ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/03 rup. 1
  • ‘Nimwake nk’amatara’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Nimwake nk’amatara’
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Urwaruka ruriko ruraka nk’amatara
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • “Umuco Wanyu [N]ubonesh[e]”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • ‘Nimureke umuco wanyu wake’ kugira Yehova aninahazwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • ‘Mureke umuco wanyu wake’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 4/03 rup. 1

‘Nimwake nk’amatara’

1 Muri uru runkwekwe rw’ibintu ruri mu mwiza mu vy’impwemu no mu vy’inyifato runtu, abantu nk’imiliyoni zitandatu basenga Imana y’ukuri Yehova, bariko ‘baraka nk’amatara’ mu bihugu 234 mw’isi yose (Flp. 2:15). Ivyo bituma tugaragara mu bandi. Tubonesha gute uwo muco w’ukuri w’agaciro uva kuri Yehova?—2 Kor. 3:18.

2 Ibikorwa vyacu: Abantu baranyaruka kubona ukuntu twigenza (1 Pet. 2:12). Hari umukenyezi yabonye yuko Icabona bakorana yari n’umutima mwiza kandi agafashanya, vyongeye akaba atacisha mu kanwa imvugo ziteye isoni canke ngo atwenge igihe havuzwe amajambo yo gutebura ateye isoni. Igihe abandi bagerageza gusotora ico Cabona mu kuvuga ibishegu ariho ari, yaguma yinumiye mugabo ashikamye ku bigororotse. Ivyo vyagize ico bikora gute kuri uwo mukenyezi? Yigana ati: “Narakozwe ku mutima cane n’inyifato yiwe ku buryo naciye ntangura kuza ndabaza ibibazo vyerekeye Bibiliya. Naciye ntangura kwiga Ijambo ry’Imana maze mu nyuma ndabatizwa.” Yongerako ati: “Inyifato yiwe ni yo yatumye njijuka ndasuzuma ivyo Ivyabona vya Yehova bemera.”

3 Ukuntu tubona ubukuru n’ukuntu tubona ingeso zo muri iyi si, be n’imvugo yacu ibereye, bituma Ivyabona vya Yehova baba abatandukanye n’abandi mu kuba abantu babaho bisunga ingingo ngenderwako ziri hejuru zo muri Bibiliya. Ibikorwa vyiza nk’ivyo, birashobora kuninahaza Yehova kandi bigatuma abandi bamusenga.

4 Amajambo yacu: Ego ni ko, ababona inyifato nziza yacu ntibashobora kumenya igituma dutandukanye n’abandi, kiretse tubabwiye ivyerekeye ukwemera kwacu. Abo mukorana canke abo mwigana boba bazi yuko uri Icabona ca Yehova? Woba urondera uturyo two gutuma ikiyago gisanzwe gihinduka akaryo ko gushinga intahe? Woba wiyemeje ‘kureka umuco wawe ukabonesha imbere y’abantu’ igihe cose bibereye?—Mat. 5:14-16.

5 Kugira dushitse ibanga ryacu ryo kuba abatwara umuco, bisaba ko tugira agatima ko kwitanga. Agatima ko kwitanga n’ubugingo bwacu bwose, kazotuma twirengagiza ibintu bidahambaye kugira ngo dukore vyinshi bishoboka mu gikorwa kirokora ubuzima co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa.—2 Kor. 12:15.

6 Biciye ku bikorwa vyacu no ku majambo yacu, nimuze tubandanye kwaka nk’amatara. Ivyo nitwabigira, bizotuma abandi bavyurirwa umutima wo kwifatanya natwe mu kuninahaza Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika