ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp19 no. 1 rup. 3
  • Woba uzi Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba uzi Imana?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Ivyo bijanye
  • Woshobora gute kuba umugenzi w’Imana?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Woba uzi So wawe wo mw’ijuru?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Imana ni nde?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ukuri kwerekeye Imana ni ukuhe?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
wp19 no. 1 rup. 3
Umugabo ariko yihweza ahantu hateye igomwe

Woba Uzi Imana?

Abantu benshi bavuga ko bemera Imana. Ariko ubabajije ngo ‘Woba uzi Imana?’ baguha inyishu zitandukanye. Bamwe bavuga ko Imana ari umucamanza akaze, ashashaye guhana abakora ibibi. Abandi bavuga ko Imana iguma ibakunda kandi ikababarira, naho bokora iki. Abandi na bo bavuga ko Imana iri kure cane be n’uko itatwitwararika. Kubera ivyo vyiyumviro vyose bitandukanye, abantu benshi babona ko kumenya Imana bidashoboka.

Vyoba bihambaye? Cane nyene. Kumenya Imana birashobora gutuma ubuzima bwawe bugira intumbero. (Ivyakozwe 17:26-28) Uko urushiriza kwiyegereza Imana, ni ko na yo irushiriza kugukunda no kugufasha. (Yakobo 4:8) N’igihambaye kuruta, kumenya neza Imana bizotuma uronka ubuzima budahera.​—Yohani 17:3.

Womenya gute Imana? Fata nk’akarorero umuntu uzi neza, akaba n’umugenzi wawe ashika. None ubugenzi bwanyu bwatanguye gute? Ushobora kuba waramumenye izina, uramenya uko ameze, ivyo akunda n’ivyo yanka, ivyo yakoze be n’imigambi yiwe, n’ibindi. Mwabaye abagenzi rero kubera wabanje kumumenya.

Muri ubwo buryo nyene, turashobora kumenya Imana mu kurondera inyishu z’ibi bibazo:

  • IMANA YITWA NDE?

  • IMANA IMEZE GUTE?

  • NI IBIKI IMANA YAKOZE?

  • NI IBIKI IMANA IZOKORA?

  • KUMENYA IMANA VYOKUMARIRA IKI?

Iki kinyamakuru kiraza kugufasha kuronka inyishu z’ivyo bibazo zishingiye kuri Bibiliya. Ibiganiro birimwo ntibigufasha gusa kumenya Imana, ariko kandi biragufasha kumenya ivyiza uzoronka niwaba umugenzi wayo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika