Niwige Ijambo ry’Imana
Kubera iki dukwiye gukoresha izina ry’Imana?
Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.
1. Kubera iki Imana yihaye izina?
Nta gukeka ko ushima yuko baguhamagara mw’izina ryawe bwite aho kuguhamagara mw’izina ry’icubahiro, nka “mugabo,” “mushingantahe,” “mupfasoni,” canke “mugore.” Izina rirafasha kugutandukanya n’abandi. Imana irafise amazina y’icubahiro nka “Umukama Segaba,” “Imana Mushoboravyose,” na ‘Umuremyi Ahambaye.’ (Itanguriro 15:2; 17:1; Umusiguzi 12:1) Mugabo kandi yarihaye izina ridufasha kwunga ubucuti na yo. Mu kirundi, izina ry’uruharo ry’Imana ni Yehova.—Soma Yesaya 42:8.
Naho abahinduzi ba Bibiliya benshi basubirije izina ry’Imana n’amazina nka “Imana” na “Umukama,” izina ry’Imana riboneka hafi incuro 7.000 mu bisomwa vyandikishijwe iminwe vya Bibiliya vya kera vyo mu giheburayo. Uca ubona ko Imana ishaka ko abantu bamenya izina ryayo.—Soma Yesaya 12:4.
2. Kubera iki kumenya izina ry’Imana bihambaye cane?
Kumenya izina ry’Imana birimwo n’ibindi turetse kumenya uko rivugwa. Kumenya Imana mw’izina bisobanura kugiranira ubucuti somambike na yo. Izina Yehova risobanura “atuma biba.” Ivyo biradukura amazinda ko Imana icika igikenewe cose kugira ishitse umugambi wayo. Kumenya rero izina ry’Imana bisobanura kwizigira ko izoshitsa ivyo yasezeranye. (Zaburi 9:10) Ukwizera kw’abantu bazi izina ry’Imana kandi bakarikoresha kuratuma bayizigira kandi bakayishira mu kibanza ca mbere mu buzima bwabo. Abantu nk’abo Yehova Imana arabakingira.—Soma Zaburi 91:14.
3. Kubera iki Imana ishaka ko abantu bamenya izina ryayo?
Imana ishaka ko abantu bamenya izina ryayo kubera ko bibagirira akamaro. Bituma baba abagenzi bayo bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera. Nta gukeka ko Yehova ashaka ko izina ryiwe rimenyekana!—Soma Yohani 17:3; Abaroma 10:13, 14.
Yezu yaramenyekanishije izina ry’Imana mu kwigisha abantu inzira zayo, amategeko yayo n’ivyo yasezeranye. Muri iki gihe abayoboke ba Yezu barabandanya igikorwa co kumenyekanisha izina ry’Imana mu mahanga yose. Ivyo babigira ari ‘igisata cunze ubumwe ku bw’izina ryayo.’—Soma Ivyakozwe 15:14; Yohani 17:26.
4. Imana izoninahaza gute izina ryayo?
Yehova Imana ashaka kuninahaza izina ryiwe kubera ko ryasizwe iceyi. Nk’akarorero, hari abavuga ko atari we yaremye ubuzima be n’uko tudakwiye kumugamburukira. Abandi na bo bavuga ko atatubabaye be n’uko ari we aduteza imibabaro. Abantu nk’abo barasiga iceyi izina ry’Imana. Ariko ivyo ntibazoguma babigira ibihe bidahera. Imana izohagurukira abasiga iceyi izina ryayo.—Soma Zaburi 83:17, 18.
Yehova azoninahaza izina ryiwe Ubwami bwiwe nibwakuraho ubutegetsi bwose bw’abantu maze bukagarukanira umuryango w’abantu amahoro n’umutekano. (Daniyeli 2:44) Vuba abantu bose bazobwirizwa kumenya ko Yehova ari we Mana y’ukuri.—Soma Ezekiyeli 36:23; Matayo 6:9.
Ni igiki none ukwiye gukora? Niwiyegereze Imana mu kwiga Ijambo ryayo no mu kwifatanya n’abantu bayikunda. Yehova niyaninahaza izina ryiwe, azokwibuka abasavyi biwe b’intahemuka.—Malaki 3:16.
Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 1 c’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 16]
Izina ry’Imana mu candikano ca kera candikishijwe iminwe c’igiheburayo