Mube abaroranye mu muzirikanyi uko umuhero wegereza
1 Ijambo ry’Imana riguma rivuga ko umusi wa Yehova uzoza ‘nk’igisuma,’ kiza bukwi na bukwi, umwanya uwo ari wo wose kandi comboka. (1 Tes. 5:2; Mat. 24:43; 2 Pet. 3:10; Ivyah. 3:3; 16:15) Yezu yavuze ati: “Nuko namwe mwame mwiteguye, kuk’Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.” (Mat. 24:44) Dushobora gute kuguma turi maso mu buryo bw’impwemu uko umuhero wegereza? Icobidufashamwo tugisanga muri iyi nkeburo yahumetswe igira iti: ‘Mube abaroranye mu muzirikanyi.’—1 Pet. 4:7, NW.
2 Kurorana mu muzirikanyi birimwo kubona ibintu nk’uko Yehova abibona. (Ef. 5:17) Biradufasha kubona ko turi nk’ “inyambukira n’ingenzi” muri uru runkwekwe rw’ibintu. (1 Pet. 2:11) Biradufasha gutahura ibintu bihambaye vy’ukuri, gushinga ibija imbere y’ibindi no gufata ingingo zibereye.—Flp. 1:10.
3 Niwishingire imigambi yo mu vy’impwemu: Kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu no kuyishikako biradufasha kuba abantu baroranye mu muzirikanyi. Hoba hari imigambi yo mu vy’impwemu ufise uriko urakurikirana? Woba uriko wihatira gusoma Bibiliya ku musi ku musi, kwitaba amakoraniro yose ya gikirisu, gusoma inomero imwimwe yose y’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!, canke kumbure uriko wongerereza umwanya umara mu busuku? Wishingiye imigambi ibereye, ukabandanya kuyikurikirana kandi ugasaba ko Yehova ahezagira utwigoro ugira, woshobora gutangazwa n’ivyiza vyovamwo.
4 Hari umukurambere yabajije umugabo n’umugore bakiri bato ivyerekeye imigambi yabo yo mu vy’impwemu. Ikibazo yababajije catumye babona yuko, baramutse boroheje ubuzima bwabo, bakikurako n’ideni ryari ribaremereye, boshoboye gukora ubutsimvyi. Baciye bafata ingingo yo kubigira ryo hangiro ryabo. Bararishe amadeni bari bafise babigiranye ubwira, bararonka n’uturyo two kugabanya ibikorwa bidakenewe vyahora bibatwara umwanya n’inguvu. Hashize umwaka umwe gusa, bari bamaze gushika ku mugambi bishingiye. Vyavuyemwo iki? Umugabo avuga ati: “Iyo tutishingira imigambi, ntituba tumerewe nk’uko tumerewe ubu. Turahimbawe kuruta kare. Ubuzima bwacu buratekanye kandi ni bwiza kuruta ubwa mbere. Buri n’ico buvuze koko kandi buri n’intumbero.”
5 Uko turindira umusi wa Yehova, ese twoguma turi maso mu buryo bw’impwemu mu kubaho turoranye mu muzirikanyi, tukaguma twitwararika gukora ivyo Imana igomba!—Tito 2:11-13.