Woba Ushobora Kwitanga?
1 Hari ikintu kidasanzwe cashitse mu mwaka wa 778 B.G.C. Mw’iyerekwa, umumenyeshakazoza Yesaya yabonye “[“Yehova,” NW] avyagiye ku ntebe y’ubgami ndende, ashizwe hejuru.” Yesaya yaciye yumva abaserafi berekeza ivyiyumviro ku buninahazwa bwa Yehova bati: “Uwera, Uwera, Uwera ni we [“Yehova,” NW] Nyen’ingabo.” Ese ingene vyari biteye akoba! Muri ico cicaro, Yehova abaza ikibazo kigoye ati: “Ndatuma nde, ni nde yotugīra?” Nta nsobanuro yatanzwe ku kuntu ico gikorwa cari kimeze canke nimba hari ico cokwungukiye umuntu agikora avyishakiye. Yamara ata kugonanwa,Yesaya arishura ati: “Ndi hano, ba ari jewe utuma.”—Yes. 6:1, 3, 8.
2 Ako gatima ko kugira umutima ukunze wo gukora ikintu ico ari co cose Yehova asavye, ni ko karanga abasavyi biwe. (Zab. 110:3) Ubu na ho akamo kadasanzwe kariko karaterwa abo bashobora kwitanga. Woba witeguye kwishura n’umutima ukunze, nka kumwe kwa Yesaya?
3 Harabandanya gukenerwa abavukanyi bo gukora kuri Beteli. Ivyo bisaba ko bagira icipfuzo gikomeye co gushira inyungu z’Ubwami imbere no kuba bafise umutima ukunze wo gukora ikintu ico ari co cose bosabwa kugira ngo bashigikire igikorwa c’ukwamamaza gikorerwa kw’isi yose. (Mat. 6:33) Kukaba nkako, gukora uri umwe mu bagize umuryango wa Beteli biratanga akaryo kiharije ko gukorera Yehova n’ubugingo bwawe bwose. Uti gute?
4 Igikorwa co Kuri Beteli: Iyumvire ibintu vyose birangurwa ubudahorereza mu biro vya Beteli bitandukanye vyo mu bihugu bikukira Afirika yo mu Buseruko. Abavukanyi n’abavukanyikazi bagize umuryango wa Beteli muri ivyo bibanza barafise agateka ko kugira uruhara cane mu gushigikira umugwi wa wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge hamwe n’Inama Nyobozi yawo, mu gukwiragiza Amabibiliya n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya kugira ngo bikoreshwe mu ndimiro no mu kwiyigisha. (Mat. 24:45) Nk’akarorero, muri uyu mwaka w’umurimo waraye uheze, amashengero yarashoboye kuronka ibitabu, udutabu, ibinyamakuru, hamwe n’amakaseti yo kwumviriza. Mu kwandika ivyo bisohokayandikiro, akigoro gakomeye karagirwa mu kugira ubushakashatsi no mu kurobanura ‘amajambo aryoshe be n’ivyandikwa birimwo amajambo atunganye y’ukuri.’ (Umus. 12:9, 10) Abakora kuri Beteli baranezererwa no gusahiriza mu kuronsa ivyo bisohokayandikiro abamamaji kugira ngo babikoreshe mu ndimiro bongere bavyiyigishirizemwo. Hariho abahinduzi muri ivyo biro bafasha guhindura ivyo vyandikano mu ndimi zitari nke. Haragirwa vyinshi mu kurongora igikorwa kirangurirwa mu bihugu nka bingahe bikukira Afirika yo mu Buseruko. Abandi bakozi bavyishakiye barakenewe kugira ngo bakore mu bijanye n’Uguhanahana Amakuru n’Ibitaro, mu Biro Bijejwe Ukwubaka Ingoro z’Ubwami, mw’isuku, mu vy’ukubungabunga ibikoresho n’inyubakwa, mu gutegura ibifungurwa, mu vyo kuja kugura ibintu, mu vy’ukuvura, eka no mu bindi vyinshi bikorerwa kuri Beteli.
5 Kurangura ivyo vyose usanga ari igikorwa amahanga yamara kimara akanyota mu buryo bw’impwemu. Kumenya yuko ubushobozi bwacu bwose n’inguvu zacu zose turiko turabikoresha kugira ngo dushigikire igikorwa co kwamamaza no kwigisha bituma tugira umunezero mwinshi. Igikorwa co kuri Beteli kiradufasha kumenya ishirahamwe rya Yehova no mu bintu birushirije kuba bitobito. Tuributswa yuko umwanditsi wa Zaburi yaremesheje Abisirayeli ngo barondere kurushiriza kumenya neza ihuriro ryo kw’isi ry’ubutegetsi bwa gitewokarasi mu gihe cabo.—Zab. 48:12, 13.
6 Ibisabwa ku bw’Igikorwa ca Beteli: Birahambaye ko abasaba gukora kuri Beteli baba abafise umutima wo gukora bagatama, ntibabe “[a]bakunda ibibahimbara.” (2 Tim. 3:4; 1 Kor. 13:11) Abagize umuryango wa Beteli bakwiye kuba abagabo n’abagore bakomeye mu vy’impwemu, baba baratsimbataje utumenyero twiza tw’ukwiyigisha kandi bakamenyereza ububasha bwo gutegera kugira ngo “[ba]tandukany[e] ikibi n’iciza.” (Heb. 5:14) Ukuba ari Abakirisu bahumuye bikwiye kuba vyaramaze kugaragara mu mice yose y’ubuzima, dushizemwo inyambaro zabo, uburyo bitunganya, hamwe n’ukuntu batora umuziki n’ivy’ukwinezereza. Umutima ukunze w’abagize umuryango wa Beteli utuma bakora ahantu hose vyoba bikenewe. Abakiri bato kenshi bahabwa ibikebere birimwo ibikorwa vy’amaboko, tutibagiye ibijanye n’ugucapura, ugutegura no kurungika ivyandikano, ukubungabunga ibikoresho n’inyubakwa, ivy’isuku, ukumesa hamwe n’ugutegura imfungurwa. (Imig. 20:29) Gutyo rero, mu buryo butandukanye n’akazi ko mw’isi, igikorwa cose kihakorerwa kiratera akanyamuneza kenshi kubera ko ari umurimo mweranda uninahaza Yehova.—Kol. 3:23.
7 Ikiringo gitoyi kibaho abatumiwe gukora kuri Beteli bamara ni umwaka umwe. Ivyo bituma bashobora kumenyerezwa kugira ngo bacike abakozi bimbuka. Biba vyitezwe ko bazoshobora kubona ko Beteli ari i muhira iwabo. Urukundo bafitiye Yehova ni rwo rutuma abagize umuryango wa Beteli bashira igikorwa c’ivy’Ubwami imbere y’inyungu zabo bwite, ari na vyo binezereza Yehova.—Mat. 16:24.
8 Ibikenewe Ubu: Bivanye n’ubwoko bw’ibikorwa bikorerwa kuri Beteli, ico dukeneye ubu ni ubwa mbere na mbere abavukanyi b’abirebange. Naho kitari mu bisabwa, abatsimvyi basanzwe ni bo tubanza kwakira, kubera ko baba basanzwe bari mu gikorwa c’igihe cose. Rimwe na rimwe birashoboka ko haboneka ibibanza vy’abavukanyikazi b’abirebange n’abubatse bafise imyaka y’amavuka iva kuri 19 gushika kuri 35, boba bafise ubuhanga kanaka bukenewe kuri Beteli. Vyongeye, abavukanyi n’abavukanyikazi bamwebamwe boba barenza gatoyi imyaka 35 y’amavuka, bakaba bafise ubuhanga mu kintu kinaka bushobora kuba bwokoreshwa kuri Beteli, bararemeshwa gusaba kuhakorera. Nk’akarorero, muri abo twovuga abaganga, abanyabigega, abacapa imigero y’inyubakwa, abahanga mu vy’ubwubatsi, abaforoma bemewe n’amategeko, abakora imiduga, canke abahanga mu vy’ugukora ivyuma vya elegitoronike, n’ibindi vyinshi. Ariko rero, ntituremesheje abantu kurondera kwiga amashure ahanitse canke kugira amashure anonosoye mu kwiyumvira yuko ivyo bizotuma bashobora guhamagarwa kuri Beteli. Abasanzwe kumbure baragize ivyigwa binonosoye imbere yuko baza mu kuri, hari aho boshima kubisigura mu ncamake maze iyo nsiguro bayimatanye na ya fomu yo gusaba gukora kuri Beteli.
9 Nimba usavye hanyuma ntibaguhamagare gukora kuri Beteli, ntiwihebure. Wokwiyumvira kwuzuza bushasha iyindi fomu y’ugusaba rimwe mu mwaka. Abavukanyi bamwebamwe bamenyerejwe bidasanzwe kandi bafise ubuhanga bwoba bukenewe kuri Beteli, baritanze gukora bavyishakiye mu kiringo gitoyi. Boshobora gusaba gukora igihe gitoyi kuri Beteli, nk’indwi imwe, zibiri, zitatu, canke zine canke gushika ku mezi atatu. Umunyamabanga w’ishengero arashobora gusaba ibiro ya fomu yo gusaba gukora igihe gito umuntu avyishakiye.
10 Gukorera Yehova mu kwifatanya cane n’abavukanyi b’Abakirisu ni agateka kadasanzwe ku bakora kuri Beteli. Inama Nyobozi irashima agatima ko kwibabaza k’abo bitanga gusukurira umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose mu vyo ukeneye.—Flp. 2:20-22; 2 Tim. 4:11.
11 Yemwe Bakiri Bato—Nimwitegurire Ubu Igikorwa co Kuri Beteli: Kwitegurira igikorwa co kuri Beteli bitangura imbere cane y’igihe c’uko umuntu ashikira ya myaka 19 isabwa. Ni ibiki abakiri bato bashobora gukora kugira ngo bitegurire igikorwa co kuri Beteli? Yezu yavuze ati: “Ni nde muri mwebge agomba kwubaka umutara w’amatafari muremure, [at]obanza kwicara, akarimbura igitigiri c’amahera yowubaka, ngw amenye yukw afise ayowunonosora?” (Luka 14:28) Kubera ko kwitegura no gutegekanya ari ngirakamaro kugira ngo umuntu aroranirwe mu mugambi uwo ari wo wose wo kwubaka inzu, ese ingene bihambaye yuko urwaruka rwitwararika cane uburyo ruriko rurubaka ku bwa kazoza karwo mu gikorwa ca Yehova! Ishingiro rikomeye ritegerezwa gushingwa hakiri kare mu buzima kugira ngo bashikire imigambi yo mu buryo bw’impwemu. Bwa wukiri muto, uriko wishiriraho ishingiro ryiza gute? Nimba woshima gukora kuri Beteli, vyoba ngirakamaro urimbuye witonze ibi bikurikira.
12 ‘Emera’ Ako Gateka Kadasanzwe k’Igikorwa: Nk’uko vyavuzwe muri Matayo 19:12, Yezu yararemesheje abigishwa biwe ‘kwemera’ ivy’ubwirebange. Kubera iki? Si ku bw’imvo z’umuntu ubwiwe, ariko “kubg’Ubgami bgo mw ijuru.” Paulo yararemesheje nk’ukwo nyene mwene iyo ngendo y’ “[ugukorera Umukama] mudafise imitima ibiri.” (1 Kor. 7:32-35) Ikibabaje, abatari bake agateka ko gukora kuri Beteli ari abirebange karabaca mu myanya y’intoke kubera ko bakurikirana ivy’ukurongora canke kurongorwa hakiri kare. Dushaka kuremesha abavukanyi bacu bakiri bato gukoresha inguvu zabo mu gukurikirana ubusuku bw’igihe cose mu gihe ata mabanga y’umuryango baba bararonka. Gutyo, nimba inyuma y’ikiringo kanaka bafashe ingingo yo kwubaka, bazoba abanega barushije kuba beza kubera ko bazoba baronse akaryo ko kumenya utuntu n’utundi mu buzima hamwe no mu busuku bwa gikirisu. Bamwebamwe, bamaze imyaka kanaka bakorera kuri Beteli, barubatse izabo hanyuma birashoboka ko babandanya bahakorera. Nimba mu nyuma baronse utundi duteka, nk’igikorwa c’abacungezi canke c’ubumisiyonari, nta nkeka ntibicuza igihe bamaze bakora kuri Beteli.
13 Ntusamazwe no Gukurikirana Amaronko: Uwukiri muto wese vyoba vyiza yibajije ati: ‘Mbega umugambi wanje mpejeje amashure ni uwo gukurikirana akazi ko mw’isi k’igihe cose canke ni uwo gukorera Yehova igihe cose?’ Ego ni ko, gukorera Yehova igihe cose bizosaba utwigoro. Ariko, gukora akazi ko mw’isi na vyo nyene ni ko bimeze! Amaherezo, ni ingendo iyihe irimwo vy’ukuri ivyiza bizomara igihe kirekire kandi vy’ingirakamaro? Yezu yaratanze inyishu itomoye. Nk’uko muri Matayo 6:19-21 havyerekana, yavuze ati: “Ntimukīrundanirize ubutunzi mw isi, ah’inyenzi n’ingese bibumara, n’ibisuma bikīmba bikabgiba. Ariko mwirundanirize ubutunzi mw ijuru, ah’inyenzi n’ingese bitabumara, hatariyo n’ibisuma vyimba ngo vyibe. Kukw ah’ubutunzi bgawe buri, ari ho umutima wawe uzoba.” Ese imitima yacu itokwigera idusunika ku gukurikirana akazi ko mw’isi canke ibintu vy’umubiri aho gukorera Yehova n’ubugingo bwacu bwose. Twese dutegerezwa kwiyemerera yuko ubutunzi bwonyene bubereye ko twokurikirana ari ukugiranira ubucuti bwiza na Yehova, ku buryo dutuma umutima wiwe unezerwa. (Imig. 27:11) Mu gushira Yehova mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu mu gihe tukiri bato, turerekana aho ibintu vyacu vy’agaciro biri hamwe n’ukuntu ivy’Ubwami bihambaye kuri twebwe. Niwibuke, “umugisha w’Uhoraho uratungisha, kandi nta mubabaro awuvangamwo.” (Imig. 10:22) Abakiri bato barafise akaryo keza ntangere ko kwerekana aho imitima yabo iri mu gusubiza Yehova ikintu ciza ku bw’ivyo vyose yabahaye. Igikorwa co kuri Beteli kiratanga mwene ako karyo keza igitangaza kuri abo bakwije ibisabwa.
14 Abakora Kuri Beteli Bategerezwa Kuba Badahumanye mu vy’Ukwigenza Runtu: Umwanditsi wa Zaburi yabajije ati: “Umusore azokwezesha inzira yiwe iki?” Yarishuye ati: “Azoyezesha kuyitondera nk’ukw ijambo [rya Yehova] rivuga.” (Zab. 119:9) Ivyo birimwo kwirinda ikintu cose gifitaniye isano n’inyifato yononekaye y’uru runkwekwe rw’ibintu rwa Shetani. Ubushegabo bwerekanwa kuri Internet, ukwigenza nabi n’abo tudasangiye igitsina, imiziki iteye isoni, ivy’ukwinezereza bitesha ubuntu, hamwe n’ukunywa birenze urugero, ivyo ni bimwe gusa mu mitego Shetani akoresha kugira ngo abuze urwaruka rwacu gushikira imigambi yo mu vy’impwemu. Birakenewe ko mwiyemeza mwivuye inyuma kunanira urwo rwenge. Bwa muntu akiri muto, nimba ubona yuko uriko uraja muri kimwe muri ivyo bintu, nubiyagire abakurambere bo mw’ishengero ryawe maze ubitunganye imbere yuko usaba gukora kuri Beteli. Kugira ijwi ryo mu mutima ritakwagiriza ikibi ni ngirakamaro kugira ngo ukorere Yehova mu buryo bushitse.—1 Tim. 1:5.
15 Niwige Kubana n’Abandi: Igisabwa gihambaye kugira ngo uroranirwe mu gikorwa co kuri Beteli ni ukwiga kubana n’abandi. Umuryango wa Beteli ugizwe n’abavukanyi hamwe n’abavukanyikazi b’ukwoko bwose. Naho ukwo gutandukana mu vya kamere kwongereza ubwiza bwo mu vy’impwemu bwa Beteli, rimwe na rimwe birashobora kandi gutera ingorane. Nimba uriko urarimbura ivy’ugukora kuri Beteli, vyoba vyiza wibajije uti: ‘Noba nca mbabara igihe abandi batakiriye neza iciyumviro canje? Abandi boba bambona ko ndi umuntu noroshe kubana?’ Nimba ukeneye kuryohora muri mwene iyo mice, tangura kugira ico ukoze ubu. Gukora ivyo bizogufasha kugira ivyo uhindura mu buryo bworoshe kuruta mu kubaho no mu gukorana n’abagize umuryango wa Beteli.
16 Nukore cane kugira ngo ube umuntu akomeye mu vy’impwemu mu gutsimbataza ubucuti bukomeye na Yehova. Nutsimbataze porogaramu nziza yo kwiyigisha, iyoba irimwo ugusoma Bibiliya ku musi ku musi. Nukorane umwete mu kugira uruhara mu kwamamaza inkuru nziza hamwe n’abandi. Ushize mu ngiro ivyo bintu, uzotuma iterambere ryawe ryo mu vy’impwemu riboneka. (1 Tim. 4:15) Ese ivyizigiro vyiza igitangaza birindiriye abo biteguriye ubu igikorwa c’igihe cose!
17 Bavyeyi, Nimumenyereze Abana Banyu: Abavyeyi bashobora gukora iki kugira ngo baremeshe abakiri bato gukurikirana ubusuku bw’igihe cose? Yezu yavuze ati: “Umwigishwa wese [yigishijwe neza azoba] nk’umwigisha wiwe.” (Luka 6:40) Ukumenyerezwa mu buryo bushitse kw’umunyeshure si kwo gufasha, atari gukurikiza kamere nziza z’umwigisha wiwe w’umunyamwete. Abavyeyi b’Abakirisu bakwiye gushira mu muzirikanyi iyo ngingo ngenderwako igihe bakora bagatama mu kumenyereza abana babo “kwubaha Imana.” (1 Tim. 4:7) Kubera ko abana bakunda gukurikira inyifato y’abavyeyi babo ku bijanye n’ibintu vy’impwemu, vyoba vyiza abavyeyi bibajije bati: ‘Mbega turaha ubwacu agaciro igikorwa co kuri Beteli co guteza imbere inyungu z’ugusenga Yehova kw’ukuri?’ Mbega turemera icese ko Yehova ahezagira intunganyo ya Beteli? Twoba twemera yuko kubaho umuntu akorera Yehova ari ihitamwo ry’akazi ryiza kuruta abana bacu bogira?’ Ugukenguruka ubwacu tugira kuvuye ku mutima ku bw’umurimo wo kuri Beteli hamwe n’igikorwa kihakorerwa bizodufasha gushira mu bana bacu mwene ukwo gukenguruka.
18 Elukana na Hana bari bafise ugukenguruka kugera kure ku bw’ugusenga kw’ukuri. Barasize akarorero rurangiranwa ku bavyeyi b’Abakirisu muri iki gihe. Muri Isirayeli ya kera, abagabo b’Abisirayeli ni bo gusa basabwa “[ku]renguk[a] imbere y’Umwami Uhoraho,” gatatugatatu mu mwaka mw’ihema ry’ibonaniro. Naho ari uko, Elukana yaragenda ibirometero 30 n’amaguru ari kumwe n’umuryango wiwe wose “uk’umwaka utashe” kugira ngo ashikane ikimazi kuri iryo huriro ry’ugusenga Yehova. (Kuv. 23:17; 1 Sam. 1:3, 4, 9, 19; 2:19) Ivyo biragaragaza yuko uwo serugo yashaka ko umuryango wiwe wose wokwitwararika ibintu vy’impwemu nk’uko na we nyene yabigira.
19 Hana yaritwararika ivy’ugusenga kw’ukuri cokimwe n’umugabo wiwe. Yariyumvamwo cane ko ategerezwa guterera agacumu k’ubumwe mu gushigikira ugusenga kw’ukuri mw’ihema ry’ibonaniro. Hana yarasezeranye yuko mu gihe Yehova yomuha umwana w’umuhungu, yociye amutanga ku bw’igikorwa co mw’ihema. (1 Sam. 1:11) Ivyagezwe vya Musa vyaraha umugabo uburenganzira bwo gukuraho indagano umugore wiwe yagize zitabereye. (Guh. 30:6-8) Ariko rero, biragaragara yuko Elukana yemeye indagano ya Hana, aba yerekanye yuko na we nyene ashigikiye ico kintu kiranga ugusenga kw’ukuri!—1 Sam. 1:22, 23.
20 Umuhungu wabo Samweli yoba yarakwegerewe mu buryo bwiza n’ugukenguruka be n’agatima keza vyerekanywe n’abavyeyi biwe? Emwe, egome. Akiri agahungu gatoyi, Samweli abigiranye umutima ukunze n’ubwizerwe, yaritwararitse ibikorwa yahawe yongera aramenyerezwa ku bw’utundi duteka twiza two mu gikorwa c’Imana. Ugushimishwa Elukana na Hana berekanye mu gikorwa ca Samweli co mw’ihema, ntikwaheze inyuma y’aho Samweli amariye gushikira ibikorwa aho hantu. Barabandanije kumugendera badahengeshanya kugira ngo bamuhe indemesho bongere bamushigikire uko yashishikara igikorwa c’igihe cose.—1 Sam. 2:18, 19.
21 Ese ingene ari akarorero keza igitangaza Elukana na Hana basigiye abavyeyi b’Abakirisu muri kino gihe! Igihe abana bacu bumva amajambo avuye ku mutima y’ugushima ku bw’agateka ko gukora kuri Beteli kandi bakabona agatima ko kwibabaza tugaragaza mu guteza imbere inyungu z’Ubwami, na bo nyene bazotsimbataza umutima uhengamiye ku gukorera abandi. Abavyeyi benshi bariko barererwa mu kwinjiza ico cipfuzo ciza mu mitima y’abana babo. Agakobwa kamwe k’imyaka indwi kanditse gati: “Ninakura nshaka kuba kuri Beteli, kandi ndafise ibintu bikeyi noshima kuhakorera. (1) Kwandikisha imashini ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi hamwe na Réveillez-vous! (2) gukora aho mushushaniriza amashusho, (3) kuzinga impuzu zameshwe. Igikorwa ico ari co cose kibonetse. Ntaco bitwaye.” Ese ingene vyeza umutima kubona mwene ako gatima keza gatsimbataye mu mutima w’abana bacu!
22 Yemwe bakiri bato, nimwibuke yuko “isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ ibihe bidashira.” (1 Yoh. 2:17) Bandanya gukurikirana imigambi y’ivy’impwemu, harimwo n’agateka kadasanzwe ko gukora kuri Beteli. Bavyeyi, nimwigane akarorero k’abizerwa bo mu gihe caheze baremesheje abana babo gutsimbataza ukuyobokera Imana. (2 Pet. 3:11) Vyongeye, ese twese tworangura uruhara rwacu mu gusahiriza abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bakiri bato kugira ngo bakorere Umuremyi wacu Ahambaye ku rugero runini rushoboka, kubera ko ivyo “[bi]zana isezerano ry’ubugingo bga none n’ubuzoza.”—1 Tim. 4:8; Umus. 12:1.