ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/03 rup. 6
  • Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryo mu 2004

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryo mu 2004
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Ishure Rituronsa Ivyangombwa Kugira ngo Dukore Ibikorwa Bihambaye Kuruta Ibindi mu Buzima
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ingene twungukira kw’Ishure ry’ubusuku bwa Gitewokarasi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Urutonde rushasha rw’amakoraniro y’ishengero
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ubuyobozi bujanye n’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
    Ubuyobozi bujanye n’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 12/03 rup. 6

Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryo mu 2004

1 Yehova araronsa ivyangombwa abantu basanzwe kugira ngo barangure igikorwa gifitiye akamaro abantu bose. Uburyo bumwe abigiramwo, ni mu kumenyerezwa gutangirwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi uko indwi itashe. Woba uriko urarigiramwo uruhara bimwe bishitse wisunze uko ivyawe vyifashe? Muri Nzero, ibintu bikeya vyahindutse bizotangura gukurikizwa mu ntumbero yo gufasha abanyeshure kurushiriza kwungukira kuri iyo ntunganyo.

2 Ikurakuranwa ry’abahanuzi b’inyongera: Abavukanyi bashikiriza insiguro ncishabwenge be n’ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya barakenguruka impanuro zitangwa n’umuhanuzi w’inyongera zishingiye ku vyo aba yihweje. Ahari abakurambere babishoboye bahagije, abakurambere batandukanye barashobora kuza barakurakuranwa uko umwaka utashe muri iryo banga ryo kuba umuhanuzi w’inyongera. Muri ubwo buryo barashobora gufashanya muri ico gikorwa; mugabo igihambaye kuruta, abakurambere n’abakozi b’ishengero babishoboye bazokwungukira ku tuntu n’utundi tw’abashikirizansiguro n’abigisha babishoboye batandukanye.

3 Ivy’urutonde rw’isubiramwo rigirwa ku munwa: Mu gihe ishengero ryanyu rizoba rifise iteraniro ry’umuzunguruko mu ndwi y’isubiramwo rigirwa ku munwa, ico gihe iryo subiramwo (n’ibindi biri ku rutonde muri iyo ndwi) rikwiye kwimurirwa mu ndwi ikurikira iryo teraniro ry’umuzunguruko maze urutonde rwo muri iyo ndwi ikurikira, rukaba ari rwo rukoreshwa mu ndwi izoberamwo nya teraniro ry’umuzunguruko. Ariko rero, mu gihe isubiramwo rigirwa ku munwa rihuriranye n’ukugenderwa n’umucungezi w’umuzunguruko, ntibikenewe gukaba ibigabu vyose biri ku rutonde rw’indwi zibiri. Ahubwo riho, ururirimbo, insiguro ishingiye kuri kamere y’ivy’ukuvuga be n’ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya bikwiye gushikirizwa nk’uko biri ku rutonde. Insiguro ncishabwenge (imwe itangwa havuye insiguro ishingiye kuri kamere y’ivy’ukuvuga) ikwiye gukurwa ku rutonde rwo mu ndwi ikurikira. Ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya bizoca bikurikirwa n’Ikoraniro ry’umurimo rizomara iminuta 30, rikaba rishobora guhindurwa gatoya ku buryo rigirwa n’ibihimba bitatu vy’iminuta cumicumi canke ibihimba bibiri vy’iminuta cumi n’itanitanu (Amatangazo yugurura ntazoshirwamwo.). Ikoraniro ry’umurimo rizokurikirwa n’ururirimbo be na porogarama y’iminuta 30 izoshikirizwa n’umucungezi w’umuzunguruko. Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryo mu ndwi ikurikira ukugenderwa n’umucungezi, rizoba rigizwe n’insiguro ishingiye kuri kamere y’ivy’ukuvuga be n’ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya nk’uko biri ku rutonde, hace haba isubiramwo rigirwa ku munwa.

4 Ntugishe akaryo na kamwe ko gukura mu vy’impwemu. Uko wungukira ku nyigisho yo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, uraremesha ishengero urimwo, ukagira uruhara mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya, ukongera ugatuma umwe Soko ry’ubutumwa bw’akaroruhore dutegerezwa gutangaza ashemezwa.—Yes. 32:3, 4; Ivyah. 9:19.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika