ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/03 rup. 8
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 6/03 rup. 8

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 15 Rus.

“Ku musi ku musi, turumva amakuru yerekeye ubukazi. Woba wibaza yuko ibintu nk’ivyo vyigeze kubaho mbere? [Rindira yishure.] Raba ico Bibiliya ibivugako [Soma Matayo 24:37.]. Mu gihe ca Nowa, ububisha bwari bwarimonogoje gushika naho Imana irandura abantu bose kiretse Nowa n’umuryango wiwe. Iki kinyamakuru kirerekana ukuntu ivyo bintu vyabaye biri n’ico bisobanura kuri twebwe muri iki gihe”.

Réveillez-vous! 22 Rus.

“Muri iki gihe, indwara ziterwa n’udukoko ni kimwe mu bintu bibangamiye amagara yacu. Woba wari uzi ko hariho uburyo dushobora gukoresha kugira twikingire? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiravuga ivyerekeye ubwo buryo twokoresha, be n’umuhango Bibiliya itanga w’igihe ata ndwara zizoba zikiriho”. Sozera mu gusoma Yesaya 33:24.

Umunara w’Inderetsi 1 Ruh.

“Amaraporo avuga yuko hari amahera y’imfashanyo adakoreshwa neza, yatumye abantu bamwebamwe bibaza nimba biranga ubukerebutsi gucisha imfashanyo ku mashirahamwe y’abagiraneza. Yamara rero, hari abantu benshi cane bakeneye gufashwa. Wibaza ko hokorwa iki? [Rindira yishure, uce usoma Abaheburayo 13:16.] Iki kinyamakuru kirasigura uburyo bwo gutanga buhimbara Imana”.

Réveillez-vous! 8 Ruh.

“Bisa n’uko muri iki gihe abantu badaha agaciro ivyo kwifata runtu be n’urupfasoni, bikaba binyuranye n’uko vyari biri mu myaka yahera. Woba ubona ko ibintu ari ukwo vyifashe? [Rindira yishure.] Birashimishije kubona Bibiliya yari yarabivuze imbere y’igihe. [Soma 2 Timoteyo 3:1-5.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! irihweza igituma inyifato z’abantu ziriko ziratituka be n’ico kazoza katubikiye”.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika