ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/04 rup. 4
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 1/04 rup. 4

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 15 Kig.

“Muri iki kiringo c’umwaka, abantu benshi barazirikana ku bijanye n’ivuka rya Yezu. Woba umaze kwibaza uko umuryango Yezu yakuriyemwo wari umeze? [Rindira yishure. Nuce usoma Luka 2:51, 52.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi iravuga ivyigwa ngirakamaro dushobora gukura ku nkuru ya Bibiliya ivuga uburyo Yezu yarezwe”.

Réveillez-vous! 22 Kig.

“Twese turipfuza kubona abana bacu bafise ubuzima buhimbaye, bererwa mu buzima. Wibaza ko ari igiki abana bakeneye kuruta ibindi kugira bavyifatemwo neza mw’isi ya kino gihe yuzuye ibintu bitesha umutwe? [Rindira yishure. Nuce usoma Imigani 22:6.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! iravuga ivyo abana bakenera n’ingene abavyeyi bashobora kubibaronsa”.

Umunara w’Inderetsi 1 Nzero

“Abantu benshi baranyotewe amahoro kw’isi. Woba wibaza ko tuzoteba tukabona ayo majambo arangutse? [Soma Zaburi 46:9 maze urindire yishure.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi iravuga ingene ivyo bizoranguka be n’igituma dushobora kwizigira yuko umuhango Imana yatanze w’isi itagiramwo intambara uzoranguka”.

Réveillez-vous! 8 Nzero

“Kw’isi hose, abantu amamiliyoni bararembejwe n’indwara zijanye n’ukumererwa nabi mu mutima, nk’akabonge be no guhindagurika, umwanya umwe bagashwashwanuka birenze, uwundi bakijirwa birenze ata mvo. Umuremyi wacu aritwararika abantu nk’abo bivuye ku mutima. [Soma Zaburi 34:18.] Iki kinyamakuru kiravuga ukuntu abafise iyo ngorane bashobora gufashwa. Kirerekana kandi umuhango Bibiliya itanga w’uko indwara zose zigiye gukurwaho ubutakigaruka”.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika