Woba uzokurikiza ubuyobozi bwa Yehova buranga urukundo?
“Nanse umunyuro w’ikinyoma wose.”—ZAB. 119:128.
1, 2. (a) Mu kurondera ubuyobozi bwogufasha gushika iyo ugiye, ni ingabisho nyabaki wokenguruka, kandi kubera iki? (b) Ni ingabisho nyabaki Yehova aha abamukorera, kandi kubera iki?
IYUMVIRE iki kintu: Urakeneye kuja ahantu. Urituye umugenzi wizigira azi inzira kugira ngo akuyobore. Uko akuyobora avyitondeye, yoshobora kuvuga ati: “Uraba maso kuri rirya korosi rikurikira. Icapa kihari kirazimiza. Abantu benshi barakurikiza ivyanditse kuri co bakaruhira kuzimira.” Woba wokenguruka ukwo kuntu akwitwararitse maze ugakurikiza iyo ngabisho aguhaye? Mu buryo bunaka, Yehova ameze nk’uwo mugenzi. Araduha ubuyobozi avyitondeye ku bijanye n’ukuntu twoshika iyo turiko turaja mu buzima budahera, mugabo kandi aratugabisha ku bijanye n’ingeramizi zoshobora gutuma duca mu nzira itari yo.—Gus. 5:32; Yes. 30:21.
2 Muri iki kiganiro no mu gikurikira, turaca irya n’ino ingeramizi zimwezimwe uwo mugenzi wacu Yehova Imana atugabishako. Twibuke yuko Yehova aduha izo ngabisho abitumwe n’uko atwitwararika be n’uko adukunda. Yipfuza ko dushika iyo turiko turaja. Biramubabaza iyo abonye abantu bisuka mu bintu biteye akaga maze bakazimira. (Ezek. 33:11) Muri iki kiganiro, turihweza ingeramizi zitatu. Ingeramizi ya mbere iva ku bandi bantu, iya kabiri ikava imbere muri twebwe. Iya gatatu iva ku kintu kitanabaho. Naho ari ukwo, irateye akaga cane. Turakeneye kumenya izo ngeramizi izo ari zo be n’ukuntu Data wa twese wo mw’ijuru atwigisha kuzirinda. Umwanditsi wa Zaburi umwe yabwiye Yehova ati: “Nanse umunyuro w’ikinyoma wose.” (Zab. 119:128) Woba nawe uwanka? Nimuze turabe ukuntu tworushiriza kwanka umunyuro w’ikinyoma wose.
‘Ntukurikire isinzi’
3. (a) Ni kubera iki vyoshobora kubamwo akaga gukurikira izindi ngenzi igihe tutoba tuzi neza inzira dukwiye gucamwo? (b) Ni ingingo ngenderwako ihambaye iyihe dusanga muri Kuvayo 23:2?
3 Igihe woba ugiye ahantu kure, wokora iki hamwe utoba uzi neza inzira ukwiye gucamwo? Woshobora kugira agatima ko gukurikira izindi ngenzi, na canecane mu gihe woba ubonye abantu benshi bariko baraca ahantu hamwe. Kubigenza gutyo birimwo akaga. Nakare, izo ngenzi zoshobora kuba zitagiye iyo uriko uraja, canke na zo nyene zikaba zazimiye. Ku bijanye n’ivyo, rimbura ingingo ngenderwako iri muri rimwe mu mategeko yahawe Isirayeli ya kera. Ababa abacamanza canke ivyabona mu bijanye no guca imanza bari baragabishijwe ku bijanye n’ingeramizi yo ‘gukurikira isinzi.’ (Soma Kuvayo 23:2.) Nta gukeka yuko vyoroshe cane ko abantu b’abanyagasembwa batwarwa n’akosho k’urunganwe, bakagoreka ubutungane. Ariko none, ingingo ngenderwako yo kudakurikira isinzi yoba yerekeye gusa ivyo guca imanza? Habe namba.
4, 5. Yosuwa na Kalebu bagizweko akosho gute ngo bakurikire isinzi, mugabo ni igiki catumye bashobora kunanira ako kosho?
4 Mu vy’ukuri, umwanya uwo ari wo wose turashobora gutwarwa n’akosho ko ‘gukurikira isinzi.’ Ivyo vyoshobora gushika tutari tuvyiteze, kandi birashobora kutugora cane kuvyirinda. Nk’akarorero, zirikana akosho k’urunganwe kigeze gushikira Yosuwa na Kalebu. Bari mu mugwi w’abagabo 12 bagiye mu Gihugu c’isezerano kugira ngo bagitate. Abo bagabo bahindukiye, cumi muri bo barashikirije inkuru itaremesha na gato kandi iteye ubwoba cane. Mbere bavuze yuko ngo bamwebamwe mu bantu baba muri ico gihugu bari ibigatanya vyakomoka ku Banefili, bano bakaba bari uruvyaro rw’abamarayika b’abagarariji bavyaranye n’abagore. (Ita. 6:4) Ariko rero, ico kintu bavuze nticumvikana. Abo Banefili bari baratikijwe mu gihe ca wa Mwuzure, hakaba hari haciye imyaka amajana n’amajana uteye, kandi nta ruvyaro basize. Ariko rero, n’ivyiyumviro bidafise ishingiro na gato birashobora kugira akosho ku badakomeye mu kwizera. Iyo nkuru itaremesha yashikirijwe n’abo batasi cumi yaciye ituma abantu bose bagira ubwoba barongera barahagarika umutima. Bidatevye, benshi muri bo barajijutse yuko bobaye bihenze baramutse binjiye mu Gihugu c’isezerano nk’uko Yehova yari yabibategetse. None Yosuwa na Kalebu bavyifashemwo gute muri ico gihe kitoroshe?—Guh. 13:25-33.
5 ‘Ntibakurikiye isinzi.’ Naho iryo sinzi ryizivye amatwi, abo bagabo babiri baravuze ukuri bongera barakwumirako, n’igihe nyene babatera ubwoba bababwira yuko babicisha amabuye! Ni igiki none catumye bagira umutima rugabo? Nta gukeka yuko ukwizera kwabo ari kwo ahanini kwabitumye. Abantu bafise ukwizera baratahura neza itandukaniro riri hagati y’ibintu bidafise ishingiro abantu bavuga n’ivyo Yehova Imana yasezeranye. Mu nyuma, abo bagabo bompi baraseruye ukuntu biyumva ku bijanye n’ukuba Yehova yarashikije ibintu vyose yari yarasezeranye. (Soma Yosuwa 14:6, 8; 23:2, 14.) Yosuwa na Kalebu barakunda cane Imana yabo y’inyizigirwa, kandi ntibashobora kurota bayibabaza mu gukurikira isinzi ritagira ukwizera. Ni co gituma bahagaze bashikamye, bakaba baradusigiye akarorero keza cane twokurikiza muri iki gihe.—Guh. 14:1-10.
6. Ni mu buryo butandukanye ubuhe twoshobora kwumva dushaka gukurikira isinzi?
6 Vyoba bishika ukumva ushaka ‘gukurikira isinzi’? Abantu bitandukanije na Yehova kandi batwengera mw’ijigo ingingo mfatirwako ziwe zigenga inyifato runtu, nta gukeka ko bagize isinzi rinini muri iki gihe. Ku bijanye n’ukwinezereza be n’ukwisamaza, akenshi iryo sinzi riremesha ivyiyumviro bidafise ishingiro. Boshobora kuvuga bashimitse yuko ubuhumbu, ubukazi be n’ubupfumu vyiraye mu biganiro bica kuri televiziyo, mu masinema, no mu dukino two kuri videwo ata co vyonona. (2 Tim. 3:1-5) Igihe wihitiramwo canke uhitiramwo umuryango wawe uburyo bwo kwinezereza no kwisamaza, woba ureka abantu bafise amajwi yo mu mutima arekerana ibintu bakagira akosho ku ngingo ufata no kw’ijwi ryawe ryo mu mutima? Ivyo none ntivyoba vy’ukuri ari ‘ugukurikira isinzi’?
7, 8. (a) “Ububasha bwa[cu] bwo gutegera” bumenyerezwa gute, kandi ni kubera iki ukwo kumenyerezwa kudufasha kuruta gukurikiza amategeko ntabanduka umuyoro? (b) Ni kubera iki ubona yuko akarorero abakirisu bakiri bato benshi batanga keza umutima?
7 Yehova yaraduhaye ingabirano y’agaciro idufasha gufata ingingo, iyo na yo ikaba ari “ububasha bwa[cu] bwo gutegera.” Ariko rero, ubwo bubasha burakeneye kumenyerezwa “biciye ku gukoreshwa.” (Heb. 5:14) Gukurikira isinzi ntivyodufasha kumenyereza ububasha bwacu bwo gutegera; eka n’amategeko ntabanduka umuyoro atwereka ico tubwirizwa gukora, ntiyodufasha. Ni co gituma, nk’akarorero abasavyi ba Yehova badahabwa urutonde rw’amasinema, ibitabu, be n’imihora yo kuri Internet babwirizwa kwirinda. Kubera ko iyi si ihindagurika ningoga na ningoga, urutonde nk’urwo ntirwoteba guta igihe. (1 Kor. 7:31) N’icorushiriza kuba kibi, urwo rutonde rwotubuza gukora igikorwa gihambaye co kuzirikana ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya twitonze kandi tubijanisha n’isengesho maze tugafata ingingo twisunze izo ngingo ngenderwako.—Ef. 5:10.
8 Ariko ntiwumve, ingingo dufata twisunze Bibiliya rimwe na rimwe zoshobora gutuma abandi batatubona neza. Nk’akarorero, abakirisu bakiri bato bakiri ku ntebe y’ishure boshobora kwoshwa n’abandi ngo barabe canke bakore ivyo abandi bose bariko bararaba canke bariko barakora. (1 Pet. 4:4) Ni co gituma bihimbaye cane kubona ukuntu abakirisu bakiri bato n’abakuze bigana ukwizera kwa Yosuwa na Kalebu, bakanka gukurikira isinzi.
Ntimukurikire “imitima yanyu n’amaso yanyu”
9. (a) Igihe twoba turi ku rugendo, ni kubera iki vyoshobora kubamwo akaga gukurikira gusa ivyipfuzo vyacu be n’ibitujemwo? (b) Ni kubera iki itegeko dusanga mu Guharūra 15:37-39 ryari rihambaye ku basavyi b’Imana ba kera?
9 Ingeramizi iteye akaga igira kabiri tugira turimbure ni iyiva imbere muri twebwe. Twoshobora kubitangira akarorero muri ubu buryo: Hamwe woba uri ku rugendo ugiye ahantu, wumva wofata ingingo yo kwihoza ikarata ikuyobora maze ugakora gusa ibikujemwo, kumbure ukaza uraca mw’ibarabara iryo ari ryo ryose risa n’iririko ibintu bikwegera? Birumvikana ko gukora ibikujemwo gutyo vyotuma udashika iyo uriko uraja. Mu bijanye n’ivyo, rimbura irindi tegeko rimwe mu mategeko Yehova yari yarahaye Isirayeli. Abantu benshi muri iki gihe boshobora kubona ko itegeko rijanye no gushira ubuyonga be n’utugozi tw’ubururu ku mpuzu zabo rigoye gutahura. (Soma Guharūra 15:37-39.) Ariko none woba utahura igituma ryari rihambaye? Kugamburuka iryo tegeko vyarafasha abasavyi b’Imana kuguma bitandukanije n’amahanga y’abapagani yari abakikuje. Bategerezwa kubigira kugira ngo bagume bashimwa na Yehova. (Lew. 18:24, 25) Ariko rero, iryo tegeko rirahishura kandi ingeramizi iteye akaga iva imbere muri twebwe yoshobora gutuma dukevya ntidushike iyo turiko turaja mu buzima budahera. Uti gute?
10. Yehova yerekanye gute ko atahura ukuntu umuntu ameze?
10 Raba ivyo Yehova yabwiye abasavyi biwe mu kubereka imvo yatumye abaha iryo tegeko. Yavuze ati: “Ntimuze mukurikire imitima yanyu n’amaso yanyu, ivyo muriko murakurikira mu bushurashuzi.” Yehova aratahura bimwe bigera kure ukuntu umuntu ameze. Arazi neza ukuntu umutima wacu, ni ukuvuga ukuntu tumeze imbere muri twebwe, woshwa bitagoranye n’ivyo tubona. Ni co gituma Bibiliya itugabisha iti: “Umutima ni umuhemu kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane. Ni nde yowumenya?” (Yer. 17:9) Woba none ubona ukuntu iyo ngabisho Yehova yahaye Abisirayeli yari ibereye? Yari azi neza yuko bogize agatima ko kwihweza ibisata vy’abapagani vyari bibakikuje maze bakoshwa n’ivyo babona. Bari gushobora kwumva bashaka kwigana abo bantu batemera Imana bigatuma biyumvira nka bo, babona ibintu nka bo bakongera bagakora nka bo.—Imig. 13:20.
11. Ni mu buryo ki twoshobora kwoshwa n’ibihimba vyacu vy’umubiri bidufasha kumenya ibidukikije?
11 Muri iki gihe cacu, biroroshe mbere kuruta yuko umutima wacu w’umuhemu woshwa n’ibihimba vyacu bidufasha kumenya ibidukikije. Tuba mw’isi ituma vyoroha ko dukurikira ivyipfuzo vyacu bitabereye. Dushobora gute none gushira mu ngiro ingingo ngenderwako iri mu Guharūra 15:39? Rimbura iki kintu: Nimba abo muba muri kumwe kw’ishure, ku kazi canke aho uba barushiriza kwambara mu buryo buvyurira abandi inambu y’umubiri, vyoba vyoshobora kukwandukira? Woba woshobora kwumva wipfuje ‘gukurikira umutima wawe n’amaso yawe’ maze ukoshwa n’ivyo ubona? Woba woshobora guca urondera gutitura ingingo mfatirwako wisunga mu kwambara muri ubwo buryo?—Rom. 12:1, 2.
12, 13. (a) Dukwiye gukora iki nimba amaso yacu akunda kuraba aho atari akwiye kuraba? (b) Ni igiki cotuvyurira umutima wo kwirinda kubera abandi igitsitaza?
12 Turakeneye bimwe vyihutirwa gutsimbataza ukwigumya. Nimba amaso yacu akunda kuraba aho atari akwiye kuraba, nimuze twibuke umwiyemezo ukomeye wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yari yaragize, uno akaba yari yaragiraniye isezerano n’amaso yiwe, ni ukuvuga ko yari yarafashe ingingo ikomeye yo kutihweza umugore atari rwiwe ku buryo amwipfuza. (Yobu 31:1) Muri ubwo buryo nyene, Umwami Dawidi yiyemeje ati: “Sinzoshira imbere y’amaso yanje ikintu na kimwe kitagira akamaro.” (Zab. 101:3) Ikintu cose coshobora kwonona ijwi ryacu ryo mu mutima ridahumanye be n’ubucuti dufitaniye na Yehova ni ‘ikintu kitagira akamaro’ kuri twebwe. Aho hojamwo ikintu ico ari co cose gikwegera amaso yacu coshobora gutuma tugira ivyipfuzo bitabereye maze tugakora ibintu bibi.
13 Ku rundi ruhande, nta gukeka ko tutokwigera twipfuza mu buryo bunaka kubera abandi ‘ikintu kitagira akamaro’ mu gutuma bagira ivyipfuzo bitabereye. Ni co gituma dufatana uburemere impanuro yahumetswe yo muri Bibiliya idusaba kwambara inyambaro itunganije neza kandi iranga urupfasoni. (1 Tim. 2:9) Urupfasoni si ikintu dushobora gusa gusigura dufatiye ku vyo twebwe twikundira. Turakeneye kwitwararika amajwi yo mu mutima y’abo tuba turi kumwe be n’inyiyumvo zabo, tugashira amahoro yabo yo mu muzirikanyi be n’ineza yabo imbere y’ivyo twebwe ubwacu twikundira. (Rom. 15:1, 2) Ishengero rya gikirisu ririmwo abakiri bato ibihumbi n’ibihumbi batanga akarorero keza cane muri ivyo. Ese ukuntu batuma tubishimira igihe banka ‘gukurikira imitima yabo n’amaso yabo,’ bagahitamwo guhimbara Yehova mu vyo bakora vyose, mbere no mu kuntu bambara!
Ntimukurikire “ibitabaho”
14. Ni ingabisho iyihe ijanye no gukurikira “ibitabaho” Samweli yatanze?
14 Dufate ko urugendo rwawe rutumye uca mu gahinga kanini. Vyogenda gute hamwe wova mw’ibarabara uriko uracamwo maze ukerekeza ahantu hasa n’ahari amazi kandi ku bwa ngingo ata yahari? Gukurikira ico kintu kitabaho vyoshobora gutuma uhasiga ubuzima! Yehova arazi neza iyo ngeramizi. Rimbura aka karorero. Abisirayeli baripfuje kumera nk’amahanga yari abakikuje, yatwarwa n’abami baboneka. Mu vy’ukuri, kwipfuza ico kintu cari igicumuro gikomeye kubera yuko vyerekana ko batipfuza ko Yehova ababera Umwami. Naho Yehova yemeye ko bahabwa umwami aboneka, yarasavye umuhanuzi wiwe Samweli ngo abahe ingabisho idakikiriza ijanye no gukurikira “ibitabaho.”—Soma 1 Samweli 12:21.
15. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Abisirayeli bakurikiye ibitabaho?
15 Abo bantu boba bariyumvira yuko hari ukuntu bokwizigiye umwami aboneka kuruta uko bizigira Yehova? Nimba ari ukwo vyari biri, mu vy’ukuri bariko barakurikira ikintu kitabaho! Kandi vyarashoboka cane ko bakurikira ibindi bintu vy’uruhendo vyinshi bituruka kuri Shetani. Abami baboneka botumye bisuka bitagoranye mu vy’ugusenga ibigirwamana. Abasenga ibigirwamana barihenda mu kwiyumvira yuko ibintu bifadika, ni ukuvuga imana zikozwe mu biti canke mu mabuye, hari ukuntu bitari umugani kandi vyizigirwa kuruta Imana itaboneka Yehova, yaremye ibintu vyose. Mugabo nk’uko intumwa Paulo yabivuze, ibigirwamana ni “ubusa.” (1 Kor. 8:4) Ntibishobora kubona, kwumva, kuvuga canke kugira ico bikoze. Woshobora kubibona no kubikorako, mugabo hamwe wosenga kimwe muri ivyo, woba vy’ukuri uriko urakurikira ikintu kitabaho ata kindi cokumarira atari ukugukwegera akarambaraye.—Zab. 115:4-8.
16. (a) Ni gute Shetani atuma abantu benshi muri iki gihe bakurikira ibitabaho? (b) Ni kubera iki twovuga yuko ibintu vy’umubiri ari ibitabaho, na canecane tubigereranije na Yehova Imana?
16 Shetani aracari karuhariwe mu vyo kujijura abantu ngo bakurikire ibitabaho. Nk’akarorero, yaratumye abantu badaharurika bizigira yuko ibintu vy’umubiri bishobora gutuma batekanirwa. Amahera, amatungo be n’akazi k’umushahara munini vyoshobora gusa n’ibirimwo akarusho. Ariko none ibintu vy’umubiri bifasha iki umuntu igihe amagara amukitse, igihe ivy’ubutunzi vyifashe nabi, canke igihe hateye icago c’icaduka? Bifasha abantu iki igihe bumva bihebuye, igihe baba bakeneye kumenya intumbero y’ubuzima, kuronka icobayobora, no kuronka inyishu z’ibibazo vy’inkoramutima bibaza mu buzima? Vyofasha iki umuntu igihe yoba agira apfe? Nimba twizigira yuko ibintu vy’umubiri ari vyo bizoturonsa ivyo dukeneye mu vy’impwemu, tuzovunika umutima. Amatungo nta co adufasha muri ivyo; ni ibintu bitabaho. Impera n’imperuka, ntashobora mbere kudukingira, kuko adashobora gutuma turamba canke ngo adukize indwara n’urupfu. (Imig. 23:4, 5) Ese rero ukuntu Imana yacu Yehova irushirije kutaba umugani! Kugiranira na yo ubucuti bukomeye ni vyo gusa bishobora gutuma turonka umutekano nyakuri. Mbega umuhezagiro w’agaciro! Ntitukigere tuyiheba ngo dukurikire ibitabaho.
17. Wiyemeje iki ku bijanye n’ingeramizi twarimbuye?
17 Ntitwahezagiwe none kuba Yehova ari Umugenzi wacu akaba kandi atuyobora mu rugendo turiko turagira tugana mu buzima? Nitwabandanya gukurikiza ingabisho ziranga urukundo aduha ku bijanye no kwirinda ingeramizi zitatu, ni ukuvuga isinzi, umutima wacu be n’ibitabaho, bizoshoboka rwose ko dushika iyo turiko turaja mu buzima budahera. Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza izindi ngabisho zitatu Yehova aduha zidufasha kwanka no kwirinda iminyuro y’ikinyoma izimiza abantu benshi.—Zab. 119:128.
Uvyibazako iki?
Ushobora gute gushira mu ngiro ingingo ngenderwako ziri mu Vyanditswe bikurikira?
• Guharūra 15:37-39
[Ifoto ku rup. 11]
Vyoba bishika ukumva ushaka gukurikira isinzi?
[Ifoto ku rup. 13]
Ni kubera iki gukurikira ibikujemwo birimwo akaga?
[Ifoto ku rup. 14]
Hoba hari ikintu kitabaho uriko urakurikira?