Inkuru y’ubuzima
Tumaze imyaka 60 dufitaniye ubugenzi kandi ni nk’aho bugitangura
Umusi umwe ku mugoroba mu ci ryo mu 1951, abasore bane, bose bakaba bari bafise imyaka irenga gato 20, barahagaze mu kibanza kirimwo amatelefone akoreshwa n’abantu bose i Ithaca i New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, maze baterefona kure cane i Michigan, i Iowa n’i Kaliforoniya, akamwemwe kariko karabasya. Bari bafise agakuru keza bipfuza kubwira abandi!
MU KWEZI kwa Ruhuhuma kwaheruka, abatsimvyi 122 bari baragiye i South Lansing muri New York kugira bitabe rya Shure rya Gileyadi mu mugwi ugira 17. Muri abo bohavuye baba abamisiyonari harimwo Lowell Turner, William (Bill) Kasten, Richard Kelsey na Ramon Templeton. Lowell na Bill b’i Michigan, Richard w’i Iowa, na Ramon w’i Kaliforoniya ntibatevye kuba abagenzi somambike.
Haciye amezi nk’atanu, abanyeshure bose baranezerewe cane igihe bamenyeshwa yuko umuvukanyi Nathan Knorr wo ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova yagira aze kugira ico ababwiye. Abo bavukanyi bane bari baraseruye ko bipfuza gukorera mu gihugu kimwe, nimba vyari gushoboka. None ico gihe boba bagira bamenye vyinshi ku bijanye n’ibihugu barungitswe gukoreramwo ari abamisiyonari? Cane nyene!
Igihe umuvukanyi Knorr yatangura kumenyesha abo muri uwo mugwi bose ibihugu bari barungitswemwo, bararushirije kugira umushasharo. Aba mbere basabwe kuza ku mukiruruko bari ba basore bane bari bahagaritse umutima mugabo vyarabahumurije kuba bari bagiye bamenya ko bazogumana! Ariko none bari barungitswe hehe? Abanyeshure bagenzi babo barakomye amashi menshi batangaye igihe vyamenyeshwa yuko abo basore bari barungitswe mu Budagi.
Ivyabona vya Yehova bo mu mihingo yose bari barakozwe ku mutima n’inkuru ijanye n’ukuntu Ivyabona bo mu Budagi babaye abizigirwa kuva mu 1933 gushika mu gihe c’intwaro ya Hitler. Abanyeshure benshi baribuka ukuntu bahora batekera impuzu be n’ibindi bintu vyo gufasha abavukanyi babo bo mu Buraya inyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose. Abasavyi b’Imana bo mu Budagi barabaye intangakarorero mu bijanye n’ukwizera gukomeye, ugushikama, umutima rugabo n’ukwizigira Yehova. Lowell aribuka ko yiyumviriye ngo: ‘Ubu tuzomenyana vy’ukuri n’abo bene wacu na bashiki bacu bakundwa.’ Ntibitangaje kuba bose bari banezerewe cane ku buryo bipfuza guterefona abantu batandukanye kuri uwo mugoroba bababwira ako gakuru!
BAJA MU BUDAGI
Ku wa 27 Mukakaro 1951, ubwato bwitwa SS Homeland bwarahagurutse buvuye ku kivuko cabwo kiri ku ruzi East River muri New York, maze ba bagenzi bane barafata urugendo rwomaze imisi 11 baja mu Budagi. Umuvukanyi Albert Schroeder, umwe mu babigishije mw’Ishure rya Gileyadi, akaba yahavuye aba uwo mu bagize Inama Nyobozi, yari yarabigishije amungane amwamwe mu kidagi. Ico gihe, kubera ko bari bafatanije urugendo n’Abadagi batari bake, kumbure bari kwiga n’ibindi. Ariko biboneka yuko izo ngenzi zavuga indimi ntonto zitandukanye zikomoka ku kidagi. Ese ukuntu vyabavuruze ubwenge!
Ku wa kabiri mu gitondo, igenekerezo rya 7 Myandagaro, abo bavukanyi bamaze kwihanganira ukumererwa nabi guterwa n’urugendo rwo mu kiyaga, bahavuye bashika i Hamburg mu Budagi. Barabona hose ibisigarira vy’intambara hari haciye imyaka itandatu gusa irangiye. Barafashe igariyamoshi yagenda mw’ijoro baja i Wiesbaden aho ibiro vy’ishami vyari ico gihe, bakaba bari bababajwe n’ivyo babonye.
Hakiri kare mu gitondo co ku wa gatatu barahuye ari bwo bwa mbere n’Icabona mu Budagi, uno akaba yari afise izina ry’ikidagi! Hans yarabunguruje n’umuduga abakuye ku gituro c’amagariyamoshi abajana kuri Beteli, aho yabasigaranye na mushiki wacu ageze mu zabukuru ashikamye atazi icongereza. Ariko rero, biboneka ko yiyumviriye yuko yari gushobora gutsinda intambamyi zijanye n’ururimi mu kuvuga gusa n’ijwi rinini. Mugabo, naho yarushiriza kwongereza ijwi, we hamwe n’abo bavukanyi bane bararushirije guta umutwe. Amaherezo umuvukanyi Erich Frost, akaba yari umusuku w’ishami, yaraje maze arabaramutsa n’igishika mu congereza. Ibintu vyari bitanguye kugenda neza.
Amaja mu mpera z’ukwezi kwa Myandagaro, abo bavukanyi bane baritavye ari bwo bwa mbere ihwaniro ryo mu kidagi ryataziriwe ngo “Ugusenga gutyoroye” ryabereye i Francfort-sur-le Main. Kuba ryari ryitabwe n’abantu 47.432 kandi hakabatizwa abantu 2.373 vyaratumye abo bavukanyi barushiriza kugirira umwete igikorwa cabo c’ubumisiyonari no kugira icipfuzo co kwamamaza. Mugabo haciye imisi mikeyi, umuvukanyi Knorr yababwiye yuko babwirizwa kuguma kuri Beteli bagashingwa gukorera ngaho.
Kubera ko Ramon yari yarashize umutima wiwe ku gikorwa c’ubumisiyonari, yari yarigeze kwanka akaryo ko kuja kuri Beteli muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Yaba Richard canke Bill nta n’umwe yari yarigeze yiyumvira gukorera kuri Beteli. Mugabo umunezero bahavuye bironkera mu gikorwa cabo warabajijuye rwose yuko Yehova yama azi icotubera ciza kuruta. Ese ukuntu rero biranga ubukerebutsi umuntu yihetse ku buyobozi Yehova atanga aho kwiheka ku vyipfuzo vyiwe bwite! Uwahakuye ico cigwa azohimbarwa no gukorera Yehova aho ari ho hose arungitswe no mu gikorwa ico ari co cose ashinzwe.
“BIRABUJIJWE!”
Benshi mu bari bagize umuryango wa Beteli wo mu Budagi barahimbawe no kuba bari baronse Abanyamerika muri bo boshoboye kuvugana icongereza mu kucimenyereza. Mugabo umusi umwe mu cumba c’uburiro, ivyo vyizigiro vyaraheze bukwi na bukwi. Umuvukanyi Frost, abigiranye igishika nk’uko yari asanzwe abigira, yaratanguye kuvuga mu kidagi ikintu caboneka ko gihambaye cane. Benshi mu bari bagize uwo muryango bagumye bacereje, bacuritse imitwe. Naho abo bashasha batashoboye gutahura ivyariko biravugwa, baratanguye bukebuke kubona yuko cari ikintu kiberekeye. Igihe rero umuvukanyi Frost yavuga n’ijwi rinini ngo: “VERBOTEN!” (bisobanura ngo “Birabujijwe!”) akaguma abisubiramwo n’ijwi rinini kuruta kugira ngo ashimike, barumvise ubuyega. None ni igiki bari bakoze catuma uwo muvukanyi avuga cane gutyo?
Bahejeje gufungura, bose baciye bihutira kuja mu vyumba vyabo. Mu nyuma, hari umuvukanyi yasiguye ati: “Kugira ngo mudufashe, mutegerezwa kuba muzi ikidagi. Ni co gituma umuvukanyi Frost yavuze yuko “Birabujijwe” kuvugana namwe icongereza gushika mumenye ikidagi.”
Umuryango wa Beteli ntiwatevye kugamburuka. Uretse ko ivyo vyafashije abo bashasha kumenya ikidagi, vyaranabigishije yuko impanuro itanzwe n’umuvukanyi w’umunyarukundo akenshi itugirira akamaro, mbere n’igihe mu ntango yoba igoye gukurikiza. Iyo mpanuro umuvukanyi Frost yatanze yarerekanye ko yitwararika ineza y’ishirahamwe rya Yehova be n’uko akunda abavukanyi biwe.a Ntibitangaje kuba abo bavukanyi uko ari bane bahavuye bamukunda!
TUGIRE ICO TWIGIYE KU BAGENZI BACU
Turashobora kwigira ivyigwa ngirakamaro ku bagenzi batinya Imana, bino bikaba bituma turushiriza kuba abagenzi ba Yehova. Abo bavukanyi bane barigiye vyinshi kuri bene wacu na bashiki bacu b’abizigirwa b’Abadagi, bano bakaba bari benshi cane ku buryo tutobavuga mu mazina, ariko kandi umwe wese muri abo bane yarigiye kuri mugenziwe. Richard asigura ati: “Lowell yari azi ikidagi gikegike kandi caramworohera, mugabo twebwe abasigaye caratugora rwose. Kubera ko ari na we yadukurira, ni we twaciye tuza turitura mu vyerekeye ururimi no mu vyerekeye kutuyobora.” Ramon avuga ivyo yibuka ati: “Ese ukuntu nanezerewe cane igihe umuvukanyi umwe w’Umuswise yaduha akazu kiwe k’ibiti mu Buswise ngo tugashikiremwo igihe twagira akaruhuko kacu ka mbere tumaze umwaka umwe mu Budagi! Twomaze indwi zibiri turi twenyene tutariko turanigana n’ikidagi! Mugabo sinari nzi ico Lowell yokoze. Yavuze ashimitse yuko dusoma icanditswe c’umusi buri gitondo tukongera tukakiganirako mu kidagi! Icarushirije kumbabaza ni uko atigeze adutezurira. Ariko twarahigiye icigwa ngirakamaro: Nukurikize ubuyobozi uhabwa n’abantu bakwipfuriza ineza, mbere n’igihe vyoshika ntimuhuze. Ako gatima karatugiriye akamaro cane mu myaka n’iyindi kandi karatumye birushiriza kutworohera kuyoboka ubuyobozi bwa gitewokarasi.”
Abo bagenzi bane barize kandi guha agaciro ububangukirwe bw’umwumwe wese muri bo, nk’uko mu Bafilipi 2:3 habivuga hati: “Mwiyumvir[e] mwiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta.” Ni co gituma akenshi abo bandi batatu batera agateka Bill mu kumushinga ibikorwa babona ko ashoboye gukora neza kubarusha. Lowell avuga ivyo yibuka ati: “Igihe haba hashitse ibintu bitoroshe bikeneye gutorerwa umuti ruhasha, twitura Bill. Yari afise ubuhanga bwo gutorera umuti ibintu bitoroshe mu buryo twese twabona ko dukwiye kubigira mugabo hakaba hari ukuntu tutari dufise umutima rugabo canke ubushobozi bwo kubigira.”
INGO ZIHIMBAWE
Abo bavukanyi bane bagiye barafata umwumwe ingingo yo kwubaka izabo. Kubera ko ubugenzi bwabo bwari bushingiye ku kuba bose barakunda Yehova n’ubusuku bw’igihe cose, bari biyemeje kurondera abakenyezi biteguriye gushira Yehova mu kibanza ca mbere. Umurimo w’igihe cose wari warabigishije ko gutanga bivamwo impera kuruta guhabwa be n’uko ivyipfuzo vy’umuntu bikwiriye kuza inyuma y’ivyungura Ubwami. Ni co gituma bahisemwo bashiki bacu bari basanzwe bari mu murimo w’igihe cose bivuye ku kugomba kwabo. Ivyo vyatumye bagira ingo zine zikomeye kandi zirangwa agahimbare.
Kugira ngo ubugenzi canke umubano w’ababiranye bikomere vy’ukuri, Yehova ategerezwa kuba ari muri ubwo bucuti. (Umus. 4:12) Naho Bill na Ramon bahavuye bapfakara, bompi bari barironkeye umunezero uva ku kuba umuntu afise umugore w’umwizigirwa amushigikira. Lowell na Richard bobo barabandanya gushigikirwa muri ubwo buryo, Bill na we, uwasubiye kwubaka urwiwe, yahisemwo neza uwo bubakana kugira ngo ashobore kuguma mu murimo w’igihe cose.
Mu myaka yakurikiye, bagiye bararungikwa gukorera mu mihingo itandukanye, ahanini bakaba barungitswe mu Budagi, muri Ostraliya, muri Luxembourg, muri Kanada no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ico vyavuyemwo ni uko abo bagenzi uko ari bane bitabakundira kumarana umwanya nk’uko bavyipfuza. Mugabo naho bari kure na kure, bagumye bahanahana amakuru, bakanezeranwa mu mahirwe bakongera bakarirana mu bihe vy’intuntu. (Rom. 12:15) Abagenzi nk’abo ni abo guha agaciro kandi ntidukwiye kwigera tubafata minenegwe. Ni ingabirano z’agaciro ziva kuri Yehova. (Imig. 17:17) Ese ukuntu ari ikintu c’imbonekarimwe kuronka abagenzi nyakuri mw’isi ya kino gihe! Mugabo umukirisu w’ukuri wese arashobora kubaronka ku bwinshi. Twebwe Ivyabona vya Yehova turagiranira ubugenzi n’abo dusangiye ukwemera bo hirya no hino kw’isi, n’ikiruta vyose tukabugiranira na Yehova Imana hamwe na Yezu Kristu.
Nk’uko bidushikira twese, abo bagenzi bane barashikiwe n’ingorane zimwezimwe mu buzima bwabo, kwaba ukugira intuntu itewe n’ugupfakara, imikazo ijanye no kunyinyana n’indwara ikomeye, ukurazwa ishinga no kwitwararika abavyeyi bageze mu zabukuru, ingorane zijanye no kurera umwana bari mu murimo w’igihe cose, amaganya azanwa no kwemera gushingwa ibindi bikorwa vya gitewokarasi, ubu na ho bakaba barushiriza kugira ingorane zijanye n’ukuba bitereye mu myaka. Mugabo kandi barazi bafatiye ku vyo biboneye yuko abagenzi, baba aba hafi canke aba kure, bafasha abakunda Yehova kuvyifatamwo neza mu ngorane iyo ari yo yose.
UBUGENZI BW’IBIHE BIDAHERA
Ese ukuntu vyari vyiza kuba Lowell, Ramon, Bill na Richard bariyeguriye Yehova bafise imyaka 18, 12, 11 na 10 no kuba bose baratanguye umurimo w’igihe cose igihe bari bafise imyaka iri hagati ya 17 na 21. Bakoze nk’uko mu Musiguzi 12:1 habaremesheje kubigira hati: “Niwibuke rero Umuremyi wawe Ahambaye mu misi y’ubusore bwawe.”
Nimba uri umuvukanyi akiri muto, niwemere nimba bishoboka akamo Yehova agutera ko kuja mu murimo w’igihe cose. Mu nyuma, bivuye ku buntu bwiwe ata wari abukwiriye, nk’uko vyagendeye abo bagenzi bane, woshobora kwironkera umunezero wo kuba umucungezi w’umuzunguruko, uw’intara canke uwa zone; wo gukorera kuri Beteli, harimwo no kuba mu bagize Komite y’ishami; wo kwigisha mw’Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami no mw’Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi be n’uwo gushikiriza insiguro ku mahwaniro maninimanini na matomato. Ese ukuntu abo bagenzi bane bahimbawe no kumenya yuko abantu ibihumbi mirongo bungukiye ku gikorwa cabo! Ivyo vyose vyashobotse kubera gusa yuko igihe bari imisore bitabiriye akamo karangwa urukundo Yehova yabateye ko kumukorera n’umutima wabo wose.—Kol. 3:23.
Muri iki gihe, Lowell, Richard na Ramon barasubiye gukorera hamwe ku biro vy’ishami, ubu bakaba bari i Selters mu Budagi. Ikibabaje ni uko Bill yapfuye mu 2010 igihe yari umutsimvyi adasanzwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ubwo bugenzi budasanzwe bw’abantu bane bwari bumaze imyaka nka 60 bwarahungabanijwe n’urupfu! Mugabo Imana yacu Yehova ntiyigera yibagira abagenzi bayo. Turashobora kwemera tudakeka yuko mu gihe c’ubutegetsi bw’Ubwami bwayo, ubugenzi bwose bwari hagati y’abakirisu bwahungabanijwe n’urupfu mu gihe gito, buzosubizwaho.
Imbere gato y’uko Bill apfa, yanditse ati: “Mu myaka 60 yose tumaze turi abagenzi, nta gihe na kimwe kibabaje nibuka. Ubucuti dufitaniye bwamye ari ikintu kidasanzwe kuri jewe.” Abo bagenzi biwe batatu, bizigiye badakeka yuko ubugenzi bwabo buzobandanya mw’isi nshasha, baca bongerako bati: “Kandi ni nk’aho ari ho bugitangura.”
a Inkuru y’ubuzima ikora ku mutima y’umuvukanyi Frost yasohowe mu Munara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 15 Ndamukiza 1961, urupapuro rwa 244-249.
Umunezero bironkeye mu gikorwa cabo warabajijuye rwose yuko Yehova yama azi icotubera ciza kuruta
“Mu myaka 60 yose tumaze turi abagenzi, nta gihe na kimwe kibabaje nibuka”