Kwitaba amakoraniro ubudahorereza bikwiye kuja imbere y’ibindi
1 Imiryango ya gikirisu irashira imbere ivyo kwitaba amakoraniro y’ishengero idahorereza. Ibintu vyinshi ubuzima bwa kino gihe busaba, birashobora gutera ingorane. Ibikorwa vy’i muhira, akazi canke ibikorwa vyo kw’ishure, vyoba bitanguye buhorobuhoro kuza biratwara umwanya wari wagenewe ugusenga Yehova? Kubona ibintu nk’uko Yehova abibona bizodufasha kugumiza ibikwiye kuja imbere y’ibindi mu kibanza cavyo.—1 Sam. 24:6; 26:11.
2 Mu kuja gusenya ku musi w’Isabato, umugabo umwe w’Umwisirayeli, n’ibigirankana yararetse kubona ibintu nk’uko Yehova abibona. Ashobora kuba yiyumviriye yuko yariko araronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye canke yuko ico cari ikintu kidashemeye. Ariko rero, biciye ku rubanza rwaciwe, Yehova yarerekanye yuko gukurikirana ibikorwa vy’umubiri mu mwanya wagenewe ugusenga, atari ikintu co gufata minenegwe.—Guh. 15:32-36.
3 Gutorera umuti iyo ngorane: Kuri benshi, kuraba neza kugira ngo akazi k’umubiri ntikababuze kwitaba amakoraniro, usanga ari urugamba. Bamwebamwe baratoreye umuti iyo ngorane mu kuyaga n’abakoresha babo, mu kuza baraguza imyanya y’akazi n’abo bakorana, mu kurondera akazi karushiriza kuborohereza, canke mu kworosha uburyo babayeho. Nta gukeka, utwo twigoro tugirwa ku neza y’ugusenga kw’ukuri turahimbara cane Imana.—Heb. 13:16.
4 Ibikorwa vyo kw’ishure na vyo nyene birashobora kuba urugamba. Uwukiri muto umwe yavuze ati: “Ibikorwa bimwebimwe vyanje vyo kw’ishure ndabikora imbere y’amakoraniro, ibisigaye na vyo nkabimarira ngarutse i muhira”. Mu gihe udukorwa twose dutangwa ngo dukorerwe i muhira tudashoboye kurangira ku migoroba iberako amakoraniro, abavyeyi bamwebamwe barasiguriye abigisha yuko ukwitaba amakoraniro ya gikirisu ari ikintu umuryango wabo ushira imbere y’ibindi.
5 Gusenyera ku mugozi umwe no gutegekanya ibintu neza ni vyo bituma mushobora kurangura ibikorwa vy’i muhira kugira ngo umuryango wanyu witegurire kwitaba amakoraniro ku gihe (Imig. 20:18). Mbere n’abana bakiri bato barashobora kwigishwa kuba bamaze kwambara kandi biteguriye kuja ku makoraniro ku mwanya washinzwe. Biciye ku karorero abavyeyi batanga, barashobora kwinjiza mu bana babo akamaro k’amakoraniro.—Imig. 20:7.
6 Kubera yuko imikazo ya runo runkwekwe rw’ibintu iguma yongerekana, birahambaye ko twitaba amakoraniro y’ishengero tudahorereza. Ese twobandanya kubona ibintu nk’uko Yehova abibona kandi kwitaba amakoraniro tudahorereza bikaba ari vyo dushira imbere y’ibindi!—Heb. 10:24, 25.