Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 15 Kig.
“Muri iki kiringo c’umwaka, abantu benshi barazirikana ku bijanye n’ivuka rya Yezu. Woba umaze kwibaza uko umuryango Yezu yakuriyemwo wari umeze? [Rindira yishure. Nuce usoma Luka 2:51, 52.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi iravuga ivyigwa ngirakamaro dushobora gukura ku nkuru ya Bibiliya ivuga uburyo Yezu yarezwe”.
Réveillez-vous! 22 Kig.
“Twese turipfuza kubona abana bacu bafise ubuzima buhimbaye, bererwa mu buzima. Wibaza ko ari igiki abana bakeneye kuruta ibindi kugira bavyifatemwo neza mw’isi ya kino gihe yuzuye ibintu bitesha umutwe? [Rindira yishure. Nuce usoma Imigani 22:6.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! iravuga ivyo abana bakenera n’ingene abavyeyi bashobora kubibaronsa”.
Umunara w’Inderetsi 1 Nzero
“Abantu benshi baranyotewe amahoro kw’isi. Woba wibaza ko tuzoteba tukabona ayo majambo arangutse? [Soma Zaburi 46:9 maze urindire yishure.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi iravuga ingene ivyo bizoranguka be n’igituma dushobora kwizigira yuko umuhango Imana yatanze w’isi itagiramwo intambara uzoranguka”.
Réveillez-vous! 8 Nzero
“Kw’isi hose, abantu amamiliyoni bararembejwe n’indwara zijanye n’ukumererwa nabi mu mutima, nk’akabonge be no guhindagurika, umwanya umwe bagashwashwanuka birenze, uwundi bakijirwa birenze ata mvo. Umuremyi wacu aritwararika abantu nk’abo bivuye ku mutima. [Soma Zaburi 34:18.] Iki kinyamakuru kiravuga ukuntu abafise iyo ngorane bashobora gufashwa. Kirerekana kandi umuhango Bibiliya itanga w’uko indwara zose zigiye gukurwaho ubutakigaruka”.