Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Munyonyo: Agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Nimba abantu baramaze kubironka, harashobora gushikirizwa igisohokayandikiro ca kera. Kigarama: Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Mu gihe udafise ico gitabu, woshobora gushikiriza Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, La Bible—Parole de Dieu ou des hommes?, canke Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi. Nzero: Igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 ishengero ryoba rifise mu bubiko, casohowe imbere yo mu 1988. Amashengero afise igitabu L’humanité à la recherche de Dieu, na co yoshobora kugishikiriza. Ruhuhuma: Niwiyegereze Yehova.
◼ Umucungezi muhagarikizi canke uwundi wese yagenywe na we akwiye gukenguza amakonte y’ishengero ku wa 1 Kigarama canke vuba bishoboka inyuma y’iryo genekerezo. Ivyo bimaze kugirwa, murabitangariza ishengero raporo y’ivy’amakonte ikurikira imaze gusomwa.
◼ Amashengero arakwiye gutangura gusaba imbumbe z’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! z’umwaka w’2002 kuri komande zayo zikurikira. Imbumbe zizoboneka mu Congereza, mu Gifaransa no mu Gishinwa. Gushika aho izo mbumbe zizobonekera zikarungikwa, ku mpapuro ziherekeza ibirungitswe hazoguma handitsweko ngo ‘biri mu nzira.’ Imbumbe ni ibisohokayandikiro bisabwa mu buryo budasanzwe.
◼ Ya videwo yitwa Faithful Under Trials—Jehovah’s Witnesses in the Soviet Union (Intahemuka mu Bigeragezo—Ivyabona vya Yehova bo Muri Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti) izokwihwezwa mw’Ikoraniro ry’Umurimo muri Ruhuhuma. Abipfuza kuronka ikopi y’iyo videwo bakwiye kugira komande yayo babicishije kw’ishengero vuba bishoboka.
◼ Ibisohokayandikiro vy’Impumyi Bishasha Biboneka:
Igitabu Annuaire des Témoins de Jéhovah 2003 (imbumbe zitatu)—Urwego rwa kabiri mu Congereza
Niwiyegereze Yehova (imbumbe zine)—Urwego rwa kabiri mu Congereza
Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi—2003 (imbumbe zine)—Urwego rwa kabiri mu Congereza
Urutonde rw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi rwo mu 2003 (imbumbe imwe)—Urwego rwa kabiri mu Congereza
Ibimenyeshejwe: Ibisohokayandikiro vy’impumyi bikwiye gusabwa biciye kw’ishengero. Ifomu yo Gusabirako Ibisohokayandikiro iri ukwa yonyene (S-14) itegerezwa kurungikwa ku bw’ibintu vyanditswe mu nyuguti z’impumyi, hariko n’izina be na aderese vy’umusomyi w’inyuguti z’impumyi. Turabasavye mwandikeko muti: VYEREKEYE IBIRO BIJEJWE IBINTU VY’INYUGUTI Z’IMPUMYI.