Gushinga intahe tugize umugwi birazana umunezero
1 Igihe yarungika ba bigishwa 70 kwamamaza, Yezu yarabategetse ivyo bakwiye kuvuga, arabagabura babiribabiri yongera arabereka icibare bategerezwa guhetura. Ivyo biri mu vyatumye bagira umunezero (Luka 10:1-17). No muri iki gihe nyene, gushinga intahe tugize umugwi birafasha abasavyi b’Imana kuba abashoboye gukora igikorwa co kwamamaza, bikabungunganya muri co bikongera bikabaremesha gukora ico gikorwa.
2 Abakurambere ni bo baja imbere muri ivyo: Abakurambere bari n’uruhara ruhambaye mu vyo gufasha bose kugira bakore igikorwa co kwamamaza badahorereza. Umucungezi w’umurimo ni we aja imbere mu vyo kwungunganya umurimo wo hagati mu ndwi. Umucungezi w’inyigisho y’igitabu wese ni we afise ibanga ryo kwungunganya ico igikorwa mu mugwi ajejwe, canecane mu mpera z’umushamvu. Igihe ishengero ryose riba rikoraniye hamwe ku bw’umurimo wo mu ndimiro, nk’inyuma y’inyigisho y’Umunara w’Inderetsi, umucungezi w’inyigisho y’igitabu wese akwiye kwitwararika ivyo abo mu mugwi ajejwe bakeneye.
3 “Bitungane neza, birorane”: Uwagenywe ngo arongore ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro, akwiye kuritanguza ku gihe kandi iryo koraniro ntirirenze iminuta 10 canke 15. Vyoba vyiza atunganije iyo migwi yamamaza akongera agatanga ivyibare imbere y’isengesho ryo gusozera (kiretse igihe abacungezi b’inyigisho y’igitabu ari bo baza kubigira, nk’uko twavyumvise kare). Ivyo bituma bitaba ngombwa ko abamamaji barundana mu cibare, ivyo bikaba bishobora gutesha agaciro igikorwa cacu. Birahuye kandi n’impanuro Paulo yatanze igira iti: “Ariko vyose bitungane neza, birorane” (1 Kor. 14:40). Abitaba ayo makoraniro bose bakwiye kugira ico baterereye kugira iyo ndinganizo igende neza, mu gushika ku gihe, mu gukurikiza inyobozo bahabwa n’uwubihagarikiye no mu guca baja mu cibare uwo mugwi ukirungikwa.
4 Dukoranira hamwe mu mahoro: Indinganizo zo kwamamaza mu mugwi ziraduha akaryo ntangere ko kumenya abandi bagize ishengero. Naho ata kibi kiri mu gutegekanya imbere y’igihe gukorana n’umuntu kanaka, birashobora no kutubera ngirakamaro kwitaba amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro tutabanje gutegekanya uwo tuza gusohokana. Twoshobora gusabwa gukorana n’umuntu tutazi neza, gutyo bigatuma dushobora ‘kwaguka’ mu rukundo rwacu.—2 Kor. 6:11-13.
5 Gushinga intahe mu migwi biraturemesha bikongera bigatuma dufatana mu nda tukaba ‘abakorana mu kuri’ (3 Yoh. 8). Nimuze tubigiremwo uruhara mu buryo bwuzuye!