Boba baratoye bwa bwato bwa Nowa?
AKENSHI cane, biboneka ko hakunze kuvugwa rwose ibijanye n’ukurondera bwa bwato bwa Nowa. Kuba abantu bashimishwa cane n’ico kintu biratahurika. Ubwo bwato amahanga Nowa n’umuryango wiwe barokokeyemwo rya Segenya ryaba kera cane mu 2370-2369 B.G.C., nta gukeka ko ari ikintu kidasanzwe abantu boba bubuye mu vy’ubucukuzi. Ariko rero naho hagirwa utwigoro twinshi, ukwo kurondera ubwo bwato bwa Nowa biracabandanya. Mu bintu vyose bivugwa bidafise ibimenyamenya be n’ibintu bidasanzwe abantu bapfa kwemeza, ni ibiki bizwi mu vy’ukuri?
Bibiliya ihishura yuko ubwato bwa Nowa “[bwahagaze] ku misozi yo muri Ararati.” (Itanguriro 8:4) Akarere ka Ararati karimwo n’umusozi muremure cane ubu witwa Umusozi Ararati uri mu Burengero bwa Turukiya, hafi y’urubibe rwa Arumeniya n’urwa Irani.
Ingendo nyinshi zagizwe muri ako karere mu ntumbero yo kurondera bwa bwato bwa Nowa zaratumye abantu bavuga ibintu bishimishije, ariko ntizatumye haboneka ikimenyamenya gifadika. Amafoto ashimishije yafatiwe mu ndege, ibihimba vy’imbaho bisize ikaburimbo vyatowe be n’ivyagiye biravugwa ngo hari aboba barabonye ubwo bwato, vyatumye abantu bipfuza kuronka ikimenyamenya gifadika kuruta. Ariko rero, ukurondera ubwo bwato cabaye igikorwa kigoye. Ikibanza kimwe gikunze kuvugwa biyumvira ko borondereramwo, kiri nko ku metero 4.600 uduga ku nkike y’Umusozi Ararati. Vyongeye, bivuye ku kuba muri ako karere harangwa imidurumbanyo y’ivya politike, abanyamahanga bagira ingendo bajayo ntibama barekurirwa gushika kuri uwo musozi.
Naho ari ukwo, abantu benshi bitaho cane ivy’ubwo bwato baripfuza cane ko abantu benshi boja kugira ubushakashatsi muri ico kibanza. Biyumvira ko hari ibihimba bigikomeye vy’ubwo bwato kuri uwo Musozi Ararati upfutswe n’ibibarafu, uno ukaba umara hafi umwaka wose upfutswe na shelegi hamwe n’ibibarafu. Bavuga yuko ngo mu myaka iba irimwo ikiringo c’ici kirimwo ubushuhe bwinshi ari ho gusa hoshobora kuba hariho n’icizigiro na gitoyi co kubona ubwo bwato no kubushikira.
Ivyizigiro mwene ivyo vyarakorerejwe n’ibintu bitari bike vyagiye biravugwa. Uwitwa Josèphe, uno akaba ari umutohozakahise w’Umuyuda wo mu kinjana ca mbere G.C., aravuga ivyerekeye abatohozakahise batari bake babayeho imbere yiwe bavuze ibijanye n’ubwo bwato, yuko ngo umuntu agishobora kububona buri hejuru ku misozi myinshi ya Ararati. Mbere vyaravuzwe yuko ngo abantu bashobora gutwara ibihimba vy’imbaho zabwo zisize ikaburimbo ngo bize birabibutsa ico kintu kidasanzwe. Mu bantu Josèphe yasubiyemwo ivyo bavuze harimwo uwitwa Bérose, uno akaba ari umwanditsi w’inkuru za kahise w’Umunyababiloni wo mu kinjana ca gatatu B.G.C.
Mu kinjana giheze, bimwe mu bintu bitangaje gusumba ibindi vyavuzwe n’umugabo umwe wo muri Arumeniya yitwa George Hagopian. Yavuze ibijanye n’ingene ngo akiri agahungu gatoya yagendeye ubwo bwato ari kumwe na sewabo mu ntango z’imyaka ya 1900, kandi ngo vy’ukuri yarabwuriye. Hagopian yapfuye mu 1972, ariko ivyo bintu yavuze biracatuma abantu benshi bumva bashashaye kumenya ibijanye na vyo ariko kandi bakagira n’ibibazo.
Ryoba ari ishingiro nyakuri ry’ukwizera?
Ubwo vy’ukuri hoba hariho ishingiro ryotuma umuntu yemera ko abagenzura ivy’uturere bubuye ubwo bwato canke bazoshobora kubwubura mu gihe kiri imbere? Kumbure. Ariko bisa n’uko hariho ishingiro mbere rikomeye kuruta ryotuma umuntu agira amakenga ku bijanye n’uko bazobutora. Kimwe coco, uribuka yuko Bibiliya itavuga neza na neza aho ubwo bwato bwahagaze igihe amazi ya rya segenya yagenda aragabanuka. Ivuga gusa “imisozi yo muri Ararati.”
Ni ikintu gisanzwe cane kubona abagenzura ivy’uturere be n’abaserura ingene biyumvira ko ibintu bishobora kuba bimeze, bibanda cane ku musozi muremure gusumba iyindi yo muri ako karere. Yamara, Ivyanditswe ntibitomora yuko Imana yatunganije ivy’uko ubwo bwato buhagarara kw’isonga ry’Umusozi Ararati, uno muri kino gihe ukaba ukanye cane kandi ukaba ukirurutse gushika nko ku bilometero bitanu hejuru y’urugero rw’ibahari.a Uribuka ko Nowa n’umuryango wiwe babaye muri ubwo bwato amezi atari make bumaze guhagarara ku musozi. (Itanguriro 8:4, 5) Biboneka kandi ko bamaze kuva mu bwato, bo hamwe n’ibikoko vyinshi vyari kumwe na bo bashobora kuba batategerejwe kumanuka bava kw’isonga rirerire cane ry’umusozi nka ba bantu karuhariwe mu kudondagira imisozi. Kumbure rero, ikibanza bwa bwato bwahagazeko cari ico umuntu yoshikako bitamugoye cane kuruta uko bamwebamwe mu bagenzura ivy’uturere bo muri kino gihe bavyiyumvira, ariko kikaba cari kirekire bihagije ku buryo gihuza n’ukuntu kidondorwa mw’Itanguriro 8:4, 5. Vyongeye, aho ari ho hose ubwo bwato bwoba bwarahagaze mu karere ka Ararati, ubwo ntibwoshobora kuba bumaze ibinjana n’ibindi bwarazimanganye kubera ukubungwa be n’ukuribwa n’umuswa?
N’ikindi kandi, hariho ikintu kidatomoye ku bijanye n’ivyo abakwiragiza cane amakuru bavuga ku vyerekeye ingene ibintu bubura ngo bihambaye mu bijanye no gusenga. Umuntu yatunganije urugendo rumwe rwo kugenzura ako karere yavuze yuko ngo gutora ubwo bwato “bizokomeza ukwizera kw’abantu amamiliyoni . . . vyongere bitume abandi benshi bagira ukwizera.” Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru mu 2004, yavuze yuko gutora ubwo bwato vyobaye “co kintu gihambaye cane gusumba ibindi vyose kibaye kuva Kristu azutse.” Mu nyuma yahavuye aheba urugendo rwiwe rwo kuja kugenzura ako karere.
Ubwo vy’ukuri gutora ubwato bwa Nowa vyoba vyokomeza ukwizera kandi bikanatuma abantu batangura kwizera? Bibiliya yerekana ko ukwizera nyakuri kutava ku bintu dushobora kubona no gukorako. (2 Abakorinto 5:7) Abantu bamwebamwe barakekeranya cane ku buryo bavuga bashimitse yuko ibimenyamenya vy’ibintu bifadika vyonyene ari vyo vyotuma bashobora kwizera inkuru zimwezimwe zo muri Bibiliya. Ariko rero, ukuri ni uko ku bantu mwene abo ata bimenyamenya, naho vyoba bingana gute, vyotuma bagira ukwizera. Yezu ubwiwe yaravuze yuko hari abantu bamwebamwe naho umuntu yoraramwo atojijura yuko ivyo Bibiliya ivuga ari ukuri, mbere naho bobona umuntu yapfuye azutse!—Luka 16:31.
Yamara rero, ukwizera nyakuri si ugupfa ivyo wemeye; gushingiye ku bimenyamenya vyo kwizigirwa. (Abaheburayo 11:1) None hoba hariho ibimenyamenya vyo kwizigirwa vyoshobora gufasha abantu batahura ibintu muri kino gihe kugira ngo bizere inkuru yo muri Bibiliya ivuga ibijanye na rya Segenya? Neza cane, biriho. Yezu Kristu yavuze mu buryo butomoye ati: “Nowa [yarinjiye] mu bwato, hanyuma isegenya irashika.” (Luka 17:26, 27) Ico ni co kimenyamenya ciza gusumba ibindi vyose bishoboka. Uti kubera iki?
Imbere yuko Yezu aza kw’isi yari mw’ijuru. (Yohani 8:58) Yaritegereje bwa bwato buriko burubakwa kandi yarabonye rya Segenya. None, ni ikimenyamenya ikihe ubona kijijura gusumba ikindi? Yoba ari intahe y’ukuri yashinzwe n’uwiboneye ibintu imbonankubone yagaragaje bimwe bitagira agahaze ko ari umwizigirwa akongera agatanga ikimenyamenya c’uko ari Umwana w’Imana? Canke vyoba ari ibintu hari igihe bitonashoboka biriko bigirwa n’abagenzura ivy’uturere kugira ngo batore ibihimba bimwebimwe vya kera vy’imbaho kw’isonga ry’umusozi ukanye cane? Igihe turimbuye ibintu muri ubwo buryo, duca tubona ko ibimenyamenya vy’uko ubwato bwa Nowa bwabayeho gushika ubu ari injojo.
[Akajambo k’epfo]
a Umusozi muri kino gihe witwa Ararati ugizwe n’ibirunga vyaturuye kuva mu 1840. Urashitsa uburebure bw’imetero 5.165 kandi umara umwaka wose upfutswe n’ibibarafu.
[Iciyumviro nyamukuru/Ifoto ku rup. 13]
Hoba hariho ibimenyamenya vyo kwizigirwa vyemeza inkuru yo muri Bibiliya ivuga ibijanye na rya Segenya?
[Iciyumviro nyamukuru/Ifoto ku rup. 14]
Yezu Kristu yavuze mu buryo butomoye ati: “Nowa [yarinjiye] mu bwato, hanyuma isegenya irashika”