Naratinya urupfu, mugabo ubu niteze ‘ubuzima bw’umurengera’
Nk’uko vyavuzwe na Piero Gatti
NARUMVISE urwamo rukeyi rwagenda rurarushiriza kwongerekana. Rwaciye rukurikirwa n’ukwasana kw’ingunga zariko ziragabisha abantu ngo binyegeze. Naciye numva amabombe aturagurika n’ibintu bibomagurika be n’urwamo rumena amatwi ruteye ubwoba.
Aho hari i Milan mu Butaliyano mu 1943-1944. Kubera ko nari umusoda akiri muto yari yararungitswe gukorera ng’aho, akenshi barantegeka kwegeranya ibihimba vy’abantu vyaba vyizitse ahantu bikinga ibitero vy’indege haba habomaguwe n’amabombe. Abo bantu baba baguye aho hantu bahitanywe n’amabombe, ibihimba vyabo vy’umubiri vyacikaguritse ku buryo umuntu adashobora kubamenya. Vyongeye, urupfu rw’abandi bantu si rwo gusa nibonera. Vyarashika na jewe nkava mu menyo y’urupfu. Muri ivyo bihe narasenga Imana, nkayisezeranira yuko ndamutse ncitse kw’icumu, nokoze ivyo igomba.
Ingene ivyo gutinya urupfu vyaheze
Nakuriye mu kigwati cari nko ku bilometero 10 uvuye i Côme mu Butaliyano, hafi y’urubibe ico gihugu gihana n’Ubusuwisi. Nkiri umwana, narashikiwe n’ibintu vyanteye intuntu kandi vyatumye ntinya urupfu. Ka kamangu kitiriwe aka Esupanye karahitanye bashikanje babiri. Mu nyuma mu 1930, igihe nari mfise imyaka itandatu gusa, mawe Luigia yarapfuye. Kubera ko nakuriye muri gatolika, narakurikiza amategeko y’iryo dini nkongera nkaja mu misa buri ndwi. Mugabo ubwoba nari mfise ntibwaheze ndi mu rusengero ahubwo bwaheze ndi mu nzu ya kimyozi, hakaba hari haciye imyaka itari mike.
Mu 1944, Intambara ya kabiri y’isi yose yariko iratikiza inganda. Nari mu basoda b’Abataliyano ibihumbi mirongo bari barahungiye iyo ntambara mu gihugu c’Ubusuwisi kitari gifise aho cegamiye muri ayo matati. Igihe twashika, twajanywe mu makambi y’impunzi nk’angahe. Najanywe mw’ikambi ry’impunzi ryari hafi y’i Steinach, mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu. Ng’aho twarahawe umwidegemvyo ku rugero runaka. Kimyozi w’i Steinach yari akeneye umuntu yomufasha igihe gito aho yakorera. Twamaze ukwezi kumwe gusa tubana twongera dukorana, mugabo ico kiringo cari gihagije kugira ngo menye ibintu vyahinduye ubuzima bwanje.
Umwe mu bantu bakunda kuza kwimosha ng’aho yari Adolfo Tellini, akaba yari Umutaliyano yaba mu Busuwisi. Yari Icabona ca Yehova. Sinari bwigere numva ibijanye n’uwo mugwi, ivyo bikaba bitari bitangaje na gato na rirya ico gihe hariho Ivyabona batarenga 150 mu Butaliyano bwose. Adolfo yarambwiye ivyerekeye ukuri kwo muri Bibiliya kwiza igitangaza, umuhango w’uko tuzoronka amahoro n’‘ubuzima bw’umurengera.’ (Yoh. 10:10; Ivyah. 21:3, 4) Nararyohewe cane n’ubutumwa bwerekeye kazoza, aho ata ntambara n’urupfu bizoba bikihari. Igihe nasubira muri ya kambi y’impunzi, narabwiye ico cizigiro uwundi musore w’Umutaliyano yitwa Giuseppe Tubini, kandi na we nyene yarakozwe ku mutima. Adolfo be n’ibindi Vyabona baguma baza kuturaba muri iryo kambi.
Adolfo yaranjanye i Arbon, nko ku bilometero 10 uvuye i Steinach, aho umugwi mutoyi w’Ivyabona wagirira amakoraniro mu gitaliyano. Narashimishijwe rwose n’ivyo numvise ku buryo mu ndwi yakurikiye nagiyeyo n’amaguru. Mu nyuma, naritavye iteraniro ry’Ivyabona ryabereye ku ngoro y’amateraniro y’i Zurich. Narababajwe canecane n’amafoto batweretse y’ivyabereye mu makambi yo gutikirizamwo abantu, yerekana ibirundo vy’imivyimba. Naramenye yuko Ivyabona b’Abadagi benshi bari barishwe rumaratiri bahorwa ukwizera kwabo. Kuri iryo teraniro, narabonanye na Maria Pizzato. Abategetsi b’Abafashisiti bo mu Butaliyano bari baramuciriye umunyororo w’imyaka 11 bamuhora ko ari Icabona.
Intambara irangiye, narasubiye mu Butaliyano maze ndifatanya n’ishengero ritoyi ry’i Côme. Sinari narigishijwe Bibiliya mu buryo buri ku rutonde, mugabo naratahura neza ukuri kw’ishimikiro. Maria Pizzato na we nyene yari muri iryo shengero. Yarambwiye ivy’uko umuntu abwirizwa kuronka ibatisimu ya gikirisu maze aransaba ko noja kuraba uwitwa Marcello Martinelli yaba i Castione Andevenno mu ntara ya Sondrio. Marcello yari umuvukanyi w’umwizigirwa yarobanuwe yari yaraciriwe umunyororo w’imyaka 11 n’iyo ntwaro y’igikenye. Nabwirijwe kugenda ibilometero 80 ndi kw’ikinga kugira ngo nshike iyo ari.
Marcello yarakoresheje Bibiliya mu kunsigurira ibisabwa kugira ngo umuntu abatizwe, hanyuma turasenga maze tuja ku ruzi Adda, aho nabatirijwe. Hari muri Nyakanga 1946. Wari umusi udasanzwe! Naranezerejwe cane n’uko nari nafashe ingingo yo gukorera Yehova be n’uko ico gihe nari mfise icizigiro gikomeye cerekeye kazoza ku buryo igihe bwahwibira vyangoye gutegera ko uwo musi nari nagize urugendo rw’ibilometero 160 kw’ikinga!
Muri Rusama 1947 harabaye iteraniro rya mbere ryagizwe inyuma y’iyo ntambara mu Butaliyano, rikaba ryabereye i Milan. Ryitabwe n’abantu nka 700, harimwo n’abantu benshi bari barabayeho mu gihe c’uruhamo rw’Abafashisiti. Ariko rero, hari ikintu kidasanzwe cabaye kuri iryo teraniro. Giuseppe Tubini, umwe nabwira inkuru nziza mw’ikambi y’impunzi, yarashikirije insiguro y’ibatisimu, ayirangije na we nyene arabatizwa!
Kuri iryo teraniro naratewe agateka ko kubonana n’umuvukanyi Nathan Knorr wo kuri Beteli y’i Brooklyn. Yaraturemesheje twe na Giuseppe gukoresha ubuzima bwacu mu gukorera Imana. Naciye mfata ingingo y’uko notanguye umurimo w’igihe cose mu kwezi kumwe. Nshitse i muhira, narabwiye abo mu muryango wanje iyo ngingo nari nafashe, maze bose bagerageza kunjijura ngo nisubireko. Yamara, nari namaze kugira umwiyemezo. Ni co gituma haciye ukwezi naciye ntangura gukorera kuri Beteli y’i Milan. Hakorera abamisiyonari bane, ari bo Giuseppe (Joseph) Romano n’umufasha wiwe Angelina; Carlo Benanti n’umufasha wiwe Costanza. Uwugira gatanu muri uwo muryango yari Giuseppe Tubini, uwari aherutse kwifatanya na bo, nanje nkaba nagira gatandatu.
Maze ukwezi kumwe kuri Beteli, naragenywe ngo mbe umucungezi w’umuzunguruko, akaba ari je nari mbaye umucungezi wa mbere w’Umutaliyano muri ico gihugu. Umuvukanyi George Fredianelli, akaba ari we mumisiyonari wa mbere yaje mu Butaliyano avuye muri Leta Zunze Ubumwe mu 1946, yari asanzwe akora igikorwa co kugendera amashengero. Yaramenyereje mu kiringo c’amayinga makeyi, mu nyuma nca nja gukora ico gikorwa ndi jenyene. Ndibuka canecane ishengero natanguye kugendera, rikaba ryari ishengero rya Faenza. Iyumvire iki kintu! Gushika ico gihe sinari bwigere mbere nshikiriza insiguro mw’ishengero! Naho vyari ukwo, nararemesheje abari bitavye amakoraniro, harimwo n’abakiri bato benshi, kuzirikana ibijanye no kuja mu busuku bw’igihe cose. Mu nyuma, bamwebamwe muri abo bakiri bato barashinzwe amabanga ahambaye mu karere k’Ubutaliyano.
Nari natanguye ubuzima buteye umunezero bwo kuba umucungezi w’ingenzi. Bwari ubuzima bwabamwo ibintu ntaba niteze, bwasaba ko ngira ivyo mpinduye, bukabamwo ingorane be n’ibintu biteye umunezero. Vyongeye, nararonse akaryo ko kugaragarizwa urukundo rukomeye n’abavukanyi be na bashiki bacu nikundira.
Uko ivy’idini vyari vyifashe mu Butaliyano inyuma y’intambara
Reka ndabiganire ukuntu ivy’idini vyari vyifashe mu Butaliyano ico gihe. Ekeleziya Gatolika yari ntayegayezwa. Naho ibwirizwa shingiro rishasha ryagiye mu ngiro mu 1948, mu 1956 ni ho amategeko y’Abafashisiti yabuza Ivyabona kwamamaza ata kibatangira yahagarikwa. Kubera umukazo wava ku bakuru b’amadini, akenshi amateraniro y’umuzunguruko yaraburabuzwa. Mugabo vyarashika utwigoro tw’abo bakuru b’amadini tukaba impfagusa, ivyo bikaba ari vyo vyashitse mu 1948 i Sulmona, agasagara gatoyi ko mu Butaliyano hagati.
Iryo teraniro ryariko rirabera mu nyubakwa y’ibikino. Ku w’iyinga mu gitondo, nari umuhagarikizi, Giuseppe Romano na we akaba yariko arashikiriza insiguro y’icese. Muri iyo misi amateraniro yitabwa n’abantu benshi cane. Ico gihe, akaba ata n’abamamaji 500 bariho mu gihugu cose, abantu 2.000 barakubise baruzura iyo nyubakwa. Iyo nsiguro irangiye, umusore umwe, uno akaba yari yohejwe n’abapatiri babiri bari mu bumviriza, yaciye asimbira kw’ikiniro. Kubera ko yari afise intumbero yo guteza umuvurungano, yaciye atangura kuvuza urwamo n’ijwi ryiwe ryose. Naciye ndamubwira nti: “Nimba hari ico ushaka kuvuga, nukote ingoro uheze uvuge ivyo ushaka vyose.” Abari ng’aho ntibashimishijwe n’ivyo yariko aragira maze bamurusha urwamo mu kuvuga amajambo yerekana ko bitabashimishije. Nya musore yaciye ava kw’ikiniro maze arakamangana.
Muri iyo misi, gufata ingendo cari ikintu kitoroshe na gato. Rimwe na rimwe naragenda n’amaguru mva kw’ishengero rimwe nja ku rikurikira, nkagenda n’ikinga ryanje, nkagendera mu mabisi ashaje yaba yuzuyemwo abantu, canke ngafata igariyamoshi. Vyarashika nkarara mu nzu y’amafarasi canke mu kazu k’ibikoresho. Intambara ni ho yari ikirangira, kandi Abataliyano benshi bari bakenye. Hariyo abavukanyi bakeyi, kandi ntibari bishoboye. Naho vyari ukwo, kubaho umuntu akorera Yehova vyari biteye umunezero.
Menyerezwa i Gileyadi
Mu 1950, twe na Giuseppe Tubini twaratumiwe kwitaba umugwi ugira 16 w’ishure ry’abamisiyonari ry’i Gileyadi. Kuva mu ntango, narabona ko kwiga Icongereza bitonyoroheye. Narakoze uko nshoboye kwose, mugabo ntihari aho gutuma umwana. Twabwirizwa gusoma Bibiliya yose mu congereza. Kugira ngo ndabishikeko, rimwe na rimwe narareka kuja gufungura sasita kugira ngo nimenyereze gusoma n’ijwi ryumvikana. Amaherezo, narashikiriwe gushikiriza ikiganiro. Ndacibuka neza ivyo uwatwigisha yambwiye ati: “Ibimenyetso vyawe be n’ubushwashwanutsi bwawe ni vyiza cane, mugabo icongereza cawe nticumvikana na gato!” Naho vyari ukwo, narashoboye kurangiza ivyo vyigwa neza. Inyuma y’aho, twe na Giuseppe twarongeye gushingwa gukorera mu Butaliyano. Kubera yuko twempi twari twaronse ukumenyerezwa kwiyongereye, twari dufise ibikenewe vyose kugira ngo dusukurire abavukanyi bacu.
Mu 1955, narubakanye na Lidia, hakaba hari haciye imyaka indwi abatijwe, ico gihe akaba ari jewe nashikirije insiguro y’ibatisimu. Se wiwe Domenico yari umuvukanyi akundwa cane yari yarashoboye gufasha abana biwe bose uko bari indwi kumenya ukuri, naho yahamwa n’intwaro y’Abafashisiti kandi akaba yaraciriwe igihano co kumara imyaka itatu yangajwe. Lidia na we nyene yari umuntu arwanira ukuri bimwe biboneka. Yaraburanye incuro zitatu imbere y’uko amaherezo amategeko aturekurira kwamamaza inzu ku nzu. Haciye imyaka itandatu twubakanye, umuhungu wacu w’imfura Beniamino yaravutse. Mu 1972 twaravyaye uwundi muhungu yitwa Marco. Ndahimbawe kubona bompi basukurira Yehova n’umwete bari kumwe n’imiryango yabo.
Nguma nkora cane mu murimo wa Yehova
Mu kiringo giteye umunezero maze nsukurira abandi, nariboneye ibintu vyinshi vy’intibagirwa. Nk’akarorero, mu ntango z’imyaka ya 1980, databukwe yarandikiye Sandro Pertini, uno akaba yari umukuru w’igihugu c’Ubutaliyano ico gihe. Mu gihe c’intwaro y’igikenye y’Abafashisiti, bompi bari barangarijwe mw’izinga rya Ventotene, aho ababonwa ko ari abansi b’iyo ntwaro bagumizwa. Databukwe yarasavye kubonana n’uwo mukuru w’igihugu afise intumbero yo kumubwira inkuru nziza. Igihe yemererwa kubonana na we, naramuherekeje, kandi twarakiriwe neza, ico kikaba cari ikintu tutari tumenyereye na gato. Uwo mukuru w’igihugu yararamukije databukwe n’igishika cinshi mu kumugwa mu nda. Twaciye tumuyagira ibijanye n’ukwizera kwacu twongera turamuha ibisohokayandikiro bimwebimwe.
Mu 1991, hakaba hari haciye imyaka 44 ndi umucungezi w’ingenzi, naravuye mu gikorwa co kugendera amashengero, nkaba nari naragendeye amashengero yo mu Butaliyano hose. Mu myaka ine yakurikiye, narabaye umucungezi w’Ingoro y’amateraniro gushika bibaye ngombwa ko ngabanya ibikorwa nakora biturutse ku ndwara ikomeye. Ariko rero, ndabikesheje ubuntu ntabereye bwa Yehova, ndacari mu murimo w’igihe cose. Ndagerageza gukora uko nshoboye kose mu kwamamaza inkuru nziza no mu kwigisha ibijanye na yo, ubu nkaba nigana Bibiliya n’abantu bamwebamwe. Abavukanyi baracavuga yuko iyo ndiko ndashikiriza insiguro, ndabigirana ubushwashwanutsi bukomeye. Ndakengurukira Yehova kubona ukwiterera mu myaka bitatumye inkomezi zanje zigabanuka.
Igihe nari nkiri muto, naratinya cane urupfu, mugabo kuronka ubumenyi butagira amakosa bwo muri Bibiliya vyaratumye ngira icizigiro ntakekeranywa co kuronka ubuzima budahera, egome ubuzima bw’“umurengera,” nk’uko Yezu yabwise. (Yoh. 10:10) Ivyo ni vyo ndindiranye igishika ubu, ni ukuvuga kubaho mu mahoro, mu mutekano no mu gahimbare, mfise imihezagiro umukimba iva kuri Yehova. Ese iteka ryose ryohabwa Umuremyi wacu munyarukundo, uwo twatewe agateka ko kwitirirwa izina ryiwe.—Zab. 83:18.
[Ikarata ku rup. 22, 23]
(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)
UBUSUWISI
BERN
Zurich
Arbon
Steinach
UBUTALIYANO
ROMA
Côme
Milan
Uruzi Adda
Castione Andevenno
Faenza
Sulmona
Ventotene
[Ifoto ku rup. 23]
Umukenyezi wanje nikundira aramaze imyaka 55 ari iruhande yanje
[Ifoto ku rup. 22]
Aha twari tugiye i Gileyadi
[Ifoto ku rup. 22]
Aha nari kumwe na Giuseppe i Gileyadi
[Ifoto ku rup. 23]
Ku musi wacu w’ubugeni