfu bwanje si ivyanje ngo ndabitange.”—Mariko 10:35-40.
Yezu yama nantaryo agaragariza icubahiro abandi. Ntiyinuba abandi nk’uko abantu bo mu gihe ciwe babigira. Nk’akarorero, abakenyezi bari basanzwe bafatwa ko bari munsi y’abagabo. Ariko rero, Yezu yaraha abakenyezi iteka ribereye. Igihe yimenyesha ku mugaragaro ari bwo bwa mbere ko ari Mesiya, yabibwiye umugore atari Umuyudakazi ahubwo yari Umusamariyakazi, uwo Abayuda muri rusangi bari gusuzugura, tutiriwe turavuga ivyo kumuramutsa. (Yohani 4:7-26) Vyongeye, abagore ni bo Yezu yateye agateka ko kuba ari bo ba mbere bibonera ko yari yazutse.—Matayo 28:9, 10.
□ Woba utagira nkunzi mu vyo ukorana n’abantu mudasangiye ibara ry’urukoba, igitsina, ururimi, canke ubwenegihugu?
Yari umwana ashitsa ivyo asabwa kandi yitwararika abo bavukana. Biboneka ko Yozefu, se murezi wa Yezu, yapfuye Yezu akiri muto. Birashoboka cane ko Yezu yashigikiye nyina wiwe be na barumunawe na bashikiwe mu gukora ari umubaji. (Mariko 6:3) Mu kiringo ca nyuma c’ubuzima bwiwe, yarajeje umwigishwa wiwe Yohani ibanga ryo kwitwararika nyina wiwe.—Yohani 19:26, 27.
□ Woba ushobora kwigana Yezu mu gushitsa amabanga ujejwe mu muryango nk’uko yabigize?
Yezu yari umugenzi nyakuri. Yezu yari umugenzi ntangere. Uti gute? Ntiyaheba abagenzi biwe ngo ni uko gusa bakoze amakosa, eka mbere naho baba baguma bakora nya makosa nyene. Abigishwa biwe ntibama bakora nk’uko yipfuza ko bakora. Ariko yaragaragaje ko ari umugenzi wabo mu kwibanda kuri kamere zabo nziza aho kubona ko bakorana imvo mbi. (Mariko 9:33-35; Luka 22:24-27) Aho kubemeza ivyiyumviro vyiwe ku nguvu, yarabaremesha guserura iryo bagona ata kwitinya.—Matayo 16:13-15.
Ikiruta vyose, Yezu yarakunda abagenzi biwe. (Yohani 13:1) Ku rugero rungana iki? Yavuze ati: “Nta wufise urukundo ruruta uru: ko umuntu aheba ubuzima bwiwe ku bw’abagenzi biwe.” (Yohani 15:13) Hoba hari ikindi kintu umuntu yoha abagenzi biwe kirusha agaciro ubuzima bwiwe?
Woba udaheba abagenzi bawe n’igihe bishitse bakakubuza amahoro canke bakagushavuza?
Yari afise uburindutsi kandi yari umugabo abushitse. Yezu ntiyari ameze na gato nk’uko abantu bamwebamwe bakora ivy’utugenegene bakunda kumwerekana, abamwerekana nk’umuntu goyigoyi, areka abandi bakamugirako ivyo bishakiye vyose. Injili zerekana ko yari umugabo akomeye, w’indyamunyu. Incuro zibiri zose, Yezu yarirukanye abadandaza n’ibidandazwa vyabo, arabakura mu rusengero. (Mariko 11:15-17; Yohani 2:14-17) Igihe umugwi w’abantu waza gufata “Yezu Umunyanazareti,” yaregereye imbere abigiranye uburindutsi kugira ngo abamenyeshe ko ari we yongere akingire abigishwa biwe, avuga ashikamye ati: “Ndi we. Nimba rero ari jewe muriko murarondera, nimureke aba bagende.” (Yohani 18:4-9) Ntibitangaje rero kubona igihe Ponsiyo Pilato yabona uburindutsi Yezu yagaragaje amaze gufatwa akongera akagirirwa nabi, yavuze ati: “Ng’uyu wa mugabo!”—Yohani 19:4, 5.
□ Woba uhora uca ukora ata gufyina kandi ubigiranye uburindutsi igihe ubonye ico utegerezwa gukora ico ari co?
Izo kamere zidasanzwe Yezu afise be n’izindi, zituma atubera akarorero katagira agahaze twokwigana. Nitwareka ukuntu yigenza bikagira ico bikoze kuri twebwe, tuzoba abantu bameze neza kandi bahimbawe kuruta. Ico ni co gituma intumwa Petero yahimirije abakirisu gukurikira neza intambuko za Yezu. Woba ugerageza gukurikira neza uko bishoboka kwose intambuko za Yezu?
Si akarorero twokwigana gusa
Ariko rero, Yezu yarakoze n’ibindi vyinshi uretse gusa kuduha akarorero twokwigana. Yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yohani 14:6) Uretse ko yamenyesheje ukuri kwerekeye Imana, gutyo aba yuguruye akaryo ko kuyiyegereza, Yezu yaranatumye bishoboka ko abantu b’abizigirwa baronka ubuzima.—Yohani 3:16.
Ku bijanye n’iyo mpamvu yatumye aza kw’isi, Yezu yavuze ati: “Umwana w’umuntu yaje, atari kugira ngo asukurirwe, ariko kugira ngo asukurire abandi no kugira ngo atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Mu gutanga ubuzima bwiwe bwa ncungu, Yezu yarashinze umushinge wotumye abantu baronka ubuzima budahera. None ni ibiki umwumwe wese muri twebwe ategerezwa gukora kugira ngo yungukire kuri iyo ntunganyo? Yezu yasiguye ati: “Ubuzima budahera ni ubu: ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.”—Yohani 17:3.
Ego cane, kwironsa ubumenyi bwerekeye Yezu, kwigana uburyo yabayeho be no kwizera urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka, ni ibintu dusabwa kugira ngo tuze turonke ubuzima budahera. Turaguteye akamo ngo ufate umwanya wo kwiga Bibiliya, yo nkomoko y’ubwo bumenyi no kwihatira gushira mu ngiro ivyo ivuga nk’uko Yezu yabigize.b
Ubuzima bw’intangakarorero bwa Yezu buratwigisha ukuntu dukwiye kumera. Urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka rurashobora kudukura mu gicumuro be n’impembo yaco, ari rwo rupfu. (Abaroma 6:23) Ese ukuntu ivyacu biba biteye akagongwe iyo Yezu Kristu ataza kuba yaragize ikintu gikomeye akoze ku buzima bwacu! Ntiwigere ureka ngo ibikuraje ishinga be n’amaganya vyo mu buzima bikubuze kuronka akaryo ko kurimbura be no gukurikiriza neza akarorero ka wa muntu ahambaye kuruta ababayeho bose, ari we Yezu Kristu.
[Utujambo tw’epfo]
a Nyina wa Yohani, ari we Salome, bishoboka ko yari mwenewabo na Mariya nyina wa Yezu. Gereranya Matayo 27:55, 56 na Mariko 15:40 hamwe na Yohani 19:25.
b Nimba ushaka kumenya inkuru y’ido n’ido y’ubuzima bwa Yezu bwo kw’isi, raba igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 7]
◼ Yezu ntiyagira nkunzi kandi yaragaragariza bose icubahiro
◼ Yari umugenzi nyakuri mbere gushika kw’iherezo
◼ Yari afise uburindutsi
Woba ugerageza gukurikira neza uko bishoboka kwose intambuko za Yezu?
[Amafoto ku rup. 5]
Yezu yari afise uburimbane . . .
yaregereka . . .
yari afise impuhwe