Akaruhuko k’Imana ni iki?
“Haracasigaye . . . akaruhuko k’isabato ku bantu b’Imana.”—HEB. 4:9.
1, 2. Dushobora gushika ku ciyumviro ikihe dufatiye ku majambo yo mw’Itanguriro 2:3 ahinduwe mu buryo butarimwo amakosa, kandi ni ibibazo ibihe bivyuka?
MU KIGABANE ca mbere c’Itanguriro, twiga yuko Imana yateguye isi kugira ngo ibeko abantu, ivyo ikaba yabigize mu misi itandatu y’ikigereranyo. Kimwekimwe cose muri ivyo biringo kirangizwa n’aya majambo agira ati: “Haba umugoroba, haba n’igitondo.” (Ita. 1:5, 8, 13, 19, 23, 31) Ariko rero ku bijanye n’umusi ugira indwi, Bibiliya ivuga iti: “Imana ihezagira umusi ugira indwi, iwugira mweranda, kuko kuri wo iruhutse igikorwa cayo cose co kurema yakoze.”—Ita. 2:3.
2 Raba imero y’irivuga “iruhutse.” Ivyo bishaka kwerekana yuko umusi ugira indwi, ni ukuvuga “umusi” w’akaruhuko k’Imana, wari ukibandanya mu 1513 B.G.C. igihe Musa yandika igitabu c’Itanguriro. Umusi w’akaruhuko k’Imana woba none ukibandanya? Nimba ukibandanya, twoba dushobora kwinjira muri ako karuhuko muri iki gihe? Inyishu z’ivyo bibazo zirahambaye cane kuri twebwe.
Yehova yoba ‘akiruhutse’?
3. Amajambo ya Yezu dusanga muri Yohani 5:16, 17 yerekana gute yuko umusi ugira indwi wari ukibandanya mu kinjana ca mbere?
3 Hariho ibimenyamenya bibiri bituma dushika ku ciyumviro c’uko umusi ugura indwi wari ukibandanya mu kinjana ca mbere G.C. Ubwa mbere, rimbura amajambo Yezu yabwiye abansi biwe bamunebaguye kubera yuko yari yakijije umuntu kw’Isabato, bakaba babona ko ari igikorwa yari akoze. Umukama yababwiye ati: “Dawe yagumye akora gushika n’ubu, na jewe nguma nkora.” (Yoh. 5:16, 17) None yashaka kuvuga iki? Yezu yariko aragirizwa yuko akora kw’Isabato. Inyishu yabahaye ngo “Dawe yagumye akora,” yarishuye ico kirego. Ni nk’aho Yezu yariko arabwira abamunebagura ati: ‘Twe na Dawe dukora igikorwa kimwe. Kubera yuko Dawe yagumye akora mu kiringo c’Isabato kimaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi, na jewe ndafise uburenganzira bwo kuguma nkora, mbere no kw’Isabato.’ Yezu yashaka kuvuga rero yuko ku bijanye n’isi, umusi w’akaruhuko k’Imana, ari yo Sabato ihambaye yayo, ni ukuvuga umusi ugira indwi, utari bwarangire mu gihe ciwe.a
4. Ni ikindi kimenyamenya ikihe Paulo atanga cerekana yuko umusi ugira indwi wari ukibandanya mu gihe ciwe?
4 Ikimenyamenya kigira kabiri gitangwa n’intumwa Paulo. Igihe Paulo yariko arasubiramwo ibivugwa mw’Itanguriro 2:2 ku bijanye n’akaruhuko k’Imana, yaranditse ahumekewe ati: “Twebwe abizeye [turinjira] koko muri nya karuhuko.” (Heb. 4:3, 4, 6, 9) Ku bw’ivyo, umusi ugira indwi wari ukibandanya mu gihe ca Paulo. None uwo musi w’akaruhuko wobandanije gushika ryari?
5. Ni igiki catumye Yehova ashiraho umusi ugira indwi, kandi umugambi wiwe uzoranguka bimwe bishitse ryari?
5 Kugira ngo twishure ico kibazo, dutegerezwa kwibuka icatumye uwo musi ugira indwi ushirwaho. Mw’Itanguriro 2:3 harasigura icatumye ushirwaho hati: “Imana ihezagira umusi ugira indwi, iwugira mweranda.” Uwo musi Yehova ‘yarawugize mweranda,’ ni ukuvuga ko yawejeje ari kwo kuwushira ku ruhande, kugira ngo asozere umugambi wiwe. Uwo mugambi ni uw’uko isi ibako abagabo n’abagore bagamburuka bazoyibungabunga bakongera bakabungabunga ibintu vyose biri kuri yo. (Ita. 1:28) Icatumye Yehova Imana na Yezu Kristu, we “Mukama w’isabato,” ‘baguma bakora gushika n’ubu,’ ni ukugira ngo uwo mugambi uranguke. (Mat. 12:8) Umusi w’akaruhuko k’Imana uzobandanya gushika umugambi ifitiye isi urangutse bimwe bishitse ku mpera ya ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi.
‘Ntugwe muri ico citegererezo nyene c’ukugambarara’
6. Ni uburorero ubuhe butubera ingabisho, kandi twobwigirako iki?
6 Adamu na Eva barasiguriwe neza umugambi w’Imana, mugabo ntibakoze bahuza na wo. Ariko ntiwumve, Adamu na Eva si bo bonyene bakurikiye ingendo y’ukugambarara. Hariho n’abandi bantu amamiliyoni bagambaraye inyuma yabo. Mbere n’abantu Imana yari yararobanuye, ni ukuvuga ihanga rya Isirayeli, barakurikiye ingendo yo kugambarara. Vyongeye, biri n’ico bivuze kuba Paulo yaragabishije abakirisu bo mu kinjana ca mbere yuko mbere bamwebamwe muri bo bari gushobora kugwa mu mutego nk’uwo Abisirayeli ba kera bari baraguyemwo. Yanditse ati: “Dukore uko dushoboye kwose rero ngo twinjire muri ako karuhuko, kugira ngo ntihagire uwugwa muri ico citegererezo nyene c’ukugambarara.” (Heb. 4:11) Urabona ko Paulo asanisha ukugambarara n’ukutinjira mu karuhuko k’Imana. Ivyo none bisobanura iki kuri twebwe? Hamwe twogarariza umugambi w’Imana mu buryo bunaka, ntitwohakwa none kutinjira mu karuhuko k’Imana? Biragaragara yuko inyishu y’ico kibazo ihambaye cane kuri twebwe, kandi turaza kuyigarukako. Ariko rero muri aka kanya, nimuze turabe ibindi bintu dushobora kwiga ku bijanye no kwinjira mu karuhuko k’Imana mu kwihweza akarorero kabi k’Abisirayeli.
“Ntibazokwinjira mu karuhuko kanje”
7. Yehova yari afise umugambi uwuhe igihe yarokora Abisirayeli mu buja mu Misiri, kandi yari abitezeko iki?
7 Mu 1513 B.G.C., Yehova yarahishuriye umusavyi wiwe Musa umugambi yari afitiye Abisirayeli. Imana yavuze iti: “Ndamanutse . . . kubarokora mu kuboko kw’Abanyamisiri, ndabadugane ndabakure muri ico gihugu [Misiri], ndabajane mu gihugu ciza kandi cagutse, igihugu gitemba amata n’ubuki.” (Kuv. 3:8) Nk’uko Yehova yari yarabisezeraniye sekuruza wabo Aburahamu, umugambi Imana yari ifise mu kurokora Abisirayeli “mu kuboko kw’Abanyamisiri” wari uwo kubagira igisata ciwe. (Ita. 22:17) Imana yarahaye Abisirayeli urutonde rw’amategeko rwari gutuma bashobora kugiranira na yo ubucuti burangwa amahoro. (Yes. 48:17, 18) Yabwiye Abisirayeli iti: “Nimwagamburuka vy’ukuri ijwi ryanje kandi mukagumya koko isezerano ryanje [nk’uko ryerekanwa muri urwo rutonde rw’amategeko], muzocika rero inyegu yanje idasanzwe mu bindi bisata vyose, kuko isi yose ari rwanje.” (Kuv. 19:5, 6) Abisirayeli bari gushobora rero kugiranira n’Imana ubucuti bwiza mu gihe gusa bayigamburukiye.
8. Abisirayeli bari kugira ubuzima bumeze gute iyo bagamburukira Imana?
8 Iyumvire ubuzima Abisirayeli bari kugira iyo baramuka bagamburukiye Imana! Yehova yari guhezagira amatongo yabo, imirima yabo y’imizabibu, imikuku yabo n’ubusho bwabo. Abansi babo ntibari kubandanya kubigarurira. (Soma 1 Abami 10:23-27.) Igihe Mesiya yaseruka, birashoboka yuko yari gusanga Isirayeli ikora neza nk’igihugu cigenga, itari mu gacinyizo k’Abaroma. Isirayeli yari kuba ubwami bw’akarorero ku mahanga yari ayikikuje, ivyo bigatanga ikimenyamenya gitomoye c’uko kugamburukira Imana y’ukuri bizana imihezagiro yo mu buryo bw’impwemu no mu buryo bw’umubiri.
9, 10. (a) Ni kubera iki kuba Isirayeli yaripfuza gusubira mu Misiri yari ingorane ikomeye? (b) Gusubira mu Misiri vyari gushobora kugira ico bikoze gute ku gusenga kw’Abisirayeli?
9 Mbega agateka Isirayeli yari ifise ko gukora ihuza n’umugambi wa Yehova, ivyo bikaba vyotumye yo ubwayo ihezagirwa, amaherezo na ho imiryango yose yo kw’isi igahezagirwa! (Ita. 22:18) Ariko rero, iryo yaruka ry’abagarariji uko ryakabaye ntiryigeze ryitwararika na gato ivyo gushiraho ubwami bw’akarorero burongowe n’Imana. Barasavye mbere kwisubirira mu Misiri! (Soma Guharūra 14:2-4.) Wumva none ugusubira mu Misiri kwabo kwari guteza imbere umugambi Imana yari ifise wo kugira Isirayeli ubwami bw’akarorero? Ihibambewe! Nkako, iyo Abisirayeli basubira mu buja mu Misiri, ntibokwigeze bashobora gukurikiza Itegeko rya Musa no kwungukira ku ndinganizo Yehova yari yarashizeho yo kubabarira ibicumuro vyabo. Ese ukuntu babona ibintu mu buryo bw’umubiri, bikaba vyerekana ko batabona kure! Ntibitangaje kuba Yehova yabwiye abo bagarariji ati: “[Narasesemwe] n’iri yaruka, [m]vuga nti: ‘Bama bazimira mu mitima yabo, kandi ntibamenye inzira zanje.’ Nararahiye rero mw’ishavu ryanje nti: ‘Ntibazokwinjira mu karuhuko kanje.’”—Heb. 3:10, 11; Zab. 95:10, 11.
10 Mu kurondera gusubira mu Misiri, iryo hanga ryigira ibiro biteze ryarerekanye yuko ridaha agaciro imihezagiro yo mu buryo bw’impwemu ryari ryararonse, rihitamwo ibitunguru vya pwaro, ibitunguru vy’amagoma, n’ibitungurusumu vyari mu Misiri. (Guh. 11:5) Cokimwe na ya ntashima Esawu, abo bagarariji bari biteguriye guheba iragi ryo mu buryo bw’impwemu ry’agaciro mu kurikaba n’inyama z’akanovera.—Ita. 25:30-32; Heb. 12:16.
11. Kuba Abisirayeli batizeye Imana mu gihe ca Musa, vyoba vyaragize ico bihinduye ku mugambi wayo?
11 Naho iryo yaruka ry’Abisirayeli ryavuye mu Misiri ritizeye Yehova, wewe “yagumye akora” yihanganye ku bijanye no kurangura umugambi wiwe, ico gihe akaba yaritwararitse iyaruka ryokurikiye. Abari bagize iryo yaruka rishasha baragamburuka kurusha ba sekuruza babo. Nk’uko Yehova yari yarategetse, barinjiye mu Gihugu c’isezerano maze batangura kucigarurira. Muri Yosuwa 24:31, dusoma duti: “Isirayeli ibandanya gukorera Yehova imisi yose ya Yosuwa n’imisi yose y’abagabo b’inararibonye babandanije kubaho inyuma ya Yosuwa kandi bari baramenye igikorwa cose ca Yehova, ico yakoreye Isirayeli.”
12. Tumenya dute yuko kwinjira mu karuhuko k’Imana muri iki gihe bishoboka?
12 Ariko rero, iryo yaruka ryagamburukira Imana ryagiye rirapfa maze risubirirwa n’iyaruka “ritari rizi Yehova canke igikorwa yari yarakoreye Isirayeli.” Ivyo vyatumye “bene Isirayeli batangura gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova no gukorera za Bayali.” (Abc 2:10, 11) Igihugu c’isezerano nticababereye vy’ukuri “ahantu h’akaruhuko.” Kubera ukugambarara kwabo, ntibagiraniye n’Imana amahoro aramba. Mu kuvuga ibijanye n’igihe c’inyuma y’aho, Paulo yanditse ati: “Iyo Yosuwa abinjiza ahantu h’akaruhuko, Imana ntiba yaravuze mu nyuma ivy’uwundi musi. Haracasigaye rero akaruhuko k’isabato ku bantu b’Imana.” (Heb. 4:8, 9) “Abantu b’Imana” Paulo yariko aravuga bari abakirisu. Ivyo vyoba bisobanura ko abakirisu bari gushobora kwinjira mu karuhuko k’Imana? Cane nyene; abakirisu b’Abayuda n’abatari Abayuda bokinjiyemwo!
Hari abatashoboye kwinjira mu karuhuko k’Imana
13, 14. Ni isano irihe ryari hagati yo kwubahiriza Itegeko rya Musa no kwinjira mu karuhuko k’Imana (a) mu gihe ca Musa? (b) mu kinjana ca mbere?
13 Igihe Paulo yandikira abakirisu b’Abaheburayo, yari arajwe ishinga n’uko bamwebamwe muri bo batariko barakora bahuza n’umugambi w’Imana wariko uratera imbere. (Soma Abaheburayo 4:1.) Mu buryo ubuhe? Igitwengeje, ni mu bijanye no kwubahiriza Itegeko rya Musa. Mu kiringo c’imyaka nka 1.500, Umwisirayeli uwo ari we wese yipfuza kubaho ahuza n’umugambi w’Imana yabwirizwa kwubahiriza iryo Tegeko. Ariko rero igihe Yezu yapfa, iryo Tegeko ryarakuweho. Abakirisu bamwebamwe ntibashoboye gutahura ico kintu, maze babandanya kwubahiriza ibintu bimwebimwe vyo muri iryo Tegeko.b
14 Paulo yasiguriye abakirisu bari bafise agatima ko kwubahiriza Itegeko yuko Yezu yari Umuherezi Mukuru aruta uwundi muherezi mukuru uwo ari we wese. Yarerekanye yuko isezerano rishasha ryaruta isezerano Imana yari yaragiraniye na Isirayeli be n’uko urusengero ruhambaye rwa Yehova rwari ‘runini kandi rutunganye kuruta’ urusengero ‘rwakozwe n’amaboko.’ (Heb. 7:26-28; 8:7-10; 9:11, 12) Ni co gituma Paulo, bikaba bishoboka ko yariko ariyumvira ivyo kwubahiriza Isabato yagirwa buri ndwi mu gihe c’Itegeko, yanditse ibijanye n’agateka ko kwinjira mu karuhuko ka Yehova, ati: “Haracasigaye rero akaruhuko k’isabato ku bantu b’Imana. Kuko umuntu yinjiye mu karuhuko k’Imana na we ubwiwe aba aruhutse ibikorwa vyiwe nk’uko Imana yaruhutse ivyayo.” (Heb. 4:8-10) Abo bakirisu b’Abaheburayo babwirizwa kureka kwiyumvira yuko bari gushobora gushimwa na Yehova mu gukora ibikorwa bijanye n’Itegeko rya Musa. Guhera kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., Imana iratonesha abantu bizera Yezu Kristu ibigiranye ubuntu.
15. Tumenya gute ko tubwirizwa kugamburuka nimba twipfuza kwinjira mu karuhuko k’Imana?
15 Ni igiki catumye Abisirayeli bo mu gihe ca Musa batinjira mu Gihugu c’isezerano? Ni ukugambarara. Ni igiki catuma abakirisu bamwebamwe bo mu gihe ca Paulo batinjira mu karuhuko k’Imana? Ni ukugambarara nyene. Ntibashoboye gutahura yuko Itegeko ryari ryarashikije intumbero yaryo be n’uko Yehova yariko arayobora abasavyi biwe mu bundi buryo.
Kwinjira mu karuhuko k’Imana muri iki gihe
16, 17. (a) Dushobora gute kwinjira mu karuhuko k’Imana muri iki gihe? (b) Ni ibiki tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira?
16 Muri iki gihe, nta n’umwe muri twebwe yemera yuko abakirisu babwirizwa kwubahiriza ibintu bimwebimwe vyo mw’Itegeko rya Musa kugira ngo baronke ubukiriro. Amajambo Paulo yandikiye Abanyefeso ahumekewe n’Imana aratomoye, na yo akaba agira ati: “Ubwo buntu ata wari abukwiriye ni bwo mwakirishijwe biciye mu kwizera; kandi ivyo ntibiva kuri mwebwe, ni ingabirano y’Imana. Oya, ntibiva ku bikorwa, kugira ngo ntihagire umuntu aronka imvo yo kwirata.” (Ef. 2:8, 9) None muri iki gihe abakirisu bashobora gute kwinjira mu karuhuko k’Imana? Yehova yarashize ku ruhande umusi ugira indwi, ni ukuvuga umusi w’akaruhuko kiwe, kugira ngo atume umugambi afitiye isi uranguka mu buryo buninahaye. Turashobora kwinjira mu karuhuko ka Yehova, ni ukuvuga tukifatanya na we muri ako karuhuko, mu kumugamburukira no mu gukora duhuza n’umugambi wiwe uriko uratera imbere nk’uko awuduhishurira abicishije kw’ishirahamwe ryiwe.
17 Ariko rero, hamwe twofata minenegwe impanuro zishingiye kuri Bibiliya turonka biciye kuri wa mugwi w’umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge, tugahitamwo gukurikira ingendo y’ubwigenge, twoba turiko turarwanya uwo mugambi w’Imana ugenda urahishurwa. Ivyo vyoshobora gushira mu kaga ubucuti burangwa amahoro dufitaniye na Yehova. Mu kiganiro gikurikira, tuzorimbura ibintu bimwebimwe bikunda gushika bishobora kugira ico bikoze ku basavyi b’Imana twongere twihweze ingene ingingo dufata, zaba izo kugamburuka canke gukurikira ingendo y’ubwigenge, zishobora kwerekana nimba vy’ukuri twarinjiye mu karuhuko k’Imana.
[Utujambo tw’epfo]
a Abaherezi n’Abalewi barakora kw’Isabato ibikorwa bijanye n’urusengero kandi “bakaguma ata kibagira.” Kubera ko Yezu ari umuherezi mukuru w’urusengero rw’Imana ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu, na we nyene yarashobora kurangura igikorwa co mu buryo bw’impwemu yari yarashinzwe, adatinya yuko yohava arenga Isabato.—Mat. 12:5, 6.
b Ntituzi nimba hari umukirisu w’Umuyuda yoba yarashitse kure gushika n’aho ashigikira indinganizo zijanye n’Umusi w’impongano inyuma ya Pentekoti yo mu 33 G.C. Kugira ico kintu vyokwerekanye vy’ukuri yuko adaha agaciro inkuka ya Yezu. Ariko rero, abakirisu bamwebamwe b’Abayuda barabandanije gukurikiza iyindi migenzo ijanye n’Itegeko.—Gal. 4:9-11.
Ibibazo vyo kuzirikana
• Ni igiki catumye Imana ishiraho umusi ugira indwi w’akaruhuko kayo?
• Tumenya gute yuko umusi ugira indwi ukibandanya muri iki gihe?
• Ni igiki catumye Abisirayeli bo mu gihe ca Musa n’abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere batinjira mu karuhuko k’Imana?
• Dushobora gute kwinjira mu karuhuko k’Imana muri iki gihe?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 27]
Turashobora kwinjira mu karuhuko ka Yehova muri iki gihe mu kumugamburukira no mu gukora duhuza n’umugambi wiwe uriko uratera imbere nk’uko awuduhishurira abicishije kw’ishirahamwe ryiwe
[Amafoto ku rup. 26, 27]
Abasavyi b’Imana bategerezwa kubandanya bakora iki kugira ngo binjire mu karuhuko kayo?