Igikorwa gishigikiwe n’Imana
1 Mu basavyi b’Imana bo muri iki gihe, ni bake bize amashure ahanitse, ari abatunzi canke ari barurangiranwa muri uru runkwekwe rw’ibintu. Ni co gituma abantu bamwebamwe batera akagere ubusuku bwacu nk’aho umengo ntaco bumaze (Yes. 53:3). Ariko rero, igikorwa c’ukwigisha Bibiliya turangura carahumurije kandi kiraha icizigiro abantu amamiliyoni hirya no hino kw’isi. Abantu babayabaye bashitse gute kuri ivyo bintu bihambaye? Nta kindi atari uko bashigikiwe n’Imana (Mat. 28:19, 20; Ivyak. 1:8). Intumwa Paulo yasiguye ati: “[Imana] yatoranije ibinyantege nke vyo mw isi ngw imāramāze ibikomeye”.—1 Kor. 1:26-29.
2 Benshi mu ntumwa be n’abandi bakirisu bo mu kinjana ca mbere ‘ntibari barize kandi bari abantu basanzwe’ (Ivyak. 4:13). Yamara, barabandanije igikorwa bashinzwe co kwamamaza inkuru nziza bashize amanga, kandi Yehova yarahezagiye utwigoro twabo. Naho hari intambamyi n’ukurwanywa, ‘ijambo rya Yehova ryaguma rikura kandi ritsinda mu buryo buranga ububasha’. Nta kintu na kimwe cari gushobora guhagarika ico gikorwa kubera ko cari gishigikiwe n’Imana (Ivyak. 5:38, 39; 19:20, NW). No mu bihe vya none ni ko vyagenze. Mbere n’ukurwanywa gukaze kuva ku bategetsi bakomakomeye, ntikwashoboye kubuza inkuru nziza gukwira hose no gusasagara.—Yes. 54:17.
3 Ugushemezwa kwose ni ukw’Imana: Ikibanza c’ubutoni dufise co kuba abasuku b’Imana coba gikwiye gutuma twirata? Ihibambewe! Paulo ariko yerekeza ku busuku bwa gikirisu, yanditse ati: “Dufise ubgo butunzi mu nzavya z’ibumba, ng’ubushobozi buhebuje bube ubg’Imana, butavuye kuri twebge” (2 Kor. 4:7). Paulo yaremera icese yuko inkomezi Imana yatanga ari zo zonyene zamushoboje kurangura ubusuku bwiwe.—Ef. 6:19, 20; Flp. 4:13.
4 Na twebwe nyene turemera icese yuko kuba ‘twararonse imfashanyo iva ku Mana’, ari vyo vyonyene gusa bituma igikorwa co kwamamaza kiranguka (Ivyak. 26:22, NW). Biciye kuri ukwo kwamamaza kw’isi yose, Yehova ariko aradukoresha mu buryo bukomeye kugira ngo atigitishe amahanga, ico kikaba ari ikimenyetso c’urubanza rw’isangangura rugiye kuza (Hag. 2:7). Ese ukuntu ari agateka twatewe ko kuba turi “abakozi bakorana n’Imana” mw’iyimbura rihambaye ryo mu buryo bw’impwemu!—1 Kor. 3:6-9, UB.