ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/03 rup. 8
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Udukuru twa Gitewokarasi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 3/03 rup. 8

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 15 Ruhuh.

“Abantu bamwebamwe baribaza niba Imana ibaho. Abandi bavuga yuko iriho, mugabo bakumva ko iri kure yabo. Ivyo woba umaze kuvyumva? [Rindira yishure.] Raba igituma kurondera kumenya Imana ubwayo bihambaye cane. [Soma Yohana 17:3.] Mu bijanye no kumenya Imana, uzosanga ibiganiro bitangura muri iyi nomero bikwegera.”

Réveillez-vous 22 Ruhuh.

“Woba wibaza ko Imana yari ifise umugambi w’uko abantu bafungura nabi ushizemwo n’abana? [Rindira yishure.] Raba uyu muhango uhumuriza dusanga muri Bibiliya. [Soma Zaburi 72:16.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! iravuga ibintu bituma haba ugufungura nabi, igihambaye kuruta, iranavuga umuhango Imana itanga w’uko ubu bwa vuba igiye kurangiza ivyo gufungura nabi.”

Umunara w’Inderetsi 1 Ntwar.

“Twashaka kumenya ico wiyumvira kuri iki canditswe gishimishije. [Soma Matayo 5:10.] Bishoboka bite ko umuntu ahimbarwa kandi ariko arahamwa? [Rindira yishure.] Ibiganiro bibiri vya mbere vyo muri iki kinyamakuru biravuga ivy’abantu bamwebamwe bagumye bahimbawe, naho bariko baramererwa nabi. Uzoshimishwa no gusoma ukuntu babigize.”

Réveillez-vous 8 Ntwar.

“Ntiwemera yuko naho ubuzima burimwo ingorane tuguma dufise imvo y’ugukenguruka? [Rindira yishure.] Imvo imwe ituma dukenguruka ni uburyo turemwe. [Soma Zaburi 139:14.] Urazi ukuntu dukenguruka kubona dufise ibihimba bidufasha kumenya ibidukikije bituma twumva agaciro k’ubuzima, nk’uko iyi nomero ya Réveillez-vous! ivyerekana!”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika