Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 15 Ruhuh.
“Abantu bamwebamwe baribaza niba Imana ibaho. Abandi bavuga yuko iriho, mugabo bakumva ko iri kure yabo. Ivyo woba umaze kuvyumva? [Rindira yishure.] Raba igituma kurondera kumenya Imana ubwayo bihambaye cane. [Soma Yohana 17:3.] Mu bijanye no kumenya Imana, uzosanga ibiganiro bitangura muri iyi nomero bikwegera.”
Réveillez-vous 22 Ruhuh.
“Woba wibaza ko Imana yari ifise umugambi w’uko abantu bafungura nabi ushizemwo n’abana? [Rindira yishure.] Raba uyu muhango uhumuriza dusanga muri Bibiliya. [Soma Zaburi 72:16.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! iravuga ibintu bituma haba ugufungura nabi, igihambaye kuruta, iranavuga umuhango Imana itanga w’uko ubu bwa vuba igiye kurangiza ivyo gufungura nabi.”
Umunara w’Inderetsi 1 Ntwar.
“Twashaka kumenya ico wiyumvira kuri iki canditswe gishimishije. [Soma Matayo 5:10.] Bishoboka bite ko umuntu ahimbarwa kandi ariko arahamwa? [Rindira yishure.] Ibiganiro bibiri vya mbere vyo muri iki kinyamakuru biravuga ivy’abantu bamwebamwe bagumye bahimbawe, naho bariko baramererwa nabi. Uzoshimishwa no gusoma ukuntu babigize.”
Réveillez-vous 8 Ntwar.
“Ntiwemera yuko naho ubuzima burimwo ingorane tuguma dufise imvo y’ugukenguruka? [Rindira yishure.] Imvo imwe ituma dukenguruka ni uburyo turemwe. [Soma Zaburi 139:14.] Urazi ukuntu dukenguruka kubona dufise ibihimba bidufasha kumenya ibidukikije bituma twumva agaciro k’ubuzima, nk’uko iyi nomero ya Réveillez-vous! ivyerekana!”